Igicumuro
Igicumuro ni iki, kandi kubera iki twese kidukorako?
Bibiliya idukura amazinda gute ko dushobora kurwanya impengamiro zo gukora igicumuro?
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
2Sm 11:2-5, 14, 15, 26, 27; 12:1-13—Umwami Dawidi yarakoze ibicumuro bikomeye cane, aratozwa indero bikomeye kandi arerekana ko yigaye
-
Rm 7:15-24—Naho intumwa Pawulo yari akarorero gakomeye k’ukwizera n’ukwihebera Imana, yaravuze ukuntu yanyinyana n’impengamiro yari afise zo gukora igicumuro
-
Kubera iki abantu benshi bakora igicumuro?
Ivk 3:17; 17:29, 30; 1Tm 1:13; 1Pt 1:14
Raba kandi Gh 15:27-29
Kubera iki ari bibi cane kubandanya gukora igicumuro n’ibigirankana?
Heb 10:26, 27; 1Yh 3:4, 8, 9
Raba kandi Gh 15:30; Rm 1:28-32; 1Tm 5:20
Shetani ashobora gukoresha iki ngo atume abasavyi b’Imana bacumura?
Img 1:10, 11, 15; Mt 5:28; Yak 1:14, 15
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
It 3:1-6—Shetani yaragerageje Eva akoresheje inzoka amushiramwo ivyipfuzo vy’ubwikunzi yongera atuma areka kwizigira Yehova
-
Img 7:6-10, 21-23—Umwami Salomo aravuga ukuntu umusore atagira ubwenge yaguye mu nyosha mbi y’umugore w’igihumbu
-
Twonanira gute ibigeragezo vya Shetani?
Ef 4:27; 6:10-18; Yak 4:7, 8
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Img 5:1-14—Umwami Salomo yaratanze impanuro za kivyeyi zivuye kuri Yehova zerekana igituma twokwirinda ivyotwosha kuja mu busambanyi n’ukuntu twobigira
-
Mt 4:1-11—Yezu yaratanze akarorero katagira akanenge ko kwirinda amayeri ya Shetani mu kwisunga Ijambo ry’Imana
-
Ni ibicumuro bikomeye bimwebimwe ibihe umukirisu akwiye kwirinda?
Raba «Ingeso mbi»
Kwatura ibicumuro
Kubera iki tudakwiye kugerageza kunyegeza ibicumuro vyacu?
Ni nde dukwiye kwaturira ibicumuro vyacu vyose?
Ni nde atubera «umufasha» aduserukira imbere ya Yehova?
Umucumuzi yokwerekana gute ko yigaye ivyo yakoze?
Raba kandi «Ukwigaya»
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Kv 22:1-12—Twisunze amategeko ya Musa, umusuma yasabwa gusubiza ivyo yivye agatanga n’indishi
-
Lk 19:8, 9—Umukuru w’abatozakori Zakayo yarerekanye ukwigaya mu guhindura ingendo no mu gusubiza abo yivye
-
Kubera iki twokwizigira ko Yehova azotubabarira?
Raba «Kubabarira»
Ni intunganyo iyihe Yehova yashizeho kugira uwakoze igicumuro gikomeye afashwe, ishengero na ryo rikingirwe?
Raba kandi Ivk 20:28; Gl 6:1
Igicumuro gikomeye gishobora gute kugira ico gikoze ku bagize umuryango no kw’ishengero?
Raba kandi Gus 29:18
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Yos 7:1-13, 20-26—Akani yarakwegeye icago Abisirayeli bose mu gukora igicumuro gikomeye, akagerageza kukinyegeza
-
Yon 1:1-16—Kubera ko umuhanuzi Yona yagambarariye Yehova, yarashize mu kaga ubuzima bw’abo bari kumwe mu bwato bose
-
1Kr 5:1-7—Intumwa Pawulo yarashize ahabona igicumuro gikomeye cariko kironona ishengero ryose ry’i Korinto
-
Kubera iki gutinya gutozwa indero bidakwiye kwigera bitubuza kurondera gufashwa n’abakurambere?
Kubera iki dukwiye kwemera ko Yehova yatubabariye aho kuguma tubabazwa n’ivyo twakoze kera?
Raba «Kubabarira»
Iyo tumenye ko hari uwakoze igicumuro gikomeye, kubera iki dukwiye kwiyemeza ko yabimenyesheje abakurambere b’ishengero?
-
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
-
Gus 13:6-9; 21:18-20—Amategeko ya Musa yasaba ko umuntu avuga igicumuro gikomeye cabaye naho caba cakozwe n’umwe mu bagize umuryango wiwe canke uwundi akunda
-