Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umuryango

Umuryango

Yehova ni we yatanguje umuryango

Abavyeyi

Raba «Abavyeyi»

Sebibondo

Raba «Sebibondo»

Inabibondo

Raba «Inabibondo»

Abagabo, abagore

Abahungu n’abakobwa

Abana basabwa iki mu muryango?

Kubera iki abana bakwiye kwumvira abavyeyi babo?

Ef 6:​1-3; Kl 3:20

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Zb 78:​1-8—Abisirayeli bariganira abana babo ivyo ba sekuruza bakoze kugira ngo abo bana bizigire Imana ntibagararize

    • Lk 2:​51, 52—Naho Yezu yari atunganye, yagumye agamburukira abavyeyi biwe badatunganye igihe yari akiri muto

Kubera iki abana bishobora kubagora kwubaha abavyeyi babo?

Imana ibona gute abana bagarariza?

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Gus 21:​18-21—Amategeko ya Musa yahanisha urupfu umwana w’imborerwa, intagondwa n’umugarariji yanka guhanurwa

    • 2Bm 2:​23, 24—Igihe abana b’abahungu bacokora umuhanuzi Elisha bagasuzugura bimwe vyeruye uwo muntu yaserukira Imana, benshi muri bo barishwe n’idubu zibiri

Abavyeyi bakwiye kubona gute ibanga ryo kurera abana babo?

Zb 127:3; 128:3

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lw 26:9—Abisirayeli babona ko abana ari umuhezagiro wa Yehova

    • Yb 42:​12, 13—Kubera ko Yobu yagumye ari intahemuka, Yehova yamuhaye we n’umukenyezi wiwe abandi bana cumi

Abavukana bofatana gute mu buryo butera iteka Yehova?

Zb 34:14; Img 15:23; 19:11

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • It 27:41; 33:​1-11—Yakobo yarateye iteka mwenewabo Esawu kugira habe amahoro kandi Esawu yavyakiriye neza

Ni ibanga irihe abana bakuze bajejwe ku bijanye n’abavyeyi babo, ba sekuru na ba inakuru?

Img 23:22; 1Tm 5:4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 11:​31, 32—Igihe Aburahamu yava mu gisagara ca Uri, yagiye ajanye na se Tera, aramwitwararika gushika apfuye

    • Mt 15:​3-6—Yezu yarakoresheje amategeko ya Musa mu kwerekana ko abana bakuze bakwiye kuronsa abavyeyi babo ivyo bakeneye

Ab’iwabo n’uwo mwubakanye

Sokuru na nyokuru