Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 9

“Nimugende muhindure abantu abigishwa”

“Nimugende muhindure abantu abigishwa”

Umurimyi yokora iki igihe umwimbu ari mwinshi cane ku buryo atoshobora kuwegeranya wenyene?

1-3. (a) Umurimyi akora iki igihe umwimbu ari mwinshi ku buryo adashobora kuwegeranya wenyene? (b) Ni ingorane iyihe Yezu yahanganye na yo mu mpeshi yo mu 33 inyuma ya Kristu, kandi yayitoreye umuti gute?

 UMURIMYI ahanganye n’ingorane itoroshe. Haraheze amezi nk’angahe arimye hanyuma arateragira imbuto. Yarareretse yitonze ko zitangura kunaga, maze aranezerwa cane abonye ibiterwa bitanguye kwera. Ubu rero agira yikure akuya yabize kuko hageze ko yimbura. Ingorane afise ni iyi: Umwimbu ni mwinshi cane ku buryo adashobora kuwegeranya wenyene. Kugira atorere umuti iyo ngorane, atoye umugambi wo kurondera abakozi akabarungika mu mirima yiwe. Kanatsinda, afise umwanya mutoyi cane wo kwegeranya umwimbu wiwe w’agaciro.

2 Mu mpeshi yo mu 33 inyuma ya Kristu, Yezu uwari amaze kuzuka yarahanganye n’ingorane nk’iyo. Mu kiringo c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi, yarateragiye imbuto z’ukuri. Igihe co kwimbura rero cari kigeze, kandi ivyimburwa vyari vyinshi. Abantu benshi bari barakiriye ubutumwa bari bakeneye kwegeranywa kugira babe abigishwa biwe. (Yohani 4:35-38) None iyo ngorane Yezu yayitoreye umuti gute? Igihe yari ku musozi umwe w’i Galilaya imbere gatoyi y’uko aduga mw’ijuru, yarashinze abigishwa biwe igikorwa co kurondera abandi bakozi, ati: «Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatize . . . , mubigishe kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.»​—Matayo 28:19, 20.

3 Ico gikorwa ni co kintu nyamukuru kiranga umuyoboke w’ukuri wa Kristu. Reka ubu rero turimbure ibi bibazo bitatu: Kubera iki Yezu yatanze igikorwa co kurondera abandi bakozi? Ni gute yamenyereje abigishwa biwe kubarondera? Ni gute ico gikorwa kituraba?

Igituma hari hakenewe abandi bakozi

4, 5. Kubera iki Yezu atorangije igikorwa yari yaratanguye, kandi ni bande bobandanije ico gikorwa amaze gusubira mw’ijuru?

4 Igihe Yezu yatangura ubusuku bwiwe mu 29 inyuma ya Kristu, yari azi ko atanguye igikorwa atorangije ubwiwe. Mu gihe gitoyi yari asigaje kw’isi, ntiyashobora kugendera uturere twose canke ngo abwire abantu bose ubutumwa bw’Ubwami. Ego ni ko, yabwiye ubutumwa canecane Abayuda n’abinjiye idini ry’Abayuda, ari bo «ntama zazimiye zo mw’ihanga rya Isirayeli.» (Matayo 15:24) Ariko rero, izo «ntama zazimiye» zari zikwiragiye muri Isirayeli yose, ico kikaba cari igihugu kinini. Uretse n’ivyo, n’abandi bantu bo kw’isi boruhiye kubwirwa inkuru nziza y’Ubwami.​—Matayo 13:38; 24:14.

5 Yezu yari azi ko inyuma y’urupfu rwiwe hobaye hakiriho igikorwa kitari gito. Yabwiye intumwa ziwe 11 z’intahemuka ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, uwunyizera na we nyene azokora ibikorwa nkora. Mbere azokora ibikorwa biruta ivyo, kuko jewe ngiye kwa Data.» (Yohani 14:12) Kubera ko yagira asubire mw’ijuru, abayoboke biwe, ni ukuvuga abobaye abigishwa biwe bose atari gusa za ntumwa ziwe, bobandanije ico gikorwa co kwamamaza no kwigisha. (Yohani 17:20) Yezu yaremeye yicishije bugufi ko bokoze ibikorwa “biruta” ivyo yakoze. Uti mu buryo ubuhe? Mu buryo butatu.

6, 7. (a) Ni mu buryo ubuhe abayoboke ba Yezu bokoze ibikorwa biruta ivyo yakoze? (b) Twokwerekana gute ko Yezu atihenze mu kwizigira abayoboke biwe?

6 Ubwa mbere, abayoboke ba Yezu bokwamamaje mu karere kanini kuruta. Muri kino gihe, igikorwa bakora co gushinga intahe carashitse mu turere twa kure rwose tw’isi, kure cane y’igihugu Yezu ubwiwe yamamajemwo. Ubwa kabiri, bobwiye ubutumwa abantu benshi kuruta. Umugwi mutoyi w’abigishwa Yezu yasize ntiwatevye kwongerekana, bacika abantu ibihumbi. (Ivyakozwe 2:41; 4:4) Ubu baharurwa mu mamiliyoni, kandi buri mwaka abandi bantu ibihumbi amajana barabatizwa. Ubwa gatatu, bokwamamaje igihe kirekire kuruta, ivyo bakaba bobigize gushika muri iki gihe haciye nk’imyaka 2.000 ubusuku Yezu yaranguye mu myaka itatu n’igice burangiye.

7 Igihe Yezu yavuga ko abayoboke biwe boranguye «ibikorwa biruta ivyo», yari yerekanye ko abizigiye. Yari abajeje igikorwa cari gihambaye kuruta ibindi vyose kuri we co kwamamaza no kwigisha «inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.» (Luka 4:43) Yari yizigiye adakeka ko boranguye ico gikorwa badahemuka. None ivyo bisobanura iki kuri twebwe muri iki gihe? Igihe twamamaje n’umwete kandi tubigiranye umutima wacu wose, tuba twerekanye ko Yezu atihenze mu kwizigira abayoboke biwe. None ako si agateka kadasanzwe ga yemwe?​—Luka 13:24.

Baramenyerejwe gushinga intahe

Urukundo ruratuma twamamaza ahantu hose dushobora kubona abantu

8, 9. Ni akarorero akahe Yezu yatanze mu busuku, kandi dushobora gute kwisunga ako karorero mu busuku turangura?

8 Yezu yaramenyereje abigishwa biwe mu buryo bwiza bushoboka kugira barangure ubusuku. Imbere ya vyose, yarabahaye akarorero katagira agahaze. (Luka 6:40) Mu kigabane c’imbere y’iki, twaraciye irya n’ino ukuntu yabona ubusuku. Zirikana gatoyi ku bigishwa bajana na Yezu mu ngendo yagira zo kwamamaza. Barabona ko yamamaza ahantu hose abonye abantu, nko ku nkengera z’ibiyaga, ku mpinga z’imisozi, mu bisagara, mu tuguriro no mu mihana. (Matayo 5:1, 2; Luka 5:1-3; 8:1; 19:5, 6) Barabona ko yari umukozi abushitse, avyuka kare agakora gushika ryitereye. Kuri we, ubusuku nticari ikintu co kwimara ubute gusa! (Luka 21:37, 38; Yohani 5:17) Nta gukeka ko babona yuko ivyo yabitumwa n’urukundo rukomeye yakunda abantu. Bashobora kuba barabona ukuntu mu maso hiwe hagaragaza ikibabarwe afise mu mutima. (Mariko 6:34) Wibaza ko akarorero Yezu yatanze kagize ico gakoze gute kuri bo? Weho kari kugira ico kagukozeko gute?

9 Kubera ko turi abayoboke ba Kristu, turisunga akarorero kiwe mu busuku turangura. Ku bw’ivyo, turakora ibishoboka vyose kugira dushinge «intahe bimwe bishitse.» (Ivyakozwe 10:42) Nka kumwe Yezu yabigira, turagendera abantu mu mihana yabo. (Ivyakozwe 5:42) Igihe bikenewe, turahindura urutonde rwacu kugira tubagendere mu mwanya bashobora kuba bari i muhira. Vyongeye, turasanga abantu mu bibanza bihurirwamwo na benshi, nko ku mabarabara, aho basamira akayaga, mu maduka no ku kazi, tukababwira inkuru nziza tubigiranye ukwiyubara. Tuguma “dukora cane kandi tukihata” mu busuku kuko tubufatana uburemere. (1 Timoteyo 4:10) Urukundo rukomeye kandi ruvuye ku mutima dukunda abantu ruratuma tuguma turondera uturyo two kwamamaza ahantu hose n’igihe cose dushobora kubona abantu.​—1 Abatesalonika 2:8.

«Bamwe 70 . . . bagaruka banezerewe»

10-12. Ni ivyigwa bihambaye ibihe Yezu yigishije abigishwa biwe imbere y’uko abarungika kwamamaza?

10 Ubundi buryo Yezu yamenyerejemwo abigishwa biwe kwari ukubaronsa ubuyobozi buhagije. Imbere y’uko arungika za ntumwa 12, mu nyuma na ho akarungika ba bigishwa 70, yabanje kubagirisha ibiganiro vyo kubamenyereza. (Matayo 10:1-15; Luka 10:1-12) Ukwo kubamenyereza kwaravuyemwo ivyiza, kubera ko muri Luka 10:17 hagira hati: «Bamwe 70 rero bagaruka banezerewe.» Reka turimbure bibiri mu vyigwa bihambaye Yezu yatanze, ariko tubigire twibuka yuko amajambo yavuze akwiye gutahurwa hisunzwe imigenzo Abayuda bari bafise mu bihe vya Bibiliya.

11 Yezu yarigishije abigishwa biwe kwizigira Yehova. Yababwiye ati: «Ntimutware inzahabu, canke ifeza, canke umujumpu, canke umufuko w’ibifungurwa muzorya ku rugendo, canke impuzu yo kwihindura, canke ibirato canke inkoni, kuko umukozi aberwa n’impembo.» (Matayo 10:9, 10) Ingenzi zari zimenyereye kwitwaza agasaho ko ku mukaba zashiramwo amahera, umupfuko w’ibifungurwa be n’umwambaro w’inkweto wo gukuranya. a Mu kubwira abigishwa biwe ko badakwiye guhagarikwa umutima n’ivyo bintu, ni nk’aho Yezu yari ababwiye ati: «Nimwizigire Yehova muherejeko, azobaronsa ivyo mukeneye.» Yehova yobaronkeje ivyo bakeneye mu gutuma abakiriye inkuru nziza babagaragariza ubwakiranyi, ico kikaba cari ikintu kimenyerewe muri Isirayeli.​—Luka 22:35.

12 Yezu kandi yarigishije abigishwa biwe kwirinda ibintu vyobasamaza bidakenewe. Yavuze ati: «Ntihagire uwo muramutsa mu nzira.» (Luka 10:4) Yezu yoba yariko ababwira ko badakwiye kugira igishika canke kwitaho abandi? Oya namba. Mu bihe vya Bibiliya, kuramukanya akenshi vyarajamwo n’ibindi uretse kuvuga gusa ngo mwaramutse canke mwiriwe. Wasanga birimwo utundi tuntu twinshi be n’ibiyago birebire. Incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga iti: «Abantu bo mu bihugu vy’Abarabu wasanga bataramukanya nk’uko twebwe turamukanya mu kwunama gatoyi canke mu guha umuntu ukuboko, ahubwo baramukanya mu guhoberana kenshikenshi no mu kwunama, eka mbere no mu gukubita inkoro hasi. Ivyo vyose vyaratwara umwanya utari muto.» Mu kubwira abigishwa biwe ngo ntibaramukanye muri ubwo buryo, ni nk’aho Yezu yari ababwiye ati: «Mutegerezwa gukoresha neza umwanya wanyu kuko ubutumwa mushikiriza bwihutirwa.» b

13. Twokwerekana gute ko dufata nka nkama ubuyobozi Yezu yahaye abigishwa biwe bo mu kinjana ca mbere?

13 Turafata nka nkama ubuyobozi Yezu yahaye abigishwa biwe bo mu kinjana ca mbere. Igihe turangura ubusuku bwacu, turizigira Yehova duherejeko. (Imigani 3:5, 6) Turazi ko “nitwaguma tubanza kurondera Ubwami” tutazokwigera tubura ivya nkenerwa mu buzima. (Matayo 6:33) Kw’isi yose, abamamaji b’Ubwami b’igihe cose barashobora kwemeza yuko ukuboko kwa Yehova kutigera kuba kugufi, mbere no mu bihe bigoye. (Zaburi 37:25) Turatahura kandi ko dukeneye kwirinda ibisamaza. Tutabaye maso, iyi si irashobora kudusamaza bitagoranye. (Luka 21:34-36) Ariko rero, iki si igihe co gusamara. Ubutumwa bwacu burihutirwa kuko ubuzima bw’abantu bugeramiwe. (Abaroma 10:13-15) Nitwaguma tubona ko ibintu vyihutirwa, bizoturinda kureka ngo ibisamaza vyo muri iyi si bidutware umwanya n’inguvu twari gukoresha mu busuku. Niwibuke ko igihe gisigaye ari kigufi ariko ivyimburwa bikaba ari vyinshi.​—Matayo 9:37, 38.

Igikorwa kituraba

14. Ni igiki cerekana ko igikorwa kivugwa muri Matayo 28:18-20 kiraba abayoboke ba Kristu bose? (Raba n’akajambo k’epfo.)

14 Mu kuvuga ngo «nimugende . . . muhindure abantu . . . abigishwa», Yezu uwari amaze kuzuka yari ajeje abayoboke biwe ibanga riremereye. Ntiyashatse kuvuga gusa abo bigishwa biwe bari ng’aho ku musozi i Galilaya. c Igikorwa yabashinze casaba kubwira inkuru nziza «abantu bo mu mahanga yose», kandi kizobandanya «gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.» Biratomoye ko ico gikorwa kiraba abayoboke ba Kristu bose, na twebwe turimwo. Nimuze twihweze twitonze amajambo Yezu yavuze aboneka muri Matayo 28:18-20.

15. Kubera iki bibereye ko tugamburuka itegeko Yezu yatanze ryo guhindura abantu abigishwa?

15 Imbere yo kubaha iryo tegeko, Yezu avuga ati: «Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.» (Umurongo wa 18) Yezu yoba afise vy’ukuri ububasha bungana ukwo? Neza cane! Ni umumarayika mukuru ategeka abamarayika amamiliyaridi n’amamiliyaridi. (1 Abatesalonika 4:16; Ivyahishuwe 12:7) Kubera ko ari we «agaba ishengero», arafise ububasha ku bayoboke biwe bo kw’isi. (Abanyefeso 5:23) Kuva mu 1914, yarimitswe aba Umwami Mesiya mw’ijuru. (Ivyahishuwe 11:15) Arafise mbere n’ububasha bwo kuzura abapfuye. (Yohani 5:26-28) Mu kubanza kuvuga ukuntu ububasha bwiwe ari bwinshi, Yezu ashaka kwerekana ko amajambo aca avuga atari iciyumviro gusa atanze ahubwo ko ari itegeko. Birabereye rero ko tumugamburukira kuko ubwo bubasha atari we yabwihaye, ahubwo yabuhawe n’Imana.​—1 Abakorinto 15:27.

16. Mu kutubwira ngo «nimugende», Yezu aba adusavye gukora iki, kandi turangura gute uwo muce w’igikorwa twashinzwe?

16 Yezu aca atanga nya tegeko, akaritanguza ijambo rimwe ati: «Nimugende.» (Umurongo wa 19) Aho rero adusavye kwibwiriza gushira abantu ubutumwa bw’Ubwami. Hariho uburyo bwinshi twokoresha mu kurangura ico gikorwa. Kwamamaza inzu ku nzu ni bwo buryo bwo kugendera abantu buvamwo ivyiza vyinshi kuruta ubundi. (Ivyakozwe 20:20) Turarondera kandi ingene twokwamamaza akaryo kizanye. Igihe turi mu kazi ka misi yose, turumva dushashaye gutanguza ikiyago kijanye n’inkuru nziza igihe cose bibereye. Twoshobora gukoresha uburyo butandukanye mu kwamamaza, tukabuhuza n’ivyo abantu bo mu karere iwacu bakeneye hamwe n’uko ivyabo vyifashe. Ariko rero, hari ikintu kitigera gihinduka: “Turagenda” maze tukarondera ababereye.​—Matayo 10:11.

17. “Duhindura abantu abigishwa” gute?

17 Ubukurikira, Yezu aca asigura intumbero y’iryo tegeko, na yo ikaba ari «[uguhindura] abantu bo mu mahanga yose abigishwa.» (Umurongo wa 19) None “duhindura abantu abigishwa” gute? Mu bisanzwe, umwigishwa ni umuntu yiga canke yigishijwe. Ariko rero, guhindura abantu abigishwa si ukubaronsa ubumenyi gusa. Igihe twigana Bibiliya n’abantu bashimishwa, tuba dufise intumbero yo kubafasha gucika abayoboke ba Kristu. Igihe cose bishobotse, turashimika ku karorero ka Yezu kugira ngo abatohoji bashobore kubona ko ari we Mwigisha wabo akaba n’Akarorero bokwisunga, bakabaho nk’uko yabayeho kandi bagakora igikorwa yakoze.​—Yohani 13:15.

18. Kubera iki ibatisimu ari yo ntambwe ihambaye kuruta izindi zose mu buzima bw’umwigishwa?

18 Umuce uhambaye cane w’iryo tegeko uraboneka mu majambo agira ati: «Mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda.» (Umurongo wa 19) Ibatisimu ni yo ntambwe ihambaye kuruta izindi zose mu buzima bw’umwigishwa, kubera ko ari ikimenyetso kibereye cerekana ko yiyeguriye Imana n’umutima wiwe wose. Ku bw’ivyo, ni ikintu ntahara kugira umuntu arokoke. (1 Petero 3:21) Ego cane, igihe umwigishwa yabatijwe abandanije gukora ivyo ashoboye vyose kugira asukurire Yehova, arashobora kwitega kuzoronka imihezagiro idahera mw’isi nshasha yimirije. Woba umaze gufasha umuntu akaba umwigishwa wa Kristu yabatijwe? Mu busuku bwa gikirisu, nta kintu gitera umunezero nk’ico.​—3 Yohani 4.

19. Abashasha tubigisha iki, kandi ni kubera iki iyo nyigisho yoshobora kubandanya n’inyuma y’ibatisimu?

19 Yezu arasigura umuce ukurikira wa rya tegeko, ati: «Mubigishe kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.» (Umurongo wa 20) Turigisha abashasha kugamburuka amategeko ya Yezu, harimwo n’iryo gukunda Imana, iryo gukunda mugenzi wacu n’iryo guhindura abantu abigishwa. (Matayo 22:37-39) Turabigisha intambwe ku yindi gusigura ukuri kwo muri Bibiliya no kuburanira ukwizera kwabo kuba kuriko kurakura. Igihe bakwije ibisabwa vyo kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, turakorana na bo, tukabigisha mu mvugo no mu ngiro ingene bogira uruhara ruboneka muri ico gikorwa. Kwigisha abigishwa bashasha ntibica birangira iyo babatijwe. Abaherutse kubatizwa boshobora kuba bakeneye inyigisho yiyongereye kugira bibafashe gutsinda ivyohava bibabuza gukurikira Kristu.​—Luka 9:23, 24.

«Ndi kumwe namwe imisi yose»

20, 21. (a) Kubera iki tudakwiye gutinya igihe turangura igikorwa Yezu yadushinze? (b) Kubera iki ubu atari igihe co kugabanya umwete, kandi dukwiye kwiyemeza iki?

20 Amajambo ya nyuma y’iryo tegeko Yezu yatanze araremesha cane, akaba agira ati: «Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.» (Matayo 28:20) Yezu aremera ko ico gikorwa kitoroshe. Arazi kandi ko kukirangura bizotuma rimwe na rimwe abakirwanya bashangashirwa. (Luka 21:12) Ariko rero ntidukwiye gutinya. Indongozi yacu ntidutana ico gikorwa. None ntibihumuriza kumenya ko Umwe afise «ububasha bwose . . . mw’ijuru no kw’isi» ari kumwe natwe kugira adufashe ico gikorwa?

21 Yezu yarasubirije umutima mu nda abigishwa biwe ko yobaye ari kumwe na bo mu busuku barangura, gushika «kw’iherezo ry’ivy’iyi si.» Dutegerezwa kurangura ico gikorwa Yezu yadushinze gushika umuhero uje. Ubu si igihe co kugabanya umwete. Iyimbura rihambaye ryo mu buryo bw’impwemu riracabandanya! Abantu benshi bakira neza ubutumwa bariko baregeranywa. Kubera ko turi abayoboke ba Kristu, nimuze twiyemeze kurangura ico gikorwa kitoroshe twashinzwe. Nimuze tugire umwiyemezo wo gutanga umwanya wacu, inguvu zacu n’ivyo dutunze kugira tugamburuke itegeko Kristu yatanze rigira riti: «Nimugende . . . muhindure abantu . . . abigishwa.»

a Isaho yo ku mukaba ishobora kuba yari ubwoko bw’umukaba ufise agapfuko batwaramwo ibiceri. Umupfuko w’ibifungurwa yari isaho nini batwara ku rutugu irimwo ibifungurwa canke ibindi vyankenerwa, akenshi ikaba yari ikozwe mu rushato.

b Umuhanuzi Elisha yarigeze gutanga ubuyobozi nk’ubwo. Igihe yatuma umusuku wiwe Gehazi ku mugore umwe yari yabuze umwana, yavuze ati: «Nihagira uwo muhura ntumuramutse.» (2 Abami 4:29) Ntiyari akwiye gutebagana kuko ivyo yari atumwe vyari vyihutirwa.

c Igihe ibivugwa muri Matayo 28:16-20 vyaba, benshi mu bayoboke ba Yezu uwari amaze kuzuka, bari i Galilaya. Birashoboka rero ko ico gihe ari ho yiyeretse abantu «barenga 500.» (1 Abakorinto 15:6) Ku bw’ivyo, hashobora kuba hari abantu amajana igihe Yezu yatanga itegeko ryo guhindura abantu abigishwa.