Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umubano w’ababiranye

Umubano w’ababiranye

Ni nde yatanguje umubano?

Umukirisu akwiye kwubakana n’umuntu ameze gute?

Kubera iki umukirisu w’ukuri atoshima yuko umwana wiwe yubakana n’umuntu atari umusavyi wa Yehova yiyeguye akabatizwa?

1Kr 7:39; 2Kr 6:​14, 15

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 24:​1-4, 7—Aburahamu yari yiyemeje kuronderera umuhungu wiwe Izahaki umugore mu bantu basenga Yehova, aho kumuronderera mu Banyakanani basenga izindi mana

    • It 28:​1-4—Izahaki yabwiye umuhungu wiwe Yakobo ngo aronderere umugore mu basenga Yehova, aho kumuronderera mu Banyakanani

Yehova abona gute abubakana n’abatamusenga?

Gus 7:​3, 4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Bm 11:​1-6, 9-11—Yehova yarashavuriye cane umwami Salomo kubera ko yirengagije ingabisho ziwe, arongora abagore b’abanyamahangakazi yongera arareka barahindura umutima wiwe

    • Neh 13:​23-27—Cokimwe na Yehova, buramatari Nehemiya yarashavujwe n’uko Abisirayeli barongoye abanyamahangakazi bo mu bihugu bitandukanye. Vyatumye abatoza indero yongera arabakosora

Kubera iki ari vyiza guhitamwo kwubakana n’umuntu akorera Yehova adahemuka kandi avugwa neza?

Img 18:22; 31:​10, 28

Raba kandi Ef 5:​28-31, 33

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 25:​2, 3, 14-17—Nabali yari umugabo atunze ariko akaze kandi afise ingeso mbi. Ivyo vyatuma abera Abigayili umugabo mubi

    • Img 21:9—Guhitamwo nabi uwo tuzokwubakana bituma dutakaza umunezero n’amahoro twifitiye

    • Rm 7:2—Intumwa Pawulo yarasiguye yuko iyo umugore yubatse aca agabwa n’umugabo wiwe adatunganye. Ni co gituma umugore w’inkerebutsi araba neza uwo yemera ko bazokwubakana

Kwitegurira umubano

Kubera iki umugabo akwiye kuba yiteguriye gutunga urugo rwiwe imbere yo kwiyumvira kurushinga?

1Tm 5:8

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Img 24:27—Imbere y’uko umugabo arushinga kumbure akavyara n’abana, akwiye gukora kugira aronke ivyo azotungisha umuryango

Kubera iki abareshanije bakwiye canecane kurondera impanuro nziza no kumenyana neza, aho gushira imbere ubwiza bwo ku mubiri?

Img 13:10; 1Pt 3:​3-6

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Rs 2:​4-7, 10-12—Bowazi yamenye Rusi mu kwihweza ingene akora no mu kuzirikana ivyiza bamuvugako, ingene yari abanye n’umuryango wiwe n’ingene yakunda Imana

    • Rs 2:​8, 9, 20—Rusi yamenye Bowazi mu kwihweza ukuntu yagaragaza umutima mwiza, ukuntu yatanga cane n’urukundo yari afitiye Yehova

Ni kubera iki Yehova asaba ko abagenderanira ku bwo kuzoreshanya canke abareshanije baguma badahumanye mu nyifato runtu?

Gl 5:19; Kl 3:5; 1Ts 4:4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Img 5:​18, 19—Ibimenyetso bimwebimwe vy’urukundo bigenewe gusa abubakanye

    • Ind 1:2; 2:6—Igihe umusore w’umwungere yagenderanira na wa Mushulamukazi, barabwirana amajambo y’urukundo atarimwo ubushirasoni

    • Ind 4:12; 8:​8-10—Wa Mushulamukazi yagumye adahumanye, agaragaza ukwigumya. Yari ameze nk’umurima uzitiye

Kubera iki abakundanye bakwiye kwubakana biciye mu mategeko?

Ivyo umugabo ajejwe

Umugabo ajejwe amabanga ahambaye ayahe?

Umugabo mukirisu akwiye kwigana nde mu kuntu akoresha ubukuru afise mu rugo?

Kubera iki bihambaye ko umugabo atahura umugore wiwe kandi akamufatana urukundo?

Kl 3:19; 1Pt 3:7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 21:​8-12—Yehova yasavye Aburahamu kwumva ivyo umugore wiwe Sara amubwira, naho iciyumviro Sara yatanze kitamushimishije

    • Img 31:​10, 11, 16, 28—Nk’uko bivugwa muri iyi mirongo, umugabo afise umugore abishoboye ntamukandamiza canke ngo agume amutora amahinyu, ahubwo aramwizigira akanamushemagiza

    • Ef 5:33—Ayo majambo intumwa Pawulo yanditse ahumekewe n’Imana arerekana ko umugore akeneye cane kwiyumvamwo ko umugabo wiwe amukunda

Ivyo umugore ajejwe

Ni ibanga rihambaye irihe Yehova yajeje umukenyezi mukirisu?

Amabanga umugore ajejwe yoba amushira hasi?

It 1:​26-28, 31; 2:18

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Img 1:8; 1Kr 7:4—Mu mubano w’ababiranye be n’ubuzima bwo mu rugo, umukenyezi canke inabibondo arafise ubukuru kanaka Imana yamuhaye

    • 1Kr 11:3—Intumwa Pawulo yarasiguye ko mu kuntu Yehova yatunganije ibintu, ata wudafise uwumugaba kiretse Imana Mushoboravyose

    • Heb 13:​7, 17—Mw’ishengero, abagabo n’abagore bose basabwa kuyobokera no kugamburukira abatuja imbere

Umukenyezi mukirisu yubakanye n’uwutizera ashobora gute kunezereza Yehova?

Kubera iki umukenyezi mukirisu akwiye kuguma yubaha umugabo wiwe?

Ef 5:33

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

Bibiliya ivuga ko umugore avugwa neza aba ameze gute?

Img 19:14; 31:​10, 13-31

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 24:​62-67—Rebeka yarafashije umugabo wiwe Izahaki kuronka uruhoza inyuma y’urupfu rwa nyina

    • 1Sm 25:​14-24, 32-38—Abigayili yarakingiye umugabo wiwe w’ikijuju akiza n’urugo rwiwe mu kwicisha bugufi, agasaba imbabazi Dawidi

    • Est 4:​6-17; 5:​1-8; 7:​1-6; 8:​3-6—Umwamikazi Esiteri yarashize ubuzima bwiwe mu kaga incuro zibiri, mu kurenguka atatumweko imbere y’umugabo wiwe akaba n’umwami, kugira avugire abasavyi b’Imana ntibagirirwe nabi

Gutorera umuti ingorane

Ni ingingo ngenderwako izihe zofasha abubakanye gutorera umuti ingorane zo mu mubano wabo?

Ni impanuro izihe zishobora gufasha abubakanye kubona amahera mu buryo bwiza?

Ni impanuro izihe zishobora gufasha abubakanye gutorera umuti ingorane zijanye n’incuti zabo?

Ni impanuro izihe zofasha abubakanye mu bijanye no kurangura amabanga y’abubatse?

Kubera iki bihambaye cane kwibanda ku vyiza ubona ku wo mwubakanye, aho kwibanda ku tunenge twiwe?

Kubera iki ari vyiza gutorera inyishu ingorane mu maguru masha kandi mu rukundo, aho kubika inzika canke kugumana ishavu?

Kubera iki gushavura, gukankama, gutukana canke kugirira nabi ku mubiri uwundi ari ikizira ku mukirisu?

Igihe habaye ukudahuza, ni igiki umugabo n’umugore bakwiye kurondera gushikako?

Igihe abubakanye bisunga ivyo Yehova agomba, ni ivyiza ibihe bivamwo?

Ingingo ngenderwako zigenga umubano

Ni ingingo ngenderwako izihe Yehova yashinze zijanye n’amabanga mpuzabitsina be n’umubano?

Abakirisu bakwiye kubona gute uguharika?

Tubwirwa n’iki ko umubano w’ababiranye ukwiye kuba hagati y’umugabo n’umugore?

Kubera iki abubakanye bakwiye kubana akaramata?

Ni imvo iyihe imwe rudende ishingiye ku Vyanditswe irekurira abakirisu kwahukana?

Yehova abona gute ivyo kwahukana ku mvo zidashingiye ku Vyanditswe?

Iyo umwe mu bubakanye apfuye, uwusigaye yoba yemererwa kwubakana n’uwundi?