Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Guhahamira amaronko

Guhahamira amaronko

Bibiliya yoba yigisha ko ari bibi kuronka amahera canke ibintu vy’umubiri?

Ums 7:12

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Bm 3:​11-14—Yehova yarahaye umwami Salomo ubutunzi bwinshi kubera agatima yari afise ko kwicisha bugufi

    • Yb 1:​1-3, 8-10—Naho Yobu yari atunze bidasanzwe, kuri we ubucuti afitaniye na Yehova ni co cari ikintu gihambaye kuruta ibindi

Kubera iki kuronka ubutunzi n’ibintu vy’umubiri bidatuma duhimbarwa canke tugira amahoro yo mu mutima?

Ni ryari ubutunzi ata co butumarira?

Ubutunzi butera akaga gakomeye akahe?

Ububasha bw’ubutunzi bushobora gute kuduhenda?

Img 11:​4, 18, 28; 18:11; Mt 13:22

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Ivk 8:​18-24—Simoni yari azi n’ubujuju n’akantu ko yotanga amahera kugira agure uduteka mw’ishengero rya gikirisu

Gukunda amahera bishobora gutuma dutakaza iki?

Mt 6:​19-21; Lk 17:​31, 32

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mr 10:​17-23—Umusore umwe w’umutunzi yashira umutima cane ku vyo atunze, yarahomvye agateka ko gukurikira Yezu

    • 1Tm 6:​17-19—Intumwa Pawulo yarakebuye abakirisu batunze kwirinda ubwibone, kuko bwotumye badashimwa n’Imana

Guhahamira amaronko bishobora gute gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya, bigatuma n’Imana itadushima?

Gus 8:​10-14; Img 28:20; 1Yh 2:​15-17

Raba kandi Zb 52:​6, 7; Am 3:​12, 15; 6:​4-8

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yb 31:​24, 25, 28—Yobu yarabona neza akaga kari mu kwizigira ubutunzi, kuko bituma umuntu yihakana Imana

    • Lk 12:​15-21—Yezu yaratugabishije ku bijanye no guhahamira amaronko mu kuvuga inkuru y’umugabo yari umutunzi ariko ntabe umutunzi ku Mana

Twoshobora gute kubumbwa n’ivyo dufise?

Ni ubutunzi ubuhe bw’agaciro buruta ibintu vy’umubiri, kandi kubera iki?

Img 3:​11, 13-18; 10:22; Mt 6:​19-21

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Hg 1:​3-11—Biciye ku muhanuzi Hagayi, Yehova yaravuze ko yimye imihezagiro y’ivy’umubiri abasavyi biwe, kubera bafashe amazu yabo n’ivyo batunze babirutisha gusubira kwubaka urusengero rwiwe rweranda

    • Ivy 3:​14-19—Yezu yarahambariye ishengero ry’i Lawodiseya kubera ryaha agaciro gakomeye ivy’umubiri gusumba gukorera Imana

Kubera iki dukwiye kwizigira ko Yehova azoturonsa ivyo dukeneye mu vy’umubiri?