Ugutungana
Gutungana bisobanura iki?
Zb 18:23-25; 26:1, 2; 101:2-7; 119:1-3, 80
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Lw 22:17-22—Yehova yasaba ko ibimazi vy’igitungwa biba “bitagira akanenge” canke agatosi. Ijambo ryahinduwe ngo “kutagira akanenge” rirafitaniye isano cane n’ijambo ry’igiheburayo rihindurwa ngo «gutungana». Ivyo vyerekana ko gutungana bisaba kwihebera Yehova n’umutima wacu wose
Yb 1:1, 4, 5, 8; 2:3—Ubuzima bwa Yobu burerekana ko kugira umuntu abe intungane abwirizwa kwubaha Yehova cane, akamusenga n’umutima wiwe wose akongera akirinda gukora ivyo Yehova yanka
Kubera iki dukwiye kuba abantu batunganye?
Ni ibiki vyotuvyurira umutima wo kuguma turi intungane?
Raba kandi Img 27:11; 1Yh 5:3
Ni ibiki vyodufasha kuba intungane no kuguma turi intungane?
Raba kandi Gus 5:29; Yes 48:17, 18
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yb 31:1-11, 16-33—Yobu yarerekanye ko ari intungane mu buzima bwiwe. Yabikoze mu kwirinda ubuhumbu, mu gufatana abandi umutima mwiza no mu kubatera iteka. Yarasenga Yehova mu buryo butyoroye, akirinda ibigirwamana kandi ntiyahahamira amaronko
Dn 1:6-21—Naho Daniyeli na bagenziwe batatu bari bakikujwe n’abantu badasenga Yehova, bagumye ari intungane no mu bijanye n’ivyo bahitamwo gufungura
Iyo umuntu akoze amakosa menshi akomeye, yoba ashobora gusubira kuba intungane?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Bm 9:2-5; Zb 78:70-72—Kubera ko Dawidi yigaye ibicumuro vyiwe akababarirwa, Yehova yamubona nk’umuntu yabayeho ari intungane
Yes 1:11-18—Naho Yehova yerekanye ko abasavyi biwe bari abantu biyorobeka kandi b’abacumuzi katwa, yasezeranye ko baramutse bigaye bagahindura ingendo, yobahariye rwose