Imisi mikuru
Imisi mikuru abakirisu bahimbaza
Ni uwuhe musi mukuru wonyene abakirisu basabwa guhimbaza?
Abasavyi b’Imana barahimbarwa no guhurira hamwe kugira basenge
-
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
-
2Ng 30:1, 6, 13, 14, 18-27—Umwami Hezekiya yarateguye umusi mukuru udasanzwe wa Pasika
-
Imisi mikuru abakirisu birinda
Kubera iki ari bibi kugira uruhara mu misi mikuru ifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma?
1Kr 10:21; 2Kr 6:14-18; Ef 5:10, 11
Raba kandi «Kuja hamwe kw’amadini»
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Kv 32:1-10—Abisirayeli barababaje cane Yehova mu kugerageza kuvanga ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma
-
Gh 25:1-9—Yehova yarahanye abantu biwe kubera bisutse mu misi mikuru y’abapagani no mu busambanyi
-
Abakirisu boba bakwiye guhimbaza Noweli?
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Lk 2:1-5—Yezu yavutse mu gihe ca rusansuma. Iyo wumva, Abaroma ntibari gusaba Abayuda b’abagarariji gufata urwo rugendo baja kwisansumisha mu kiringo c’imvura n’imbeho nyinshi
-
Lk 2:8, 12 —Igihe Yezu yavuka, abungere barara hanze hamwe n’ibitungwa vyabo. Ivyo ntivyari gushoboka mu mbeho yo muri Kigarama
-
Abakirisu boba bakwiye guhimbaza isabukuru y’amavuko?
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
It 40:20-22—Umwami w’umupagani Farawo yarahimbaje isabukuru yiwe y’amavuko, hajamwo ivy’ukwica
-
Mt 14:6-11—Herodi, umwami mubi yarwanya abayoboke ba Kristu, yarahimbaje isabukuru yiwe y’amavuko, yicisha Yohani Umubatizi
-
Imisi mikuru ishingiye ku mategeko ya Musa
Abakirisu boba basabwa gukurikiza amategeko ya Musa, harimwo n’imisi mikuru bijana?
Raba kandi Gl 4:4, 5, 9-11; Heb 8:7-13; 9:1-3, 9, 10, 24
Abakirisu boba basabwa kwubahiriza isabato ku ndwi ku ndwi?
Raba kandi Kv 31:16, 17
Imisi mikuru y’igihugu
Abakirisu boba bakwiye guhimbaza imisi mikuru ijanye na kahise k’igihugu?
Abakirisu boba bakwiye guhimbaza amasabukuru ajanye n’intambara z’ibihugu?
Raba kandi «Intwaro—Abakirisu baguma ata ho bahengamiye» na «Intambara»
Abakirisu boba bakwiye kugira uruhara mu birori vyo guha abantu icubahiro kirenze kibereye Yehova wenyene?
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Ivk 12:21-23—Imana yarahanye umwami Herodi Agiripa wa mbere kubera yemeye gusengwa n’abantu
-
Ivk 14:11-15—Intumwa Barunaba n’intumwa Pawulo baranse guhabwa icubahiro kirenze
-
Ivy 22:8, 9—Umumarayika wa Yehova ntiyemeye gusengwa
-