Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 18

«Guma unkurikira»

«Guma unkurikira»

1-3. (a) Yezu yatandukanye gute n’intumwa ziwe, kandi ni kubera iki ico kitari ikintu kibabaje? (b) Ni kubera iki dukwiye kwiga ibijanye n’ubuzima Yezu yagize aho amariye gusubira mw’ijuru?

 ABAGABO 11 bahagaze ku musozi. Bariko bitegereza uwundi muntu agira 12 babogaboga urukundo n’ugutangara. Mu bisanzwe, uwo muntu ni Yezu uwari yazutse, akaba yongeye kuba umumarayika wa Yehova akomeye kuruta abandi bose. Yezu yakoranije intumwa ziwe kugira ngo abonane na zo ubwa nyuma ng’aho ku musozi w’Imyelayo.

2 Kugira umuntu ashike kuri uwo musozi avuye i Yeruzalemu, bisaba ko ajabuka mwonga Kidironi. Nta gukeka ko uwo musozi wibutsa Yezu ibintu vyinshi cane. Igisagara ca Betaniya kiri ku nkike y’uwo musozi, akaba ari na ho Yezu yazuriye Lazaro. Amayinga makeyi imbere y’aho, Yezu yari yinjiranye impundu i Yeruzalemu avuye mu gisagara co hafi yaho ca Betifage. Birashoboka kandi ko itongo ry’i Getsemani ryari kuri uwo musozi w’Imyelayo, aho akaba ari ho Yezu yamaze amasaha nk’angahe yishwe n’intuntu imbere y’uko afatwa. Kuri uwo musozi nyene rero, ni ho Yezu agira atandukanire n’abagenzi biwe somambike bakaba n’abayoboke biwe. Amaze kubabwira amajambo aranga urukundo yo kubasezera, aca atangura kuduga ava kw’isi! Abigishwa baguma bahagaze ng’aho, bakurikiza amaso uwo Shebuja bikundira ariko aduga mw’ijuru. Amaherezo, igicu kiramutwikira ntibasubire kumubona.​—Ivyakozwe 1:6-12.

3 Ivyo bintu vyoba bituma wumva umengo uriko urorera isenema ihera mu buryo bubabaje, nka kurya kw’umuntu asezeye umukunzi? Si ko biri. Nkako, nk’uko abamarayika babiri baca bavyibutsa izo ntumwa, inkuru yerekeye Yezu ntirangirira aho. (Ivyakozwe 1:​10, 11) Ukwo gusubira mw’ijuru kwiwe twovuga ko ari intango gusa. Ijambo ry’Imana riraduhishurira ivyaciye bikurikira. Birahambaye ko twiga ibijanye n’ubuzima Yezu yagize aho amariye kuva kw’isi. Uti kubera iki? Niwibuke amajambo Yezu yabwiye Petero, ati: «Guma unkurikira.» (Yohani 21:​19, 22) Twese turakwiye kugamburuka iryo tegeko. Ivyo ntidukwiye kubigira akanya gato gusa, ahubwo dukwiye kubigira ubuzima bwacu bwose. Kugira ngo ivyo tubishikeko, turakeneye gutahura ivyo Databuja wacu ariko arakora ubu be n’ivyo yashinzwe mw’ijuru.

Ubuzima Yezu yagize aho amariye kuva kw’isi

4. Bibiliya yari yavuze gute ivyobaye mw’ijuru Yezu amaze gusubirayo?

4 Ivyanditswe ntibitubwira ingene Yezu yashitse mw’ijuru, ingene yakiriwe canke ingene yanezerewe no gusubira kubonana na Se. Ariko rero, Bibiliya yari yaravuze ivyobaye mw’ijuru ata gihe kinini kihaciye Yezu asubiyeyo. Abayuda bari bamaze ibinjana birenga 15 babona ibirori vyeranda. Rimwe mu mwaka, umuherezi mukuru yarinjira Aheranda cane h’urusengero kugira amijagire imbere y’isandugu y’isezerano amaraso y’ibimazi vyatangwa ku Musi w’impongano. Kuri uwo musi, umuherezi mukuru yagereranya Mesiya. Yezu amaze gusubira mw’ijuru yarashikije rimwe rizima ico ivyo birori vyagereranya. Yaraserutse imbere ya Yehova mw’ijuru, kino kikaba ari co kibanza ceranda kuruta ibindi vyose bibaho, maze ashikiriza Se agaciro k’inkuka y’incungu yatanze. (Abaheburayo 9:11, 12, 24) None Yehova yoba yarayemeye?

5, 6. (a) Ni ikimenyamenya ikihe cerekanye ko Yehova yari yemeye inkuka y’incungu ya Kristu? (b) Ni bande bungukira kuri iyo nkuka, kandi bayungukirako gute?

5 Inyishu y’ico kibazo tuyironka turimbuye ivyabaye haciye imisi mikeya gusa Yezu aduze mw’ijuru. Umugwi mutoya w’abakirisu nka 120 bari bakoraniye mu cumba co hejuru i Yeruzalemu igihe ico kibanza cuzuramwo bukwi na bukwi urwamo nk’urw’umuyaga ukomeye uhuhuta. Indimi zimeze nk’iz’umuriro zaciye ziboneka hejuru y’imitwe yabo maze buzuzwa impwemu nyeranda, baca batangura kuvuga mu ndimi zitandukanye. (Ivyakozwe 2:​1-4) Ico kintu carerekanye ko havutse ihanga rishasha ari ryo Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, bukaba bwari «ubwoko bwatowe» be n’“abami bakaba n’abaherezi” Imana yashizeho ngo burangure ivyo igomba kw’isi. (1 Petero 2:9) Biratomoye ko Yehova Imana yari yemeye inkuka y’incungu ya Kristu yongera arayishima. Ukwo gusukwa kw’impwemu nyeranda wari umwe mu mihezagiro ya mbere yashobotse kubera iyo nkuka.

6 Kuva ico gihe, abayoboke ba Kristu kw’isi yose barungukiye ku ncungu yiwe. Twaba turi mu bagize «ubusho buto» bw’abarobanuwe bazofadikanya na Kristu gutegeka mw’ijuru canke mu bagize «izindi ntama» bazoba kw’isi batwarwa n’ubutegetsi bwiwe, turungukira ku ncungu yatanze. (Luka 12:​32; Yohani 10:​16) Ni ryo shimikiro ry’icizigiro dufise n’ukubabarirwa ibicumuro vyacu. Igihe tubandanije “kwizera” iyo ncungu, tugakurikira Yezu ku musi ku musi, turagira ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi be n’icizigiro ciza cane ca kazoza.​—Yohani 3:16.

7. Ni ububasha ubuhe Yezu yahawe amaze gusubira mw’ijuru, kandi womushigikira gute?

7 None Yezu ariko akora iki mw’ijuru kuva aho asubiriyeyo? Afise ububasha bukomeye cane. (Matayo 28:​18) Nkako, Yehova yaramugenye kugira ategeke ishengero rya gikirisu, kikaba ari igikorwa arangurana urukundo n’ubutungane. (Abakolosayi 1:​13) Nk’uko vyari vyaravuzwe, Yezu yaratanze abagabo bitaho ibintu kugira bitwararike ivyo ubusho bwiwe bukeneye. (Abanyefeso 4:8) Nk’akarorero, yaracaguye Pawulo ngo abe «intumwa ku mahanga», amurungika gukwiragiza inkuru nziza mu turere twa kure. (Abaroma 11:​13; 1 Timoteyo 2:7) Amaja mu mpera y’ikinjana ca mbere, Yezu yararungikiye ubutumwa amashengero indwi yo mu ntara ya Aziya yakukira Uburoma kugira ayakeze, ayahanure yongere ayakosore. (Ivyahishuwe, ikigabane ca 2-3) Woba wemera ko Yezu ari we Mutwe w’ishengero rya gikirisu? (Abanyefeso 5:​23) Kugira ubandanye kumukurikira, ukwiye gutsimbataza agatima ko kugamburuka no gusenyera ku mugozi umwe mw’ishengero ukukira.

8, 9. Ni ubukuru ubuhe Yezu yahawe mu 1914, kandi ivyo bikwiye kugira ico bikoze gute ku ngingo dufata?

8 Yezu yarahawe n’ubundi bukuru mu 1914. Muri uwo mwaka yarimitswe aba Umwami w’Ubwami bwa Yehova burongowe na Mesiya. Igihe yatangura kuganza, haciye «haduka intambara mw’ijuru.» None iyo ntambara yavuyemwo iki? Shetani n’amadayimoni yiwe baciye bakororerwa kw’isi, haca hatangura ikiringo c’amagorwa. Ivyago bisinzikaje abantu muri iki gihe, nk’intambara, ubukozi bw’ikibi, iterabwoba, indwara, vya nyamugigima n’amapfa, biratwibutsa ko ubu Yezu aganza mw’ijuru. Shetani aracari «umutware w’iyi si», yamara asigaje «igihe gito.» (Ivyahishuwe 12:​7-​12; Yohani 12:​31; Matayo 24:​3-7; Luka 21:​11) Mugabo rero, Yezu ariko araha abantu bo kw’isi yose akaryo ko kwemera ubutegetsi bwiwe.

9 Birahambaye ko tuja ku ruhande rw’uwo Mwami Mesiya. Mu ngingo zose dufata buri musi, dutegerezwa kurondera kumuhimbara aho guhimbara ino si yononekaye. Igihe uwo «Mwami w’abami n’Umukama w’abakama» yihweje abantu, umutima wiwe ugororotse urarurumba ishavu ariko kandi ukabogaboga umunezero. (Ivyahishuwe 19:​16) Uti kubera iki?

Ibishavuza umwami Mesiya n’ibimutera umunezero

10. Yezu asanzwe yimereye gute, ariko ni ibiki bituma uwo Databuja wacu yuzura ishavu ryumvikana?

10 Cokimwe na Se wiwe, uwo Databuja wacu asanzwe yifitiye agahimbare. (1 Timoteyo 1:​11) Igihe Yezu yari kw’isi, ntiyama anebagura abandi canke ngo abasabe amananiza. Ariko rero hariho ibintu vyinshi biba kw’isi muri iki gihe bitegerezwa kuba bituma yuzura ishavu ryumvikana. Nta gukeka ko ashavuzwa n’amadini yose yivugisha ngo aramuserukira. Ivyo yari yarabivuze, ati: «Si umuntu wese ambwira ngo: “Mukama, Mukama” azokwinjira mu Bwami bwo mw’ijuru, ahubwo uwukora ivyo Dawe ari mw’ijuru agomba ni we gusa azobwinjiramwo. Kuri uwo musi benshi bazombwira ngo: “Mukama, Mukama, . . . [ntitwakora] ibitangaza vyinshi mw’izina ryawe?” Nanje nzoca ndababwira nti: “Sinigeze ndabamenya! Mva mu maso, mwa bagarariji mwe!”»​—Matayo 7:21-23.

11-13. Ni kubera iki hari abotangazwa n’amajambo akaze Yezu abwira abakora «ibitangaza vyinshi» mw’izina ryiwe, yamara ni kubera iki ashavuye? Bitangire akarorero.

11 Ayo majambo yoshobora gutangaza abantu benshi biyita abakirisu muri iki gihe. None ni kubera iki Yezu akarira gutyo abantu bakora «ibitangaza vyinshi» mw’izina ryiwe? Amashengero y’abiyita abakirisu arafata mu mugongo amashirahamwe y’abagiraneza, agafasha aboro, akubaka ibitaro n’amashure, agakora n’ibindi bikorwa vyinshi. Kugira utahure igituma Yezu abashavurira, rimbura akarorero gakurikira.

12 Hari umugabo n’umugore bagira bafate urugendo. Kubera ko badashobora kujana abana babo, baciye barondera umukozi abasigaranira abo bana. Bamuha ubuyobozi butomoye bati: «Nuturabire abo bana, ubagaburire, urabe ko baguma basukuye wongere ubakingire.» Ariko rero, barakubitwa n’inkuba bagarutse bagasanga abana babo barananutse, ari ba gisanumwavu, ba mahwera, emwe, bateye akagongwe. Baguma baririra nya mukozi ngo abafashe, ariko akica amatwi. Kubera iki yica amatwi? Yibereye hejuru ku ngazi, ariko yoza amadirisha. Nya bavyeyi birabashavuza, bakamubaza igituma. Nya mukozi yishura ati: «Raba ibi bintu vyose nakoze! Amadirisha ntimubona ko yera de? Ntimubona ko nabasanuriye n’inzu?» None abo bavyeyi boba baryoherwa? Uwokubesha! Mu vyo yakoze vyose nta na kimwe bigeze bamusaba; ico bari bakeneye gusa kwari uko abana babo bitwararikwa. Barashavuzwa cane rero no kubona yaranse gukora ivyo bamusavye.

13 Abiyita abakirisu bameze nk’uwo mukozi. Yezu yasavye abamuserukira ngo bagaburire abantu mu buryo bw’impwemu mu kubigisha ukuri kw’Ijambo ry’Imana no mu kubafasha kuguma batyoroye mu buryo bw’impwemu. (Yohani 21:​15-​17) Ariko rero amadini y’abiyita abakirisu ntiyigeze yumvira na gato ubwo buyobozi. Yararetse abantu baricwa n’inzara mu buryo bw’impwemu, baguma bavurugwa ubwenge n’inyigisho z’ibinyoma, batazi ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya. (Yesaya 65:​13; Amosi 8:​11) Mbere n’utwigoro agira two gutuma iyi si iba nziza kuruta ntidushobora na gato gusigura ubwo bugaba bwayo. Nkako, ivy’iyi si bimeze nk’inzu irindiriye gusamburwa! Ijambo ry’Imana riratomora neza ko isi ya Shetani igiye gusangangurwa.​—1 Yohani 2:15-17.

14. Ni igikorwa ikihe kinezereza Yezu muri iki gihe, kandi kubera iki?

14 Ariko rero, Yezu ategerezwa kuba anezerwa cane iyo yitegereje ari mw’ijuru akabona ko hari abantu amamiliyoni bariko barakora ca gikorwa co guhindura abantu abigishwa yashinze abayoboke biwe imbere y’uko ava kw’isi. (Matayo 28:​19, 20) Mbega ukuntu ari agateka kunezereza uwo Mwami Mesiya! Nimuze twiyemeze kutigera tureka gufata mu mugongo wa «mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.» (Matayo 24:​45) Uwo mugwi mutoyi w’abavukanyi barobanuwe ntumeze nk’abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu kuko wowo uja imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza ubigiranye ukugamburuka kandi ukagaburira intama za Kristu udahemuka.

15, 16. (a) Yezu yumva amerewe gute iyo abonye ukuntu muri kino gihe ata rukundo ruriho, kandi ivyo tubizi gute? (b) Ni kubera iki Yezu ashavurira amadini y’abiyita abakirisu?

15 Nta gukeka ko uwo Mwami ashavura iyo abonye ukuntu iyi si itagiramwo urukundo. Twoshobora guca twibuka ingene Abafarizayo banebaguye Yezu ngo akiza abantu kw’Isabato. Bari bafise imitima ikomantaye cane bakaba n’abadakurwa kw’ijambo ku buryo bisunga gusa ukuntu bo ubwabo basigura amategeko ya Musa be n’itegeko ryahanahanwa ku munwa. Ibitangaro Yezu yakora vyaragirira abantu akamaro cane! Ariko umunezero ivyo bitangaro vyatuma abantu bagira, ingene vyabahumuriza be n’ingene vyabakomereza ukwizera, nta co vyari bibwiye abo bagabo. None batuma Yezu amererwa gute? Igihe kimwe «[yareraguje] abaraba kandi yashavuye, atuntujwe n’ukuntu imitima yabo ikomantaye.»​—Mariko 3:5.

16 Muri iki gihe, Yezu arabona n’ibindi bintu vyinshi “bimutuntuza.” Indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu zarahumwe amaso n’ukwumira ku migenzo n’inyigisho bidashingiye ku Vyanditswe. Vyongeye, zirashavuzwa cane n’igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Mu mihingo myinshi yo kw’isi, abakuru b’amadini baroheje abantu ngo bahame bimwe bikaze abakirisu bagerageza ata buryarya kwamamaza ubutumwa Yezu yamamaje. (Yohani 16:2; Ivyahishuwe 18:​4, 24) N’ikindi kandi, abo bakuru b’amadini akenshi barahimiriza abayoboke babo ngo baje mu ntambara kwica abandi, nk’aho womengo ntuze ivyo birahimbara Yezu Kristu!

17. Abayoboke b’ukuri ba Yezu banezereza gute umutima wiwe?

17 Abayoboke b’ukuri ba Yezu bobo barita ku rutare ngo bagaragarize urukundo abantu nkabo. Nk’uko Yezu yabigize, barabwira inkuru nziza «abantu b’uburyo bwose», naho hari ababarwanya. (1 Timoteyo 2:4) Vyongeye, urukundo bakundana hagati yabo ruribonekeza cane; ni co kintu nyamukuru kibaranga. (Yohani 13:​34, 35) Igihe bafatana urukundo, icubahiro n’iteka abakirisu bagenzi babo, baba vy’ukuri bariko bakurikira Yezu kandi baba bariko baranezereza umutima w’uwo Mwami Mesiya!

18. Ni ibiki bibabaza Databuja wacu, yamara twoshobora gute kumunezereza?

18 Ntitwibagire kandi ko Databuja wacu ababara cane igihe abayoboke biwe bibananiye kwihangana, bakareka urwo bakunda Yehova rugakanya, bagaca baheba kumusukurira. (Ivyahishuwe 2:​4, 5) Ariko rero, Yezu aranezerwa iyo abonye abihangana gushika kw’iherezo. (Matayo 24:​13) Uko vyogenda kwose rero, nimuze twamize ku muzirikanyi itegeko Kristu yatanze, ati: «Guma unkurikira.» (Yohani 21:​19) Reka turimbure imihezagiro imwimwe Umwami Mesiya azoronsa abihangana gushika kw’iherezo.

Imihezagiro myinshi cane abasavyi b’abizigirwa b’uwo mwami bironkera

19, 20. (a) Gukurikira Yezu bishikana ku mihezagiro iyihe no muri iki gihe? (b) Gukurikira Kristu bidufasha gute kwumva ko twaronse uwundi muvyeyi?

19 Gukurikira Yezu ni yo nzira ishikana ku buzima bwiza cane no muri iki gihe. Nitwemera ko Kristu atubera Databuja, tugakurikiza ubuyobozi aduha tukongera tukayoborwa n’akarorero yatanze, tuzokwironkera ivyiza abantu bo mw’isi barondera ntibaronke. Tuzohimbarwa no kurangura igikorwa gituma ubuzima bwacu bugira intumbero n’insobanuro, twironkere umuryango w’abavukanyi wunze ubumwe kubera bakundana vy’ukuri, tugire ijwi ryo mu mutima ryiza n’amahoro yo mu mutima. Muri make, tuzogira ubuzima bwiza kandi buhimbaye. Hari n’ibindi vyinshi tuzokwironkera.

20 Yehova yarungitse Yezu ngo abere «Data ahoraho» abafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. Yezu yarasubiriye umuvyeyi wacu Adamu, uwahemukiye uruvyaro rwiwe rwose bimwe bibabaje. (Yesaya 9:​6, 7) Igihe twemeye ko Yezu atubera «Data ahoraho» mu kumwizera, turizigira ata mazinda ko tuzoronka ubuzima budahera. Vyongeye, duca turushiriza kwiyegereza Yehova Imana. Nk’uko twabibonye, gukora uko dushoboye kwose ngo twigane akarorero ka Yezu ku musi ku musi ni yo nzira nziza kuruta izindi zose yo kugamburuka itegeko ry’Imana rigira riti: «Nimwigane Imana rero nk’abana ikunda cane.»​—Abanyefeso 5:1.

21. Ni gute abayoboke ba Kristu bareka umuco ukaka muri iyi si y’umwiza?

21 Uko twigana Yezu na Se wiwe Yehova, turironkera agateka keza igitangaza ko kureka umuco ukayangana ukaka. Muri iyi si yuzuye umwiza, aho abantu amamiliyaridi bazimizwa na Shetani bakigana ingeso ziwe, twebwe abakurikira Kristu turarungika imishwarara y’umuco ukayangana cane, ni ukuvuga umuco w’ukuri kwo mu Vyanditswe, wa kamere nziza za gikirisu, w’umunezero nyakuri, w’amahoro nyayo n’uw’urukundo nyakuri. Muri ico gihe nyene, turarushiriza kwiyegereza Yehova, kandi iyo ni yo ntumbero iruta izindi zose zishoboka ikiremwa ico ari co cose gifise ubwenge cokwishingira.

22, 23. (a) Ni imihezagiro iyihe ababandanya gukurikira Yezu badahemuka bazokwironkera muri kazoza? (b) Dukwiye kugira umwiyemezo uwuhe?

22 Zirikana kandi ku vyo Yehova yipfuza ­kugukorera muri kazoza biciye ku Mwami Mesiya yagenye. Vuba uwo Mwami agiye kurwana intambara igororotse yo gukuraho iyi si mbi ya Shetani. Intsinzi ya Yezu ni ntakekeranywa! (Ivyahishuwe 19:​11-​15) Inyuma y’ivyo, Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi izoca itangura kuganza isi. Intwaro yiwe yo mw’ijuru izoronsa abantu bose b’abizigirwa ivyiza biva ku ncungu, itume baba abatagira agasembwa. Niwihe ishusho ufise amagara meza, wiyubuye kandi ufise inkomezi, uriko ukora uhimbawe uri kumwe n’umuryango w’abantu bunze ubumwe kugira muhindure iyi si Iparadizo! Iyo myaka igihumbi iheze, Yezu azoca asubiza Se ubutegetsi. (1 Abakorinto 15:​24) Niwabandanya gukurikira Kristu udahemuka, uzokwironkera umuhezagiro mwiza cane utoshobora no kwiyumvira, uwo na wo akaba ari «umwidegemvyo w’agatangaza w’abana b’Imana.» (Abaroma 8:​21) Ego cane, tuzokwironkera ya mihezagiro yose Adamu na Eva biyatse. Kubera ko tuzoba turi abahungu n’abakobwa ba Yehova bo kw’isi, tuzokurwako rimwe rizima agasembwa kazanywe n’igicumuro ca Adamu. Emwe, «urupfu ntiruzoba rukiriho.»​—Ivyahishuwe 21:4.

23 Niwibuke wa musore w’umutware yari atunze twavuga mu kigabane ca 1. Yaranse ubutumire bwa Yezu bugira buti: “Ingo unkurikire.” (Mariko 10:17-22) Ntiwigere ukora ikosa nk’iryo! Ese wokwakirana umunezero n’urweze ubwo butumire bwa Yezu. Ese wogira umwiyemezo wo kwihangana no kubandanya ukurikira wa Mwungere w’agahebuza umusi ku wundi n’umwaka ku wundi, maze ukazokwibonera ingene azoteba akarangura bimwe bikomeye imigambi yose ya Yehova!