Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Impanuro

Impanuro

Guhanurwa

Kubera iki dukwiye kurondera impanuro zishingiye kuri Bibiliya?

Kubera iki ari vyiza kwumviriza impanuro aho kwisigura?

Img 12:15; 29:1

Raba kandi Img 1:​23-31; 15:31

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 15:​3, 9-23—Igihe umuhanuzi Samweli yakosora umwami Sawuli, Sawuli yarisiguye aranka n’impanuro, bituma Yehova ataba akimwemera

    • 2Ng 25:​14-16, 27—Umwami Amaziya yaracumuye atako aranka impanuro zo kumukosora zivuye ku muhanuzi wa Yehova. Ivyo vyatumye Yehova ataba akimushima canke ngo amukingire

Ni kubera iki twokwubaha abahagarikizi baduha impanuro?

1Ts 5:12; 1Tm 5:17; Heb 13:​7, 17

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • 3Yh 9, 10—Intumwa Yohani, igihe yari yitereye mu myaka, yarateye ivyatsi ukuntu Diyotirefe atubaha abaja imbere abandi mw’ishengero rya gikirisu

Kuki twotega yompi abitereye mu myaka?

Lw 19:32; Img 16:31

Raba kandi Yb 12:12; 32:7; Tt 2:​3-5

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 23:​16-18—Umwami Dawidi yarumvirije impanuro Yonatani yamuhaye, kandi izo mpanuro zaramukomeje. Yonatani yasumvya Dawidi nk’imyaka 30

    • 1Bm 12:​1-17—Umwami Rehobowamu yaranse impanuro nziza z’abagabo b’inararibonye maze yumviriza impanuro mbi z’imisore, bimukwegera ivyago

Ni ibiki vyerekana ko abagore b’abizigirwa n’abakiri bato bakorera Yehova bashobora gutanga impanuro nziza?

Yb 32:​6, 9, 10; Img 31:​1, 10, 26; Ums 4:13

Raba kandi Zb 119:100

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 25:​14-35—Abigayili yarahaye impanuro umwami Dawidi zarokoye ubuzima bw’abantu benshi zongera zimurinda gusesa amaraso

    • 2Sm 20:​15-22—Impanuro yatanzwe n’umugore w’inkerebutsi wo mu gisagara citwa Abeli yatumye ico gisagara cose kirokoka

    • 2Bm 5:​1-14—Agakobwa k’Akisirayelikazi karabwiye umurwanyi akomeye ico yokora ngo akire imibembe

Kubera iki tudakwiye kwumviriza impanuro y’abatubaha Yehova n’Ijambo ryiwe?

Zb 1:1; Img 4:14

Raba kandi Lk 6:39

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Ng 10:​13, 14—Umwami Sawuli yasiguje uwukora ivyo guhanuza abapfuye aho gusiguza Yehova, maze apfa kubera yagambarariye Yehova

    • 2Ng 22:​2-5, 9—Umwami Ahaziya yahisemwo abajanama babi, bimukwegera urupfu

    • Yb 21:​7, 14-16—Yobu yaranse ivyiyumviro vy’abatubaha Yehova

Gutanga impanuro

Kubera iki ari vyiza kwumviriza witonze, kurondera kumenya amakuru yose, no kwumviriza impande zose imbere yo gutanga impanuro?

Img 18:​13, 17

Raba kandi Img 25:8

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 1:​9-16—Umuherezi mukuru Eli yarahaye Hana impanuro ikaze ataratahura ivyiwe uko vyifashe, kuko yiyumvira ko uwo mugore w’intahemuka yaborewe

    • Mt 16:​21-23—Kubera ko intumwa Petero atari azi amakuru yose, yarakariye Yezu, amuha impanuro zidahuye n’ivyo Yehova agomba ahubwo zihuye n’ivyo Shetani ashaka

Kubera iki wosenga Yehova kugira akuyobore imbere yo gutanga impanuro?

Zb 32:8; 73:​23, 24; Img 3:​5, 6

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Kv 3:​13-18—Umuhanuzi Musa yarabajije Yehova ingene yokwishura Abisirayeli bagenziwe ku bibazo boshobora kumubaza

    • 1Bm 3:​5-12—Umwami Salomo akiri muto yarasavye Yehova ubukerebutsi aho kwiyizigira, bikaba vyatumye Yehova amuhezagira

Kubera iki dukwiye kwama dushingira impanuro zacu n’inyishu dutanga kw’Ijambo ry’Imana?

Zb 119:​24, 105; Img 19:21; 2Tm 3:​16, 17

Raba kandi Gus 17:​18-20

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 4:​1-11—Igihe Yezu yariko arageragezwa na Shetani, yishura yisunze Ijambo ry’Imana aho kwisunga ubukerebutsi bwiwe

    • Yoh 12:​49, 50—Yezu yaravuze ko ivyo yigisha vyose vyari ivyo Se wiwe yamwigishije, aba aduhaye akarorero keza

Igihe duhanura umuntu, kubera iki dukwiye kubigira mu bwitonzi tukanamukeza bivuye ku mutima igihe bishoboka?

Gl 6:1; Kl 3:12

Raba kandi Yes 9:6; 42:​1-3; Mt 11:​28, 29

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

Bishitse umukirisu akatubwira yuko hari umukirisu mugenziwe yamukoreye nabi, nko kumugunga canke kumubeshera, kubera iki twomuremesha kubiganira n’uwo yamubabaje ari babiri gusa?

Umukirisu yumva ko yagiriwe nabi twomuremesha gute kubabarira no kwihangana?

Mt 18:​21, 22; Mr 11:25; Lk 6:36; Ef 4:32; Kl 3:13

Raba kandi Mt 6:14; 1Kr 6:​1-8; 1Pt 3:​8, 9

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Mt 18:​23-35—Yezu yaratanze ikigereranyo gikomeye cerekana igituma bihambaye ko tubabarira abandi

Kubera iki dukeneye kwumira ku bigororotse igihe dutanga impanuro?

Zb 141:5; Img 17:10; 2Kr 7:​8-11

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 15:​23-29—Umuhanuzi Samweli ntiyatinye igitsure c’umwami Sawuli

    • 1Bm 22:​19-28—Umuhanuzi Mikaya yaranse guhindura ubutumwa bw’imburi bugenewe umwami Ahabu naho yatewe ubwoba akongera agafatwa nabi

Twohanura gute umuntu ku buryo adahungabana mu vy’impwemu?

Heb 12:​11-13

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 22:​31-34—Yezu yarerekanye ko yizigiye yuko intumwa Petero yoshoboye gukomeza abandi naho vyoshitse agakora amakosa akomeye

    • Fm 21—Intumwa Pawulo yarerekanye ko yizigiye yuko Filemoni azokwisunga impanuro yari amuhaye zihuye n’ivyo Imana igomba

Dushobora gute guha impanuro abahagaritse umutima canke abacitse intege tubigiranye ubuntu?

Twokwereka gute uwacumuye ko twipfuza kumufasha gusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova?

Twotera iteka gute abo duha impanuro, tutaravye imyaka canke igitsina?

Kubera iki abungere bakosora ata gufyina uwuguma yanka kwisunga impanuro zo muri Bibiliya?