Gutozwa indero
Kubera iki twovuga ko indero Bibiliya idutoza iruta izindi zose?
Kubera iki twese dukeneye kuyoborwa no gukosorwa?
Raba kandi Yr 17:9
Kubera iki Yehova adutoza indero?
Raba kandi Gus 8:5; Img 13:24; Ivy 3:19
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
2Sm 12:9-13; 1Bm 15:5; Ivk 13:22—Naho umwami Dawidi yakoze ibicumuro bikomeye cane, Yehova yaramutoje indero yongera aramubabarira
-
Yon 1:1-4, 15-17; 3:1-3—Yehova yaratoje indero umuhanuzi Yona kubera ko yahunze igikorwa yari yamushinze, ariko yarasubiye kumwizigira
-
Kubera iki ari vyiza gufata nka nkama indero Imana iduha?
Img 9:8; 12:1; 17:10; Heb 12:5, 6
Raba kandi 2Ng 36:15, 16
Ni ibiki bishobora gushikira abanka indero Yehova abatoza?
Img 1:24-26; 13:18; 15:32; 29:1
Raba kandi Yr 7:27, 28, 32-34
Kwemera gutozwa indero na Yehova bivamwo ivyiza ibihe?
Img 4:13; 1Kr 11:32; Tt 1:13; Heb 12:10, 11
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Gus 30:1-6—Umuhanuzi Musa yaravuze imihezagiro abasavyi ba Yehova bokwironkeye bemeye indero abatoza
-
2Ng 7:13, 14—Yehova yarabwiye umwami Salomo ivyiza abantu boronse bemeye gutozwa indero n’Imana
-
Twokwungukira gute ku ndero abandi batozwa?
Kubera iki tudakwiye kuryoherwa igihe abandi batojwe indero ikomeye?
Dukwiye gukora iki nimba dushaka kwungukira ku ndero be n’impanuro Imana itanga?
Raba kandi Gus 17:18, 19; Zb 119:97
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
1Ng 22:11-13—Umwami Dawidi yasezeraniye umuhungu wiwe Salomo ko Yehova azomuhezagira aramutse akurikije neza amategeko yiwe
-
Zb 1:1-6—Yehova asezerana kuduhezagira nitwasoma amategeko yiwe kandi tukayazirikana
-
Kubera iki abavyeyi beza batoza indero abana babo?
Raba «Abavyeyi»
Abana bakwiye gukora iki iyo batojwe indero n’abavyeyi babo?