Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 16

“Yezu yarabakunze gushika kw’iherezo”

“Yezu yarabakunze gushika kw’iherezo”

1, 2. Yezu akoresha gute umugoroba wa nyuma amarana n’intumwa ziwe, kandi ni kubera iki uwo mwanya ari uw’agaciro kuri we?

 YEZU ari kumwe n’intumwa ziwe mu cumba co hejuru mu nzu imwe y’i Yeruzalemu, kandi arazi ko uwo ari wo mugoroba wa nyuma amaranye na bo. Igihe c’uko asubira kwa Se kiregereje. Mu masaha nk’angahe, Yezu araza gufatwa maze ukwizera kwiwe kugezwe bimwe vy’akataraboneka. Ariko naho yimirije gupfa, ntibimubuza kwitwararika ivyo intumwa ziwe zikeneye.

2 Yezu aramaze kumenyesha izo ntumwa ko agiye gutandukana na bo, ariko aracafise vyinshi vyo kubabwira kugira abakomeze ku bw’ibibarindiriye. Ni co gituma akoresha uwo mwanya wa nyuma w’agaciro mu kubigisha ivyigwa bihambaye bizobafasha kuguma ari intahemuka. Amajambo ababwira kuri uwo mugoroba ni amwe mu majambo yeza umutima kandi arangwa urukundo kuruta ayandi yose yigeze kubabwira. Ariko none, ni kubera iki ababaye cane intumwa ziwe kuruta uko yibabaye? Ni kubera iki ayo masaha ya nyuma amarana na bo ari ay’agaciro cane kuri we? Muri make, ni kubera urukundo. Yezu arabakunda cane.

3. Tuzi gute ko Yezu atarindiriye gushika ku mugoroba wa nyuma ngo abe ari ho yereka abayoboke biwe ko abakunda?

3 Haciye imyaka mirongo, igihe intumwa Yohani yariko yigana ahumekewe n’Imana ivyabaye kuri uwo mugoroba, yanditse mu ntangamarara ati: «Imbere y’uko umusi mukuru wa Pasika ugera, Yezu yari azi ko isaha igeze y’uko ava mw’isi agasubira kwa Se. Kubera ko yari yarakunze abiwe bari mw’isi, yabandanije kubakunda gushika kw’iherezo.» (Yohani 13:1) Yezu ntiyarindiriye gushika muri iryo joro rya nyuma ngo abe ari ho yereka «abiwe» ko abakunda. Mu busuku bwiwe bwose, yareretse abigishwa biwe mu buryo bwinshi yuko yabakunda. Vyoba vyiza dusuzumye uburyo bumwebumwe yagaragajemwo urukundo, kuko tumwiganye muri uwo muce tuba twerekanye ko turi abigishwa biwe b’ukuri.ye muri uwo muce tuba twerekanye ko turi abigishwa biwe b’ukuri.

Yarihangana

4, 5. (a) Kubera iki Yezu yari akeneye kwihanganira abigishwa biwe? (b) Yezu yavyifashemwo gute igihe batatu mu ntumwa ziwe vyabananira kuguma barikanuye muri rya tongo ry’i Getsemani?

4 Urukundo n’ukwihangana birajana. Mu 1 Abakorinto 13:4 havuga yuko “urukundo rwihangana”, kwihangana na vyo bikaba bisobanura kurengera ivyo abandi batugirira. None Yezu yoba yari akeneye kwihanganira abigishwa biwe? Cane nyene! Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 3, intumwa ntivyazoroheye gutsimbataza ukwicisha bugufi. Incuro nka zingahe, barahazutse barondera kumenya uwari mukuru muri bo. None Yezu yavyakiriye gute? Yoba yaciye ashavura, akabishura yaratse canke akababikira inzigo? Oya. Ahubwo yarabafashije kuzirikana yihanganye, mbere n’igihe “baharira cane” kubera iyo ngorane ku mugoroba wa nyuma yamaranye na bo!​—Luka 22:24-30; Matayo 20:20-28; Mariko 9:33-37.

5 Mu nyuma muri iryo joro nyene, igihe Yezu yaja mw’itongo ry’i Getsemani ari kumwe n’intumwa ziwe 11 z’intahemuka, hari ikindi kintu cagerageje ukwihangana kwiwe. Yarasize intumwa umunani, ahitana Petero, Yakobo na Yohani, maze yinjira muri iryo tongo. Yezu yababwiye ati: «Ndatuntuye cane, ku buryo numva nopfa. Nimugume ng’aha, [muterame].» Yaciye yigira hirya gatoyi, atangura gusenga n’ubwira. Haciye umwanya utari muto ariko arasenga, yaragarutse aho za ntumwa zitatu ziri. None yasanze bari mu biki? Muri uwo mwanya w’ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose vyamushikiye, nya ntumwa zari zisinziririye! None yoba yarabahambariye kubera batagumye barikanuye? Oya. Ahubwo yarabahimirije abigiranye ukwihangana. Amajambo aranga ubuntu yababwiye arerekana ko yatahura umukazo barimwo be n’ubugoyagoye bwabo. a Yavuze ati: «Umutima urashashaye ariko umubiri uragoyagoya.» Yezu yagumye yihanganye kuri uwo mugoroba, mbere n’igihe yagaruka izindi ncuro zibiri zose agasanga barasinziriye!​—Matayo 26:36-46.

6. Twokwigana gute Yezu mu kuntu dufata abandi?

6 Birahumuriza kubona Yezu ataciye akura amaboko ku ntumwa ziwe. Ukwihangana kwiwe kwahavuye kuvamwo ivyiza, kuko abo bagabo b’intahemuka batahuye agaciro ko kwicisha bugufi no kuguma barikanuye. (1 Petero 3:8; 4:7) Twokwigana gute Yezu mu kuntu dufata abandi? Abakurambere canecane barakeneye kuba abihangana. Vyoshika abo dusangiye ukwizera bagatura ingorane umukurambere bigahurirana n’uko nya mukurambere arushe canke yifitiye ibindi bibazo vyiwe ariko aritwararika. Birashika tugaha umuntu impanuro ariko ntace azikurikiza. Ariko naho vyogenda gutyo, abakurambere bihangana barigisha «mu bwitonzi» kandi «[baga]fatana ikibabarwe ubusho.» (2 Timoteyo 2:​24, 25; Ivyakozwe 20:​28, 29) Abavyeyi na bo nyene barakwiye kwigana ukwihangana kwa Yezu, kuko bishobora gushika abana ntibihutire gukurikiza impanuro bahawe canke indero batojwe. Urukundo n’ukwihangana bizotuma abavyeyi badaca batana n’akabando ngo bareke kumenyereza abana babo. Ukwihangana kwabo kurashobora kuvamwo ivyiza vyinshi cane​—Zaburi 127:3.

Yaritwararika ivyo bakeneye

7. Yezu yitwararika gute ivyo abigishwa biwe bakeneye mu vy’umubiri?

7 Urukundo rugaragarira mu bikorwa bizira ubwikunzi. (1 Yohani 3:​17, 18) «Ntirurondera inyungu zarwo bwite.» (1 Abakorinto 13:5) Urukundo rwaratumye Yezu yitwararika ivyo abigishwa biwe bakeneye mu vy’umubiri. Akenshi yarabaronsa ivyo bakeneye n’imbere y’uko babimubwira. Igihe yabona yuko barushe, yaciye abasaba ngo bajane na we «ahantu hiherereye kugira [baruhuke] gatoya.» (Mariko 6:​31) Igihe yabona yuko bashonje, yaribwirije kubagaburira, bo hamwe n’abandi ibihumbi bari baje kwumviriza inyigisho ziwe.​—Matayo 14:19, 20; 15:35-37.

8, 9. (a) Ni igiki cerekana ko Yezu yabona ivyo abigishwa biwe bakeneye mu vy’impwemu kandi akabibaronsa? (b) Igihe Yezu yari amanitswe ku giti, yerekanye gute ko arajwe ishinga cane na nyina wiwe?

8 Yezu yarabona ivyo abigishwa biwe bakeneye mu vy’impwemu kandi akabibaronsa. (Matayo 4:4; 5:3) Igihe yaba ariko arigisha, akenshi yarabitwararika mu buryo budasanzwe. Ya Nsiguro yo ku Musozi yayishikirije canecane ku bw’abigishwa biwe. (Matayo 5:​1, 2, 13-​16) Igihe yaba akoresheje ibigereranyo mu kwigisha, «abigishwa biwe yarabasigurira ibintu vyose» mu mwiherero. (Mariko 4:​34) Yezu yaravuze ko yogenye «umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge» kugira ngo abayoboke biwe baze babandanye kugaburirwa neza mu vy’impwemu mu misi ya nyuma. Kuva mu 1919 inyuma ya Kristu, uwo mushumba w’umwizigirwa, uwugizwe n’umugwi mutoyi wa bene wabo na Yezu bari kw’isi barobanujwe impwemu, urabandanya gutanga «ibifungurwa [vy’impwemu] igihe kigeze.»​—Matayo 24:45.

9 Umusi Yezu yapfa, yarerekanye mu buryo bukora ku mutima yuko arajwe ishinga n’uko abiwe bamererwa neza mu vy’impwemu. Raba nawe ingene ibintu vyari bimeze. Yezu yari amanitswe ku giti, umubabaro uriko uramusogota. Kugira ashobore guhema, yabwirizwa kwiduza akoresheje amaguru. Nta gukeka ko ivyo vyamubabaza cane kuko uburemere bw’umubiri wiwe bwaca butuma aho bamuteye umusumari mu maguru hatabuka, umugongo wiwe bari bashishaguye na wo ugaca wikuba ku giti. Kuvuga na vyo nyene vyaramubabaza cane kuko vyasaba ko akoresha neza impemu. Ariko hasigaye gatoyi ngo acikane, yaravuze amajambo yerekana ko yakunda cane nyina wiwe Mariya. Abonye Mariya n’intumwa Yohani bahagaze ng’aho, yabwiye nyina wiwe n’ijwi ryumvikana ku buryo abari aho bavyumva, ati: «Wa mugore we, ng’uyo umuhungu wawe!» Hanyuma aca abwira Yohani ati: «Ng’uyo nyoko wawe!» (Yohani 19:​26, 27) Yezu yari azi ko iyo ntumwa y’intahemuka yokwitwararitse ivyo Mariya yari akeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. b

Abavyeyi bitaho ibintu barihanganira abana babo kandi bakabaronsa ivyo bakeneye

10. Abavyeyi bokwigana gute Yezu mu bijanye no kuronsa abana babo ivyo bakeneye?

10 Abavyeyi bitaho ibintu barabona ko ari ngirakamaro kuzirikana kuri ako karorero ka Yezu. Serugo akunda vy’ukuri umuryango wiwe aritwararika kuwuronsa ivyo ukeneye mu vy’umubiri. (1 Timoteyo 5:8) Ba serugo bakunda ingo zabo kandi bafise uburimbane, rimwe na rimwe barategekanya akanya ko kuruhuka no kwisamaza. Ariko igihambaye kuruta, abavyeyi bakirisu bararonsa abana babo ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Uti gute? Barategekanya ugusenga kwo mu muryango kudahorereza kandi bakihata kugira ngo ivyo biringo bibe ivyubaka abana babo vyongere bibahimbare. (Gusubira mu vyagezwe 6:​6, 7) Mu mvugo no mu ngiro, abavyeyi barigisha abana babo ko ubusuku ari igikorwa gihambaye be n’uko gutegura amakoraniro ya gikirisu no kuyitaba ari umuce uhambaye ujanye n’ugusenga kwabo.​—Abaheburayo 10:24, 25.

Yaraharira Abandi N’umutima Ukunze

11. Yezu yigishije iki abayoboke biwe ku bijanye n’uguharira?

11 Guharira abandi ni kimwe mu bintu biranga urukundo. (Abakolosayi 3:​13, 14) Mu 1 Abakorinto 13:​5 havuga yuko urukundo «[rutaza] ruraharura ikibi rukorewe.» (1 Abakorinto 13:5) Yezu kenshi yarigishije abayoboke biwe akamaro ko guharira abandi. Yabaremesheje guharira abandi atari «gushika ku ncuro indwi, ahubwo  . . .  gushika ku ncuro 77», ni ukuvuga incuro zidaharurika. (Matayo 18:​21, 22) Yarabigishije yuko bakwiye guharira umucumuzi iyo akangiriwe maze akigaya. (Luka 17:​3, 4) Ariko Yezu ntiyari ameze nka ba Bafarizayo b’indyarya bigisha ivyo batagendera; wewe yaragendera ivyo yigisha. (Matayo 23:​2-4) Reka turabe ingene yerekanye umutima ukunze wo guharira abandi mbere n’igihe yahemukirwa n’umugenzi yari yizigiye.

12, 13. (a) Petero yahemukiye Yezu gute mw’ijoro Yezu yafashwemwo? (b) Ivyo Yezu yakoze aho amariye kuzuka bitomora gute ko atigisha gusa guharira abandi ahubwo ko na we ubwiwe yabigendera?

12 Yezu yarashikirana cane n’intumwa Petero, uno akaba yari umugabo ashwashwanutse, rimwe na rimwe akora ibintu atabanje kuzirikana. Yezu yarabonye kamere nziza Petero afise yongera aramutera uduteka tudasanzwe. Petero, ari kumwe na Yakobo na Yohani, yariboneye ibitangaro abandi muri za ntumwa cumi na zibiri batabonye. (Matayo 17:1, 2; Luka 8:49-55) Nk’uko twamaze kubibona, Petero yari muri za ntumwa zaherekeza Yezu igihe yinjira mw’itongo ry’i Getsemani muri rya joro yafatwa. Ariko kandi muri iryo joro nyene, igihe Yezu yagurwa maze agafatwa, Petero n’izindi ntumwa baramutaye barahunga. Mu nyuma, Petero yararindutse arinjira aho Yezu yariko aracirwa urubanza ku karenganyo. Ariko yahavuye atekerwa n’ubwoba maze akora ikosa rikomeye: yarihakanye Yezu incuro zitatu zose! (Matayo 26:69-75) None Yezu yavyakiriye gute? Ari wewe wovyakira gute umugenzi wawe somambike aguhemukiye gutyo?

13 Yezu yari yiteguriye guharira Petero. Yari azi ko Petero aremerewe n’icaha yari yakoze. Nkako, iyo ntumwa “yaraturikishije irarira,” ivyo bikaba vyerekana ko yari yigaye. (Mariko 14:​72) Umusi Yezu azuka, yariyeretse Petero, kumbure kugira amuhumurize yongere amusubirize umutima mu nda. (Luka 24:​34; 1 Abakorinto 15:5) Hadaciye n’amezi abiri, Yezu yaramuteye iteka aramureka araja imbere mu kubwira inkuru nziza amasinzi yari i Yeruzalemu ku musi wa Pentekoti. (Ivyakozwe 2:​14-​40) Twibuke kandi ko Yezu atabikiye inzika intumwa zose muri rusangi ngo ni uko zamutaye. Ahubwo riho, aho amariye kuzuka, yagumye abita ngo «benewacu.» (Matayo 28:​10) Ntibitomoye none ko Yezu atigisha gusa guharira abandi ahubwo ko na we ubwiwe yabigendera?

14. Kubera iki dukeneye kwiga guharira abandi, kandi twokwerekana gute ko twiteguriye guharira?

14 Twebwe abayoboke ba Kristu, turakwiye kwiga guharira abandi. Uti kubera iki? Twebwe ntitumeze nka Yezu kuko turi abanyagasembwa, kandi n’abaducumurako na bo nyene ni abanyagasembwa. Twese birashika tugatsitara mu vyo tuvuga canke mu vyo dukora. (Abaroma 3:​23; Yakobo 3:2) Igihe bibereye ko duharira abandi turabigira, bigaca bishoboka ko Imana iduharira natwe. (Mariko 11:​25) Ariko none, twokwerekana gute ko twiteguriye guharira abo vyoshika bakaducumurako? Akenshi, urukundo ruradufasha kwirengagiza udukosa dutoduto n’utunenge tw’abandi. (1 Petero 4:8) Igihe uwadukoreye ikosa yigaye vy’ukuri nka kumwe kwa Petero, turigana Yezu mu kumuharira n’umutima ukunze. Aho kubika inzika, turatsinda ishavu. (Abanyefeso 4:​32) Tubigize gutyo, tuba turemesheje amahoro mw’ishengero kandi na twebwe biratuma tugira amahoro mu mutima.​—1 Petero 3:11.

Yarabizigira

15. Kubera iki Yezu yizigira abigishwa biwe naho bari bafise utunenge?

15 Urukundo be n’ukwizigira abandi birajana. Urukundo «rwemera vyose.» c (1 Abakorinto 13:7) Urukundo rwaratumye Yezu adatinya kwizigira abigishwa biwe naho bari abanyagasembwa. Yarabizigira kandi akemera adakeka yuko bakunda vy’ukuri Yehova be n’uko bipfuza gukora ivyo agomba. Mbere n’igihe baba bakoze amakosa, Yezu ntiyaca akekeranya ku mvo zituma bakora ibintu. Nk’akarorero, biboneka ko igihe kimwe intumwa Yakobo na Yohani boheje nyina wabo ngo abasabire Yezu baze bicare iruhande yiwe mu Bwami bwiwe. Naho ari ukwo, Yezu ntiyigeze akekeranya yuko bogumye ari intahemuka canke ngo ace abakura mu ntumwa ziwe.​—Matayo 20:20-28.

16, 17. Ni amabanga ayahe Yezu yajeje abigishwa biwe?

16 Mu kwereka abigishwa biwe ko abizigira, Yezu yarabashinze amabanga atandukanye. Igihe yagwiza ibifungurwa ku gitangaro incuro zibiri zose maze akagaburira amasinzi, abigishwa biwe ni bo yajeje ibanga ryo kugabanganya ivyo bifungurwa. (Matayo 14:​19; 15:​36) Mu ­kwitegurira Pasika yiwe ya nyuma, yasavye Petero na Yohani kuja i Yeruzalemu gutegura ibintu. Bari bajejwe kurondera umwagazi w’intama, umuvinyu, umukate utambiwe, imboga zirura be n’ibindi bintu vyankenerwa. Ico nticari igikorwa gisanzwe, kuko amategeko ya Musa yasaba ko Pasika ihimbazwa mu buryo bubereye, kandi Yezu yabwirizwa kwubahiriza ayo mategeko. Vyongeye, mu nyuma kuri uwo mugoroba Yezu yarakoresheje uwo muvinyu n’uwo mukate utambiwe bwa bimenyetso bihambaye igihe yatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe.​—Matayo 26:17-19; Luka 22:8, 13.

17 Yezu yarabonye ko bibereye kuzeza abigishwa biwe amabanga mbere ahambaye kuruta. Niwibuke ko Yezu yashinze abigishwa biwe ibanga rihambaye cane ryo kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. (Matayo 28:​18-20) Nk’uko twamaze kubibona, yari yaravuze ko yojeje umugwi mutoyi w’abayoboke biwe barobanuwe bari kw’isi ibanga rihambaye ryo gutanga ibifungurwa vy’impwemu. (Luka 12:​42-​44) No muri iki gihe, naho Yezu ataboneka kandi akaba aganza ari mw’ijuru, ishengero ryiwe ryo kw’isi arizeza «ingabire zigizwe n’abagabo» bafise kamere zisabwa zo mu vy’impwemu.​—Abanyefeso 4:8, 11, 12.

18-20. (a) Twokwerekana gute ko twizigira abo dusangiye ukwizera? (b) Twokwigana gute Yezu mu bijanye no gushinga abandi amabanga tutitinya? (c) Twihweza iki mu kigabane gikurikira?

18 Twokwigana gute Yezu mu kuntu dufata abandi? Iyo twizigiye abo dusangiye ukwizera tuba twerekanye ko tubakunda. Twibuke yuko urukundo rwizigira ko ibintu bizogenda neza. Igihe abandi baduhemukiye, na vyo bikaba bitabura gushika rimwe na rimwe, urukundo ruzotuma tutihutira kubona ko babitumwe n’imvo mbi. (Matayo 7:1, 2) Nitwaguma tubona neza abo dusangiye ukwizera, tuzorondera kububaka aho kubasambura.​—1 Abatesalonika 5:11.

19 Twoba twokwigana Yezu mu gushinga abandi amabanga tutitinya? Birahambaye ko abafise amabanga mw’ishengero bazeza abandi ibikorwa bakwiranye kandi vy’ingirakamaro, bakizigira ko bazobirangura neza uko bashobora kwose. Abakurambere bazi utuntu n’utundi barashobora gukoresha ako karyo kugira baronse ukumenyerezwa kw’agaciro abagabo «bipfuza gushikira ibanga» ngo bagire ico bafashije mw’ishengero. (1 Timoteyo 3:1; 2 Timoteyo 2:2) Ukwo kumenyerezwa kurakenewe cane. Kubera yuko Yehova abandanya kwihutisha igikorwa co kwegeranya intama, birakenewe ko abagabo bakwije ibisabwa baronswa ukumenyerezwa kugira bitwararike izo ntama​—Yesaya 60:22.

20 Yezu yaradusigiye akarorero ntangere mu bijanye no kugaragariza abandi urukundo. Kwigana urukundo rwiwe ni bwo buryo bwo kumukurikira buhambaye kuruta ubundi bwose. Mu kigabane gikurikira, turarimbura ikimenyetso kaminuza cerekana urukundo yadukunze, na co kibaba ari ukuba yaremeye kudupfira.

a Ugusinzira kw’izo ntumwa ntikwaterwa n’uburuhe gusa. Inkuru dusanga muri Luka 22:​45 isa n’iyo, ivuga ko Yezu «[yasanze] bariko barisinzirirako kubera barembejwe n’intuntu.»

b Biboneka ko ico gihe Mariya yari umupfakazi, abandi bana biwe na bo bakaba batari bwabe abigishwa ba Yezu.​—Yohani 7:5.

c Ivyo ntibisobanura ko urukundo rupfa kwemera ivyo ari vyo vyose. Ahubwo vyerekana ko rudahinyura abandi canke ngo rubinube bidakenewe. Urukundo ruratuma tutihutira kubona ko abandi bakorana imvo mbi canke kubabona nabi.