Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yezu Kristu

Yezu Kristu

Ni uruhara ruhambaye uruhe Yezu arangura mu migambi ya Yehova?

Ivk 4:12; 10:43; 2Kr 1:20; Fp 2:​9, 10

Raba kandi Img 8:​22, 23, 30, 31; Yoh 1:10; Ivy 3:14

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 16:​13-17—Intumwa Petero yarerekanye ko Yezu ari we Kristu n’Umwana w’Imana

    • Mt 17:​1-9—Yezu yarahindutse ari imbere y’intumwa ziwe zitatu, Yehova aca aravuga ari mw’ijuru ivyerekeye Umwana wiwe

Kubera iki Yezu yari atandukanye n’abandi bantu bose?

Yoh 8:58; 14:​9, 10; Kl 1:​15-17; 1Pt 2:22

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 21:​1-9—Igihe Yezu yinjira i Yeruzalemu ari ku ndogobwa, vyarashikije ubuhanuzi bwerekeye Umwami Mesiya yatowe na Yehova

    • Heb 7:​26-28—Intumwa Pawulo yarasiguye ukuntu Umuherezi Mukuru ahambaye Yezu atandukanye n’abandi baherezi bakuru bose

Ibitangaro Yezu yakoze bitwigisha iki ku vyerekeye Yezu na Se?

Yoh 3:​1, 2; 5:36

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 4:​23, 24—Yezu yarerekanye ko asumvya ububasha amadayimoni be n’uko ashoboye gukiza ubwoko bwose bw’indwara n’ubumuga

    • Mt 14:​15-21—Yezu yaragaburiye ku gitangaro abantu ibihumbi bashonje mu kugwiza imikate itanu n’ifi zibiri

    • Mt 17:​24-27—Yezu yarakoze igitangaro kugira haboneke amahera yo gushigikira ugusenga kw’ukuri no kugira ngo abantu ntibatsitare

    • Mr 1:​40, 41—Yezu yarumviye akagongwe umunyamibembe aramukiza. Ivyo birerekana ko yipfuza vy’ukuri gukiza abarwaye

    • Mr 4:​36-41—Yezu yaratururuje igihuhusi gikomeye. Ivyo birerekana ko Se yamuhaye ububasha no ku bidukikije

    • Yoh 11:​11-15, 31-45—Yezu yararize igihe umugenzi wiwe Lazaro yapfa. Yaciye amuzura, aba yerekanye ko yanka urupfu n’ingaruka rugira ku bantu

Yezu yigisha ubutumwa nyamukuru ubuhe?

Ni kamere nziza zimwezimwe izihe Yezu yagaragaje igihe yari kw’isi? Raba ingene yerekanye ko . . .

yegereka—Mt 13:2; Mr 10:​13-16; Lk 7:​36-50

yari afise impuhwe n’imbabazi—Mr 5:​25-34; Lk 7:​11-15

yari afise umutima rugabo—Mt 4:​2-11; Yoh 2:​13-17; 18:​1-6

yicisha bugufi—Mt 11:29; 20:28; Yoh 13:​1-5; Fp 2:​7, 8

yakundana—Yoh 13:1; 14:31; 15:13; 1Yh 3:16

yagamburuka—Lk 2:​40, 51, 52; Heb 5:8

yari afise ubukerebutsi—Mt 12:42; 13:54; Kl 2:3

Kubera iki Yezu yatanze ubuzima bwiwe, kandi tuvyungukirako gute?

Kubera iki dukwiye guhimbarwa no kuba Yezu Kristu aganza mw’ijuru?

Zb 72:​12-14; Dn 2:44; 7:​13, 14; Ivy 12:​9, 10

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Zb 45:​2-7, 16, 17—Iyi zaburi irerekana ko Umwami yatowe n’Imana yonesheje abansi biwe kandi akaganza aharanira ukuri, ukwicisha bugufi n’ubugororotsi

    • Yes 11:​1-10—Intwaro ya Yezu izotuma isi ihinduka iparadizo

Ni ibiki Yezu yimirije gukora?