Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 17

“Nta wumurusha urukundo”

“Nta wumurusha urukundo”

1-4. (a) Ni ibiki bishika igihe Pilato yereka Yezu isinzi ryashangashiwe riri imbere y’ikirimba ciwe? (b) Yezu yifata gute mu mibabaro n’agateterwe bimushikira, kandi ni ibibazo bihambaye ibihe bica bivyuka?

 «NG’UYU wa mugabo!» Ayo majambo ni yo buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato akoresha mu kwereka Yezu Kristu isinzi ry’abantu bashangashiwe bakoraniye imbere y’ikirimba ciwe, mu gitondo co ku musi wa Pasika yo mu 33 inyuma ya Kristu. (Yohani 19:5) Imisi mikeyi imbere y’aho, ayo masinzi yari yashemeje Yezu igihe yinjirana impundu i Yeruzalemu bwa Mwami yagenywe n’Imana. Ariko rero kuri uwo musi, iryo sinzi ntiryari rikimubona kwa kundi.

2 Yezu yambaye ikanzu y’ibara ry’umuyugubwe nka zimwe zambarwa n’abo mu miryango ya cami, akagira n’urugori ku mutwe. Ariko rero ivyo babimwambitse kugira bamuheme kubera avuga ko ari umwami. Iyo kanzu ipfutse inyama ziriko ziravirirana mu mugongo aho bamushishaguye, urwo rugori na rwo, urwo bajishe mu mahwa, barufyondeye mu ruhanga rwiwe rwuzuye amaraso. Kubera amohe y’abakuru b’abaherezi, abo bantu bariyamiriza uwo mugabo ari imbere yabo yakubiswe akanoga. Abaherezi basemerera bati: «Mumanike! Mumanike!» Kubera ubwicanyi buri mu mitima yabo, basemerera bati: «Abwirizwa gupfa.»​—Yohani 19:1-7.

3 Ukwo kumaramazwa n’ukubabazwa, Yezu aravyihanganira atidoga, atekanye kandi abigiranye umutima rugabo. a Emwe, ariteguriye gupfa! Mu nyuma kuri uwo musi wa Pasika, aremera n’umutima ukunze akicwa rubi ku giti co kubabarizwako.​—Yohani 19:17, 18, 30.

4 Mu gutanga ubuzima bwiwe, Yezu yarerekanye ko ari umugenzi nyakuri w’abayoboke biwe. Yavuze ati: «Nta wurusha urukundo umuntu yigura abagenzi biwe.» (Yohani 15:​13) Ivyo bica bivyura ibibazo bimwebimwe bihambaye. Ubwo vy’ukuri vyari bikenewe ko Yezu ababazwa bigeze iyo hose hanyuma agapfa? Ni kubera iki yemeye kubigira? Twebwe «abagenzi biwe» tukaba n’abayoboke biwe twomwigana gute?

Kubera iki vyari bikenewe ko Yezu ababazwa hanyuma agapfa?

5. Ni mu buryo ki Yezu yari azi neza ibigeragezo vyari bimurindiriye?

5 Kubera ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe, yari azi ivyari bimurindiriye. Yari azi ubuhanuzi bwinshi bwo mu Vyanditswe vy’igiheburayo bwari bwaravuze ido n’ido ko Mesiya yobabajwe hanyuma agapfa. (Yesaya 53:​3-7, 12; Daniyeli 9:​26) Yarabwiye abigishwa biwe akatari gake ibigeragezo vyari bimurindiriye. (Mariko 8:​31; 9:​31) Igihe bariko baja i Yeruzalemu guhimbaza Pasika yiwe ya nyuma, yaratomoreye intumwa ziwe ati: «Umwana w’umuntu azotabwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi. Bazomucira urwo gupfa, bamushire mu maboko y’abanyamahanga, bazomutyekeza, bamucireko amate, bamushishagure maze bamwice.» (Mariko 10:​33, 34) Ukwo ntikwari ukujajura. Nk’uko tumaze kubibona, Yezu yaratyekejwe, aracirwako amate, arashishagurwa hanyuma aricwa.

6. Kubera iki vyari bikenewe ko Yezu ababazwa hanyuma agapfa?

6 Ariko none, ni kubera iki vyari bikenewe ko Yezu ababazwa hanyuma agapfa? Vyari bikenewe kubera imvo nyinshi kandi zihambaye cane. Ubwa mbere, mu kuguma ari intahemuka, Yezu yobaye agaragaje ugutungana kwiwe kandi akaba yejeje izina rya Yehova. Niwibuke ko Shetani yagirije abantu yuko ngo bakorera Imana kubera ubwikunzi gusa. (Yobu 2:​1-5) Mu kuguma ari umwizigirwa «gushika ku rupfu . . . rwo ku giti co kubabarizwako», Yezu yaratanze inyishu ruhasha kuri ico kirego ca Shetani kitagira ishingiro. (Abafilipi 2:8; Imigani 27:​11) Ubwa kabiri, imibabaro n’urupfu vyoshikiye Mesiya vyobaye impongano y’ivyaha vy’abantu. (Yesaya 53:​5, 10; Daniyeli 9:​24) Yezu yaratanze «ubuzima bwiwe kugira acungure benshi», aba atumye bishoboka ko tugiranira ubucuti bwiza n’Imana. (Matayo 20:​28) Ubwa gatatu, mu kwihanganira ingorane n’imibabaro vy’uburyo bwose, Yezu «[yar]agejejwe mu mice yose cokimwe natwe.» Ni co gituma ari Umuherezi Mukuru yuzuye impuhwe, ashoboye «gutahura ubugoyagoye bwacu.»​—Abaheburayo 2:17, 18; 4:15.

Kubera iki yezu yemeye gutanga ubuzima bwiwe?

7. Yezu yahevye ibingana iki igihe yaza kw’isi?

7 Kugira ubone neza ivyo Yezu yemeye gukora, iyumvire iki kintu: ni nde muntu yokwemera kuva iwabo no mu muryango iwabo akaja kuba mu kindi gihugu kandi azi ko abo muri ico gihugu nka bose bazomwiyamiriza, bakamutetereza kandi bakamucumukuza, uburuhiro bakamwica? Rimbura ubu na ho ivyo Yezu yakoze. Imbere y’uko aza kw’isi, yari afise ikibanza c’iteka mw’ijuru iruhande ya Se. Yamara Yezu yaremeye kuva aho yaba mw’ijuru aza hano kw’isi, ivyo abigira azi ko benshi bomwiyamirije, agateterezwa bimwe bibi, agacumukuzwa bikomeye, hanyuma akicwa rubi. (Abafilipi 2:5-7) Ni igiki catumye Yezu yemera ivyo vyose?

8, 9. Ni igiki catumye Yezu yemera guheba ubuzima bwiwe?

8 Imbere ya vyose, Yezu yabitumwe n’urukundo rugera kure akunda Se wiwe. Ukwihangana kwiwe kwarerekanye urukundo akunda Yehova. Urwo rukundo rwatuma Yezu arazwa ishinga cane n’izina rya Se be n’icubahiro ciwe. (Matayo 6:9; Yohani 17:1-6, 26) N’ikiruta vyose, Yezu yari ashashaye kubona izina rya Se rikurwako iceyi ryasizwe. Yezu rero yabona ko ari agateka ntangere kubabazwa ahorwa ubugororotsi, kubera yari azi ko ugutungana kwiwe kwogize ico guterereye mu gutuma izina ryiza rya Se ryezwa.​—1 Ngoma 29:13.

9 Iyindi mvo yatumye Yezu yemera gutanga ubuzima bwiwe ni urukundo akunda abantu. Urwo rukundo rwahereye kera cane, kuva umuryango w’abantu ugitangura. Hagisigaye igihe kirekire ngo Yezu aze kw’isi, Bibiliya yari yarahishuye ukuntu yiyumva, iti: «Narakunda cane abana b’abantu.» (Imigani 8:​30, 31) Urwo rukundo rwaribonekeza neza igihe yari kw’isi. Nk’uko twabibonye mu bigabane bitatu biheze, yarerekanye mu buryo butandukanye ko yakunda abantu muri rusangi, ariko na canecane abayoboke biwe. Ku wa 14 Nisani 33 inyuma ya Kristu hoho yaremeye gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu. (Yohani 10:​11) Vy’ukuri, nta bundi buryo yari kwerekana urwo adukunda buruta ubwo. Twoba dukwiye kumwigana? Cane nyene. Nkako, dutegekwa kubigira.

«Nimukundane nk’uko nabakunze»

10, 11. Ibwirizwa rishasha Yezu yahaye abigishwa biwe ni irihe, risobanura iki, kandi ni kubera iki bihambaye ko turigamburuka?

10 Mw’ijoro ry’imbere y’uko Yezu apfa, yabwiye abigishwa biwe somambike ati: «Ndabahaye ibwirizwa rishasha: nimukundane. Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Urukundo ruri hagati yanyu ni rwo ruzokwereka abantu bose ko muri abigishwa banje.» (Yohani 13:​34, 35) Kubera iki iryo ryari «ibwirizwa rishasha»? Amategeko ya Musa yari asanzwe arimwo ibwirizwa rigira riti: «Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.» (Abalewi 19:​18) Ariko iryo bwirizwa rishasha ryoryo ryasaba urukundo rurengeye urwo, urukundo rwodusunikiye kwigura abandi. Yezu ubwiwe ivyo yarabitomoye ­igihe yavuga ati: «Ng’iri ibwirizwa ryanje: nimukundane nk’uko nabakunze. Nta wurusha urukundo umuntu yigura abagenzi biwe.» (Yohani 15:​12, 13) Ni nk’aho iryo bwirizwa rishasha ryavuga riti: «Ntukunde abandi nk’uko wikunda, ahubwo bakunde ­kuruta uko wikunda.» Emwe, uburyo Yezu yabayeho be n’urupfu rwiwe vyaragaragaje neza cane mwene urwo rukundo.

11 Ni kubera iki bihambaye ko tugamburuka iryo bwirizwa rishasha? Twibuke ko Yezu yavuze ati: «Urukundo [urukundo rwo kwitanga] ruri hagati yanyu ni rwo ruzokwereka abantu bose ko muri abigishwa banje.» Ego cane, urukundo rwo kwitanga ni rwo rwerekana ko turi abakirisu b’ukuri. Urwo rukundo tworugereranya n’agakarata karanzi. Abitaba amahwaniro y’Ivyabona vya Yehova aba buri mwaka, baba bambaye udukarata karanzi. Ako gakarata ni ko karanga uwuba akambaye mu kwerekana izina ryiwe n’ishengero akukira. Urukundo rwo kwitanga dukundana ni rwo twokwita agakarata karanzi kerekana ko turi abakirisu b’ukuri. Mu yandi majambo, urukundo tugaragarizanya rukwiye kuba rwibonekeza ku buryo ruba nk’icapa canke agakarata kereka abatwitegereza ko turi abayoboke b’ukuri ba Kristu. Umwe wese rero vyoba vyiza yibajije ati: «Ako gakarata, ari rwo rukundo rwo kwitanga, koba kibonekeza mu buzima bwanje?»

Urukundo rwo kwitanga ni iki?

12, 13. (a) Ni urugero uruhe dukwiye gushikanako mu kugaragaza urwo dukunda abandi? (b) Kwitangira abandi bisobanura iki?

12 Twebwe abayoboke ba Yezu dukwiye gukundana nk’uko yadukunze. Ivyo bisobanura ko twemera kwitangira abo dusangiye ukwizera. None twobigira gushika ku rugero uruhe? Bibiliya itubwira iti: «Ng’iki icatumenyesheje urukundo: ni uko Yezu Kristu yatwiguze. Natwe rero dutegerezwa kwigura abavukanyi bacu.» (1 Yohani 3:​16) Nka kumwe kwa Yezu, dutegerezwa kwemera gupfira abandi igihe bibaye ngombwa. Mu bihe vy’uruhamo, turemera guheba ubuzima bwacu aho guhemukira abavukanyi bacu bigatuma ubuzima bwabo buja mu kaga. Mu bihugu birimwo indyane zifatiye kw’ibara ry’urukoba canke ku bwoko, turemera kuhasiga agatwe kugira dukingire abavukanyi bacu, naho twoba tudahuje ibara ry’urukoba canke ubwoko. Igihe amahanga ashamiranye, turemera gupfungwa canke mbere kwicwa aho gufata ibirwanisho ngo turwanye abo dusangiye ukwemera canke uwundi uwo ari we wese.​—Yohani 17:14, 16; 1 Yohani 3:10-12.

13 Kwemera kwigura abavukanyi bacu si bwo buryo bwonyene bwo kugaragaza urukundo rwo kwitanga. Nakare, si benshi muri twebwe biba ngombwa ko bagira ico kintu. Ariko none nimba dukunda bagenzi bacu gushika aho twokwemera kubigura, wumva tudakwiye kwemera kubigorera mu tuntu dutoduto, tukitanga kugira tubafashe? Kwitangira abandi bisobanura guheba ibitwungura ubwacu canke ibitworohereza, tukabigira ku neza yabo. Ivyo bakeneye be n’ineza yabo tubishira imbere y’ivyacu naho nyene kubigira bitoba bitworohera. (1 Abakorinto 10:24) Ni uburyo ngirakamaro ubuhe dushobora kugaragazamwo urukundo rwo kwitanga?

Mw’ishengero no mu muryango

14. (a) Abakurambere usanga bitanga mu buryo ubuhe? (b) Wiyumva gute uravye ukuntu abakurambere bakora bagatama mw’ishengero iwanyu?

14 Abakurambere b’ishengero baritanga cane ­kugira «[ba]ragire ubusho.» (1 Petero 5:​2, 3) Uretse kwitwararika ivyo imiryango yabo ikeneye, boshobora gufata umwanya ku mugoroba canke ku mpera y’umushamvu kugira bitwararike ivyo ishengero rikeneye, harimwo gutegura ibiganiro vyo mu makoraniro, kugendera intama cungere canke guca imanza. Abakurambere benshi usanga bajejwe n’ayandi mabanga, nko kwitanga cane ku materaniro no ku mahwaniro, muri Komite zija inama n’ibitaro, canke mu Migwi igendera abarwaye. Abandi na bo baritanga bakaja mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami. Bakurambere, ntimwigere mwibagira ko igihe musukurira abandi n’umutima ukunze, nko mu gukoresha umwanya wanyu, inguvu zanyu n’uburyo bwanyu mu kuragira intama, muba muriko muragaragaza urukundo rwo kwitanga. (2 Abakorinto 12:​15) Yehova arakenguruka utwigoro mugira ata bwikunzi, ariko kandi n’ishengero muragira riradukenguruka.​—Abafilipi 2:29; Abaheburayo 6:10.

15. (a) Ni utwigoro utuhe abakenyezi b’abakurambere bagira? (b) Wiyumva gute uravye abakenyezi bashigikira abanega babo mu vyo bakorera ishengero ryanyu?

15 Tuvuge iki ku bakenyezi b’abakurambere? Ubwo bobo ntibagira utwigoro mu gushigikira abanega babo kugira bitwararike ubusho? Nta gukeka ko umukenyezi aba yemeye kugira ivyo ahevye igihe aretse umunega wiwe akitwararika ivyo ishengero rikeneye mu mwanya yari kumarana n’umuryango wiwe. Zirikana kandi ku twigoro abakenyezi b’abahagarikizi b’imizunguruko bagira mu guherekeza abanega babo igihe bava mw’ishengero baja mu rindi canke mu muzunguruko baja mu wundi. Baraheba kuba mu nzu yabo bwite, kumbure rimwe na rimwe bakabwirizwa kuza barahindagura aho baryama buri ndwi. Abakenyezi bemera n’umutima ukunze gushira inyungu z’ishengero imbere y’izabo ni abo gukezwa kubera urukundo rwabo rwo kwitanga.​—Abafilipi 2:3, 4.

16. Ni utwigoro utuhe abavyeyi bakirisu bagira ku neza y’abana babo?

16 Twogaragaza gute urukundo rwo kwitanga mu muryango? Bavyeyi, musanzwe mugira utwigoro twinshi kugira muronse abana banyu ivyo bakeneye kandi mukabarera «mu kubatoza indero mwongera mubakebura nk’uko Yehova yashinze.» (Abanyefeso 6:4) Hari aho mwoba mubwirizwa gukora amasaha menshi akazi karuhisha kugira gusa muronse abanyu ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro bibereye. Muremera mugatubika umukanda hako abana banyu babura ivyankenerwa mu buzima. Murigora kandi mukabigisha, mukajana na bo ku makoraniro ya gikirisu no mu busuku bwo mu ndimiro. (Gusubira mu vyagezwe 6:​6, 7) Urukundo rwo kwitanga mugaragaza rurahimbara Umwe yatanguza indinganizo y’umuryango kandi rwoshobora gufasha abana banyu kuzoronka ubuzima budahera.​—Imigani 22:6; Abanyefeso 3:14, 15.

17. Abanega bakirisu bokwigana gute umutima uzira ubwikunzi wa Yezu?

17 Banega, mwokwigana gute Yezu mu kugaragaza urukundo rwo kwitanga? Bibiliya yishura iti: «Bagabo, mubandanye gukunda abagore banyu nk’uko na Kristu yakunze ishengero akaryigura.» (Abanyefeso 5:​25) Nk’uko tumaze ­kubibona, Yezu ­yarakunze ­cane abayoboke biwe ku buryo yemera kubapfira. Umunega mukirisu arigana umutima uzira ubwikunzi wa Yezu, we «atishimishije ubwiwe.» (Abaroma 15:3) Umunega mwene uyo ntagonanwa gushira ivyo umukenyezi wiwe akeneye imbere y’ivyo we ubwiwe akeneye. Ntashimika ngo ibintu vyose bigende nk’uko we ashaka, ahubwo aremera n’umutima ukunze kugira ivyo ahevye igihe ata Vyanditswe bihonyanzwe. Umunega agaragaza urwo rukundo arashimwa na Yehova, kandi umukenyezi wiwe n’abana biwe baramukunda bakongera bakamwubaha.

Uzokora iki?

18. Ni igiki kidusunikira kugamburuka rya bwirizwa rishasha ryo gukundana?

18 Kugamburuka rya bwirizwa rishasha ryo gukundana si icoroshe, ariko turafise imvo ikomeye yotuma tubigira. Pawulo yanditse ati: «Kuko urukundo Kristu afise rutugobera, kubera ko ico twabonye ari uko umuntu umwe yapfiriye bose. . . .  Kandi yapfiriye bose kugira ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo, ahubwo babeho ku bw’umwe yabapfira hanyuma akazurwa.» (2 Abakorinto 5:​14, 15) None ko Yezu yadupfiriye, ubwo tweho ntidukwiye kwumva tugoberewe kubaho ku bwiwe? Ivyo turashobora kubigira mu kwigana ukuntu yagaragaje urukundo rwo kwitanga.

19, 20. Ni ingabirano y’agaciro iyihe Yehova yaduhaye, kandi twokwerekana gute ko tuyemera?

19 Yezu ntiyarengeje urugero igihe yavuga ati: «Nta wurusha urukundo umuntu yigura abagenzi biwe.» (Yohani 15:​13) Umutima ukunze yagize wo kudupfira ni bwo buryo buhambaye kuruta ubundi bwose yagaragajemwo urwo adukunda. Yamara rero, hariho uwundi yatugaragarije mbere urukundo rukomeye kuruta. Yezu yasiguye ati: «Imana yakunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera.» (Yohani 3:​16) Imana iradukunda cane ku buryo yatanze Umwana wayo ngo aducungure, ivyo bikaba bituma dushobora gukizwa icaha n’urupfu. (Abanyefeso 1:7) Incungu ni ingabirano y’agaciro Yehova yaduhaye, ariko ntaduhata ngo tuyemere.

20 Kwemera iyo ngabirano bituvako. None tuyemera gute? Tuyemera mu “kwizera” Umwana wiwe. Ariko rero ukwizera ntikugaragarira ku karimi gusa. Ukwizera kubonekera mu bikorwa no mu kuntu tubayeho. (Yakobo 2:​26) Twerekana ko twizera Yezu Kristu mu kumurikira ku musi ku musi. Nitwabigira tuzokwironkera imihezagiro myinshi ubu no muri kazoza, nk’uko ikigabane ca nyuma kibisigura.

a Yezu baramuciriyeko amate incuro zibiri zose kuri uwo musi. Ubwa mbere yayaciriweko n’indongozi z’idini, mu nyuma ayacirwako n’abasoda b’Abaroma. (Matayo 26:​59-​68; 27:​27-​30) Naho yafashwe nabi gutyo, yaravyemeye atidoga, aba ashikije ubuhanuzi bugira buti: «Mu maso hanje sinahahishije abantetereza n’abancirako amate.»​—Yesaya 50:6.