Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 14

«Abantu isinzi bamusangayo»

«Abantu isinzi bamusangayo»

«Nimureke abo bana baze aho ndi»

1-3. Ni ibiki biba igihe abavyeyi bazaniye Yezu abana babo, kandi ivyo bihishura iki ku bijanye na Yezu?

 YEZU arazi ko iherezo ry’ubuzima bwiwe bwo kw’isi ryegereje cane. Asigaranye amayinga makeyi gusa, mugabo aracafise ibintu vyinshi vyo gukora! Ariko yamamaza i Pereya ari kumwe n’intumwa ziwe, kakaba ari akerere kari mu buseruko bw’uruzi Yorodani. Bagenda baramamaza berekeza mu bumanuko i Yeruzalemu, aho Yezu agiye guhimbariza Pasika yiwe ya nyuma, ikaba ari Pasika idasanzwe.

2 Aho Yezu amariye kugiranira n’indogozi z’idini ikiyago gikaze, haraba uguhungabana gatoyi. Abantu baramuzanira abana babo kugira bamurabe. Bisa n’uko abo bana bafise imyaka itandukanye, kuko Mariko abadondora akoresheje ijambo yari yakoresheje mu kudondora umwana w’imyaka 12, Luka na we agakoresha ijambo «abana batoyi.» (Luka 18:15; Mariko 5:41, 42; 10:13) Dusanzwe tuzi ko ahari abana hatabura induru n’uruyogoyogo. Abigishwa ba Yezu barahambarira nya bavyeyi, kumbure biyumvira ko Shebuja wabo afatiriwe cane ku buryo atoronkera umwanya abo bana. None Yezu aca akora iki?

3 Yezu arashavura abonye ibiriko biraba. None ashavurira nde? Abo bana canke abo bavyeyi? Oya, ashavurira abigishwa biwe! Avuga ati: «Nimureke abo bana baze aho ndi. Ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo. Ni ukuri ndabibabwiye, uwo wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo.» Yezu aca afata nya bana «mu maboko yiwe», akabahezagira. (Mariko 10:13-16) Imvugo Mariko akoresha ng’aha yerekana ko Yezu abagumbira n’igishika, canke mbere «agakikira mu maboko yiwe» inzoya zimwezimwe nk’uko umuhinduzi umwe abivuga. Biribonekeza yuko Yezu akunda abana cane. Ariko rero, ivyo biratwigisha ikindi kintu: Yezu yari umuntu yegereka.

4, 5. (a) Tuzi gute ko Yezu yari umuntu yegereka? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kwihweza muri iki kigabane?

4 Iyo Yezu aza kuba ari umuntu atanyinyuka, atagira igishika canke yishima, abo bana ntibari kumwiyegereza; eka n’abavyeyi babo ntibari kumwegera. Wihaye ishusho y’ivyo bintu, woba ubona abo bavyeyi bariko baramwenyura igihe uwo muntu w’umutima mwiza agaragariza igishika abana babo, akerekana ko bari n’agaciro mu nyonga z’Imana, akongera akabahezagira? Emwe, naho Yezu yari afise amabanga aremereye rwose, yagumye yegereka kuruta abandi bantu bose.

5 Ni bande kandi babona ko Yezu yegereka? Ni igiki catuma vyoroha cane kumwegera? Vyongeye, twomwigana gute muri uwo muce? Reka tubirabe.

Ni bande babona ko Yezu yegereka?

6-8. Akenshi Yezu yaba ari kumwe na bande, kandi uko yabafata kwari gutandukanye gute n’uko indongozi z’idini zabafata?

6 Usomye inkuru zo mu Njili, woshobora gutangazwa cane n’ukuntu amasinzi atitinya kwegera Yezu. Nk’akarorero, akenshi turasoma amajambo nk’aya ngo: «Amasinzi y’abantu» yaba ari kumwe na we; «amasinzi y’abantu aramukurikira avuye i Galilaya»; «amasinzi y’abantu amuhundarako»; «abantu isinzi bamusangayo»; «isinzi rinini ryari rifatanije na we urugendo.» (Matayo 4:25; 13:2; 15:30; Luka 14:25) Ego cane, akenshi Yezu yama akikujwe n’amasinzi y’abantu.

7 Muri rusangi, wasanga ari abantu basanzwe, abo indongozi z’idini zita n’akagaye ngo ni «abanyagihugu.» Abafarizayo n’abaherezi barinamura bati: «Iri sinzi ritazi amategeko ni ibivume.» (Yohani 7:49) Inyandiko z’abarabi zahavuye zemeza ko ari ukwo babona ibintu. Indongozi nyinshi z’idini zabona ko abo bantu bagayitse, zikanka gusangira na bo, kugura ibintu vyabo canke kwifatanya na bo. Hari n’abavuga ko abo bantu batari bazi itegeko ryo ku munwa ata cizigiro c’izuka bari bafise! Abantu benshi batobato bategerezwa kuba baraca kure izo ndongozi aho kuzitura bazisaba imfashanyo canke ubuyobozi. Ariko Yezu ntiyari ameze nk’izo ndongozi.

8 Yezu yarifatanya ata ngorane n’abantu batobato. Yarasangira na bo, akabakiza, akabigisha akongera akabaha icizigiro. Ego ni ko, Yezu ntiyitega ibidashoboka. Yaremera ko abantu benshi batokwakirije yompi akaryo ko gukorera Yehova. (Matayo 7:13, 14) Ariko rero, yabona ko umuntu wese hari ico ashobora kuvamwo kandi akabona ko benshi boshobora gukora ibigororotse. Ese ingene yari atandukanye n’abo baherezi n’Abafarizayo b’imitima ikomantaye! Ariko rero igitangaje, abaherezi n’Abafarizayo na bo nyene bariyegereza Yezu, kandi abatari bake muri bo barahindutse baramukurikira. (Ivyakozwe 6:7; 15:5) Abatunzi n’abantu bakomakomeye na bo nyene bariyegereza Yezu ata ngorane.​—Mariko 10:17, 22.

9. Kubera iki abagore babona ko Yezu yegereka?

9 Abagore ntibitinya kwegera Yezu. Bategerezwa kuba baribonera ukuntu indongozi z’idini zama zibasuzugura. Abarabi baragaya umuntu wese yigisha abagore. Abagore ntibari bemerewe kuba amasura mu manza; intahe bashinga yabonwa ko itokwizigirwa. Mbere abarabi bari bafise isengesho batura Imana bayishimira kubona itabagize abagore! Ariko Yezu ntiyasuzugura abagore gutyo. Benshi baramwiyegereza bashashaye kwiga. Nk’akarorero, Mariya mushiki wa Lazaro yaricaye imbere y’ibirenge vy’Umukama, ariko aramutega ugutwi yitonze, mu gihe mukuruwe Marita yariko aracurumba muri twinshi ategura ibifungurwa. Yezu yarakeje Mariya kubera yashize imbere ibibereye.​—Luka 10:39-42.

10. Yezu yari atandukanye gute n’indongozi z’idini mu kuntu yafata abarwaye?

10 Abarwaye na bo nyene barasidukana n’iyonka baza kuri Yezu, naho indongozi z’idini zakunda kubakumira. Amategeko ya Musa yarategekanya ivy’uko abarwaye imibembe bashirwa ukwa bonyene bivuye ku mvo z’amagara, mugabo ivyo ntivyasigura ko baca bafatwa nabi. (Abalewi, ikigabane ca 13) Ariko rero, amategeko y’abarabi yahavuye avuga ko abanyamibembe bari basesemye nk’umwanda mukuru. Indongozi z’idini zimwezimwe zarimonogoje gushika n’aho zitera amabuye abanyamibembe kugira ntibazegere! Uca ubona ko vyasaba kurya umutima amenyo kugira ngo abantu bafatwa gutyo bashobore kwiyegereza umwigisha kanaka. Ariko abanyamibembe bariyegereza Yezu ata kwitinya. Umwe muri bo yaravuze aya majambo azwi cane agaragaza ukwizera, ati: «Mukama, ubishatse, urashobora kumpumanura.» (Luka 5:12) Mu kigabane gikurikira tuzobona ico Yezu yaciye akora, ariko ubu twoshobora kuvuga yuko ata kimenyamenya gikomeye c’uko Yezu yari umuntu yegereka coza kiruta ico.

11. Ni akarorero akahe kerekana ko abaremerewe n’ukwiyagiriza batatinya kwiyegereza Yezu, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye?

11 Ababa baremerewe n’ukwiyagiriza bariyegereza Yezu badatinya. Nk’akarorero, ibuka igihe Yezu yariko arafungura mu nzu y’Umufarizayo umwe. Umugore yari azwi ko ari umucumuzi yarinjiye maze apfukama imbere y’ibirenge vya Yezu, ariko ararira kubera ukwiyagiriza. Yarogeje ibirenge vya Yezu akoresheje amosozi yiwe, aca arabihanagura n’imishatsi yiwe. Uwari yakiriye Yezu yaciye yigirwayo kubera ugushishwa yongera aramunegura cane kubera yaretse uwo mugore akamwegera, ariko Yezu wewe yarakeje uwo mugore n’umutima mwiza kubera yari yigaye bivuye ku mutima yongera aramukura amazinda ko Yehova amubabariye. (Luka 7:36-50) Ubu kuruta ikindi gihe cose, abaremerewe n’ukwiyagiriza barakeneye kwumva ko bashobora kwiyegereza batitinya abashoboye kubafasha gusubiza hamwe n’Imana! Ni igiki catuma Yezu aba uwegereka cane?

Ni igiki catuma Yezu aba uwegereka?

12. Kubera iki bidatangaje kubona Yezu yaregereka?

12 Niwibuke ko Yezu yiganye mu buryo butagira agahaze Se wiwe wo mw’ijuru yikundira. (Yohani 14:9) Bibiliya iratwibutsa ko Yehova «[atari] kure y’umuntu n’umwe muri twebwe.» (Ivyakozwe 17:27) Yehova, umwe «[y]umva amasengesho», ntiyigera aba kure y’abasavyi biwe b’abizigirwa be n’abandi bose bipfuza ata buryarya kumumenya no kumukorera. (Zaburi 65:2) Iyumvire ntuze: Umunyabubasha ahambaye kuruta abandi bose mw’ijuru no kw’isi ni na we yegereka kuruta abandi bose! Yezu arakunda abantu, nk’uko na Se abakunda. Mu bigabane bikurikira, tuzoca irya n’ino ukuntu Yezu yari afise urukundo rwinshi. Ariko rero, Yezu yari umuntu yegereka canecane kubera ko vyari vyoroshe kubona urukundo yakunda abandi. Reka twihweze kamere zimwezimwe za Yezu zagaragaje urwo rukundo.

13. Abavyeyi bokwigana Yezu gute?

13 Abantu barabona bitagoranye ko Yezu yabitwararika umwumwe ukwiwe. N’igihe yaba ari mu mukazo, ntiyareka kwitwararika umuntu ku giti ciwe. Nk’uko twamaze kubibona, igihe ba bavyeyi bazanira Yezu abana babo, yagumye ari umuntu yegereka mbere n’igihe yari afatiriwe, ahanzwe n’amabanga aremereye. Mbega akarorero keza yasigiye abavyeyi! Kurera abana si icoroshe mw’isi ya kino gihe. Yamara, birahambaye ko abana babona ko abavyeyi babo begereka. Nimba uri umuvyeyi, urazi ko hari igihe bishika ugafatirwa cane ku buryo udashobora kwitwararika umwana wawe nk’uko abikeneye. Ariko rero, numukure amazinda ko ugiye kumuronderera umwanya vuba bishoboka. Niwashitsa ico wasezeraniye umwana wawe, azotahura ivyiza biva mu kwihangana. Azotahura kandi ko ashobora kukwitura adatinya igihe cose afise ingorane canke agukeneye.

14-16. (a) Ni ibiki vyatumye Yezu akora igitangaro ciwe ca mbere, kandi ni kubera iki cari ikintu gitangaje? (b) Igitangaro Yezu akorera i Kana gihishura iki ku bimwerekeye, kandi giha icigwa ikihe abavyeyi?

14 Yezu yarereka abandi ko atirengagiza ibibaraje ishinga. Nk’akarorero, rimbura igitangaro ca mbere yakoze. Yari yitavye ubukwe i Kana, igisagara c’i Galilaya. Haravyutse ingorane itesha umutwe: umuvinyu waraheze! Mariya nyina wa Yezu yaciye abwira umwana wiwe ivyari bibaye. None Yezu yakoze iki? Yabwiye abasuku ngo buzuze amazi imibindi itandatu mininiminini ikozwe mu mabuye. Igihe bashira umuhagarikizi w’ubukwe ngo ahonje, emwe, yumvise ari umuvinyu uryoshe cane! None ayo yoba yari amayeri Yezu yagize kugira ahume amaso abantu? Oya, «ayo mazi yari yahindutse umuvinyu.» (Yohani 2:1-11) Kuva kera na rindi, abantu bamye bipfuza cane gushobora guhindura ikintu kigacika ikindi. Abahinga mu vy’ubutare baramaze ibinjana n’ibindi bagerageza guhindura icuma c’isǎsu (plomb) ngo gicike inzahabu. Ntibigeze babishobora naho icuma c’isǎsu n’inzahabu bigizwe n’ibintu bisa cane. a Tuvuge iki ku bijanye n’amazi be n’umuvinyu? Amazi agizwe n’ibintu nyamukuru bibiri bisanzwe. Umuvinyu wowo ugizwe n’ibintu hafi igihumbi, vyinshi muri vyo bikaba bigizwe n’uduhimba duhanitse! None ni kubera iki Yezu yakoze ico gitangaro kugira atorere umuti iyo ngorane idahambaye yari yadutse, ni ukuvuga ugukeha kw’umuvinyu mu gihe c’ubukwe?

15 Ku mugeni n’umukwe, iyo ntiyari ingorane idahambaye. Kera mu bihugu vy’Abarabu, gufata neza abatumire cari ikintu gihambaye cane. Igihe umuvinyu ukeshe ku bukwe vyaratuma umukwe n’umugeni bateterwa cane, bigatoba urubanza rwabo kandi bigatuma bamaramara igihe cose bavyibutse mu myaka ikurikira. Iyo ngorane yari ihambaye cane kuri bo kandi no kuri Yezu yari ihambaye cane. Ni co gituma yaciye agira ico akoze. Woba ubona igituma abantu batura Yezu ibibaraje ishinga?

Niwereke umwana wawe ko wegereka be n’uko umubabaye vy’ukuri

16 No ng’aha nyene, abavyeyi boshobora kuhigira icigwa ngirakamaro. Dufate ko umwana wawe akwituye aremerewe n’ingorane kanaka. Woshobora kwumva umengo womubwira ko iyo ngorane idahambaye. Woshobora mbere kwumva umengo wokweguka ugatwenga. Ingorane uwo mwana afise uyigereranije n’izo wifitiye, yoshobora vy’ukuri kuboneka nk’aho ata co ivuze. Ariko rero, niwibuke ko kuri we ihambaye! None nimba uwo wikundira abona ko ihambaye, wumva weho udakwiye kubona ko ihambaye? Kwereka umwana wawe ko witwararika ibimuraje ishinga bizotuma uba umuvyeyi yegereka.

17. Ni akarorero akahe Yezu yatanze mu bijanye n’ubwitonzi, kandi ni kubera iki iyo kamere yerekana ko umuntu afise inkomezi?

17 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 3, Yezu yaritonda kandi akicisha bugufi. (Matayo 11:29) Ubwitonzi ni kamere nziza, kikaba ari ikimenyamenya gikomeye c’uko umuntu yicisha bugufi mu mutima. Ni umuce w’icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana kandi irafitaniye isano n’ubukerebutsi buva ku Mana. (Abagalatiya 5:22, 23; Yakobo 3:13) N’igihe mbere Yezu yaba asomborokejwe bikomeye, yabandanya kwigumya. Ubwitonzi bwiwe nta ho bwasa busana n’ubugoyagoye. Incabwenge imwe yavuze ku bijanye n’iyo kamere iti: «Ugutekereza kurimwo inkomezi nk’iz’icuma c’indarayi.» Vy’ukuri, akenshi bisaba inkomezi kugira ngo dushobore kwigumya maze dufatane abandi ubwitonzi. Ariko tubifashijwemwo na Yehova, turashobora kwigana Yezu mu kugaragaza ubwitonzi, kandi ivyo bizotuma turushiriza kwegereka.

18. Ni akarorero akahe kerekana ko Yezu yakora ibitegereka, kandi wiyumvira ko ari kubera iki iyo kamere ishobora gutuma umuntu aba uwegereka?

18 Yezu yakora ibitegereka. Igihe yari i Tiro, umugore umwe yaramwituye kubera ko umukobwa wiwe yari “arembejwe n’idayimoni.” Yezu yarerekanye mu buryo butatu ko atokoze ivyo yariko aramusaba. Ubwa mbere yarinumiye; ubugira kabiri amubwira igituma atobikoze; ubugira gatatu na ho amuha ikigereranyo carushirije gutomora ico ciyumviro. Ariko none, yoba yabigiranye umutima mubi n’ukudadika? Yoba yamweretse ko yariko afyina ahafyikiye mu kwubahuka kuvuguruza umuntu ahambaye nk’uyo? Habe namba! Biraboneka ko uwo mugore ata bwoba vyamuteye. Ntiyamusavye gusa ngo amufashe ahubwo yaramwinginze akobeje naho Yezu yasa n’uwudashaka kumufasha. Yezu yarabonye ukwizera gukomeye kwatumye uwo mugore amwinginga akobeje, maze arakiza umukobwa wiwe. (Matayo 15:22-28) Nta gukeka ko kuba Yezu yarakora ibitegereka kandi akagira umutima ukunze wo gutega ugutwi abandi no kwemera ivyo bamusavye igihe bibereye, vyatumye abantu batitinya kumwiyegereza!

Woba uri umuntu yegereka?

19. Twomenya gute ko twegereka vy’ukuri?

19 Abantu barakunze kwiyumvira ko begereka. Nk’akarorero, abategetsi usanga bakunda kuvuga ko bagendera kuri politike yo kwiyegereza abanyagihugu be n’uko abari munsi yabo bashobora kubitura batitinya. Ariko Bibiliya irimwo ingabisho ikomeye igira iti: «Abantu benshi barihayagiza ngo ni intahemuka, ariko umuntu w’umwizigirwa womukura hehe?» (Imigani 20:6) Biroroshe kuvuga ko twegereka, ariko twoba vy’ukuri twigana tudahemuka uwo muce w’urukundo rwa Yezu? Inyishu y’ico kibazo ntihagaze ku kuntu twebwe ubwacu twibona, ahubwo ihagaze ku kuntu abandi batubona. Pawulo yavuze ati: «Bose nibabone ko muri abantu batadadaza.» (Abafilipi 4:5) Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: «Abandi bambona gute? Banzi gute?»

Abakurambere barihatira kuba abegereka

20. (a) Kubera iki bihambaye ko abakurambere bakirisu baba abegereka? (b) Kubera iki tudakwiye kwitega ko abakurambere b’ishengero bakora ivyo badashoboye?

20 Abakurambere bakirisu canecane barihatira kuba abegereka. Baripfuza cane kubaho bahuza n’aya majambo dusanga muri Yesaya 32:1, 2, agira ati: «Umwe wese azoba nk’ahantu ho kwikinga umuyaga, nk’ahantu ho kwugama imvura y’igihuhusi, nk’imigezi y’amazi mu gihugu kitagira amazi, nk’igitutu c’urutare amahero mu gihugu cumye.» Igihe umukurambere agumye ari uwegereka ni ho honyene ashobora gukingira intama, akaziruhurira akongera akazihumuriza. Ego ni ko, ivyo ntivyama vyoroshe kuko abakurambere bafise amabanga aremereye muri ibi bihe bigoye. Ariko rero, abakurambere barihata ngo ntibigere baboneka ko bafatiriwe cane ku buryo batokwitwararika ivyo intama za Yehova zikeneye. (1 Petero 5:2) Abandi bagize ishengero bakwiye kwicisha bugufi bagasenyera ku mugozi umwe n’abo bagabo b’abizigirwa, ntibitege ko bakora ivyo badashoboye.​—Abaheburayo 13:17.

21. Abavyeyi bokora iki kugira ngo abana babo babaronke igihe babakeneye, kandi ni igiki twihweza mu kigabane gikurikira?

21 Abavyeyi barigora kugira ngo abana babo babaronke igihe cose babakeneye. Ivyo birahambaye cane! Bipfuza ko abana babo bamenya yuko ari vyiza kubitura. Ku bw’ivyo, abavyeyi bakirisu baritwararika kuba abitonda n’abakora ibitegereka, ntibace batwarwa n’ishavu igihe umwana ababwiye ikosa yakoze canke aseruye iciyumviro kitari co. Igihe abavyeyi bamenyereza abana babo bihanganye, barihatira kuguma babaha akaryo ko kuganira na bo. Vy’ukuri, twese twipfuza kuguma turi abantu begereka nka Yezu. Mu kigabane gikurikira, turihweza ukuntu Yezu yari umunyempuhwe, iyo ikaba ari imwe muri kamere nyamukuru zatuma aba uwegereka.

a Icuma c’isǎsu n’inzahabu bigomba kumere cokimwe. Abahinga bo muri kino gihe barashoboye mbere guhindura ubutare bukeya bw’icuma c’isǎsu buracika inzahabu, ariko basanze ico gikorwa gitwara amahera y’umurengera.