Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 8

“Ni co natumwe”

“Ni co natumwe”

1-4. (a) Yezu yigisha gute umugore umwe w’Umusamariyakazi abigiranye ubuhanga, kandi havamwo iki? (b) Intumwa ziwe zivyakira gute?

 YEZU n’intumwa ziwe bamaze amasaha bagenda. Bariko berekeza mu buraruko, bava i Yudaya baja i Galilaya. Bafata inzira ya hafi bagaca i Samariya, rukaba ari urugendo rw’imisi nk’itatu. Nka sasita, barashika hafi y’agasagara gatoyi kitwa Sikara, maze bagahagarara kugira bivune umusase.

2 Igihe intumwa ziwe zigiye kugura ibifungurwa, Yezu aba araruhukiye kw’iriba riri inyuma y’ako gasagara. Umugore umwe araza kuvoma amazi. Yezu yoshobora kumwirengagiza kubera ko «aruhishijwe n’urugendo.» (Yohani 4:6) Hamwe yokwirengagiza uwo mugore w’Umusamariyakazi akamureka agakora icamuzanye hama akagenda, vyoba vyumvikana. Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 4 c’iki gitabu, uwo mugore ntivyomutangaje Umuyuda amusuzuguye. Ariko Yezu aratangura kuyagisha uwo mugore.

3 Atangura ikiyago akoresheje ikigereranyo gifatiye ku vyo uwo mugore akora mu buzima bwa misi yose, ari na vyo ariko arakora muri uwo mwanya. Yaje kuvoma, ari co gituma Yezu aca avuga ibijanye n’amazi atanga ubuzima azomumara inyota y’ivy’impwemu. Uwo mugore akatari gake aravuga ibintu bishobora kuvyura impari. a Yezu aza arakwepa ivyo bintu abigiranye ubugenge maze ikiyago kikabandanya. Yibanda ku bintu vy’impwemu, ni ukuvuga ugusenga gutyoroye be n’ivyerekeye Yehova Imana. Ivyo avuga birashika ku kintu gikomeye kuko nya mugore aca aja kuvyiganira abagabo bo muri ico gisagara, na bo nyene bagaca bipfuza kwumviriza Yezu.​—Yohani 4:3-42.

4 None za ntumwa zigarutse, zivyakira gute zibonye Yezu ariko arashinga intahe ikomeye? Nta cerekana ko bibaryohera. Baratangazwa n’uko Yezu ariko aravugana n’uwo mugore, bikaba biboneka ko ata na kimwe bavugisha nya mugore. Amaze kugenda, baguma bahimiriza Yezu ngo afungure ibifungurwa bazanye. Ariko Yezu ababwira ati: «Ndafise ibifungurwa mwembwe mutazi.» Babanza kuzazanirwa kubera bibaza ko ariko avuga ibifungurwa nya bifungurwa. Aca asigura ati: «Ibifungurwa vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba no kurangiza igikorwa ciwe.» (Yohani 4:32, 34) Yezu ng’aho abigishije yuko igikorwa nyamukuru akora mu buzima bwiwe ari co gihambaye kuruta gufungura. Ashaka ko na bo nyene bakibona gutyo. None ico gikorwa ni ikihe?

5. Ni igikorwa ikihe Yezu yakora mu buzima, kandi ni ibiki tugiye kwihweza muri iki kigabane?

5 Igihe kimwe Yezu yavuze ati: «Ntegerezwa kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana . . . kuko ari co natumwe.» (Luka 4:43) Ego cane, Yezu yatumwe kwamamaza no kwigisha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. b Muri kino gihe, abayoboke ba Yezu bajejwe ico gikorwa nyene. Birahambaye rero ko twihweza igituma Yezu yamamaje, ico yamamaje be n’ingene yabona igikorwa yashinzwe.

Igituma Yezu yamamaje

6, 7. Yezu yashaka ko «umwigisha wese» abona gute ibijanye no kubwira abandi inkuru nziza? Bitangire akarorero.

6 Reka tubanze turabe ingene Yezu yabona ukuri yigisha hanyuma turaza kuraba ukuntu yabona abo yigisha. Yezu yarakoresheje ikigereranyo gikomeye kugira yerekane ukuntu yabona ibijanye no kubwira abandi ukuri Yehova yari yaramwigishije. Yavuze ati: «Mumenye ko umwigisha wese yigishijwe ibijanye n’Ubwami bwo mw’ijuru, amera nka nyene urugo asohora ibintu bishasha n’ivya kera abikuye mu bubiko bw’itunga ryiwe.» (Matayo 13:52) Kubera iki uwo nyene urugo avugwa muri ico kigereranyo asohora ibintu abikuye mu bubiko bw’itunga ryiwe?

7 Ntabigira kugira ahaye ivyo atunze, nka kumwe umwami Hezekiya yabigira bikamukwegera akarambaraye. (2 Abami 20:13-20) None abigira kubera iki? Rimbura aka karorero: Dufate ko hari umwigisha wemera ugendeye i muhira iwe. Aruguruye akabati maze akuyeyo amakete abiri, rimwe muri yo rikaba rishaje mugabo irindi rikaba ari rishasha. Ayo makete yayandikiwe na se. Rimwe yaryanditse uwo mwigisha akiri agahungu gatoyi hakaba haciye imyaka mirongo, irindi na ryo arimwandikiye vuba. Urabona ko akamwemwe kamusya igihe akwiganira ukuntu akunda cane ayo makete n’ukuntu impanuro ziri muri yo zamufashije mu buzima kandi zishobora kugufasha na wewe. Biraboneka ko uwo mwigisha aha agaciro cane ayo makete be n’uko ayakunda bidasanzwe. (Luka 6:45) Arakubwira ibiri muri yo, atari kugira ngo akwishimeko canke hagire ico agukurako, ahubwo kugira ngo uvyungukireko no kugira ubone agaciro kayo.

8. Kubera iki dufise imvo yumvikana yo kubona ko ukuri twiga mw’Ijambo ry’Imana ari itunga?

8 Wa Mwigisha ahambaye Yezu yabwira abandi ukuri kwerekeye Imana abitumwe n’izo mvo nyene. Yabona ko ukwo kuri ari itunga ntangere. Yarakunda ukwo kuri, kandi yari ashashaye kukubwira abandi. Yashaka ko umuyoboke wiwe wese, ni ukuvuga «umwigisha wese», abona ibintu gutyo nyene. Twoba ari ko tubibona? Turafise imvo yumvikana yo gukunda ukuri kwose twiga mw’Ijambo ry’Imana. Turaha agaciro ukuri kwose, kwaba ari ukwo tumaze igihe kirekire twarize canke ari ibintu biherutse kuryohorwa. Igihe tuvuganye akamwemwe kandi tukaguma dukunda ivyo Yehova yatwigishije, turafasha abandi kubikunda nk’uko Yezu yabigize.

9. (a) Yezu yabona gute abo yigisha? (b) Twokwigana gute ukuntu Yezu yafata abantu?

9 Yezu kandi yarakunda abo yigisha, nk’uko tuzobica irya n’ino mu gihimba ca 3. Ubuhanuzi bwari bwaravuze ko Mesiya «[yogiriye] impuhwe abantu batobato n’abakene.» (Zaburi 72:13) Yezu yaritwararika abantu vy’ukuri. Ntiyirengagiza ivyiyumviro be n’agatima vyatuma bakora ibintu. Yararazwa ishinga n’ingorane zari zibaremereye be n’ibintu vyababuza gutahura ukuri. (Matayo 11:28; 16:13; 23:13, 15) Niwibuke nk’akarorero wa mugore w’Umusamariyakazi. Nta gukeka ko yakozwe ku mutima cane n’ukubona Yezu yaramwitwararitse. Kuba Yezu yari azi neza uko ivy’uwo mukenyezi vyari vyifashe vyatumye yemera ko ari umuhanuzi maze arabwira abandi ibimwerekeye. (Yohani 4:16-19, 39) Ego ni ko, abayoboke ba Yezu ntibashobora kumenya ibiri mu mitima y’abo babwira inkuru nziza. Ariko rero, turashobora kwitwararika abantu nk’uko Yezu yabigize, tukabereka ko tubitayeho, ivyo tuvuga na vyo tukabihuza n’ibibashimisha, ingorane bafise be n’ivyo bakeneye.

Ico Yezu yamamaje

10, 11. (a) Yezu yamamaza iki? (b) Vyagenze gute ngo Ubwami bw’Imana bukenerwe?

10 Yezu yamamaza iki? Hamwe worondera inyishu mu gusuzuma inyigisho z’amadini menshi avuga ko amuserukira, wohava wibaza ko yamamaza ubutumwa bujanye no gutorera umuti ingorane zo mu kibano. Canke na ho wohava wiyumvira ko yaharanira amahinduka mu vya politike canke ko yashimika ku vy’uko ubukiriro bw’umuntu ari bwo buhambaye kuruta ibindi vyose. Ariko rero nk’uko twamaze kubivuga, Yezu yatomoye ati: «Ntegerezwa kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.» None ivyo vyasaba iki?

11 Niwibuke ko Yezu yari mw’ijuru igihe Shetani yacafuza izina ryeranda rya Yehova ari bwo bwa mbere kandi akavuga ko Yehova ategeka nabi. Ese ukuntu Yezu ategerezwa kuba yarababajwe cane no kubona Se wiwe agororotse ariko yagirizwa ngo ni Umutegetsi mubi yima ivyiza ibiremwa vyiwe! Ese ukuntu uwo Mwana w’Imana ategerezwa kuba yaragize intuntu igihe Adamu na Eva, abo umuryango w’abantu wohavuye ukomokako, bashigikira ibinyoma vya Shetani! Uwo Mwana yarabonye ko umuryango w’abantu wari wandukiwe n’igicumuro be n’urupfu bivuye kuri ubwo bugarariji. (Abaroma 5:12) Ariko rero, ese ukuntu ategerezwa kuba yaragize umunezero igihe yamenya ko umusi uri izina Se wiwe yokosoye ivyo bintu!

12, 13. Ubwami bw’Imana buzokosora akarenganyo akahe, kandi Yezu yerekanye gute ko ubwo Bwami ari wo mutwe-shimikiro w’ubusuku bwiwe?

12 Ni igiki cari gikeneye gukosorwa imbere ya vyose? Izina ryeranda rya Yehova ryari rikeneye kwezwa, rigakurwako iceyi cose ryasizwe na Shetani be n’abagiye ku ruhande rwiwe bose. Kubera ko izina rya Yehova ririmwo n’ukuntu azwi mu bijanye n’uburyo ategeka, uburenganzira afise bwo kuba segaba bwari bukeneye kwemezwa. Yezu yaratahura ivyo bibazo bihambaye kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. Muri rya sengesho ry’akarorero, yigishije abayoboke biwe kubanza gusaba ko izina rya Se ryezwa, hanyuma bagasaba ko Ubwami bwa Se buza, maze bagasaba ko ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi. (Matayo 6:9, 10) Ubwami bw’Imana butegekwa na Kristu Yezu, vuba bugiye gukuraho iyi si yononekaye ya Shetani maze bwemeze ko Yehova ari we abereye gutegeka ibihe vyose.​—Daniyeli 2:44.

13 Ubwo Bwami ni wo wari umutwe-shimikiro w’ubusuku bwa Yezu. Ivyo yavuze vyose n’ivyo yakoze vyose vyarafashije abantu gutahura neza ubwo Bwami ico ari co be n’ingene buzorangura umugambi wa Yehova. Yezu ntiyaretse ngo hagire ikintu na kimwe kimutesha igikorwa yashinzwe co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Naho mu gihe ciwe hariho ingorane zikomeye mu kibano n’akarenganyo katagira uko kangana, yagumye yituniye ku butumwa yashikiriza no ku gikorwa ciwe. None ivyo vyoba bisobanura ko Yezu yari sindabinezwe be n’uko yigisha mu buryo budakwegera kandi burambira? Uwokubesha!

14, 15. (a) Yezu yerekanye gute ko “aruta Salomo”? (b) Twokwigana Yezu gute mu bijanye n’ubutumwa twamamaza?

14 Nk’uko tuzobibona muri iki gihimba cose, Yezu yigisha mu buryo bushimishije kandi butandukanye. Yarashika abantu ku mutima. Twoshobora guca twibuka wa mwami w’inkerebutsi Salomo, uwarondeye amajambo aryoshe kandi y’ukuri kugira aserure ivyiyumviro Yehova yamuhumekeye ngo yandike. (Umusiguzi 12:10) Yehova yarahaye uwo mugabo w’umunyagasembwa “umutima ufise ugutahura kwagutse”, bituma ashobora kuvuga ibijanye n’ibintu vyinshi, ushizemwo inyoni, amafi, ibiti n’ibikoko. Abantu barava iyo catawe baje kwumviriza Salomo. (1 Abami 4:29-34) Yamara Yezu “yararuta Salomo.” (Matayo 12:42) Yaramurusha cane ubukerebutsi, akagira «n’ubwenge bwinshi» kumurusha. Igihe Yezu yaba ariko arigisha abantu, yarikora ku bumenyi bwinshi cane yari afise bwerekeye Ijambo ry’Imana, inyoni, ibikoko, amafi, uburimyi, ikirere, ibintu vyaba biherutse kuba, kahise hamwe n’ibijanye n’ikibano. Ariko rero, Yezu ntiyigeze ahaya ubumenyi yari afise kugira atangaze abandi. Yashikiriza ubutumwa busanzwe kandi bwumvikana. Ntibitangaje kubona abantu barahimbarwa no kumwumviriza!​—Mariko 12:37; Luka 19:48.

15 Muri iki gihe, abakirisu baragerageza kwigana akarorero ka Yezu. Naho tudafise ubukerebutsi n’ubumenyi bwinshi nk’ivyo yari afise, twese turafise ubumenyi kanaka kandi turazi utuntu n’utundi ku rugero runaka, ivyo tukaba dushobora kuvyikorako igihe tubwira abandi ukuri kw’Ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, abavyeyi boshobora kwikora ku tuntu n’utundi bazi mu bijanye n’ukurera abana kugira bafashe abandi gutahura urukundo Yehova akunda abana biwe. Abandi na bo boshobora gukoresha uburorero n’ibigereranyo bishingiye ku kazi ka misi yose, kw’ishure canke ku vyo bazi ku bijanye n’abantu no ku bintu biherutse gushika. Ariko rero, turiyubara kugira ntihagire ikintu na kimwe kidukevya ngo duhindure ubutumwa dushikiriza, na bwo akaba ari inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.​—1 Timoteyo 4:16.

Ukuntu Yezu yabona ubusuku bwiwe

16, 17. (a) Yezu yabona gute ubusuku bwiwe? (b) Yezu yerekanye gute ko ubusuku bwiwe ari co kintu nyamukuru mu buzima bwiwe?

16 Yezu yabona ko ubusuku bwiwe ari itunga ry’agaciro. Yarahimbarwa no gufasha abantu kugira babone Se wiwe wo mw’ijuru nk’uko ari koko, badahumwe amaso n’inyigisho be n’imigenzo vyashinzwe n’abantu. Yezu yarakunda gufasha abantu kugira bagiranire na Yehova ubucuti bwiza bongere bagire icizigiro c’ubuzima budahera. Yarahimbarwa no kumenyesha abantu inkuru nziza ihumuriza kandi itanga umunezero. None yerekanye gute ko ivyo vyamuhimbara? Yavyerekanye mu buryo butatu.

17 Ubwa mbere, ubusuku yabugize co kintu nyamukuru mu buzima bwiwe. Kuyagira abandi ivyerekeye Ubwami yabigize umwuga wiwe, abigira igikorwa nyamukuru kimushimisha. Ni co gituma Yezu yagumye yoroheje ubuzima bwiwe abigiranye ubukerebutsi nk’uko twabibonye mu kigabane ca 5. Nk’uko yabihanuye abandi, yagumije ijisho ku bintu bihambaye kuruta. Ntiyasamazwa n’ibintu vyinshi yari kugura, bikamusaba ko aza arabibungabunga yongera abisanura canke abisubiriza uko igihe kirengana. Yabayeho mu buryo bworoshe kugira ntihagire ikintu kidakenewe kimubuza kurangura ubusuku bwiwe.​—Matayo 6:22; 8:20.

18. Ni mu buryo ubuhe Yezu yitanze cane mu busuku bwiwe?

18 Ubwa kabiri, yaritanze cane mu busuku bwiwe. Yarakoresheje inguvu nyinshi mu kuburangura, aragenda ibilometero amajana hirya no hino muri Palestina arondera abo yobwira inkuru nziza. Yarabayagisha mu mihana iwabo, mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, mu tuguriro no ku misozi. Yarabayagisha n’igihe yaba akeneye kuruhuka, gufungura, igihe yaba anyotewe canke akeneye kumarana akanya n’abagenzi biwe gusa. Mbere n’igihe yari ku mpfiro, yagumye abwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana!​—Luka 23:39-43.

19, 20. Yezu yatanze ikigereranyo ikihe mu kwerekana ko igikorwa co kwamamaza cihutirwa?

19 Ubwa gatatu, yabona ko ubusuku ari ikintu cihutirwa. Niwibuke ca kiyago yagirana na wa mugore w’Umusamariyakazi kw’iriba, inyuma y’agasagara ka Sikara. Biboneka ko intumwa za Yezu zitabona ko kubwira abandi inkuru nziza vyihutirwa. Yezu yababwiye ati: «Ntimuvuga none ko hasigaye amezi ane ngo iyimbura rigere? Ariko ndababwiye nti: Raramura amaso murabe imirima, ireze, igeze kwimbura.»​—Yohani 4:35.

20 Yezu yatanze ico kigereranyo afatiye ku gihe bari barimwo. Biboneka ko hari mu kwezi kwa Kisilevu (hagati ya Munyonyo na Kigarama). Hari hasigaye amezi ane ngo iyimbura rya sayiri rigere, rikaba ryaba mu gihe ca Pasika yaba ku wa 14 Nisani. Ico gihe rero abarimyi ntibabona ko iyimbura ryihutirwa. Babona ko rikiri kure. Ariko tuvuge iki ku bijanye n’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu? Abantu benshi bari biteguriye kwumviriza, kwiga no gucika abigishwa ba Kristu maze bakaronka icizigiro ciza cane Yehova yabasezeranira. Ni nk’aho Yezu yashobora kuraba iyo mirima y’ikigereranyo akabona ko yeze, iriko irahungabana kubera akayaga, yerekana ko igeze kwimburwa. c Igihe cari kigeze, kandi ico gikorwa carihutirwa! Ni co gituma igihe abantu bo mu gisagara kimwe bagerageza gusaba Yezu ngo agumane na bo, yabishuye ati: «Ntegerezwa kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana no mu bindi bisagara, kuko ari co natumwe.»​—Luka 4:43.

21. Twokwigana Yezu gute?

21 Turashobora kwigana Yezu muri ubwo buryo butatu bwose duhejeje kubona. Ubusuku bwa gikirisu turashobora kubugira ikintu nyamukuru mu buzima bwacu. Naho twoba dufise amabanga tujejwe mu muryango n’ahandi, turashobora kwerekana ko ubusuku ari bwo buza imbere y’ibindi mu kubugiramwo uruhara n’umwete kandi tudahorereza, nk’uko Yezu yabigira. (Matayo 6:33; 1 Timoteyo 5:8) Turashobora kwitanga cane mu busuku, tugakoresha umwanya wacu, inguvu zacu n’ubutunzi bwacu kugira tubushigikire. (Luka 13:24) Vyongeye, turashobora kuguma tubona ko igikorwa cacu cihutirwa. (2 Timoteyo 4:2) Ntidukwiye kugisha akaryo na kamwe ko kwamamaza!

22. Tuza kurimbura iki mu kigabane gukurikira?

22 Yezu kandi yarerekanye ko abona agaciro k’ico gikorwa mu kwitwararika ko cobandanya amaze gupfa. Yasavye abayoboke biwe kubandanya igikorwa co kwamamaza no kwigisha. Ico gikorwa ni co tuza kurimbura mu kigabane gikurikira.

a Nk’akarorero, mu kumubaza igituma ariko aramuvugisha kandi ari Umuyuda na we ari Umusamariyakazi, yari ashatse kuvuga indyane zari zimaze ibinjana n’ibindi hagati y’ayo mahanga abiri. (Yohani 4:9) Yaremeje kandi ko Abasamariya bakomoka kuri Yakobo, ico kikaba ari ikintu Abayuda b’ico gihe bahakana bivuye inyuma. (Yohani 4:12) Abayuda bita Abasamariya ngo ni Abakuti kugira berekane ko bakomoka ku banyamahanga.

b Kwamamaza ni ugutangaza canke kumenyesha ubutumwa. Kwigisha birasa no kwamamaza ariko vyovyo birimwo gushikiriza ubutumwa mu buryo bwimbitse. Kwigisha neza bisaba kuraba ingene woshika abantu ku mutima kugira ubahimirize gushira mu ngiro ivyo biga.

c Ku bijanye n’uwo murongo, igitabu kimwe kivuga giti: «Igihe intete ziba zeze, zirahindura ibara zigasigara zisa n’umuhondo canke umuhondo ubenje, ivyo bikaba vyerekana ko zigeze kwimburwa.»