Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 13

“Ndakunda Data”

“Ndakunda Data”

1, 2. Ni ibiki intumwa Yohani yahishuye ku bijanye n’umugoroba wa nyuma intumwa zamaranye na Yezu?

 UMUTAMA umwe akojeje ibaba mw’irangi kugira yandike, akaba afise ibintu vyinshi mu muzirikanyi. Uwo mutama yitwa Yohani kandi ni yo ntumwa ya Yezu Kristu isigaye itarapfa. Ubu afise nk’imyaka 100, mugabo arasubiza amaso inyuma akibuka ibintu haciye nk’imyaka mirongo irindwi bibaye ku mugoroba umwe w’intibagirwa, ni ukuvuga umugoroba wa nyuma we hamwe n’izindi ntumwa bamaranye na Yezu imbere y’uko apfa. Impwemu nyeranda y’Imana iramuyobora, ikamufasha kwibuka no kwandika ido n’ido ry’ibintu vyabaye.

2 Muri nya joro, Yezu yaratomoye ko yagira yicwe. Yohani wenyene ni we ahishura igituma Yezu yavuze ko yari yiteguriye kwemera urwo rupfu rubabaje, ati: «Kugira ngo isi yose imenye ko nkunda Data, nkora ibintu vyose nk’uko nyene Data yabintegetse. Nimuhaguruke tugende.»​—Yohani 14:31.

3. Yezu yerekanye gute ko akunda Se wiwe?

3 Yezu yavuze ati: “Ndakunda Data.” Yabona ko ata kindi kintu gihambaye kuruta ico. Si ukuvuga ko yagenda arabiririmba. Nkako, muri Yohani 14:31 ni ho honyene muri Bibiliya tubona Yezu avuga adomako yuko akunda Se. Yamara rero, Yezu yabayeho yisunga ayo majambo. Urwo yakunda Yehova rwarigaragaza ku musi ku musi. Umutima rugabo wa Yezu, ukugamburuka kwiwe n’ukwihangana kwiwe, ivyo vyose vyari ibimenyamenya vy’urukundo yakunda Imana. Ubusuku bwiwe bwose yaburanguye abitumwe n’urwo rukundo.

4, 5. Bibiliya ivuga canecane ubwoko ubuhe bw’urukundo, kandi twovuga iki ku bijanye n’urukundo Yezu akunda Yehova?

4 Muri iki gihe, hari abokwiyumvira ko kugaragaza urukundo ari ubugoyagoye. Boshobora guca babona rwa rukundo ruvugwa mu vyese no mu ndirimbo, kumbure mbere bakabona twa tujambo two kujajura abakundanye bakunze kubwirana. Bibiliya iravuga ibijanye n’urukundo ruba hagati y’abadasangiye igitsina, ariko ikabivuga mu buryo buteye iteka, butandukanye n’uko benshi baruvuga muri iki gihe. (Imigani 5:15-21) Yamara rero Ijambo ry’Imana rivuga canecane ubundi bwoko bw’urukundo. Urwo rukundo ntirurangwa n’inyiyumvo gusa, eka kandi si urwo mu vyiyumviro gusa rutagiramwo igishika. Ni urukundo ruva ku mutima kandi rusaba ko umuntu akoresha ubwenge. Ruva imbere mu muntu kandi rugengwa n’ingingo ziteye iteka, rukaba rubonekera mu bikorwa vyiza. Ntirujajura na gato. Ijambo ry’Imana rivuga riti: «Urukundo ntirwigera runanirwa.»​—1 Abakorinto 13:8.

5 Mu bantu bose babaye kw’isi, nta wigeze arusha Yezu gukunda Yehova. Nta wigeze arusha Yezu kubaho ahuza n’aya majambo ubwiwe yavuze ko ari ryo bwirizwa ry’Imana riruta ayandi yose, ati: «Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’ubwenge bwawe bwose, n’inkomezi zawe zose.» (Mariko 12:30) None urwo rukundo Yezu yarutsimbataje gute? Ni igiki camufashije kuguma akunda Imana cane igihe yari kw’isi? Vyongeye, twomwigana gute?

Urukundo rwa kera kandi rukomeye kuruta urundi rwose

6, 7. Tuzi gute ko ibivugwa mu Migani 8:22-31 vyerekeza ku Mwana w’Imana, atari kuri kamere y’ubukerebutsi?

6 Vyoba birashika ugakorana igikorwa n’umugenzi, bigatuma ubugenzi bwanyu burushiriza gukomera? Ico kintu kiryoshe coshobora kudufasha gutahura urukundo rwatsimbataye hagati ya Yehova n’Umwana wiwe w’ikinege. Turamaze kugaruka akatari gake ku majambo ari mu Migani 8:30, ariko ubu reka dusuzume uwo murongo dufatiye ku makikuro yawo. Kuva ku murongo wa 22 gushika ku wa 31, tuhasanga amajambo yahumetswe adondora ubukerebutsi bufashwe nk’umuntu. None tuzi gute ko ayo majambo yerekeza ku Mwana w’Imana?

7 Ku murongo wa 22, ubukerebutsi buvuga buti: «Ni jewe Yehova yatanguriyeko kurema, intango y’ibikorwa vyiwe vya kera cane.» Aho ntihariko havuga ubukerebutsi nya bukerebutsi, kubera ko iyo kamere itigeze “iremwa.” Ntiyigeze igira intango kuko Yehova yamyeho kandi yamye afise ubukerebutsi. (Zaburi 90:2) Ariko Umwana w’Imana wewe ni we yabaye «imfura mu vyaremwe vyose.» Yarahinguwe, ni ukuvuga ko yaremwe; ni we yabaye igikorwa ca mbere ca Yehova. (Abakolosayi 1:15) Uwo Mwana yabayeho imbere y’uko isi n’amajuru bibaho, nk’uko bivugwa mu Migani. Vyongeye, kubera ko yari Jambo, ni ukuvuga Umuvugizi w’Imana ubwayo, yaragaragaje ubukerebutsi bwa Yehova bimwe bitagira agahaze.​—Yohani 1:1.

8. Wa Mwana yakoze iki imbere y’uko aza kw’isi, kandi twoshobora guca twibuka iki igihe dutamariye ivyaremwe?

8 Ni igiki uwo Mwana yakoze mu myaka myinshi cane yamaze mw’ijuru imbere y’uko aza kw’isi? Umurongo wa 30 utubwira ko yari iruhande y’Imana ari «umukozi w’umuhanga.» None ivyo bisobanura iki? Mu Bakolosayi 1:16 hasigura hati: «Ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi biciye kuri we, . . . Ibindi bintu vyose vyaremwe biciye kuri we kandi ni we vyaremewe.» Yehova rero, we Muremyi, yarakoresheje Umwana wiwe, wa Mukozi w’umuhanga, mu kurema ibindi bintu vyose, uri ibiremwa vy’impwemu vyo mw’ijuru, ikirere amahanga, isi n’ibiterwa be n’ibikoko bitandukanye biri kuri yo, tutibagiye ikiremwa gihebuje mu bindi vyose vyo kw’isi, ni ukuvuga umuntu. Ukuntu Se n’Umwana wiwe bakoranye twobigereranya n’ingene umuhinga mu vyo gucapura imigero akorana n’umufundi yakanongoreye, uno akaba yubaka yisunze neza na neza imigero y’uwo muhinga. Iyo twitegereje ikintu ico ari co cose mu vyaremwe maze tugatangara cane, mu bisanzwe tuba turiko turashemeza wa Muhinga Kaminuza mu vyo gucapura imigero. (Zaburi 19:1) Ariko kandi twoshobora guca twibuka ukuntu uwo Muremyi n’«umukozi [wiwe] w’umuhanga» bakoranye mu kiringo kirekire bahimbawe.

9, 10. (a) Ni igiki cakomeje ubucuti bwari hagati ya Yehova n’Umwana wiwe? (b) Ni igiki cokomeza ubucuti ufitaniye n’Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru?

9 Igihe abantu babiri b’abanyagasembwa bariko barakorana, rimwe na rimwe birabagora guhuza. Ariko si ko vyari biri kuri Yehova n’Umwana wiwe! Uwo Mwana yaramaze imyaka idaharurwa akorana na Se kandi “yama ahimbawe igihe cose imbere yiwe.” (Imigani 8:30) Ego cane, yarahimbarwa no kuba ari kumwe na Se, kandi na Se vyaramuhimbara. Uwo Mwana yararushirije kumera nka Se, ariga kwigana kamere ziwe. Ntibitangaje rero kubona urukundo rwari hagati ya Se n’Umwana wiwe rwarakomeye cane! Ntitwoba twihenze tuvuze ko ari rwo rukundo rwo kuva kera kandi rukomeye kuruta urundi rwose.

10 Ariko none ivyo vyodufasha iki? Woshobora kwumva umengo ntiwokwigera ugiranira na Yehova ubucuti nk’ubwo. Ego ni ko, nta n’umwe muri twebwe afise ikibanza giteye iteka nk’ic’uwo Mwana. Ariko rero, turafise agateka kadasanzwe. Niwibuke ko Yezu yarushirije kwiyegereza Se mu gukorana na we. Yehova abigiranye urukundo aradutera agateka ko kuba «abakozi bakorana» na we. (1 Abakorinto 3:9) Igihe twigana akarorero ka Yezu mu busuku, dukwiye kwama twibuka ko turi abakozi bakorana n’Imana. Gutyo, ubucuti dufitaniye na Yehova burarushiriza gukomera. Hari agateka koza karuta ako ga yemwe?

Icamufashije kuguma akunda cane Yehova

11-13. (a) Kubera iki ari vyiza kubona urukundo nk’ikintu gifise ubuzima, kandi ni igiki cafashije Yezu kuguma akunda cane Yehova igihe yari akiri muto? (b) Umwana w’Imana yerekanye gute ko ashashaye kwigishwa na Yehova imbere y’uko aza kw’isi n’igihe yari kw’isi?

11 Ni vyiza kubona urukundo ruri mu mitima yacu nk’ikintu gifise ubuzima. Nka kurya kw’ishurwe ryiza, urukundo rurakeneye kuvomerwa no kubungabungwa kugira rukure rwongere rukomere. Iyo rutabungabunzwe ntiruvomerwe, ruragabanuka hanyuma rugahera. Yezu ntiyafata minenegwe urukundo yakunda Yehova. Yararukomeje yongera ararutsimbataza mu gihe cose yamaze kw’isi. Reka turabe ingene yabigenjeje.

12 Niwibuke ya majambo Yezu yavuga ata buryarya ku rusengero i Yeruzalemu igihe yari akiri muto. Yabwiye abavyeyi biwe ati: «Kubera iki mwiriwe murandondera? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi mu nzu ya Dawe?» (Luka 2:49) Igihe Yezu yari agahungu gatoyi, biboneka ko atari bwibuke ubuzima yari afise imbere y’uko aza kw’isi. Ariko rero, yarakunda cane Se wiwe Yehova. Yari azi ko urwo rukundo rugaragazwa mu kumusenga. Ku bw’ivyo, Yezu yabona ko inzu Se asengerwamwo ari co kibanza gishimishije kuruta ibindi vyose kw’isi. Yumva yokwigumirayo. Vyongeye, ntiyajayo ka burorerezi. Yari ashashaye kwiga ivyerekeye Yehova no kubwira abandi ivyo yari azi. Kubona ibintu nk’ukwo ntivyatanguye igihe yari afise imyaka 12 canke ngo biherere ng’aho.

13 Imbere y’uko uwo Mwana aza kw’isi, yaremeye abishashaye kwigishwa na Se. Ubuhanuzi bwo muri Yesaya 50:4-6 buhishura ko Yehova yahaye Umwana wiwe ukumenyerezwa kudasanzwe ku bijanye n’uruhara rwiwe rwo kuba Mesiya. Naho ukwo kumenyerezwa kwarimwo n’ivyo kwiga ibijanye n’imibabaro imwimwe yomushikiye, uwo Mwana Yehova yarobanuye yavyize abishashaye. Mu nyuma, Yezu amaze kuza kw’isi akaba umuntu akuze, yagumye ashashaye kuja ku nzu ya Se kugira yifatanye n’abandi mu gusenga yongere yungukire ku nyigisho Yehova yashaka ko itangirwa ng’aho. Ni co gituma Bibiliya ivuga ko Yezu yama aja ku rusengero no kw’isinagogi. (Luka 4:16; 19:47) Nimba dushaka ko urukundo dukunda Yehova ruguma rukomeye, turakwiye kuja ku makoraniro ya gikirisu n’umwete, aho dusengera Yehova tukongera tukarushiriza kumumenya no kumukengurukira.

«Aduga ku musozi gusenga ari wenyene»

14, 15. (a) Kubera iki Yezu yarondera akanya ko kuba ari wenyene? (b) Amasengesho Yezu yatuye Se yerekanye gute ko yamwiyumvamwo akongera akamwubaha?

14 Gusenga ubudasiba na vyo nyene vyarafashije Yezu kuguma akunda cane Yehova. Naho yari umuntu ashima kuba ari kumwe n’abandi, birakora ku mutima kubona yarakunda kurondera akanya ko kuba ari wenyene. Nk’akarorero, muri Luka 5:16 havuga hati: «Kenshi yaraja mu gahinga ukwa wenyene kugira asenge.» Muri Matayo 14:23 na ho nyene havuga hati: «Amaze kurungika iryo sinzi, aca aduga ku musozi gusenga ari wenyene. Naho bwari bwije, yari ng’aho wenyene.» Muri ivyo bihe no mu bindi, Yezu yararondera akanya ko kuba ari wenyene, atari kubera ko yashaka kwigungira ukwiwe canke atashima kuba ari kumwe n’abandi, ariko kubera ko yashaka kwiherera ari kumwe na Se wiwe Yehova kugira amuyagire mw’isengesho ata kimuciramwo.

15 Igihe Yezu yaba ariko arasenga, rimwe na rimwe yarakoresha imvugo ngo «Abba, Data.» (Mariko 14:36) Mu gihe ca Yezu, «Abba» kari akajambo umwana yiyumvamwo se yakoresha mu kuvuga ngo «data.» Akenshi wasanga kari mu majambo ya mbere umwana yiga. Ariko rero, kararanga icubahiro. Naho ako kajambo kahishura ubucuti somambike uwo Mwana yari afitaniye na Se wiwe yikundira, karerekana kandi ko yubaha cane ubukuru bwa Se wiwe Yehova. Ubwo bucuti be n’ico cubahiro birabonekera mu masengesho yanditse Yezu yatuye. Nk’akarorero, muri Yohani ikigabane ca 17, harimwo isengesho rirerire kandi rivuye ku mutima Yezu yatuye mw’ijoro rya nyuma yamaze kw’isi. Kwiga iryo sengesho biradukora ku mutima vy’ukuri kandi birahambaye ko turyigana, atari mu gusubiramwo amajambo Yezu yavuze, ahubwo riho mu kuryigirako uburyo butandukanye bwo kuyagira Data wa twese wo mw’ijuru ibivuye ku mutima kenshi gashoboka. Kubigenza gutyo bizotuma urukundo dukunda Imana ruguma rururumba kandi rukomeye.

16, 17. (a) Yezu yaseruye gute mu majambo urukundo yakunda Se? (b) Yezu yadondoye gute ukuntu Se wiwe atanga cane?

16 Nk’uko twamaze kubibona, Yezu ntiyaguma aririmba ngo “Ndakunda Data.” Ariko rero, akenshi yaraserura mu majambo urwo yakunda Se. Uti gute? Yezu ubwiwe yavuze ati: «Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi.» (Matayo 11:25) Igihe twariko turiga igihimba ca 2 c’iki gitabu, twarabonye ko Yezu yakunda gushemeza Se wiwe mu gufasha abantu kumumenya. Nk’akarorero, yagereranije Yehova n’umuvyeyi ashashaye cane kubabarira umwana wiwe w’ikigaba ku buryo yarindiriye ko agaruka yigaye, maze amubonye akiri nka hariya aca yirukanga kumusanganira amugwa mu nda. (Luka 15:20) Ni nde ga yemwe yosoma iyo nkuru ntakorwe ku mutima n’ukuntu Yezu adondora urukundo rwa Yehova be n’imbabazi ziwe?

17 Yezu akenshi yarashemeje Se wiwe kubera atanga cane. Yakoresheje akarorero k’abavyeyi b’abanyagasembwa kugira yerekane ko dukwiye kwizigira tudakeka ko Dawe wa twese azoduha impwemu nyeranda yose dukeneye. (Luka 11:13) Yezu kandi yaravuze ibijanye n’icizigiro Se wiwe aha abantu atitangiriye itama. Yezu yaradondoye abishashaye ibijanye n’icizigiro ubwiwe yari afise co gusubira mw’ijuru iruhande ya Se. (Yohani 14:28; 17:5) Yarabariye abayoboke biwe ibijanye n’icizigiro Yehova yahaye abagize «ubusho buto» bwa Kristu, ni ukuvuga icizigiro co kuba mw’ijuru bagafadikanya n’uwo Mwami Mesiya kuganza. (Luka 12:32; Yohani 14:2) Vyongeye, yarahumurije inkozi y’ikibi yari ku mpfiro mu kuyibwira ibijanye n’icizigiro co kuba mw’Iparadizo. (Luka 23:43) Mu kuvuga muri ubwo buryo ibijanye n’ukuntu Se atanga cane, nta gukeka ko vyatumye Yezu aguma akunda cane Yehova. Abenshi mu bayoboke ba Kristu basanze ata kindi cokomeza urukundo bakunda Yehova canke cotuma barushiriza kumwizera kuruta ukumuyagira abandi n’ukubabwira icizigiro aha abamukunda.

Woba uzokwigana Yezu mu gukunda Yehova?

18. Ikintu kiruta ibindi vyose dukeneye gukora kugira dukurikire Yezu ni ikihe, kandi kubera iki?

18 Mu vyo dukeneye gukora vyose kugira dukurikire Yezu, nta na kimwe coza kiruta iki: Dutegerezwa gukunda Yehova n’umutima wacu wose, n’ubuzima bwacu bwose, n’umuzirikanyi wacu wose n’inkomezi zacu zose. (Luka 10:27) Urwo rukundo ntirurabirwa gusa ku kuntu twiyumvamwo cane Yehova, ariko kandi rurabirwa mu vyo dukora. Yezu ntiyabona ko bihagije kwiyumvamwo gusa ko akunda Se wiwe canke kuvuga gusa ngo “Ndakunda Data.” Yavuze ati: «Kugira ngo isi yose imenye ko nkunda Data, nkora ibintu vyose nk’uko nyene Data yabintegetse.» (Yohani 14:31) Shetani yavuze ko abantu bose bakorera Yehova babitumwe n’ubwikunzi. (Yobu 2:4, 5) Kugira Yezu atange inyishu ruhasha kuri ako gacokoro karanga ububisha ka Shetani, yaragize ico akoze n’umutima rugabo arereka isi ukuntu yakunda cane Se wiwe. Yaragamburutse gushika n’aho atanga ubuzima bwiwe. Woba uzokurikira Yezu? Woba uzokwereka isi ko vy’ukuri ukunda Yehova Imana?

19, 20. (a) Ni imvo zihambaye izihe zikwiye gutuma twitaba amakoraniro ya gikirisu tudahorereza? (b) Dukwiye kubona gute ukwiyigisha, ukuzirikana hamwe n’ugutura isengesho?

19 Yehova arazi ko twipfuza cane kugaragaza urukundo tumukunda. Ni co gituma yadutunganirije uburyo bwo kumusenga butuma urukundo tumukunda ruvomerwa rugakomera. Igihe witavye amakoraniro ya gikirisu, niwibuke ko uba ujanywe no gusenga Imana yawe. Mu bigize ukwo gusenga harimwo ukwifatanya n’abandi mw’isengesho rivuye ku mutima, ukuririmba indirimbo z’ishemezo, ugutega yompi ata gusamara hamwe n’ukugira uruhara igihe bishoboka. Ayo makoraniro kandi araguha akaryo ko kuremesha abakirisu bagenzawe. (Abaheburayo 10:24, 25) Niwasenga Yehova udahorereza ku makoraniro ya gikirisu, bizogufasha gutuma urukundo ukunda Imana rukomera cane.

20 Ukwo nyene ni ko bizogenda niwiyigisha, ukazirikana ukongera ugasenga. Ivyo nubone ko ari uburyo bwo kwiherera uyaga na Yehova. Igihe wiga Ijambo ry’Imana ryanditse ukarizirikanako, Yehova aba ariko aragushikiriza ivyiyumviro vyiwe. Igihe usenga, uba uriko uramuyagira akari ku mutima. Niwibuke ko gusenga atari gusa kugira ivyo usavye Imana. Isengesho ni akaryo ko gukengurukira Yehova kubera imihezagiro waronse no kumushemeza kubera ivyo yakoze bitangaje. (Zaburi 146:1) Vyongeye, gushemeza Yehova ku mugaragaro ufise umunezero ni bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kumukengurukira no kumwereka ko umukunda.

21. Ugukunda Yehova bihambaye gute, kandi tuzorimbura iki mu bigabane biri imbere?

21 Ugukunda Imana ni co kintu nyamukuru kizotuma uronka agahimbare gahoraho. Ni co Adamu na Eva bari bakeneye kugira baroranirwe, kikaba ari na co bananiwe kugaragaza. Ni co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose ukeneye kugira ngo utsinde ikintu cose kigerageza ukwizera, wamirire kure inyosha mbi iyo ari yo yose, wongere wihanganire ingorane iyo ari yo yose. Ni ikintu ntahara kigaragaza ko uri umuyoboke wa Kristu. Ariko ntiwumve, ugukunda Imana bijana n’ugukunda abantu nkatwe. (1 Yohani 4:20) Mu bigabane biri imbere, tuzokwihweza ukuntu Yezu yerekanye urwo yakunda abantu. Mu kigabane gikurikira, turimbura igituma abantu benshi babona ko Yezu yari umuntu yegereka.