Ubuntu; umutima mwiza
Ni ibiki bitwereka ko Yehova afise ubuntu?
Rm 3:23, 24; Tt 3:3-6; Heb 2:9; 1Pt 5:5
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yon 3:10; 4:11—Yehova yaragiriye ubuntu Abanyaninewe bigaya arabaharira, agirira impuhwe n’ibitungwa vyabo
Lk 6:32-36—Yezu yaturemesheje kugirira ubuntu abandi mu kutwibutsa ko Yehova agirira ubuntu n’intashima be n’ababisha
Dushobora gute kugirira ubuntu abandi?
Img 19:17; 22:9; Lk 6:35; Ef 4:32
Raba kandi Img 11:17; 31:10, 26; Heb 13:16
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mr 14:3-9; Yoh 12:3—Yezu yarakeje Mariya mushiki wa Lazaro kubera umutima mwiza yerekanye mu gutanga
2Tm 1:16-18—Onesiforo yararuhuriye intumwa Pawulo igihe yari apfunzwe