Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 1

Yezu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo «nkurikira»?

Yezu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo «nkurikira»?

«Ni igiki ntegerezwa gukora ngo nze ntorane ubuzima budahera?»

1, 2. Ubutumire bweza umutima gusumba ubundi bwose umuntu yoshobora kuronka ni ubuhe, kandi ni ikibazo ikihe twoshobora kwibaza?

 NI UBUTUMIRE ubuhe bweza umutima gusumba ubundi bwose umaze kuronka? Woshobora guca ubona igihe watumirwa ku rubanza rudasanzwe, nk’ubugeni bw’abantu ukunda cane. Canke na ho, woshobora guca wibuka umusi watumirwa ngo uje gutangura akazi gahambaye. Nimba umaze kuronka ubutumire nk’ubwo, nta gukeka ko wahimbawe, mbere ukumva utewe iteka. Ariko rero, ikizwi ni uko hari ubutumire wahawe bwiza cane kuruta ubwo. Umwe wese muri twebwe yarabuhawe kandi ingene duhitamwo kubwitaba biragira ikintu kinini cane bikoze kuri twebwe. Iryo ni ryo hitamwo rihambaye kuruta ayandi yose dushobora kugira mu buzima.

2 Ubwo butumire ni ubuhe? Ni ubutangwa na Yezu Kristu, wa Mwana w’ikinege w’Imana Mushoboravyose Yehova, kandi buranditse muri Bibiliya. Muri Mariko 10:21, tuhasanga amajambo Yezu yavuze agira ati: “Ingo unkurikire.” Nkako, ubwo ni ubutumire Yezu aha umwe wese muri twebwe. Vyoba vyiza twibajije duti: «Nzobwitaba gute?» Inyishu y’ico kibazo yoshobora gusa n’iyitomoye. Ni nde none yokwanka ubutumire bwiza cane nk’ubwo? Igitangaje ni uko abantu benshi banka kubwitaba. Uti kubera iki?

3, 4. (a) Wa muntu yegera Yezu kugira amubaze ibijanye n’ubuzima budahera, ni ibiki yari afise vyobonwa ko ari ivyo kwipfuzwa? (b) Ni kamere nziza izihe Yezu ashobora kuba yarabonye muri uwo musore w’umutware yari atunze?

3 Rimbura nk’akarorero umuntu umwe Yezu yihereye ubwo butumire, ubu hakaba haheze nk’imyaka 2.000. Yari umuntu yubahwa cane. Yari afise n’imiburiburi ibintu bitatu abantu bakunze kwipfuza mbere bakanabihahamira: ubuto, ubutunzi n’ubukuru. Inkuru yo muri Bibiliya ivuga ko uwo muntu yari «umusore», ko «yari atunze cane» be n’uko yari «umutware.» (Matayo 19:20; Luka 18:18, 23) Ariko rero, hari ikindi kintu gihambaye kivugwa kuri uwo musore. Yari yarumvise ivya wa Mwigisha ahambaye Yezu, kandi yarashima ivyo yari yarumvise.

4 Abatware benshi bo muri ico gihe ntibaha Yezu icubahiro yari abereye. (Yohani 7:48; 12:42) Ariko uwo mutware we yavyifashemwo ukundi. Bibiliya itwiganira iti: «Yezu asohotse ngo agende, umugabo umwe aca aza ariruka, apfukama imbere yiwe, amubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira nze ndonke ubuzima budahera?”» (Mariko 10:17) Raba nawe ukuntu uwo muntu yari ashashaye kuvugana na Yezu, akirukanga abantu babona akamusanga aho ari, nk’uko nyene umuntu w’umworo kandi wa nyarucari yari kubigira. Vyongeye, yaciye apfukama n’icubahiro cinshi imbere ya Kristu. Ku rugero kanaka rero, yari afise ukwicisha bugufi akongera akamenya ko akeneye ivy’impwemu. Yezu yaraha agaciro kamere nziza mwene izo. (Matayo 5:3; 18:4) Ntibitangaje rero kubona «Yezu [yaciye] amwitegereza, yumva aramukunze.» (Mariko 10:21) None Yezu yishuye gute ca kibazo uwo musore yabajije?

Ubutumire bw’imbonekarimwe

5. Yezu yishuye gute wa musore yari atunze, kandi tuzi gute ko «ikintu kimwe» uwo musore yari abuze kutari uguheba ivyo atunze? (Raba n’akajambo k’epfo.)

5 Yezu yarerekanye ko Se wiwe yari amaze gutanga amakuru yerekeye ico kibazo gihambaye kijanye no kuronka ubuzima budahera. Yarerekeje ku Vyanditswe, uwo musore na we aremera ko yagamburuka amategeko ya Musa adahemuka. Ariko rero Yezu, kubera ugutahura kwiwe kudasanzwe, yarabonye ikintu kitashoka cibonekeza. (Yohani 2:25) Yarabonye ingorane yo mu vy’impwemu uwo mutware yari afise, kandi iyo ngorane yari ikomeye. Yezu yaciye avuga ati: «Ubuze ikintu kimwe.» Ico «kintu kimwe» cari ikihe? Yezu yavuze ati: «Genda ugurishe ibintu ufise maze ufashe abakene.» (Mariko 10:21) Yezu yoba yashaka kuvuga ko umuntu ategerezwa kuba ntahonikora kugira akorere Imana? Oya. a Kristu yariko ahishura ikintu gihambaye cane.

6. Ni ubutumire ubuhe Yezu yahaye wa musore w’umutegetsi yari atunze, kandi ukuntu yabwakiriye vyagaragaje iki ku bijanye n’umutima wiwe?

6 Kugira Yezu yerekane ico uwo muntu yari abuze, yamuhaye ubutumire bwiza cane, ati: “Ingo unkurikire.” Iyumvire nawe: Umwana w’Imana Musumbavyose yarihereye uwo muntu, amaso mu yandi, ubutumire bwo kumukurikira! Yezu yaramwemereye kandi impera ntangere. Yavuze ati: «Uzoheza ugire itunga mw’ijuru.» Uwo musore w’umutegetsi yari atunze yoba atagishije ako karyo canke ubwo butumire buhambaye? Iyo nkuru igira iti: «Aca arijirwa yumvise ivyo amwishuye. Aca agenda ababaye cane, kuko yari atunze ibintu vyinshi.» (Mariko 10:21, 22) Ayo majambo Yezu yavuze ata wari avyiteze yarahishuye rero ingorane uwo muntu yari afise mu mutima. Yarakunda cane ivyo yari atunze kandi nta gukeka ko yakunda ububasha n’icubahiro vyava kuri ivyo bintu. Ikibabaje, urukundo yakunda ivyo bintu rwararuta kure n’iyo urwo yakunda Kristu. Ca «kintu kimwe» yari abuze rero kwari ugukunda Yezu na Yehova abigiranye umutima wiwe wose n’ukwitanga. Kubera ko uwo musore atagira urwo rukundo, yaranse ubwo butumire bw’imbonekarimwe! None ivyo wewe bikuraba gute?

7. Ni igiki cotwemeza ko ubutumire bwa Yezu buturaba muri iki gihe?

7 Ubutumire bwa Yezu ntibwahawe uwo muntu gusa; eka kandi ntibwari bwerekeye abantu bakeya gusa. Yezu yavuze ati: «Nimba hari uwushaka kunkurikira, . . . [n]agume ankurikira.» (Luka 9:23) Urabona yuko «umuntu» uwo ari we wese ashobora kuba umuyoboke wa Kristu mu gihe vy’ukuri “abishaka.” Imana ni yo ikwegera ku Mwana wayo abantu mwene abo bafise imitima nziraburyarya. (Yohani 6:44) Si abatunzi gusa, si abakene gusa, si abantu bo mu bwoko bunaka canke ihanga rinaka gusa, kandi si ababayeho muri kirya gihe gusa, ahubwo abantu bose barahabwa akaryo ko kwemera ubutumire bwa Yezu. Rero, amajambo Yezu yavuze ngo “ingo unkurikire” vy’ukuri arakwerekeye. None ni kubera iki wokurikira Kristu? Kandi ivyo bisaba iki?

Kubera iki wokurikira Kristu?

8. Ni igiki abantu bose bakeneye, kandi kubera iki?

8 Hariho ukuri ntaseswa dukwiye kwemera: Turakeneye cane indongozi nziza. Si abantu bose bemera ko bakeneye iyo ndongozi, ariko iyo nkenero iriho. Yeremiya uwavugishwa na Yehova yarahumekewe kwandika uku kuri ntabanduka, ati: «Ewe Yehova, ndazi neza yuko umuntu we ubwiwe adashoboye kumenya inzira yocamwo. Umuntu nta burenganzira afise bwo kuyobora intambuko yiwe.» (Yeremiya 10:23) Abantu ntibashoboye kwitegeka, eka nta n’ivyo bafitiye uburenganzira. Nkako, kahise k’abantu kuzuyemwo inkuru z’abagiye baratwara nabi. (Umusiguzi 8:9) Mu gihe ca Yezu, abategetsi baracinyiza abantu, bakabafata nabi bakongera bakabazimiza. Yezu rero ntiyihenze igihe yavuga ko abantu batobato bari bameze «nk’intama zitagira umwungere.» (Mariko 6:34) N’ubu ni ko biri. Twese uko tugize umugwi canke umwumwe wese ukwiwe, turakeneye indongozi dushobora kwizigira no kwubaha. None Yezu yoba ashoboye kutubera iyo ndongozi? Rimbura imvo zitandukanye zituma twemera ko abishoboye koko.

9. Ni igiki gituma Yezu aba uwutandukanye n’izindi ndongozi zose?

9 Ubwa mbere, Yezu yacaguwe na Yehova Imana. Indongozi z’abantu nka zose zicagurwa n’abantu b’abanyagasembwa nka zo, bano akenshi bakaba bahendwa bakongera bakihenda. Yezu we si ukwo. Izina ryiwe ry’icubahiro riravyemeza. Izina «Kristu», cokimwe n’izina «Mesiya», risobanura «Uwarobanuwe.» Ego cane, Yezu yarobanuwe n’Umukama Segaba w’ijuru n’isi ubwiwe, ni ukuvuga ko yamugenye mu buryo budasanzwe mw’ibanga ryeranda. Ku bijanye n’Umwana wiwe, Yehova Imana yavuze ati: «Ehe umusavyi wanje nitoreye, uwo nkunda cane, uwo nashimye! Nzomushirako impwemu yanje.» (Matayo 12:18) Nta n’umwe yoza arusha Umuremyi wacu kumenya indongozi dukeneye iyo ari yo. Yehova afise ubukerebutsi butagira urugero, ni co gituma dufise imvo nyinshi zo kwizigira uwo yahisemwo.​—Imigani 3:5, 6.

10. Kubera iki akarorero Yezu yatanze ari ko keza kuruta utundi twose abantu bokwigana?

10 Ubwa kabiri, Yezu yaratweretse akarorero katagira agahaze kandi gakora ku mutima. Indongozi nziza iba ifise kamere abo itwara bashima kandi bipfuza kwigana. Itegeka mu gutanga akarorero keza, bigatuma abandi bipfuza kugira ivyo baryohoye. Ni kamere izihe woshima canecane ko indongozi igaragaza? Ni ubutinyutsi? Ubukerebutsi? Impuhwe? Bite ho ukwiyumanganya mu bihe bigoye? Niwiga inkuru yerekeye ubuzima bwa Yezu igihe yari kw’isi, uzobona ko yari afise izo kamere n’izindi nyinshi. Kubera ko Yezu yari ameze neza na neza nka Se wiwe wo mw’ijuru, yari afise kamere zose z’Imana ku rugero rwuzuye. Yari umuntu atunganye mu mice yose. Mu kintu cose yakoze, mw’ijambo ryose yavuze, no mu nyiyumvo zose yagaragaje, turabonamwo ico twokwigana. Bibiliya ivuga ko yaduhaye «akarorero kugira ngo [d]ukurikire neza intambuko ziwe.»​—1 Petero 2:21.

11. Yezu yagaragaje gute ko ari «umwungere mwiza»?

11 Ubwa gatatu, Kristu yarashikije neza amajambo yavuze ati: «Ndi umwungere mwiza.» (Yohani 10:14) Abantu bo mu bihe vya Bibiliya bari bamenyereye cane iyo mvugo ngereranyo. Abungere barakora cane kugira ngo bitwararike intama bajejwe. «Umwungere mwiza» yaritwararika umutekano n’ukumererwa neza vy’ubusho bwiwe kuruta uko yitwararika ivyiwe bwite. Nk’akarorero, sekuruza wa Yezu ari we Dawidi, akiri muto yari umwungere kandi akatari gake yarahatswe kuhasiga ubuzima ariko arwanya inyamaswa zaba ziteye ubusho bwiwe. (1 Samweli 17:34-36) Yezu wewe yakoreye ibiruta ivyo abayoboke biwe. Yarabiguze. (Yohani 10:15) Ni indongozi zingahe zifise umutima nk’uwo wo kwitanga?

12, 13. (a) Ni mu buryo ubuhe umwungere aba azi intama ziwe na zo zikamumenya? (b) Kubera iki wipfuza kuyoborwa na wa Mwungere mwiza?

12 Yezu yari «umwungere mwiza» no mu bundi buryo. Yavuze ati: «Ndazi intama zanje kandi na zo ziranzi.» (Yohani 10:14) Zirikana kuri iyo mvugo ngereranyo Yezu yakoresheje. Umuntu aravye ubusho bw’intama acishako, yoshobora kwibonera gusa ko ari ikigwi c’ibitungwa vyuzuye ubwoya. Ariko umwungere wewe, aba azi intama imwimwe yose. Aba azi izifise amezi zimirije gukenera ko azifasha ziriko ziravyara, akamenya utwagazi tugikeneye guterurwa kubera yuko tukiri duto kandi tutarakomera ku buryo twigendera umwanya munini, akamenya n’iziherutse kurwara canke gukomereka. N’intama nyene ziba zizi umwungere wazo. Ziramenya ijwi ryiwe, ntizigere ziryitiranya n’iry’uwundi mwungere. Igihe akoresheje ijwi ryerekana ko hariho akaga, zica zigira ico zikoze zidatebaganye. Aho azerekeje ni ho zija kandi aba azi aho azijanye. Aba azi ahari ubwatsi butotahaye, ahari amazi meza kandi apfutse, n’uburagiriro butarimwo akaga. Igihe aziragiye, zirumva zitekaniwe.​—Zaburi 23.

13 None ntiwipfuza kuronka indongozi nk’iyo? Wa Mwungere mwiza yarerekanye ko ata we bogereranywa mu gufata abayoboke biwe muri ubwo buryo. Asezerana ko azokuyobora akagufasha kugira ubuzima buhimbaye kandi bumara akanyota muri iki gihe, no gushika ibihe bidahera! (Yohani 10:10, 11; Ivyahishuwe 7:16, 17) Turakeneye rero kumenya ico gukurikira Kristu bisobanura.

Ico gukurikira Kristu bisobanura

14, 15. Kugira ngo umuntu akurikire Kristu, ni kubera iki bidahagije gusa kwiyita umukirisu canke kwiyumvamwo ko akunda cane Yezu?

14 Muri iki gihe, abantu amamiliyoni amajana bashobora kuba bibwira ko bemeye ubutumire bwa Kristu. Nakare, bavuga ko ari abakirisu. Bashobora kuba bari mw’idini abavyeyi babo bababatirijemwo. Canke na ho boshobora kuvuga yuko bakunda cane Yezu be n’uko bamwakiriye akababera Umukiza. Ariko none aho baba bariko barakurikira Kristu? Ico coba ari co Yezu yashaka kuvuga igihe yadutumira ngo tumukurikire? Hariho n’ibindi uretse ivyo.

15 Fata akarorero k’ibihugu benshi mu banyagihugu bavyo biyita ko ari abakirisu. Abo biyita ko ari abakirisu boba babaho bisunga inyigisho za Yezu Kristu? Ubwo ivyo bihugu ntibirangwamwo urwanko, agahahazo, ubukozi bw’ikibi, n’akarenganyo nk’uko biri mu bindi bihugu vyose vyo kw’isi?

16, 17. Ni igiki akenshi abiyita abakirisu usanga babuze, kandi ni igiki cerekana abayoboke b’ukuri ba Kristu?

16 Yezu yavuze ko abayoboke biwe b’ukuri batomenyekaniye ku majambo gusa canke ku mazina biyita ariko ko imbere ya vyose bomenyekaniye ku vyo bakora. Nk’akarorero, yavuze ati: «Si umuntu wese ambwira ngo: “Mukama, Mukama” azokwinjira mu Bwami bwo mw’ijuru, ahubwo uwukora ivyo Dawe ari mw’ijuru agomba ni we gusa azobwinjiramwo.» (Matayo 7:21) None ni kubera iki abantu benshi bavuga ko Yezu ari Umukama wabo badakora ukugomba kwa Se wiwe? Niwibuke wa musore w’umutware yari atunze. Kenshi na kenshi, usanga abiyita abakirisu «[ba]buze ikintu kimwe», na co kikaba ari ugukunda Yezu n’Umwe yamutuma babigiranye umutima wabo wose.

17 Ivyo bishoboka bite? None abantu amamiliyoni biyita abakirisu ntusanga kandi bavuga ko bakunda Kristu? Ivyo ni vyo. Ariko gukunda Yezu na Yehova si ivyo ku karimi gusa. Yezu yavuze ati: «Nimba umuntu ankunda, azokwubahiriza ijambo ryanje.» (Yohani 14:23) Ikindi gihe na ho, yavuze bwa mwungere, ati: «Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje kandi ndazizi, na zo zirankurikira.» (Yohani 10:27) Emwe, ikintu nyaco cerekana ko dukunda Kristu si amajambo tuvuga canke inyiyumvo zacu gusa, ahubwo ahanini ni ivyo dukora.

18, 19. (a) Kwiga ivyerekeye Yezu bikwiye kugira ico bidukozeko gute? (b) Intumbero y’iki gitabu ni iyihe, kandi kizofasha gute abamaze igihe kinini biyumvira ko ari abayoboke ba Kristu?

18 Ariko ntiwumve, ivyo dukora ntibipfa kwizana. Bigaragaza ico turi imbere muri twebwe, aho akaba ari na ho dukwiye kubanza kuryohora. Yezu yavuze ati: «Kugira abantu baronke ubuzima budahera, bategerezwa kukumenya neza, wewe Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye Yezu Kristu.» (Yohani 17:3) Twironkeje ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Yezu tukongera tukabuzirikanako, bizogira ico bikoze ku mutima wacu. Tuzoca turushiriza kumukunda, maze bikomeze icipfuzo dufise co kumukurikira ku musi ku musi.

19 Iyo ni yo ntumbero y’iki gitabu. Ntikigenewe gutanga incamake y’ubuzima bwa Yezu n’ubusuku bwiwe, ahubwo kigenewe kudufasha kurushiriza kubona neza ingene twomukurikira. b Kigenewe kudufasha kwiraba mu cirore c’Ivyanditswe maze tukibaza duti: «Noba vy’ukuri ndiko ndakurikira Yezu?» (Yakobo 1:23-25) Ushobora kuba umaze igihe kinini wiyumvira ko uri intama iyobowe na wa Mwungere mwiza. Ariko none, wohakana ko twama dufise ivyo dukeneye kuryohora? Bibiliya iduhimiriza iti: «Nimugume musuzuma yuko muri mu kwizera, mugume mwisuzuma ngo mwerekane ico mwebwe ubwanyu muri.» (2 Abakorinto 13:5) Birabereye ko tugira akigoro kose gashoboka kugira ngo twiyemeze neza ko turiko turayoborwa vy’ukuri na Yezu, wa Mwungere wacu mwiza yuzuye urukundo Yehova ubwiwe yagenye ngo atuyobore.

20. Turimbura iki mu kigabane gikurikira?

20 Ese kwiga iki gitabu vyogufasha gukomeza urukundo ukunda Yezu na Yehova! Urwo rukundo nirwakuyobora mu buzima, uzokwironkera amahoro n’ugushira akanyota ku rugero runini rushoboka muri ino si ishaje, kandi uzoshemeza Yehova ibihe vyose kubera yaturonkeje wa Mwungere mwiza. Ariko rero, turakwiye kwiga ivyerekeye Kristu duhereye ku mushinge nyawo. Birabereye rero ko mu kigabane ca 2 turimbura uruhara Yezu afise mu mugambi wa Yehova werekeye ivyaremwe vyose.

a Yezu ntiyasaba umuntu wese amukurikiye ngo ahebe ivyo atunze vyose. Vyongeye, naho yagize ico avuze ku bijanye n’ukuntu bigoye ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana, yongeyeko ati: «Ku Mana vyose birashoboka.» (Mariko 10:23, 27) Nkako, hariho abatunzi bakeyi babaye abayoboke ba Kristu. Barahawe impanuro zidomako mw’ishengero rya gikirisu, ariko ntibasabwe guha aboro ivyo batunze vyose.​—1 Timoteyo 6:17.

b Ushaka inkuru yuzuye yerekana muri make ivyagiye birashika mu buzima bwa Yezu no mu busuku bwiwe, raba igitabu Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.