Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 10

«Vyanditswe ngo»

«Vyanditswe ngo»

«Uyu musi ico canditswe . . . kirarangutse»

1-3. Ni ikintu gihambaye ikihe Yezu agomba ko abantu b’i Nazareti batahura, kandi ni ikimenyamenya ikihe abaha?

 NI MU ntango y’ubusuku bwa Yezu Kristu. Yagarutse i Nazareti, igisagara yakuriyemwo. Intumbero afise ni iyo gufasha abantu gutahura iki kintu gihambaye cane: Ni we Mesiya yari yaravuzwe kuva kera! None ni ikimenyamenya ikihe atanga?

2 Nta gukeka ko benshi biteze ko Yezu akora igitangaro kuko bamaze kwumva inkuru z’ibintu bitangaje yakoze. Ariko rero, nta gitangaro akora. Ahubwo aja kw’isinagogi nk’uko asanzwe abigira. Arahaguruka kugira asome maze bakamuhereza umuzingo wa Yesaya. Ni umuzingo muremure. Yezu arawuzingurura yitonze gushika atoye icanditswe ariko ararondera. Aca asoma n’ijwi ryumvikana icanditswe ubu dusanga muri Yesaya 61:1-3.​—Luka 4:16-19.

3 Nta gukeka ko abariko baramwumviriza bazi ayo majambo. Ni ubuhanuzi bwerekeye Mesiya. Abari mw’isinagogi bose bahanga amaso Yezu. Agacerere ni kose. Yezu aca atangura gusigura, ati: «Uyu musi ico canditswe muhejeje kwumva kirarangutse», kumbure akaba yongerako n’izindi nsobanuro. Abamwumviriza baratangazwa n’amajambo yiwe y’igikundiro, ariko bikaba biboneka ko benshi bagikeneye kubona ikimenyetso kidasanzwe akora. Aho gukora igitangaro, Yezu abigiranye ubutinyutsi, arakoresha akarorero ko mu Vyanditswe kugira ashire ku kabarore ukutizera kwabo. Bidatevye, abantu b’i Nazareti baca barondera kumwica!​—Luka 4:20-30.

4. Ni akarorero akahe Yezu yatanze mu busuku bwiwe, kandi twihweza iki muri iki kigabane?

4 Yezu ng’aho yari yerekanye akarorero yokwisunze mu busuku bwiwe bwose. Yariheka cane kw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Ego ni ko, ibitangaro yakoze vyari bihambaye cane mu kwerekana ko impwemu y’Imana yari kuri we. Yamara kuri Yezu, nta kintu cari gihambaye kuruta Ivyanditswe Vyeranda. Reka turabe akarorero yatanze muri ivyo, mu kurimbura ukuntu yasubiramwo ivyanditswe mw’Ijambo ry’Imana, akariburanira, akongera akarisigura.

Yarasubiramwo ivyanditswe mw’Ijambo ry’Imana

5. Yezu yari yiyemeje gufasha abamwumviriza gutahura iki, kandi yerekanye gute ko ivyo yavuze ari ukuri?

5 Yezu yashaka ko abantu bamenya aho ubutumwa yashikiriza bwava. Yavuze ati: «Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwantumye.» (Yohani 7:16) Ikindi gihe yavuze ati: “Nta kintu na kimwe nkora ndavyibwiye, mugabo ivyo Data yanyigishije ni vyo mvuga.” (Yohani 8:28) Yaranavuze ati: «Ibintu ndababwira si ivyo nikurira mu mutwe. Mugabo Data, umwe aguma yunze ubumwe nanje, ni we yikorera ibikorwa vyiwe.» (Yohani 14:10) Mu kwerekana ko ayo majambo ari ay’ukuri, Yezu yarasubiyemwo kenshi ivyanditswe mw’Ijambo ry’Imana.

6, 7. (a) Yezu yasubiyemwo ku rugero rungana iki amajambo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo, kandi ni kubera iki ivyo bitangaje? (b) Uburyo Yezu yigisha bwari butandukanye gute n’uburyo abanditsi bigisha?

6 Umuntu yihweje yitonze amajambo yanditswe Yezu yavuze, arabona ko yasubiyemwo neza na neza amajambo yo mu bitabu vyemewe vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo canke akayerekezako ku bice birenga mirongo itanu kw’ijana. Ukivyumva, umengo ntibitangaje. Mu myaka itatu n’igice yamaze yigisha yongera yamamaza ku mugaragaro, wokwibaza igituma atasubiyemwo ibivugwa mu bitabu vyose vyahumetswe vyari biriho. Ariko rero mu vy’ukuri, ashobora kuba yarabigize. Niwibuke ko Yezu yavuze ibintu vyinshi akora n’ibintu vyinshi, ariko muri vyo hakaba handitswe bike cane. (Yohani 21:25) Nkako, mu masaha makeyi gusa woshobora kuba uhejeje gusoma n’ijwi ryumvikana amajambo yose yanditswe Yezu yavuze. Ariko rero, ibaze nka hamwe woba ufise amasaha makeyi gusa yo kuvuga ibijanye n’Imana be n’Ubwami bwayo mugabo ukaba ubwirizwa gusubiramwo ibice birenga mirongo itanu kw’ijana vy’ibiri mu bitabu vy’Ivyanditswe vy’igiheburayo! N’ikindi kandi, akenshi Yezu ntiyaba afise imizingo yanditse. Igihe yatanga ya nsiguro rurangiranwa yo ku musozi, yarasubiyemwo yongera arerekeza kenshi ku majambo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo, kandi ivyo abigira ata ho arinze kuyasoma!

7 Ayo majambo Yezu yasubiyemwo yarerekanye ko yubaha cane Ijambo ry’Imana. Abamwumviriza «baratangazwa cane n’uburyo yigisha, kuko yabigisha nk’umuntu afise ububasha, atari nka ba banditsi.» (Mariko 1:22) Igihe abanditsi baba bariko barigisha, barakunda gusubiramwo amajambo yo mu co bita ngo ni itegeko ryo ku munwa, bagasubiramwo ivyavuzwe n’abarabi ba kera bize cane. Yezu wewe ntiyigeze asubiramwo amajambo yo muri iryo tegeko ryo ku munwa canke ivyavuzwe n’umurabi uwo ari we wese. Ahubwo, yabona ko Ijambo ry’Imana ari ntaharirizwa. Yaravuze incuro n’izindi ati: «Vyanditswe ngo.» Yarakoresheje kenshi ayo majambo canke ayandi asa n’ayo kugira yigishe abayoboke biwe no kugira akosore ivyiyumviro bitari vyo.

8, 9. (a) Igihe Yezu yatyorora urusengero, yashigikiye gute ukuri kw’Ijambo ry’Imana? (b) Ni gute indongozi z’idini zari ku rusengero zerekanye ko zitubaha na gato Ijambo ry’Imana?

8 Igihe Yezu yatyorora urusengero i Yeruzalemu, yavuze ati: «Vyanditswe ngo: “Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo”, ariko mwebwe muriko muyigira isenga ry’abambuzi.» (Matayo 21:12, 13; Yesaya 56:7; Yeremiya 7:11) Yari yaraye akoreye aho hantu nyene ibikorwa vyinshi bitangaje. Abana b’abahungu baratangaye cane baca batangura kumushemeza. Ariko rero, indongozi z’idini zaciye zibaza Yezu zishavuye ko yumva ivyo abo bana bariko baravuga. Yishuye ati: «Egome. Mbega ntimurigera musoma ahavuga ngo: “Washize amashemezo mu kanwa k’abana n’abonka”?» (Matayo 21:16; Zaburi 8:2) Yezu yashaka ko abo bagabo bamenya ko ivyariko biraba vyari bihuye n’ibivugwa mw’Ijambo ry’Imana.

9 Izo ndongozi z’idini zahavuye zikorana zirahangara Yezu, zimubaza ziti: «Ni ububasha nyabaki butuma ukora ivyo bintu?» (Matayo 21:23) Yezu yari amaze gutomora kenshi aho ububasha bwiwe bwava. Ntiyari yadukanye inyigisho nshasha. Yariko gusa ashira mu ngiro ivyavuzwe mw’Ijambo ryahumetswe rya Se. Mu vy’ukuri rero, abo baherezi n’abo banditsi bariko berekana ko batubaha na gato Yehova n’Ijambo ryiwe. Birabereye kubona Yezu yarabahambariye agashira ku kabarore imvo mbi bari bafise.​—Matayo 21:23-46.

10. Dushobora gute kwigana Yezu mu buryo dukoresha Ijambo ry’Imana, kandi ni ibikoresho ibihe dufise Yezu atari afise?

10 Nk’ukwo kwa Yezu, abakirisu b’ukuri muri iki gihe bariheka kw’Ijambo ry’Imana mu busuku barangura. Ivyabona vya Yehova barazwi kw’isi yose ko bafise ishaka ryo kubwira abandi ubutumwa bwo muri Bibiliya. Ibitabu vyacu birasubiramwo amajambo ari muri Bibiliya canke bikayerekezako kenshikenshi. No mu busuku turangura, tubigenza ukwo nyene, tukihatira gukoresha Ivyanditswe igihe cose tuyaga n’abantu. (2 Timoteyo 3:16) Urazi ingene biduhimbara igihe hari uwutwemereye gusoma Bibiliya no kuyaga na we ku gaciro k’Ijambo ry’Imana be n’insobanuro yaryo! Naho tudafise ubwenge butagira agahaze nk’ubwa Yezu, turafise ibikoresho vyinshi Yezu atari afise. Uretse Bibiliya yuzuye, na yo ikaba isohoka mu ndimi zirushiriza kuba nyinshi, turafise ibintu vyinshi bidufasha gutora muri Bibiliya umurongo wose twoba twipfuza. Nimuze twiyemeze kubandanya gukoresha amajambo ari muri Bibiliya no gushimika kuri yo igihe cose turonse akaryo!

Yaraburanira Ijambo ry’Imana

11. Kubera iki vyabaye ngombwa ko akenshi Yezu aburanira Ijambo ry’Imana?

11 Yezu yarabonye ko akenshi Ijambo ry’Imana ryakoreshwa nabi, ariko ivyo ntivyamutangaza. Yabwiye Se wiwe mw’isengesho ati: «Ijambo ryawe ni ukuri.» (Yohani 17:17) Vyongeye, yari azi neza ko Shetani wa «mutware w’isi» ari «umubeshi akaba na se w’ikinyoma.» (Yohani 8:44; 14:30) Mu kwiyamiriza inyosha mbi za Shetani, Yezu yarasubiyemwo incuro zitatu amajambo yo mu Vyanditswe. Shetani yarasubiyemwo amajambo yo mu murongo umwe wo mu mazaburi mu kuyakoresha nabi n’ibigirankana, ariko Yezu yaciye aburanira Ijambo ry’Imana ngo ntirikoreshwe nabi gutyo.​—Matayo 4:6, 7.

12-14. (a) Indongozi z’idini zerekanye gute ko zitubaha amategeko ya Musa? (b) Yezu yaburaniye gute Ijambo ry’Imana?

12 Akenshi Yezu yaraburaniye Ivyanditswe Vyeranda kugira ntibikoreshwe nabi canke ntibisigurwe nabi. Abigisha b’amadini bo mu gihe ciwe baratuma Ijambo ry’Imana riboneka nabi. Bashimika cane ku vyo kwisunga utuntu dutoduto two muri ya mategeko ya Musa ariko bagashimika buhoro ku vyo gukurikiza ingingo ngenderwako ayo mategeko yari ashingiyeko. Gutyo, bararemesha ugusenga kwo kwikurayo, ugusenga gushimika ku biboneka inyuma aho gushimika ku bihambaye kuruta, nk’ubutungane, imbabazi n’ubwizigirwa. (Matayo 23:23) None Yezu yaburaniye gute amategeko y’Imana?

13 Muri ya nsiguro yiwe yo ku musozi, Yezu yarakoresheje yisubiriza imvugo ngo «mwarumvise ko vyavuzwe ngo», agaca avuga ingingo yo muri ya mategeko ya Musa. Yaca yongerako ati: «Mugabo jewe ndababwiye nti», agaca asigura ingingo ngenderwako ishika kure kuruta kwumvira amategeko umuntu arondera kwikurayo. Yoba yariko ararwanya amategeko ya Musa? Oya, ahubwo yariko arayaburanira. Nk’akarorero, abantu bari bazi neza rya tegeko rivuga ngo «Ntukice.» Ariko Yezu yababwiye ko kwanka umuntu kwari ukurenga ku ngingo ngenderwako iri muri iryo tegeko. Muri ubwo buryo nyene, kugirira inambu umuntu atari uwo mwubakanye kwari ukurenga ku ngingo ngenderwako iri mw’itegeko Imana yatanze ribuza kurenga ibigo.​—Matayo 5:17, 18, 21, 22, 27-39.

14 Yezu yaravuze kandi ati: «Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: “Utegerezwa gukunda mugenzawe ukanka umwansi wawe.” Ariko jewe ndababwiye nti: Mubandanye gukunda abansi banyu no gusengera ababahama.» (Matayo 5:43, 44) None iryo bwirizwa ryo «[kwa]nka umwansi» wacu ryoba ryari mw’Ijambo ry’Imana? Habe namba! Iyo yari inyigisho indongozi z’idini zari zarigeneye. Barajoboroye amategeko y’Imana atunganye bakoresheje ivyiyumviro vy’abantu. Yezu yaraburaniye Ijambo ry’Imana ata bwoba, ararikingira kugira ntiryononwe n’imigenzo y’abantu.​—Mariko 7:9-13.

15. Yezu yaburaniye gute amategeko y’Imana igihe hari abariko bagerageza kwerekana ko arenza urugero, canke mbere ko ari amananiza?

15 Indongozi z’idini kandi zaratumye Ijambo ry’Imana riboneka ko rikavya, ko mbere ari amananiza. Igihe abigishwa ba Yezu bamyoza uduhundo tw’intete dukeyi baciye impande y’umurima, Abafarizayo bamwebamwe baciye babagiriza ngo barenze kw’isabato. Yezu yaciye akoresha akarorero ko mu Vyanditswe kugira yerekane ko Ijambo ry’Imana ridakavya. Yakoresheje icanditswe kimwe gusa kivuga ibijanye n’igihe umukate wo ku rusengero wakoreshejwe mu bitajanye n’ugusenga, ni ukuvuga igihe Dawidi yawihereza ari kumwe n’abantu biwe bari bashonje. Yezu yareretse abo Bafarizayo ko batari baratahuye imbabazi za Yehova be n’impuhwe ziwe.​—Mariko 2:23-27.

16. Indongozi z’idini zagoretse gute itegeko rya Musa rijanye n’ukwahukana, kandi Yezu yaciye akora iki?

16 Indongozi z’idini kandi zarirondeza uburyo bwo guca ku ruhande amategeko y’Imana kugira zigabanye ububasha bwayo. Nk’akarorero, amategeko yaremerera umugabo kwahukana n’umugore bishitse akamubonako «ikintu kitabereye», bikaba biboneka ko yaba ari ingorane ikomeye itukisha urugo. (Gusubira mu vyagezwe 24:1) Ariko rero mu gihe ca Yezu, indongozi z’idini zaritwaza ico kintu zikemerera umugabo kwahukana n’umugore wiwe ku mvo iyo ari yo yose, mbere n’igihe azigije ibifungurwa! a Yezu yarerekanye ko bariko baragoreka bimwe bibi amajambo Musa yavuze ahumekewe. Yaciye asubizaho ingingo Yehova yashinze mu ntango igenga umubano w’ababiranye ivuga ko umugabo akwiye kugira umugore umwe, aranatomora ko ubusambanyi ari yo mvo yumvikana yonyene ishobora gutuma haba ukwahukana.​—Matayo 19:3-12.

17. Abakirisu muri kino gihe bokwigana gute Yezu mu kuburanira Ijambo ry’Imana?

17 Abayoboke ba Kristu muri kino gihe na bo nyene barumva bagoberewe kuburanira Ivyanditswe Vyeranda kugira ngo ntibikoreshwe nabi. Igihe indongozi z’amadini zivuze ko ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana zigenga inyifato runtu zataye igihe, mu vy’ukuri ziba ziriko zivuga nabi Bibiliya. Bibiliya iba ivuzwe nabi kandi igihe amadini yigishije ibinyoma maze akavuga ko izo nyigisho ziva muri Bibiliya. Ni agateka kuri twebwe kubona tuburanira ukuri kw’Ijambo ry’Imana rityoroye, nk’akarorero tukerekana ko Imana atari Ubutatu. (Gusubira mu vyagezwe 4:39) Muri ico gihe nyene, turaburanira Ijambo ry’Imana tubigiranye ubugenge, ubwitonzi nyakuri n’icubahiro kigera kure.​—1 Petero 3:15.

Yarasigura Ijambo ry’Imana

18, 19. Ni uburorero ubuhe bwerekana ko Yezu yari afise ubushobozi butangaje bwo gusigura Ijambo ry’Imana?

18 Yezu yari mw’ijuru igihe Ivyanditswe vy’igiheburayo vyandikwa. Ese ukuntu ategerezwa kuba yarahimbawe no kuza kw’isi maze akagira uruhara mu gusigura Ijambo ry’Imana! Nk’akarorero, ibuka wa musi w’intibagirwa yahura n’abigishwa biwe babiri ku nzira ija i Emawusi amaze kuzuka. Imbere y’uko bamumenya, baramubwiye ko bababajwe kandi bateshejwe umutwe n’urupfu rwa Shebuja wabo bikundira. None yaciye akora iki? Yaciye «ahera ku vyo Musa yanditse no ku vyo abahanuzi bose banditse, maze abasigurira ibintu vyose Ivyanditswe bivuga ku bimwerekeye.» Bavyakiriye gute? Babwiranye mu nyuma bati: «Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba igihe yariko aravugana natwe ku nzira, ariko aradusigurira neza Ivyanditswe?»​—Luka 24:15-32.

19 Mu nyuma kuri uwo musi nyene, Yezu yarabonanye n’intumwa ziwe be n’abandi. Raba ico yabagiriye: «[Yarabafashije] gutahura neza insobanuro y’Ivyanditswe.» (Luka 24:45) Nta gukeka ko ico kintu gihimbaye cabibukije incuro nyinshi cane aho Yezu yabagiriye ikintu nk’ico nyene, akakigirira n’abandi bose baba bashimye kumwumviriza. Akenshi yarakoresha ivyanditswe abamwumviriza bamenyereye akabibasigurira mu buryo bwatuma batahura ikintu ceza umutima, bagatahura Ijambo ry’Imana mu buryo bushasha kandi bwimbitse.

20, 21. Yezu yasiguye gute amajambo Yehova yabwiye Musa kuri ca gisaka caka umuriro?

20 Igihe kimwe bene ico, Yezu yariko aravugana n’umugwi w’Abasadukayo. Bari bagize umuce w’idini ry’Abayuda wakorana n’abaherezi b’Abayuda kandi ntibemera izuka. Yababwiye ati: «Ku vyerekeye izuka ry’abapfuye na ho, mbega ntimwasomye ivyo Imana yababwiye ngo: “Ndi Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo”? Si Imana y’abapfuye, ahubwo ni iy’abazima.» (Matayo 22:31, 32) Ayo yari amajambo Abasadukayo basanzwe bazi neza, yanditswe n’umuntu bubaha cane, ari we Musa. Ariko none, woba ubona ukuntu iyo nsobanuro Yezu yatanze yari ikomeye?

21 Musa yagiraniye na Yehova ico kiganiro mu 1514 imbere ya Kristu kuri ca gisaka caka umuriro. (Kuvayo 3:2, 6) Ico gihe, Aburahamu yari amaze imyaka 329 apfuye, Izahaki imyaka 224, Yakobo na we imyaka 197. Yamara Yehova yavuze ati: «Ndi» Imana yabo. Abo Basadukayo bari bazi ko Yehova atameze nk’imana z’abapfuye zasengwa n’abapagani zavugwa ko ziganza i kuzimu. Ahubwo nk’uko Yezu yabivuze, Yehova ni Imana «y’abazima.» None ivyo vyasobanura iki? Iciyumviro Yezu yashaka guserura kiratomoye, kikaba ari uko «bose ari bazima kuri yo.» (Luka 20:38) Abasavyi ba Yehova yikundira bapfuye abagumiza muri ntibate, ntiyigera abibagira. Umugambi Yehova afise wo kubazura ni ntakekeranywa ku buryo vyoshobora kuvugwa ko ari bazima. (Abaroma 4:16, 17) Aho none Yezu ntiyasobanuye Ijambo ry’Imana mu buryo butangaje? Birumvikana kubona “isinzi ryaratangaye”!​—Matayo 22:33.

22, 23. (a) Twokwigana Yezu gute mu gusigura Ijambo ry’Imana? (b) Ni igiki twihweza mu kigabane gikurikira?

22 Muri iki gihe abakirisu barafise agateka ko kwigana uburyo Yezu yasigura Ijambo ry’Imana. Ego ni ko, ntidufise ubwenge butagira agahaze. Ariko rero, akenshi turaronka akaryo ko gukoresha icanditswe abandi bari basanzwe bazi, tukabasigurira imice yaco boshobora kuba batari bwigere bazirikanako. Nk’akarorero, boshobora kuba bama bavuga mu buzima bwabo ngo «izina ryawe niryubahwe» canke ngo «ubwami bwawe nibuze» ariko batazi izina ry’Imana canke Ubwami bwayo ico ari co. (Matayo 6:9, 10, Bibiliya Yera) Ese ukuntu kaba ari agateka igihe umuntu aduhaye akaryo ko kumusigurira mu buryo butomoye kandi bworoshe mwene ukwo kuri kwo muri Bibiliya!

23 Gusubiramwo ibiri mw’Ijambo ry’Imana, kuriburanira no kurisigura, ni ibintu nyamukuru bidufasha kwigana uburyo Yezu yamenyesha abandi ukuri. Nimuze duce twihweza uburyo ngirakamaro bumwebumwe Yezu yakoresha kugira ukuri kwo muri Bibiliya gushikire imitima y’abamwumviriza.

a Umutohozakahise wo mu kinjana ca mbere yitwa Josèphe, ubwiwe akaba yari Umufarizayo yahukanye, yahavuye avuga ko ukwahukana vyari vyemewe «ku mvo iyo ari yo yose (kandi imvo mwene izo abagabo ntibazibura).»