Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 15

«Bimutera ikigongwe»

«Bimutera ikigongwe»

«Mukama, amaso yacu nahumuke»

1-3. (a) Yezu akora iki igihe abasezi babiri b’impumyi bamutakambiye ngo abafashe? (b) Imvugo ngo «bimutera ikigongwe isobanura iki? (Raba akajambo k’epfo.)

 IMPUMYI zibiri zicaye iruhande y’ibarabara, hafi y’igisagara ca Yeriko. Bama baza ng’aho imisi yose, bakarondera ahantu abantu bakunda guca, bakaza barasaba amahera abahita. Ariko rero kuri uwo musi, bagira bashikirwe n’ikintu kigiye guhindura cane ubuzima bwabo.

2 Bukwi na bukwi, abo basezi baca bumva uruyogoyogo. Kubera ko badashobora kubona ibiriko biraba, umwe muri bo arabaza ivyo ari vyo, bakamwishura bati: «Yezu Umunyanazareti ariko ararengana!» Yezu ariko aja i Yeruzalemu ubwa nyuma. Mugabo ntari wenyene; amasinzi menshi ariko aramukurikira. Ba basezi bumvise uwuriko ararengana uwo ari we, baca bashira ijwi hejuru bati: «Mukama, tugirire imbabazi Mwana wa Dawidi!» Ayo masinzi birayababaza agaca abwira nya basezi ngo banume, ariko abo bagabo baribabariye ku mutima. Ntibashobora kunuma.

3 Naho hari urwamo rw’amasinzi, Yezu arumva ugusemerera kwabo. None aca akora iki? Yifitiye ibintu vyinshi bimuhagaritse umutima. Agira atangure indwi ya nyuma y’ubuzima bwiwe bwo ng’aha kw’isi. Arazi ko agiye i Yeruzalemu kubabazwa no kwicwa bunyamaswa. Ariko rero, ntiyirengagiza ugutakamba kw’abo bagabo. Arahagarara agasaba ko bamuzanira abo bariko barasemerera. Bamutakambira bati: «Mukama, amaso yacu nahumuke.» Yezu “biramutera ikigongwe”, agakora ku maso yabo, bagaca bahumuka. a Ubwo nyene baca batangura kumukurikira.​—Luka 18:35-43; Matayo 20:29-34.

4. Yezu yashikije gute ubuhanuzi bwavuga ko «azogirira impuhwe abantu batobato»?

4 Ntibwari bwo bwa mbere Yezu agaragaza impuhwe. Yezu yaragaragaje impuhwe kenshi kandi ibintu vyifashe ugutandukanye. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwaravuze ko «azogirira impuhwe abantu batobato.» (Zaburi 72:​13) Nk’uko vyari vyaravuzwe, Yezu yaritaho ukuntu abandi biyumva. Yaribwiriza gufasha abantu. Impuhwe ni zo zamuvyurira umutima wo kwamamaza. Reka turabe ingene Injili zerekana ko ivyo Yezu yavuga n’ivyo yakora yabitumwa n’impuhwe maze turabe ingene natwe dushobora kugaragaza mwene izo mpuhwe.

Yaritaho ukuntu abandi biyumva

5, 6. Ni uburorero ubuhe bwerekana ko Yezu yari umuntu afise impuhwe?

5 Yezu yari umuntu afise ikibabarwe cinshi. Yaratahura abafise umubabaro kandi akishira mu kibanza cabo. Naho atashikiwe n’imibabaro yose yabashikira, yaratahura vy’ukuri umubabaro bafise. (Abaheburayo 4:​15) Igihe yakiza umugore umwe yari amaze imyaka 12 arwaye indwara yo kuva amaraso, yavuze ko yari «indwara . . . ibabaza cane», aho akaba yari yerekanye ko yatahura yuko iyo ndwara yari yaramubabaje cane. (Mariko 5:​25-​34) Igihe yabona Mariya n’abari kumwe na we bariko bararira kubera Lazaro yari yapfuye, yarakozwe ku mutima cane n’intuntu bari bafise ku buryo yabuze amahoro. Naho yari azi ko yagira azure Lazaro, yarababaye cane ku buryo akorora amosozi.​—Yohani 11:33, 35.

6 Ikindi gihe, hari umunyamibembe yegereye Yezu maze aramwinginga ati: «Ubishatse, urashobora kumpumanura.» None Yezu, wa muntu atunganye atari bwigere arwara, yumvise amerewe gute? Yarumviye impuhwe uwo munyamibembe. Vy’ukuri, “yaramwumviye impuhwe.” (Mariko 1:​40-​42) Yaciye akora ikintu kidasanzwe. Yari azi neza ko amategeko yavuga ko abanyamibembe baba bahumanye be n’uko batari bakwiye kuja mu bandi bantu. (Abalewi 13:​45, 46) Nta gukeka ko Yezu yari ashoboye gukiza uwo mugabo atiriwe aramukorako. (Matayo 8:​5-​13) Ariko rero, yararamvuye ukuboko aramukorako, amubwira ati: «Ndabishaka! Humanuka.» Ubwo nyene ya mibembe yaciye ikamangana. Mbega impuhwe Yezu yagaragaje!

Nugire «impuhwe»

7. Ni igiki codufasha gutsimbataza ikibabarwe, kandi iyo kamere twoyigaragaza gute?

7 Kubera ko turi abakirisu, turakwiye kwigana Yezu mu kugaragaza ikibabarwe. Bibiliya iduhimiriza kugaragaza «impuhwe.» b (1 Petero 3:8) Hari aho bitotworohera gutahura ukuntu abarwaye indwara zidakira canke akabonge biyumva, na canecane nimba ubwacu tutaragira umubabaro nk’uwo. Ariko rero, niwibuke ko kugira ngo tugaragaze ikibabarwe bidasaba ko tuba twarashikiwe n’ivyo bintu. Yezu yaratahura ingene abarwaye bamerewe naho ubwiwe atigeze arwara. None twotsimbataza gute ikibabarwe? Twobigira mu kwumviriza ­twihanganye igihe abafise umubabaro bariko baratwiganira ibiri mu mitima yabo n’ingene biyumva. Twoshobora kwibaza duti: «Iyaba ari jewe merewe gutyo, nari kwiyumva gute?» (1 Abakorinto 12:​26) Nitwihata ngo twishire mu kibanza c’abandi, bizorushiriza kutworohera «[kuyagisha] abacitse intege n’ijwi ryirura.» (1 Abatesalonika 5:​14) Rimwe na rimwe, turashobora kugaragaza ikibabarwe atari mu majambo gusa ariko no mu gukorora amosozi. Mu Baroma 12:​15 havuga hati: «Murirane n’abarira.»

8, 9. Yezu yerekanye gute ko yitwararika ukuntu abandi biyumva?

8 Yezu yaritwararika abandi, kandi ivyo yakora vyarerekana ko yitaho ukuntu biyumva. Niwibuke ca gihe bamuzanira umugabo atumva kandi atavuga ngo atobore. Biboneka ko Yezu yabonye yuko uwo mugabo yari afise ubuyega, ari co gituma yakoze ikintu atari asanzwe agira igihe yaba ariko arakiza abandi. Bibiliya ivuga iti: «Amujana ahantu hiherereye.» Yamujanye ahantu hiherereye kure y’amaso y’iryo sinzi, maze aramukiza.​—Mariko 7:31-35.

9 Yezu yabigenjeje gutyo nyene igihe bamuzanira umuntu w’impumyi bakamusaba ngo amukize. Yezu yaciye «afata ukuboko uwo mugabo, amujana inyuma y’ikigwati.» Yaciye akiza uwo muntu intambwe ku yindi. Ivyo bishobora kuba vyaratumye ubwonko n’amaso vy’uwo muntu bimenyera buhorobuhoro umuco w’izuba be n’ibintu vyari bimukikuje. (Mariko 8:​22-​26) Umve na we ubwo bwitwararitsi Yezu yerekanye!

10. Ni mu buryo ubuhe twokwerekana ko twitwararika ukuntu abandi biyumva?

10 Kubera ko turi abayoboke ba Yezu, na twebwe turitwararika ukuntu abandi biyumva. Ni co gituma twiyubara mu vyo tuvuga, tukibuka yuko gupfa kuvuga tutiyumviriye bishobora kubabaza abandi. (Imigani 12:18; 18:21) Amajambo yo kuryagagura abandi, yo kubanebagura canke kubatyekeza nta kibanza afise mu bakirisu kuko bitwararika ukuntu abandi biyumva. (Abanyefeso 4:31) Yemwe bakurambere, mwokwerekana gute ko mwitwararika ukuntu abandi biyumva? Igihe mutanga impanuro, nimukoreshe amajambo aranga ubuntu, atuma uwo muhanura agumana iteka ryiwe. (Abagalatiya 6:1) Bavyeyi, mwokwerekana gute ko mwitwararika ukuntu abana banyu biyumva? Igihe mubatoza indero, nimwihatire kubigira ku buryo mutabamaramaza bidakenewe.​— Abakolosayi 3:21.

Yaribwiriza gufasha abandi

11, 12. Ni inkuru izihe zo muri Bibiliya zerekana ko Yezu yagaragaza impuhwe ata wurinze kubimusaba?

11 Yezu ntiyama arindira ko abandi barinda kubimusaba ngo abe ari ho agaragaza impuhwe. Mu bisanzwe, impuhwe ni kamere nziza, igaragarira mu bikorwa. Ntibitangaje rero kubona impuhwe z’ikibabarwe zaravyurira Yezu umutima wo kwibwiriza gufasha abandi. Nk’akarorero, igihe isinzi rinini ryagumana na we imisi itatu ata kintu rishira ku munwa, nta warinze kubarira Yezu ko abantu bari bashonje canke ngo amusabe kugira ico akoze. Iyo nkuru ivuga iti: «Yezu ahamagara abigishwa biwe, ababwira ati: “Aba bantu baranteye ikigongwe, kuko tumaranye imisi itatu kandi ntibagira ico bafungura. Sinshaka kubarungika bashonje, kuko bohava bagwa mu nzira.”» Bimwiviriyeko rero, Yezu yaragaburiye iryo sinzi ku gitangaro.​—Matayo 15:32-38.

12 Rimbura iyindi nkuru. Mu 31 inyuma ya Kristu, igihe Yezu yari yegereye igisagara c’i Nayini, yarabonye ikintu kibabaje. Yahuye n’abantu bariko bava mu gisagara bagiye ku maziko, kumbure bakaba bariko baja ku mva zari ku nkike y’umusozi wo hafi yaho, bagiye gufuba “umwana wenyene umupfakazi yari afise.” Woba ushobora kwiyumvisha umubabaro wari mu mutima w’uwo muvyeyi? Yari agiye guhamba agahungu kiwe yari afise konyene, kandi nta n’umugabo yari afise ngo amuhoze. Yezu “amubonye” uwo mupfakazi aho yari ari muri uwo murongo wose w’abantu, akaba yari asigaye ata kana agira. Ivyo yabonye vyaramukoze ku mutima koko, emwe “yaramuteye ikigongwe.” Nta muntu yarinze kumwinginga. Impuhwe zari mu mutima wiwe zatumye yibwiriza kugira ico akoze. Yaciye «[y]egera, akora ku nderuzo», araheza asubiza ubuzima wa musore. Ni igiki cakurikiye? Yezu ntiyasavye uwo musore ngo ace ajana n’iryo sinzi rinini ryariko riramukurikira. Ahubwo yaciye «amuha nyina», basubira kuba umuryango, uwo mupfakazi aba aronse uwumwitwararika.​—⁠Luka 7:​11-15.​—Luka 7:11-15.

Niwibwirize gufasha abari n’ivyo bakeneye

13. Twokwigana gute Yezu mu kwibwiriza gufasha abari n’ivyo bakeneye?

13 Twokwigana gute akarorero ka Yezu? Ego ni ko ntidushobora gutanga ibifungurwa ku gitangaro canke ngo dusubize ubuzima abapfuye. Ariko rero turashobora kwigana Yezu mu kwibwiriza gufasha abari n’ivyo bakeneye. Uwo dusangiye ukwizera yoshobora kuba yagize ivyago mu vy’ubutunzi canke agatakaza akazi. (1 Yohani 3:​17) Inzu y’umupfakazi yoshobora kuba ikeneye gusanurwa bimwe vyihutirwa. (Yakobo 1:​27) Twoshobora kuba tuzi umuryango wabuze uwabo ukeneye guhumurizwa canke gufashwa mu buryo ngirakamaro. (1 Abatesalonika 5:​11) Igihe hari ibintu bikenewe vy’ukuri, ntiturindira ngo abandi barinde kudusaba kugira ico dufashije. (Imigani 3:​27) Impuhwe ziradusunikira kwibwiriza kugira ico dufashije twisunze uko ivyacu vyifashe. Ntitwigere twibagira ko igikorwa gisanzwe kiranga ubuntu canke amajambo makeyi ahumuriza avuye ku mutima, bishobora kuba uburyo bukomeye bwo kugaragaza impuhwe.​—Abakolosayi 3:12.

Impuhwe zaramuvyurira umutima wo kwamamaza

14. Ni kubera iki Yezu yashira imbere igikorwa co kwamamaza inkuru nziza?

14 Nk’uko twabibonye mu gihimba ca 2 c’iki gitabu, Yezu yaratanze akarorero ntangere mu kwamamaza inkuru nziza. Yavuze ati: «Ntegerezwa kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana no mu bindi bisagara, kuko ari co natumwe.» (Luka 4:​43) Ni kubera iki ico gikorwa ari co yashira imbere? Imbere ya vyose, yabitumwa n’urukundo yakunda Imana. Ariko rero hariho ikindi catuma Yezu yamamaza: Impuhwe zivuye ku mutima zaratuma aronsa abandi ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Kumara abandi inzara bari bafise mu vy’impwemu ni bwo buryo buruta ubundi bwose yagaragajemwo impuhwe. Reka twihweze ibintu bibiri vyabaye bitwereka ukuntu Yezu yabona abo yabwira inkuru nziza. Uwo mwihwezo urashobora kudufasha gusuzuma imvo zituma ubwacu tugira uruhara mu busuku.

15, 16. Igana inkuru zibiri zerekana ingene Yezu yabona abo yabwira inkuru nziza.

15 Mu 31 inyuma ya Kristu, haciye nk’imyaka ibiri Yezu yitanga cane mu busuku, yarongereje umwete «azunguruka mu bisagara vyose no mu bigwati vyose» vy’i Galilaya. Ivyo yabonye vyaramukoze ku mutima. Intumwa Matayo yigana iti: «Abonye amasinzi y’abantu, bamutera ikigongwe kuko bari baratabaguwe kandi barasabagiye nk’intama zitagira umwungere.» (Matayo 9:​35, 36) Yezu yarumvira impuhwe abantu batobato. Yari azi ko bamerewe nabi cane mu vy’impwemu. Yari azi ukuntu bafatwa nabi, ntibitabweho na gato n’indongozi z’idini kandi ari zo zari zikwiye kubaragira. Yezu abitumwe n’impuhwe zigera kure, yarakoze yivuye inyuma kugira abwire abantu ubutumwa butanga icizigiro. Inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ni co kintu bari bakeneye kuruta ibindi vyose.

16 Haciye amezi nk’angahe inyuma y’aho, igihe Pasika yo mu 32 inyuma ya Kristu yari yegereje, hari ikintu nk’ico cabaye. Ico gihe Yezu n’intumwa ziwe barafashe ubwato baca mu kiyaga c’i Galilaya, bagiye kurondera ahantu hatekanye baruhukira. Ariko amasinzi yaciye yiruka ajana inkengera abatangayo. None Yezu yavyakiriye gute? Bibiliya ivuga iti: «Yururutse ubwato, abona isinzi rinini ry’abantu. Bamutera ikigongwe kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere, aca atangura kubigisha ibintu vyinshi.» (Mariko 6:​31-34) N’ico gihe nyene, Yezu “yaratewe ikigongwe” n’ingene abo bantu bari bamerewe nabi mu vy’impwemu. Bari bameze nk’«intama zitagira umwungere», bishwe n’inzara mu vy’impwemu kandi batagira uwubitwararika. Yezu ntiyamamaza kubera yabwirizwa kubigira, ahubwo yabitumwa n’impuhwe.

Niwamamaze ubigiranye impuhwe

17, 18. (a) Ni igiki gituma tugira uruhara mu busuku? (b) Twotsimbataza gute kamere yo kwumvira impuhwe abandi?

17 Ni igiki gituma twebwe abayoboke ba Yezu tugira uruhara mu busuku? Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 9 muri iki gitabu, twarajejwe igikorwa n’ibanga ryo kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. (Matayo 28:19, 20; 1 Abakorinto 9:16) Ariko ntidukwiye kugira uruhara muri ico gikorwa kubera gusa tubwirizwa kubigira. Imbere ya vyose, urukundo dukunda Yehova ni rwo rukwiye gutuma twamamaza inkuru nziza y’Ubwami bwiwe. Turamamaza kandi kubera ko dufitiye impuhwe abo tudasangiye ukwemera. (Mariko 12:28-31) None twotsimbataza gute kamere yo kugirira impuhwe abandi?

18 Dukwiye kubona abantu nk’uko Yezu yababona, tukabona ko «[batabaguwe], basabagiye nk’intama zitagira umwungere.» Dufate ko ubonye akagazi k’intama kazimiye. Ako kagazi karishwe n’inzara n’inyota kubera yuko katagira umwungere akajana ahari ubwatsi n’amazi. Ubwo ntiwokwumvira impuhwe ako kagazi? Ntiwokora uko ushoboye kwose ngo ukaronse ubwatsi n’amazi? Abantu benshi bataramenya inkuru nziza bamerewe nk’ako kagazi. Bariko baricwa n’inzara n’inyota mu vy’impwemu kandi nta cizigiro ca kazoza bafise kubera ko birengagizwa n’abungere b’idini ry’ikinyoma. Ariko turashobora kubaronsa ivyo bakeneye, ni ukuvuga ibifungurwa vyiza cane vyo mu buryo bw’impwemu be n’amazi amara akanyota y’ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. (Yesaya 55:​1, 2) Iyo tuzirikanye ku vyo abadukikuje bakeneye mu vy’impwemu, turabumvira akagongwe. Nimba twumvira impuhwe abandi bimwe bigera kure nk’uko Yezu yabigize, tuzokora uko dushoboye kwose ngo tubamenyeshe icizigiro cerekeye Ubwami.

19. Tworemesha gute umutohoji wa Bibiliya akwije ibisabwa ngo agire uruhara mu busuku?

19 Twofasha abandi gute kugira bigane Yezu? Dufate ko dushaka kuremesha umutohoji wa Bibiliya akwije ibisabwa ngo atangure kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Canke na ho, dufate ko dushaka gufasha uwahororokewe ngo asubire kugira uruhara mu busuku. Twofasha gute abo bantu? Ico dukeneye ni ukubashika ku mutima. Niwibuke ko Yezu yabanza kwumvira «ikigongwe» abantu, hanyuma akabona kubigisha. (Mariko 6:​34) Nitwafasha rero uwuriko ariga Bibiliya canke uwahororokewe gutsimbataza impuhwe, hari aho bokorwa ku mutima bagaca bipfuza kumera nka Yezu maze bakabwira abandi inkuru nziza. Twoshobora kubabaza duti: «Ubutumwa bw’Ubwami bwagufashije gute mu buzima bwawe? Abatarumva ubwo butumwa, mbega bobo ntiboba babukeneye? Wokora iki kugira ubafashe?» Ariko ntiwumve, urukundo dukunda Imana be n’icipfuzo co kuyikorera ni vyo canecane bituma tugira uruhara mu busuku.

20. (a) Kuba umuyoboke wa Yezu bisaba iki? (b) Ni igiki twihweza mu kigabane gikurikira?

20 Kuba umuyoboke wa Yezu si ugusubiramwo gusa ivyo yavuze canke kwigana ivyo yakoze. Turakeneye kugira «umutima» nk’uwo yari afise. (Abafilipi 2:5) Ese rero ukuntu dukenguruka kubona Bibiliya iduhishurira ivyiyumviro n’inyiyumvo vyatuma Yezu avuga canke akora ibintu kanaka! Nitwatahura neza «ivyiyumviro vya Kristu», bizotuma turushiriza kubabara abandi no kubumvira impuhwe zivuye ku mutima maze tubafate nk’uko Yezu yafata abantu muri rusangi. (1 Abakorinto 2:​16) Mu kigabane gikurikira, turihweza ingene Yezu yagaragarije urukundo abayoboke biwe mu buryo butandukanye.

a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «bimutera ikigongwe» vyavuzwe ko ari rimwe mu majambo y’ikigiriki aserura impuhwe mu buryo bukomeye kuruta ayandi. Igitabu kimwe kivuga yuko iryo jambo «[riterekeza] gusa ku kibabarwe umuntu agira abonye uwuriko arababara, ahubwo ko ryerekeza no ku cipfuzo gikomeye co gutabara uwo muntu ukamukiza ikimutera uwo mubabaro.»

b Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «impuhwe», rifashwe uko riri risobanura ngo «kubabarana na.»