Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intwaro

Intwaro

Ni intwaro iyihe abakirisu bashigikira bakayobokera n’umutima wabo wose?

Mt 6:​9, 10, 33; 10:7; 24:14

Raba kandi Dn 7:​13, 14

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Zb 89:​18-29—Umwami Mesiya adondorwa hano, Yehova yaramuhaye ubukuru buri hejuru y’abaganza bose

    • Ivy 12:​7-12—Mu ntango y’imisi ya nyuma, Umwami Mesiya yaratanguye kuganza maze Shetani arirukanwa mw’ijuru

Abayoboke ba Kristu barobanuwe bafise uruhara uruhe mu Bwami bw’Imana?

Abakirisu barubaha abategetsi

Kubera iki tugamburuka amategeko y’igihugu, tukariha n’amakori?

Rm 13:​1-7; Tt 3:1; 1Pt 2:​13, 14

Raba kandi Ivk 25:8

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Mt 22:​15-22—Yezu yarishuranye ubukerebutsi ikibazo c’uko abayoboke biwe boba bakwiye kuriha amakori

Kubera iki tutihora n’igihe baduhamye?

Abakirisu baguma ata ho bahengamiye

Naho twubaha abategetsi, kubera iki tutagambararira Yehova Imana igihe badusavye ibirenga ku mategeko yiwe?

Ivk 4:​18-20; 5:​27-29

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Dn 3:​1, 4-18—Ba basore batatu b’Abaheburayo baranse kugamburuka itegeko ry’Abanyababiloni kubera ryahonyanga amategeko y’Imana

    • Dn 6:​6-10—Umuhanuzi yitereye mu myaka Daniyeli yaranse kugamburuka itegeko ry’umwami ryamubuza gusenga

Yezu yahaye abigishwa biwe akarorero akahe ku bijanye no kutagira aho bahengamiye mu vy’intwaro?

Amategeko y’Imana yiyamiriza gusenga ibigirwamana yofasha gute umukirisu kutagira aho ahengamiye?

Kv 20:​4, 5; 1Kr 10:14; 1Yh 5:21

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Dn 3:​1, 4-18—Umwami Nebukadinezari yarashinze igishusho, igishobora kuba cari ceguriwe imana y’ikinyoma Maraduki, aca ategeka abo aganza bose ngo bagisenge

Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zofasha abakirisu baba bategetswe kugira uruhara mu ntambara?

Yes 2:4; Yoh 18:36

Raba kandi Zb 11:5

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 26:​50-52—Yezu yarerekanye neza ko abayoboke biwe batogize uruhara mu ntambara

    • Yoh 13:​34, 35—Umukirisu yokwibaza ati: “Novuga gute ko ngamburuka iryo tegeko mu gihe noja kurwanya abo mu bindi bihugu, kumbure nkatera nkongera nkica abo tuvukana mu vy’impwemu?”

Kubera iki abakirisu bataja mu migumuko yo kwiyamiriza ubutegetsi?

Kubera iki abakirisu batotangara bagirijwe ko barwanya ubutegetsi canke ko bahungabanya amahoro?

Lk 23:​1, 2; Yoh 15:​18-21

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Ivk 16:​19-23—Intumwa Pawulo na Silasi barafashwe nabi kubera igikorwa co kwamamaza inkuru nziza