Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubugororotsi

Ubugororotsi

Ni nde wenyene afise uburenganzira bwo gushinga ibigororotse?

Gus 32:4; Ezk 33:​17-20

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 18:​23-33—Yehova yareretse Aburahamu ko ari Umucamanza agororotse

    • Zb 72:​1-4, 12-14—Iyi zaburi yahumetswe irashemagiza Umwami Mesiya, umwe yigana ubugororotsi bwa Yehova mu buryo butagira akanenge

Kubaho duhuza n’ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse bitugirira akamaro akahe?

Zb 37:​25, 29; Yak 5:16; 1Pt 3:12

Raba kandi Zb 35:24; Yes 26:9; Rm 1:17

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yb 37:​22-24—Elihu yarashemagije ubugororotsi bwa Yehova, ya Mana yubahwa cane n’abasavyi bayo

    • Zb 89:​13-17—Umwanditsi w’amazaburi yarashemeje Yehova kubera ko yama aganza mu bugororotsi

Bisobanura iki kurondera ubugororotsi bw’Imana?

Ezk 18:​25-31; Mt 6:33; Rm 12:​1, 2; Ef 4:​23, 24

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 6:​9, 22; 7:1—Nowa yarerekanye ko agororotse mu gukora neza ibintu vyose Yehova yari yamusavye gukora

    • Rm 4:​1-3, 9—Yehova yabona Aburahamu nk’umugororotsi kubera ko yerekanye ko amwizera bidasanzwe

Kubera iki dukwiye gukora ibigororotse tubitumwe n’urukundo dukunda Yehova, aho kurondera kwerekana ko turi abagororotsi imbere y’abantu?

Mt 6:1; 23:​27, 28; Lk 16:​14, 15; Rm 10:10

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 5:20; 15:​7-9—Yezu yabwiye abantu kuba abagororotsi ariko ntibigane abanditsi n’abafarizayo, kuko bari abiyorobetsi

    • Lk 18:​9-14—Yezu yaratanze ikigereranyo kugira akosore abarondera kwiyerekana ko bagororotse gusumba abandi

Kubera iki kuba umuntu mwiza bisumba kuba umugororotsi?

Kubera iki dukwiye kwirinda kwibona ubugororotsi n’agatima ako ari ko kose ko kubona ko turusha abandi ubugororotsi?