Yezu Kristu
Ni uruhara ruhambaye uruhe Yezu arangura mu migambi ya Yehova?
Ivk 4:12; 10:43; 2Kr 1:20; Fp 2:9, 10
Raba kandi Img 8:22, 23, 30, 31; Yoh 1:10; Ivy 3:14
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Mt 16:13-17—Intumwa Petero yarerekanye ko Yezu ari we Kristu n’Umwana w’Imana
-
Mt 17:1-9—Yezu yarahindutse ari imbere y’intumwa ziwe zitatu, Yehova aca aravuga ari mw’ijuru ivyerekeye Umwana wiwe
-
Kubera iki Yezu yari atandukanye n’abandi bantu bose?
Yoh 8:58; 14:9, 10; Kl 1:15-17; 1Pt 2:22
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Mt 21:1-9—Igihe Yezu yinjira i Yeruzalemu ari ku ndogobwa, vyarashikije ubuhanuzi bwerekeye Umwami Mesiya yatowe na Yehova
-
Heb 7:26-28—Intumwa Pawulo yarasiguye ukuntu Umuherezi Mukuru ahambaye Yezu atandukanye n’abandi baherezi bakuru bose
-
Ibitangaro Yezu yakoze bitwigisha iki ku vyerekeye Yezu na Se?
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Mt 4:23, 24—Yezu yarerekanye ko asumvya ububasha amadayimoni be n’uko ashoboye gukiza ubwoko bwose bw’indwara n’ubumuga
-
Mt 14:15-21—Yezu yaragaburiye ku gitangaro abantu ibihumbi bashonje mu kugwiza imikate itanu n’ifi zibiri
-
Mt 17:24-27—Yezu yarakoze igitangaro kugira haboneke amahera yo gushigikira ugusenga kw’ukuri no kugira ngo abantu ntibatsitare
-
Mr 1:40, 41—Yezu yarumviye akagongwe umunyamibembe aramukiza. Ivyo birerekana ko yipfuza vy’ukuri gukiza abarwaye
-
Mr 4:36-41—Yezu yaratururuje igihuhusi gikomeye. Ivyo birerekana ko Se yamuhaye ububasha no ku bidukikije
-
Yoh 11:11-15, 31-45—Yezu yararize igihe umugenzi wiwe Lazaro yapfa. Yaciye amuzura, aba yerekanye ko yanka urupfu n’ingaruka rugira ku bantu
-
Yezu yigisha ubutumwa nyamukuru ubuhe?
Ni kamere nziza zimwezimwe izihe Yezu yagaragaje igihe yari kw’isi? Raba ingene yerekanye ko . . .
yegereka—Mt 13:2; Mr 10:13-16; Lk 7:36-50
yari afise impuhwe n’imbabazi—Mr 5:25-34; Lk 7:11-15
yari afise umutima rugabo—Mt 4:2-11; Yoh 2:13-17; 18:1-6
yicisha bugufi—Mt 11:29; 20:28; Yoh 13:1-5; Fp 2:7, 8
yakundana—Yoh 13:1; 14:31; 15:13; 1Yh 3:16
yagamburuka—Lk 2:40, 51, 52; Heb 5:8
yari afise ubukerebutsi—Mt 12:42; 13:54; Kl 2:3
Kubera iki Yezu yatanze ubuzima bwiwe, kandi tuvyungukirako gute?
Kubera iki dukwiye guhimbarwa no kuba Yezu Kristu aganza mw’ijuru?
Zb 72:12-14; Dn 2:44; 7:13, 14; Ivy 12:9, 10
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
Zb 45:2-7, 16, 17—Iyi zaburi irerekana ko Umwami yatowe n’Imana yonesheje abansi biwe kandi akaganza aharanira ukuri, ukwicisha bugufi n’ubugororotsi
-
Yes 11:1-10—Intwaro ya Yezu izotuma isi ihinduka iparadizo
-
Ni ibiki Yezu yimirije gukora?