Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingeso mbi

Ingeso mbi

Umukirisu akwiye kwirinda ingeso mbi izihe?

Akaborerwe; kunywa birenze

Img 20:1; 23:​20, 29-35; 1Kr 5:11; 6:​9, 10

Raba kandi Ef 5:18; 1Tm 3:8; Tt 2:3; 1Pt 4:3

Raba kandi «Kunywa inzoga»

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 9:​20-25—Nowa yaraborewe, bituma Hamu n’umuhungu wiwe Kanani bakora igicumuro gikomeye

    • Dn 5:​1-6, 30—Umwami Belushazari kamaze kumushika yaratutse Yehova, yikwegera ivyago we n’ubwami bwiwe

Amacakubiri; kuzana akagwi k’idini

Amajambo ateye isoni canke ibijajuro biteye isoni

Amashusho y’ibiterasoni

Amatati

Raba «Amatati; amahane»

Gucokorana

Img 19:29; 24:9

Raba kandi Img 17:5; 22:10; 2Pt 3:​3, 4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Ng 36:​15-21—Abasavyi b’Imana b’abagarariji bariboneyeko kubera ko bacokoye intumwa zayo, bashinyagurira abahanuzi bayo

    • Yb 12:4; 17:2; 21:3; 34:7—Umugororotsi Yobu yaracokowe igihe yari mu bigeragezo bitoroshe

Guhiganwa

Ums 4:4; Gl 5:26

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mr 9:​33-37; 10:​35-45—Yezu yarakosoye intumwa ziwe incuro n’izindi kubera agatima zari zifise ko guhiganirwa ibibanza vy’imbere

    • 3Yh 9, 10—Diyotirefe yarakunda «kwishira imbere» mu bavukanyi

Gukoresha nabi amaraso

It 9:4; Gus 12:​16, 23; Ivk 15:​28, 29

Raba kandi Lw 3:17; 7:26

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • 1Sm 14:​32-34 —Abisirayeli baracumuye kuri Yehova mu kurya inyama zitakuwemwo amaraso neza

Gusenga ibigirwamana

Gusigana inkore ku maso

Yb 32:​21, 22; Zb 5:9; 12:​2, 3; Img 26:​24-28; 29:5

Raba kandi Img 28:23; 1Ts 2:​3-6

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 18:​18, 19—Yezu yaranse guhabwa izina ry’icubahiro atabereye

    • Ivk 12:​21-23—Umwami Herodi Agiripa yaremeye kwitwa imana maze Yehova aramuhana arapfa

Gutanga canke kwakira igiturire

Kv 23:8; Zb 26:​9, 10; Img 17:23

Raba kandi Gus 10:17; 16:19; Zb 15:​1, 5

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 8:​1-5—Abahungu b’umuhanuzi Samweli, aho kwigana akarorero keza ka se, bararya igiturire bakagoreka imanza

    • Neh 6:​10-13—Shemaya yarahawe amahera n’abansi b’abasavyi b’Imana kugira avuge ubuhanuzi bw’ikinyoma, mu ntumbero yo gutera ubwoba buramatari Nehemiya ngo igikorwa ca Yehova ntigitere imbere

Gutera ubwoba

Ef 6:9; 1Pt 2:23

Raba kandi Zb 10:​4, 7; 73:​3, 8

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Ivk 4:​15-21—Inama nkuru y’Abayuda yarateye ubwoba abigishwa ba Yezu kugira bahagarike igikorwa co kwamamaza inkuru nziza

Gutukana

Mt 5:22; 1Kr 6:​9, 10; Ef 4:31

Raba kandi Kv 22:28; Ums 10:20; Yud 8

Inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo; ubuhumane; ubusambanyi; kurenga ibigo

Raba «Ubusambanyi»

Kubesha; kurenga ku masezerano

Raba «Kubesha»

Kubesha; kwambika ibara abandi

Raba «Kubesha»

Kunyaga; ubwambuzi

Zb 62:10; 1Kr 5:​10, 11; 6:​9, 10

Raba kandi Img 1:19; 15:27

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yr 22:​11-17—Yehova yaraciriye urubanza umwami Shalumu (Yehowahazi) kubera ko yanyaga abandi, agakora n’ibindi bicumuro bikomeye

    • Lk 19:​2, 8—Umukuru w’abatozakori yitwa Zakayo yarigaye igicumuro co kunyaga abandi, asezerana gusubiza ivyo yanyaze

    • Ivk 24:​26, 27—Intumwa Pawulo ntiyahaye buramatari Felisi igiturire yari yiteze

Kurwana; ububisha; ubukozi bw’ikibi

Zb 11:5; Img 3:31; 29:22

Raba kandi 1Tm 3:​2, 3; Tt 1:7

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Kv 21:​22-27—Amategeko ya Musa yarahana abagabo barwana hakagira uwukomereka canke uwupfa

Kwiba

Raba «Kwiba»

Kwidagadura birenze

Rm 13:13; Gl 5:​19, 21; 1Pt 4:3

Raba kandi Img 20:1; 1Kr 10:31

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Dn 5:​1-4, 30—Igihe umwami Belushazari yari ku «nzimano idasanzwe» yari yateguye, yaranyoye ararenza maze asuzugura Yehova, bimukwegera akarambaraye

Kwidodomba; kwidoga

1Kr 10:10; Fp 2:14; Yud 16

Raba kandi Gh 11:1

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Gh 14:​1-11, 26-30—Abisirayeli baridogeye Musa na Aroni ariko Yehova yabonye ko ari we bidogeye

    • Yoh 6:​41-69—Abayuda baridogeye Yezu, bamwe mu bigishwa biwe bareka kumukurikira

Kwiyemera

Raba «Kwiyemera»

Ubukunzi bw’inda

Ubwicanyi

Kv 20:13; Mt 15:19; 1Pt 4:15

Raba kandi Mt 5:​21, 22; Mr 7:21

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 4:​4-16—Kayini yarishe mwenewabo, wa mugororotsi Abeli, naho Yehova yari yamuhanuye abigiranye urukundo

    • 1Bm 21:​1-26; 2Bm 9:26—Umwina watumye wa mwami mubi Ahabu n’umwamikazi Yezebeli bicisha Naboti n’abahungu biwe

Urusaku; kwita mu bitaturaba