Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukwiyegura

Ukwiyegura

Ni igiki gikwiye gutuma twiyegurira Yehova Imana?

Dukwiye kubona gute Bibiliya nimba twipfuza gukorera Imana?

Dukwiye kubona gute uburyo Imana yakoresheje kugira idukize igicumuro?

Bisobanura iki kwigaya ibintu bitabereye twahozemwo?

Ivk 3:19; 26:20

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 19:​1-10—Umukuru w’abatozakori Zakayo yarigaye kubera ko yahora anyaga abantu maze arasubiza ivyo yanyaze

    • 1Tm 1:​12-16—Intumwa Pawulo yarasiguye ukuntu yahevye ibicumuro yakora kera maze Imana na Kristu bamugirira imbabazi

Uretse guheba inyifato mbi, ni ibindi bintu ibihe dukwiye gukora?

Ni ingingo ngenderwako izihe zigenga inyifato runtu dukwiye kwisunga kugira Imana ishime ivyo tuyikorera?

1Kr 6:​9-11; Kl 3:​5-9; 1Pt 1:​14, 15; 4:​3, 4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Kr 5:​1-13—Intumwa Pawulo yasavye abo mw’ishengero ry’i Korinto gukura muri bo umugabo yakoze ubusambanyi bw’agahomerabunwa

    • 2Tm 2:​16-19—Intumwa Pawulo yahanuye Timoteyo kwamirira kure amajambo y’abahuni akwiragira nk’igisebe kiboze

Abasavyi b’Imana bakwiye kugira impagararo iyihe ku bijanye n’ivy’iyi si?

Yes 2:​3, 4; Yoh 15:19

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yoh 6:​10-15 —Aho Yezu amariye kugaburira isinzi rinini ry’abantu ku gitangaro, abantu baciye bashaka kumugira umwami mugabo yaciye ahava

    • Yoh 18:​33-36—Yezu yarasiguye ko Ubwami bwiwe butivanga mu bibazo vya politike vy’iyi si

Impwemu nyeranda idufasha gute gukorera Imana?

Yoh 16:13; Gl 5:​22, 23

Raba kandi Ivk 20:28; Ef 5:18

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Ivk 15:​28, 29—Impwemu nyeranda yarayoboye abagize inama nyobozi y’i Yeruzalemu igihe bafata ingingo ihambaye ijanye no kugenyerwa

Abasavyi b’Imana bayiyeguriye bakwiye kwigana gute Yezu Kristu mu kuntu bayikorera?

Kubera iki abakirisu biyeguriye Imana basabwa kubatizwa?

Mt 28:​19, 20; Ivk 2:​40, 41; 8:12; 1Pt 3:21

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 3:​13-17—Yezu yaritanze kugira akore ivyo Se agomba, avyerekana mu kubatizwa

    • Ivk 8:​26-39 —Umutegetsi w’Umunyetiyopiya yari yiteguriye kubatizwa aho amariye kumenya ukuri kwerekeye Yezu Kristu, akaba yari amaze kwinjira idini ry’Abayuda