Uruhamo
Kubera iki abakirisu bakwiye kwitega uruhamo?
Kubera iki dukwiye gusaba Yehova inkomezi iyo turi mu ruhamo?
Zb 55:22; 2Kr 12:9, 10; 2Tm 4:16-18; Heb 13:6
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
1Bm 19:1-18—Igihe umuhanuzi Eliya yari mu ruhamo, yarasukiye Yehova ibiri ku mutima maze araronka indemesho n’uruhoza
-
Ivk 7:9-15—Yozefu yarahamwe na benewabo, ariko Yehova ntiyamuhemukiye. Yaramurokoye yongera aramukoresha mu kurokora umuryango wiwe
-
Ubwoko bumwebumwe bw’uruhamo ni ubuhe?
Gutukwa
2Ng 36:16; Mt 5:11; Ivk 19:9; 1Pt 4:4
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
2Bm 18:17-35—Rabushake, umuvugizi w’umwami wa Ashuri, yaratutse Yehova yongera aracokora abantu b’i Yeruzalemu
-
Lk 22:63-65; 23:35-37—Abahama Yezu baramututse bongera baramucokora igihe yafatwa n’igihe yari ku giti co kubabarizwako
-
Guhamwa n’umuryango
Gupfungwa canke kurengutswa imbere y’abategetsi
Kugirirwa nabi ku mubiri
Guterwa n’utugwi tw’abantu
Kwicwa
Abakirisu bakwiye kuvyifatamwo gute bariko barahamwa?
Mt 5:44; Ivk 16:25; 1Kr 4:12, 13; 1Pt 2:23
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Ivk 7:57–8:1—Naho umwigishwa Sitefano yagire apfe yishwe n’akagwi k’inkozi z’ikibi, yarasavye Imana kugirira imbabazi abariko baramuhama, hakaba harimwo na Sawuli w’i Taruso
-
Ivk 16:22-34—Naho intumwa Pawulo yakubiswe agashirwa mu mpatane z’ibiti, yaragiriye umutima mwiza uwari amucunze, bituma uwo mugabo n’abo mu rugo rwiwe bacika abemera
-
Ni ibiki vyashikiye bamwebamwe mu bakirisu bo mu kinjana ca mbere?
Dukwiye kubona gute uruhamo?
Icizigiro cacu ca kazoza kidukomeza gute mu gihe c’uruhamo?
Kubera iki tudakwiye kureka ngo abaturwanya batume tumaramara, tugira ubwoba canke ngo ducike intege, kandi kuki tudaheba gukorera Yehova?
Zb 56:1-4; Ivk 4:18-20; 2Tm 1:8, 12
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
2Ng 32:1-22—Igihe umwami Senakeribu yaja gutera Yeruzalemu ari kumwe n’ingabo nyinshi, umwami w’umwizigirwa Hezekiya yarizigiye Yehova yongera arakomeza abantu kandi Yehova yaramuhezagiye cane
-
Heb 12:1-3—Abahama Yezu baragerageje kumutetereza, ariko ntivyamuteye isoni ngo bitume acika intege mu buryo na bumwe
-
Ni ivyiza ibihe bishobora kuva ku ruhamo?
Iyo twihanganye turi mu bigeragezo, birahimbara Yehova kandi biratera iteka izina ryiwe
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Yb 1:6-22; 2:1-10—Naho Yobu atari azi ko Shetani ari we yariko aramuteza ingorane zikomeye, yaranse guheba Yehova. Ivyo vyaraninahaje Imana vyongera bigaragaza ko Shetani ari umubeshi
-
Dn 1:6, 7; 3:8-30—Intahemuka Hananiya, Mishayeli na Azariya (Shadrake, Meshake, na Abedinego) bari biteguriye gupfa mu buryo bubi hako bagambararira Yehova. Icavuyemwo ni uko umwami w’umupagani Nebukadinezari yaninahaje Yehova imbere y’abantu
-
Uruhamo rurashobora gutuma haboneka akaryo ko kuvuga inkuru nziza
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Ivk 11:19-21—Abakirisu bari basanzaye kubera uruhamo barabandanije gukwiragiza inkuru nziza ahatari hake
-
Fp 1:12, 13—Intumwa Pawulo yarahimbawe n’uko kuba yari apfunzwe vyatumye inkuru nziza itera imbere
-
Igihe twihanganira ibigeragezo birashobora gukomeza abakirisu bagenzi bacu
Ni uruhara uruhe indongozi z’amadini n’abanyapolitike bagira kenshi mu guhama abasavyi ba Yehova?
Yr 26:11; Mr 3:6; Yoh 11:47, 48, 53; Ivk 25:1-3
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Ivk 19:24-29—I Efeso, abantu bamwebamwe bakora ibigirwamana biyumvira ko ubutumwa abakirisu bamamaza bwari gutuma bataronka amahera. Ivyo vyatumye bahama abakirisu
-
Gl 1:13, 14—Imbere y’uko Pawulo (Sawuli) acika umukirisu, umwete mwinshi yari afitiye idini ry’Abayuda watumye ahama ishengero
-
Ni nde atuma abasavyi ba Yehova bahamwa?