Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gutozwa indero

Gutozwa indero

Kubera iki twovuga ko indero Bibiliya idutoza iruta izindi zose?

Kubera iki twese dukeneye kuyoborwa no gukosorwa?

Kubera iki Yehova adutoza indero?

Img 3:​11, 12; Heb 12:​7-9

Raba kandi Gus 8:5; Img 13:24; Ivy 3:19

Kubera iki ari vyiza gufata nka nkama indero Imana iduha?

Ni ibiki bishobora gushikira abanka indero Yehova abatoza?

Img 1:​24-26; 13:18; 15:32; 29:1

Raba kandi Yr 7:​27, 28, 32-34

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yr 5:​3-7—Abasavyi b’Imana baratojwe indero ariko bakomantaza umutima baranka guhindura ingendo, bituma Imana ibatoza indero mu buryo bukomeye

    • Zf 3:​1-8—Ababa i Yeruzalemu barashikiwe n’ivyago kubera banse indero Yehova yabatoje

Kwemera gutozwa indero na Yehova bivamwo ivyiza ibihe?

Img 4:13; 1Kr 11:32; Tt 1:13; Heb 12:​10, 11

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Gus 30:​1-6—Umuhanuzi Musa yaravuze imihezagiro abasavyi ba Yehova bokwironkeye bemeye indero abatoza

    • 2Ng 7:​13, 14—Yehova yarabwiye umwami Salomo ivyiza abantu boronse bemeye gutozwa indero n’Imana

Twokwungukira gute ku ndero abandi batozwa?

Kubera iki tudakwiye kuryoherwa igihe abandi batojwe indero ikomeye?

Dukwiye gukora iki nimba dushaka kwungukira ku ndero be n’impanuro Imana itanga?

Yos 1:8; Yak 1:25

Raba kandi Gus 17:​18, 19; Zb 119:97

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Ng 22:​11-13—Umwami Dawidi yasezeraniye umuhungu wiwe Salomo ko Yehova azomuhezagira aramutse akurikije neza amategeko yiwe

    • Zb 1:​1-6—Yehova asezerana kuduhezagira nitwasoma amategeko yiwe kandi tukayazirikana

Kubera iki abavyeyi beza batoza indero abana babo?

Raba «Abavyeyi»

Abana bakwiye gukora iki iyo batojwe indero n’abavyeyi babo?