Amahera
Kubera iki gukunda amahera birimwo akaga?
Raba «Guhahamira amaronko»
Bibiliya yerekana gute ko kurondera amahera yo gutunga umuryango atari bibi?
Ums 7:12; 10:19; Ef 4:28; 2Ts 3:10; 1Tm 5:8, 18
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
It 31:38-42—Yakobo yarakoreye sebukwe Labani atamwiba, kugira atunge umuryango wiwe. Sebukwe yamufashe nabi, mugabo akuya Yakobo yabize, Yehova yaragahezagiye
-
Lk 19:12, 13, 15-23—Yezu yaratanze ikigereranyo cerekana ko ico gihe vyari bimenyerewe ko abantu bakoresha umutahe bakarondera inyungu
-
Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zifasha mu bijanye no kuguranana amahera?
Kubera iki ari vyiza kwirinda amadeni adakenewe?
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Neh 5:2-8—Abisirayeli bamwebamwe bo mu gihe ca buramatari Nehemiya bafata nabi ababaheraniye
-
Mt 18:23-25—Iki kigereranyo Yezu yatanze kiratwibutsa ko umuntu ashobora guhanwa iyo atarishe ideni
-
Ni ibiki umuntu akwiye kubako maso imbere yo kwifatanya n’uwundi mu rudandazwa, yaba ari uwutizera, uwo dusangiye ukwizera, canke mbere incuti yacu?
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
It 23:14-20—Biboneka ko kugira Aburahamu yirinde ingorane zari guhava zaduka, yarondeye ivyabona igihe yagura itongo n’isenga ryo guhambamwo Sara
-
Yr 32:9-12—Igihe umuhanuzi Yeremiya yagura itongo rya mwene sewabo, yaranditse urwandiko, yandika n’urundi, maze atanga amahera imbere y’ivyabona
-
Kubera iki ari vyiza gutegura ingene tuzokoresha amahera?
Kubera iki abakirisu badakwiye kureka ngo amatati y’ivy’amahera atume ishengero ryicamwo imice?
Twokoresha gute amahera mu buryo butuzanira umunezero nyakuri?