Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abana; abakiri bato

Abana; abakiri bato

Uko Imana ibona abana

Yehova yerekana gute ko aha agaciro abana n’abakiri bato?

Gus 6:6, 7; 14:28, 29; Zb 110:3; 127:3-5; 128:3, 4; Yak 1:27

Raba kandi Yb 29:12; Zb 27:10; Img 17:6

Raba kandi «Umuryango»

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 1:27, 28—Imana yashimye ko abantu bibaruka ibibondo kugira ishitse umugambi wayo w’uko abantu buzura isi

    • It 9:1—Inyuma y’umwuzure, Imana yabwiye Nowa kuvyara abana bakuzura isi

    • It 33:5—Yakobo, umwe sekuruza w’imiryango w’intahemuka, yabona abana biwe nk’ingabire iva ku Mana

    • Mr 10:13-16—Uburyo Yezu yakunda abana bwarerekana ukuntu Se wiwe abakunda

Yehova yiyumva gute iyo abonye abafata nabi abana n’ababahumbisha?

Ni ingingo ngenderwako izihe zerekana ko abana tudakwiye kubitegako ivyo twokwitega ku bakuze?

Gh 1:3; 1Kr 13:11

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • It 33:12-14—Yakobo yatambutse bukebuke kugira yorohereze abana biwe

Imana yoba ari yo yobazwa amabi akorerwa abana muri ino si?

Yb 34:10; Yak 1:13; 1Yh 5:19

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 5:18, 20, 23-25—Yezu yarerekanye ko turwara kubera igicumuro twarazwe

    • Rm 5:12—Intumwa Pawulo yarerekanye iyo igicumuro n’urupfu vyazananye

Yehova ahumuriza gute abantu ko imibabaro ishikira abato n’abakuze igiye kurangira?

Nimba abavyeyi bacu barigenjeje nabi canke bakadufata nabi, vyoba bisobanura ko ata co tumaze canke ko natwe tuzomera nka bo?

Gus 24:16; Ezk 18:1-3, 14-18

Raba kandi Gus 30:15, 16

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Bm 18:1-7; 2Ng 28:1-4—Naho Hezekiya yari afise umuvyeyi mubi yishe bamwe mu bana biwe bwite, yarabaye umwami akomeye kandi w’intahemuka

    • 2Bm 21:19-26; 22:1, 2—Yosiya yabaye umwami mwiza cane naho se Amoni yari umubisha

    • 1Kr 10:11, 12—Intumwa Pawulo yarasiguye ko amakosa y’abandi ashobora kuduha icigwa tukirinda kuyagwamwo

    • Fp 2:12, 13—Intumwa Pawulo yaratwibukije ko twebwe ubwacu nitwaguma turi intahemuka tuzokizwa

Ivyo abana n’abakiri bato basabwa

Yehova abona gute abana bakibana n’umuvyeyi wabo atinya Imana?

1Kr 7:14

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • It 19:12, 15—Imvo imwe yatumye abakobwa ba Loti bakingirwa n’abamarayika ni uko se yari umugororotsi

Abana boba bakwiye kwibwira yuko bashimwa n’Imana kubera gusa abavyeyi babo bayitinya?

Img 20:11; Ezk 18:5, 10-13

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lw 10:1-3, 8, 9—Abahungu b’umuherezi mukuru Aroni barishwe, kumbure bivuye ku kaborerwe

    • 1Sm 8:1-5—Naho Samweli yari umuhanuzi mwiza, abana biwe bari barononekaye

Abana bipfuza gushimwa n’Imana bokora iki?

Kubera iki abana bakwiye kwitaba amakoraniro?

Gus 31:12, 13; Heb 10:24, 25

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Mt 15:32-38—Mu bumviriza Yezu wasanga harimwo n’abana

Tuzi gute ko Yehova ashaka ko abana bamusenga?

Zb 8:2; 148:12, 13

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 17:4, 8-10, 41, 42, 45-51—Yehova yarakoresheje umusore Dawidi kugira arwanire izina rya Yehova mu gutsinda ikigatanya gikaze

    • 2Bm 5:1-15—Yehova yarafashije umukuru w’ingabo w’Umusiriya kumenya Imana y’ukuri biciye ku gakobwa k’Akisirayelikazi

    • Mt 21:15, 16—Yezu yarashimye ukuntu abana bashemagije Mesiya

Imana ibona gute abana bafise abavyeyi batayisenga?

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Gh 16:25, 26, 32, 33—Igihe Yehova yahana abagabo bamwebamwe bagarariza umuhanuzi Musa n’umuherezi mukuru Aroni, yarahanye n’imiryango yabo

    • Gh 26:10, 11—Naho wa mugarariji Kora yishwe, abahungu biwe bobo bararusimvye kubera bagumye ari intahemuka

Kubera iki abakiri bato bakwiye kuraba neza abo bagira abagenzi?

Abakiri bato b’abakirisu bakwiye kurondera abagenzi bameze gute?

2Tm 2:22

Raba kandi «Abagenzi»