Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 11

«Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we»

«Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we»

1, 2. (a) Kubera iki abapolisi batumwe gufata Yezu bagarutse imbokoboko? (b) Kubera iki Yezu yari umwigisha w’igitangaza?

 ABAFARIZAYO ishavu riraniga. Yezu ari mu rusengero, akaba ariko yigisha ivyerekeye Se. Abariko baramwumviriza ntibabona ibintu kumwe; benshi baramwizera, ariko abandi bashaka ko yofatwa. Indongozi z’idini biranka ko zigumya, zigaca zirungika abapolisi kumufata. Ariko rero abo bapolisi bagaruka imbokoboko. Abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo bababaza bati: «Kubera iki mutamuzanye?» Na bo bishura bati: «Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we.» Nya bapolisi baratangajwe cane n’ukuntu Yezu yigisha ku buryo batubahutse kumufata. a​—Yohani 7:45, 46.

2 Abo bapolisi si bo bonyene batangajwe n’uburyo Yezu yigisha. Abantu barasidukana n’iyonka kugira ngo bumvirize inyigisho ziwe. (Mariko 3:7, 9; 4:1; Luka 5:1-3) Kubera iki Yezu yari umwigisha w’igitangaza gutyo? Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 8, yarakunda ukuri yigisha, agakunda n’abantu yigisha. Vyongeye, yari azi neza ubuhinga bwo kwigisha. Reka turimbure ubuhinga ngirakamaro butatu yakoresheje n’ingene twobwigana.

Yigisha mu buryo bworoshe

3, 4. (a) Kubera iki Yezu yakoresha imvugo yoroshe igihe ariko arigisha? (b) Ni gute ya Nsiguro yo ku Musozi ari akarorero kerekana ingene Yezu yigisha mu buryo bworoshe?

3 Woba ushobora kwiyumvira ukuntu amajambo Yezu ashobora kuba yari azi yangana? Naho ari ukwo, igihe yaba ariko arigisha, ntiyigera avuga ivyo abamwumviriza badatahura, narirya benshi muri bo bari abantu «batize kandi basanzwe.» (Ivyakozwe 4:13) Ntiyirengagiza aho bagarukiriza, kandi ntiyigera abaremereza amakuru menshi. (Yohani 16:12) Yakoresha amajambo yoroshe mugabo aserura ukuri kwimbitse.

4 Fata nk’akarorero ya Nsiguro yo ku Musozi, iyo dusanga muri Matayo 5:3–7:27. Muri iyo nsiguro, Yezu yaratanze impanuro zishika kure, zishimika ku muzi w’ingorane. Nta vyiyumviro canke imvugo bihanitse uyisangamwo. Nkako, yakoresheje amajambo mbere n’umwana mutoya yoshobora gutahura bitagoranye! Ntibitangaje rero kubona igihe Yezu yayirangiza, amasinzi «[yaratangaye] cane kubera uburyo yigisha», bikaba bishoboka ko benshi muri bo bari abarimyi, abungere n’abarovyi.​—Matayo 7:28.

5. Tanga uburorero bw’amajambo yoroshe Yezu yavuze mugabo afise insobanuro ikomeye.

5 Igihe Yezu yaba ariko arigisha, akenshi yakoresha amajambo yoroshe kandi magufi, akavuga ibintu bifise insobanuro ikomeye. Muri ico gihe ivyo kwandika ibitabu vyari bikiri kure nk’ukwezi. Mu gukoresha ubwo buryo rero yaratuma ubutumwa ashikiriza bwiyandika ubutagihanagurika mu bwenge no mu mitima y’abamwumviriza. Raba uburorero bumwebumwe: «Nimureke guca urubanza kugira namwe ntimuzocirwe urubanza.» «Abakomeye ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.» «Umutima urashashaye ariko umubiri uragoyagoya.» «Ivya Sezari nimubihe Sezari, ariko ivy’Imana mubihe Imana.» «Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.» b (Matayo 7:1; 9:12; 26:41; Mariko 12:17; Ivyakozwe 20:35) Ubu haraciye nk’imyaka 2.000 ayo majambo avuzwe, ariko abantu benshi baracayibuka.

6, 7. (a) Kugira twigishe mu buryo bworoshe, ni kubera iki bihambaye ko dukoresha imvugo yumvikana? (b) Twokwirinda gute kuremereza umutohoji wa Bibiliya amakuru menshi?

6 Twokwigisha gute mu buryo bworoshe? Ikintu gihambaye cane ni ugukoresha imvugo yumvikana abantu muri rusangi bashobora gutahura bitagoranye. Ukuri kw’ishimikiro kwo mw’Ijambo ry’Imana ntiguhanitse. Yehova yahishuriye imigambi yiwe abantu bafise imitima nziraburyarya kandi bicisha bugufi. (1 Abakorinto 1:26-28) Amajambo yoroshe dutoye tuvyitondeye arashobora guserura neza ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana.

Niwigishe mu buryo bworoshe

7 Kugira twigishe mu buryo bworoshe, dutegerezwa kwirinda kuremereza umutohoji wa Bibiliya amakuru menshi. Ku bw’ivyo, igihe tuyobora inyigisho ya Bibiliya, si ngombwa ngo dusigure akantu kose; eka ntibinakenewe ko twihutagiza kugira duheture amayagwa kanaka. Ahubwo riho, vyoba vyiza turetse ivyo umutohoji akeneye be n’ubushobozi bwiwe akaba ari vyo bidufasha kumenya urugero rw’ivyo twokwiga. Intumbero yacu ni iyo gufasha uwo mutohoji gucika umuyoboke wa Kristu n’umusavyi wa Yehova. Kugira ivyo tubishikeko, turakwiye gufata umwanya wose ukenewe kugira dufashe uwo mutohoji gutahura ku rugero rwumvikana ivyo ariko ariga. Aho ni ho gusa ukuri kwo muri Bibiliya kuzomukora ku mutima maze kumusunikire gushira mu ngiro ivyo yiga.​—Abaroma 12:2.

Yarabaza ibibazo bibereye

8, 9. (a) Kubera iki Yezu yabaza ibibazo? (b) Yezu yakoresheje gute ibibazo kugira afashe Petero gushika ku ciyumviro kibereye ku bijanye no kuriha ikori ry’urusengero?

8 Yezu yarakoresha ibibazo neza cane, mbere n’igihe kudomerako abamwumviriza vyari kumusaba akanya gatoyi. None ni kubera iki yabaza ibibazo? Rimwe na rimwe, yarakoresha ibibazo birimwo ubwenge kugira ashire ku kabarore imvo mbi z’abamurwanya, bagaca babura ico basubizayo. (Matayo 21:23-27; 22:41-46) Ariko rero, akenshi yarakoresha ibibazo kugira atume abigishwa biwe baserura ico biyumvira no kugira abafashe gukoresha ububasha bwabo bwo kwiyumvira. Ni co gituma yabaza ibibazo nk’ibi ngo «Muvyiyumvirako iki?» canke ngo «Ivyo uravyemera?» (Matayo 18:12; Yohani 11:26) Yezu yarashikira imitima y’abigishwa biwe akoresheje ibibazo. Raba akarorero.

9 Igihe kimwe abatozakori barabajije Petero ko Yezu ariha ikori ry’urusengero. c Petero yaciye ubwo nyene yishura ngo «Egome.» Mu nyuma, Yezu yaramufashije kuzirikana mu kumubaza ati: «Uvyibazako iki ga Simoni? Abami b’isi barihisha bande itagisi canke ikori? Ni abana babo canke ni abandi?» Petero yishuye ati: «Ni abandi.» Yezu yaciye avuga ati: «Abana babo rero ntibatanga ikori.» (Matayo 17:24-27) Nta gukeka ko Petero yatahuye ico Yezu yashaka kumubwira mu kumubaza ivyo bibazo, kuko vyari bizwi ko abo mu miryango ya cami batariha ikori. Ku bw’ivyo, kubera ko Yezu yari Umwana w’ikinege w’Umwami wo mw’ijuru yasengwa kuri urwo rusengero, ntiyasabwa kuriha ikori. Urabona ko Yezu ataciye aha inyishu Petero, ahubwo ko yakoresheje ibibazo abigiranye ubuhanga kugira amufashe gushika ku ciyumviro kibereye no kugira ngo kumbure amufashe kubona ko akeneye kuza arabanza kuzirikana yitonze imbere yo kwishura.

Nubaze ibibazo bihuye n’ibishimisha umunyamuhana

10. Twokoresha neza gute ibibazo igihe twamamaza inzu ku nzu?

10 Twokoresha neza gute ibibazo mu busuku turangura? Igihe twamamaza inzu ku nzu, turashobora gukoresha ibibazo kugira tuvyurire abantu ugushimishwa, kumbure ivyo bigatuma turonka akaryo ko kubabwira inkuru nziza. Nk’akarorero, igihe dusanze ku muhana umuntu yitereye mu myaka, twoshobora kumubaza tubigiranye icubahiro duti: «Isi ubona imeze gute uyigereranije n’igihe waruka?» Amaze kwishura, twoshobora guca tumubaza duti: «Wibaza ko hakenewe iki kugira iyi si ibe ahantu heza ho kuba?» (Matayo 6:9, 10) Igihe tubonanye na inabibondo afise abana bakiri bato, twoshobora kumubaza duti: «Woba umaze kwibaza ingene iyi si izoba imeze abana bawe nibamara gukura?» (Zaburi 37:10, 11) Twitegereje neza igihe dushitse ku muhana, vyoshobora kudufasha guhitamwo ikibazo gihuye n’ibishimisha abahaba.

11. Twokoresha neza gute ibibazo igihe tuyobora inyigisho ya Bibiliya?

11 Twokoresha neza gute ibibazo igihe tuyobora inyigisho ya Bibiliya? Ibibazo bitowe neza birashobora kudufasha kuvoma ibiri mu mutima w’umutohoji. (Imigani 20:5) Nk’akarorero, dufate ko turiko twiga icigwa ca 43 kivuga ngo «Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kunywa inzoga?» mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera. d Ico cigwa kirerekana ingene Imana ibona kunywa birenze urugero n’akaborerwe. Inyishu umutohoji atanga zoshobora kwerekana ko atahura ivyo Bibiliya yigisha. Ariko none yoba yemera ivyo ariko ariga? Twoshobora kumubaza duti: «Ukwo kuntu Imana ibona ibintu, wewe woba ubona kwumvikana?» Twoshobora kandi kumubaza duti: «Woshira mu ngiro gute aya makuru mu buzima bwawe?» Ariko rero, twibuke ko dukeneye gukoresha ubugenge, tugatera iteka uwo mutohoji. Ntidukwiye kwigera tubaza ibibazo vyomutera ubuyega bidakenewe.​—Imigani 12:18.

Yarakoresha ivyiyumviro bijijura

12-14. (a) Yezu yakoresheje gute ubushobozi yari afise bwo gukoresha ivyiyumviro bijijura? (b) Ni ivyiyumviro bijijura ibihe Yezu yakoresheje igihe Abafarizayo bavuga ko akoresha ububasha buva kuri Shetani?

12 Kubera ko Yezu yari afise ubwenge butagira agahaze, yari umuhanga mu gufasha abantu kuzirikana. Rimwe na rimwe, yarakoresha ivyiyumviro bijijura kugira yerekane ko ivyo abamurwanya bamwagiriza atari vyo. Kenshi yarabikoresha kugira yigishe abayoboke biwe ivyigwa bihambaye. Reka turabe uburorero bumwebumwe.

13 Aho Yezu amariye gukiza umuntu yari impumyi kandi atashobora kuvuga yari yariziziwe n’amadayimoni, Abafarizayo bamwagirije bati: «Uyu muntu nta wundi amufasha kwirukana amadayimoni atari Beyezebuli [ni ukuvuga Shetani], umutware w’amadayimoni.» Ntibashobora guhakana ko vyasaba ububasha budasanzwe kugira umuntu yirukane amadayimoni, ariko baciye bavuga ko Yezu yayirukana akoresheje ububasha buva kuri Shetani. Ivyo bintu bamwagirije vyari ibinyoma ariko kandi ntivyumvikana. Kugira Yezu yerekane ko ivyo bavuga atari vyo, yavuze ati: «Ubwami bwose iyo bwiciyemwo ibice burahona, kandi igisagara cose canke urugo rwose iyo vyiciyemwo ibice ntibirama. Muri ubwo buryo nyene, nimba Shetani yirukana Shetani, azoba yamaze kwicamwo ibice. None wumva ubwami bwiwe bworama gute?» (Matayo 12:22-26) Ni nk’aho yari avuze ati: «Nimba ndi umukozi wa Shetani nkaba ndiko nsambura ivyo yakoze, Shetani rero ariko arirwanya kandi ntazoteba gutemba.» Wumva bari kuvuguruza gute ico ciyumviro kijijura?

14 Yezu ntiyagarukirije ng’aho. Kubera yari azi ko bamwebamwe mu bigishwa b’Abafarizayo bari barirukanye amadayimoni, yaciye ababaza iki kibazo gisanzwe ariko gikomeye, ati: «Nimba nirukana amadayimoni mfashijwe na Beyezebuli, abana [canke, abigishwa] banyu bobo bayirukana bafashijwe na nde?» (Matayo 12:27) Ni nk’aho Yezu yashatse kuvuga ati: «Nimba nirukana amadayimoni biciye ku bubasha bwa Shetani, n’abigishwa banyu rero bakoresha ubwo bubasha nyene.» None wumva Abafarizayo bari gusubizayo iki? Ntibari gupfa bemeye ko abigishwa babo bakoresheje ububasha bwa Shetani. Yezu rero yarabarishije ivyatsi afatiye ku vyiyumviro vyabo bitari vyo. None gusoma gusa ingene Yezu yabafashije kuzirikana ntibitweza umutima? Ca wiyumvira rero amasinzi yamwiyumviye, kuko ukuba yari ng’aho be n’ijwi yakoresheje ata gukeka, vyatumye ayo majambo yiwe arushiriza kugira inkomezi.

15-17. Tanga akarorero k’ingene Yezu yakoresheje imvugo ngo «hari akantu», kugira yigishe ukuri kweza umutima kwerekeye Se wiwe.

15 Yezu kandi yarakoresha ivyiyumviro bijijura kugira yigishe ukuri kuremesha kandi kweza umutima kwerekeye Se wiwe. Akenshi ivyo yabigira mu gukoresha imvugo ngo «hari akantu», kugira afashe abamwumviriza ngo barushirize kujijuka ku bijanye n’ikintu basanzwe bazi. Ubwo buryo bwo kuzirikana burashobora gukora ku mutima cane, bukaba bushingiye ku guhushanya ibintu. Reka turabe uburorero bubiri gusa.

16 Igihe Yezu yishura abigishwa biwe bari bamusavye ngo abigishe gusenga, yaravuze ko abavyeyi b’abanyagasembwa bari n’umutima ukunze wo «guha ibintu vyiza» abana babo. Yaciye asozera ati: «Nimba . . . mwebwe muzi guha ibintu vyiza abana banyu kandi muri babi, hari akantu So wanyu ari mw’ijuru! Mwumva yoreka guha impwemu nyeranda abayimusaba?» (Luka 11:1-13) Iciyumviro Yezu yaseruye gishingiye ku guhushanya ibintu. Nimba abavyeyi b’abacumuzi bitwararika ivyo abana babo bakeneye, ese ingene Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, uwutunganye kandi agororotse muri vyose, azorushiriza guha impwemu nyeranda abasavyi biwe b’abizigirwa bamwitura mw’isengesho bicishije bugufi!

17 Yezu yarakoresheje ubwo buryo nyene igihe yatanga impanuro ziranga ubukerebutsi ku bijanye n’ingene umuntu yovyifatamwo mu maganya. Yavuze ati: «Ibikona . . . ntibibiba imbuto canke ngo vyimbure. Ntibigira ububiko canke ibigega, ariko Imana irabigaburira. None mwebwe ntimurusha agaciro inyoni kure n’iyo? Raba ingene amashurwe y’amalisi akura: ntacumukura canke ngo ajishe impuzu . . . Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’ishamba biriho uno musi ariko ejo bigatererwa mu muriro, none ntizorushiriza kubambika, ga mwa bantu b’ukwizera guke?» (Luka 12:24, 27, 28) Nimba Yehova yitwararika inyoni n’amashurwe, ese ingene azorushiriza kwitwararika abantu bamukunda kandi bamusenga! Mu gukoresha ubwo buryo bwo kuzirikana, nta gukeka ko Yezu yashitse ku mutima abamwumviriza.

18, 19. Umuntu avuga ko adashobora kwizera Imana atabona, twomufasha gute kuzirikana?

18 Mu busuku turangura, turakwiye gukoresha ivyiyumviro bijijura kugira tubeshuze inyigisho z’ibinyoma. Turakwiye kandi kubikoresha kugira twigishe ukuri kuremesha kwerekeye Yehova. (Ivyakozwe 19:8; 28:23, 24) Vyoba bikenewe ko twiga gukoresha ivyiyumviro bihanitse? Habe namba. Icigwa twigira kuri Yezu ni uko gukoresha ivyiyumviro bijijura bishikirijwe mu buryo bworoshe ari vyo bivamwo ivyiza vyinshi.

19 Nk’akarorero, twovyifatamwo gute igihe hari uwuvuze ko adashobora kwizera Imana atabona? Twoshobora kumufasha kuzirikana mu kumwereka ko ata kintu kiba kidafise imvo. Igihe hari ikintu cabaye, tuba tuzi ko hari imvo yagiteye. Twoshobora kuvuga duti: «Hamwe woba uri ahantu mu gahinga ukabona inzu yubatse neza irimwo ibifungurwa, ubwo ntiwoca wemera ko hari umuntu yayubatse? N’igihe tubonye ibintu vyaremwe biri mu bidukikije n’ibifungurwa umukimba biri kw’isi, ubwo ntivyumvikana duciye dushika ku ciyumviro c’uko hari uwabishizeho? Bibiliya ubwayo iradufasha kuzirikana, iti: “Inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo Imana ni yo yubatse ibintu vyose.”» (Abaheburayo 3:4) Ariko ntiwumve, naho twokoresha uburyo bwo kuzirikana bumeze gute, si abantu bose bazojijuka.​—2 Abatesalonika 3:2.

Nukoreshe uburyo bwo kuzirikana bushika ku nyota

20, 21. (a) Twokoresha gute imvugo ngo «hari akantu», kugira dushimike kuri kamere za Yehova no ku nzira ziwe? (b) Ni igiki turimbura mu kigabane gikurikira?

20 Igihe twigisha, haba mu busuku canke mw’ishengero, turashobora gukoresha imvugo ngo «hari akantu», kugira dushimike kuri kamere za Yehova no ku nzira ziwe. Nk’akarorero, kugira twerekane ko ya nyigisho y’umuriro udahera isiga iceyi Yehova, twoshobora kuvuga duti: «Hari umuvyeyi akunda umwana wiwe yomuhana mu kumushira ukuboko mu muriro? Nimba atobigira, ese ingene ico ciyumviro co guturirira abantu mu muriro udahera gitegerezwa kuba gisesema Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yuzuye urukundo!» (Yeremiya 7:31) Kugira dusubirize umutima mu nda uwo dusangiye ukwemera ko Yehova amukunda, twoshobora kuvuga duti: «Nimba Yehova abona ko akajuri gatoyi gafise agaciro, ese ingene ategerezwa kuba yitwararika kandi agakunda umwumwe wese mu basavyi biwe bo kw’isi, na wewe urimwo!» (Matayo 10:29-31) Ubwo buryo bwo kuzirikana burashobora kudufasha gukora abandi ku mutima.

21 Duhejeje gusuzuma ubuhinga butatu gusa mu bwo Yezu yakoresheje mu kwigisha, ariko buratweretse ko ba bapolisi vyanka ko bamufata batarengeje urugero igihe bavuga bati: «Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we.» Mu kigabane gikurikira, turaca irya n’ino ubuhinga bwo kwigisha abantu benshi bashobora kuba bamwibukirako, na bwo bukaba ari ugukoresha ibigereranyo.

a Birashoboka ko abo bapolisi bari abakozi b’Inama nkuru, bakaba bategekwa n’abakuru b’abaherezi.

b Ayo majambo ya nyuma, ayo dusanga mu Vyakozwe 20:35, yavuzwe n’intumwa Pawulo gusa. Ashobora kuba yayabwiwe ku munwa (n’umuntu yumvise Yezu ayavuga canke na Yezu ubwiwe amaze kuzuka) canke akaba yayahishuriwe n’Imana.

c Buri mwaka Abayuda basabwa kuriha ikori ry’urusengero ry’idarakima zibiri, zino zikaba zangana n’umushahara w’imisi nk’ibiri. Igitabu kimwe kivuga giti: «Ahanini iryo kori ryakoreshwa mu kuriha amahera y’ivyakoreshwa mu bijanye n’ibimazi vyaturirwa buri musi be n’ibindi bimazi vyose vyatangirwa iryo hanga.»

d Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.