Ugusenga; ibikorwa bijanye n’ugusenga
Ni nde wenyene abereye gusengwa?
Kv 34:14; Gus 5:8-10; Yes 42:8
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mt 4:8-10—Shetani yaremereye Yezu ubwami bwose bw’isi aramutse yemeye kumusenga, ariko Yezu yaravyanse kuko yari yiyemeje gusenga Yehova wenyene
Ivy 19:9, 10—Umumarayika akomeye yaranse ko intumwa Yohani imusenga
Yehova yipfuza ko tumusenga gute?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yes 1:10-17—Yehova ariyamiriza akongera agasuzugura ugusenga kw’uburyarya kw’abantu banka gukurikiza amategeko yiwe
Mt 15:1-11—Yezu yarerekanye ko Yehova adashima abamusenga mu buryo bwo guheza umwuga, bagashira imbere amategeko y’abantu aho gushira imbere amategeko y’Imana
Igihe cose bishoboka, dukwiye kwifatanya na bande mu gusenga Yehova?
Raba kandi Zb 133:1-3
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Ivk 2:40-42—Mu kinjana ca mbere, abakirisu barakoranira hamwe kugira basenge, bifatanye na bagenzi babo bongere bige inyigisho zahumetswe n’impwemu nyeranda
1Kr 14:26-40—Intumwa Pawulo yavuze ko amakoraniro y’ishengero akwiye kuba mu rutonde akaba n’ayaremesha, kugira ngo bose bashobore gutahura ibiriko birigishwa, bagire ico bahigiye
Dukwiye gukora iki kugira ngo Yehova yemere ugusenga kwacu?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Heb 11:6—Intumwa Pawulo yasiguye yuko iyo tudafise ukwizera tudashobora gusenga Yehova mu buryo yemera
Yak 2:14-17, 24-26—Yakobo mwene nyina wa Yezu yasiguye yuko ukwizera kwacu gukwiye kujana n’ibikorwa. Ukwizera gutuma tugira ico dukoze