Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara y’igihimba ca 12

Intangamarara y’igihimba ca 12

Yezu yarigishije abantu ivyerekeye Ubwami bwo mw’ijuru. Yabigishije kandi gusenga ngo izina ry’Imana ryezwe, Ubwami bwayo buze, ivyo igomba na vyo bikorwe kw’isi. Nimba uri umuvyeyi, nusigurire umwana wawe ico iryo sengesho ritwigisha. Yezu ntiyaretse ngo Shetani atume ahemuka. Yaratoye intumwa ziwe, kandi ni bo babaye aba mbere mu bazofadikanya na we kuganza. Niwerekane ingene Yezu yagiriye umwete ugusenga kw’ukuri. Kubera yuko yashaka gufasha abandi, yarakijije abarwaye, aragaburira abashonje, arazura n’abapfuye. Ivyo bitangaro yakoze vyarerekanye ivyo Ubwami bw’Imana buzokorera abantu.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 74

Yezu aba Mesiya

Igihe Yohani Umubatizi avuga ko Yezu ari Umwagazi w’Imana, aba ashaka kuvuga iki?

ICIGWA CA 75

Shetani agerageza Yezu

Shetani aragerageza Yezu incuro zitatu zose. Amugerageresha iki? Yezu avyifatamwo gute?

ICIGWA CA 76

Yezu ahumanura urusengero

Kubera iki Yezu yirukana ibitungwa mu rusengero akongera agahenura amameza y’abavunja amahera?

ICIGWA CA 77

Yezu n’Umusamariyakazi

Umusamariyakazi aratangazwa n’uko Yezu amuvugishije. Kubera iki? Ni igiki Yezu amubwira atari bwigere abwira uwundi muntu?

ICIGWA CA 78

Yezu yamamaza Ubwami bw’Imana

Yezu aratera akamo bamwe mu bigishwa biwe ngo babe “abarovyi b’abantu.” Mu nyuma, aramenyereza 70 mu bigishwa biwe kwamamaza inkuru nziza.

ICIGWA CA 79

Yezu akora ibitangaro vyinshi

Aho Yezu aja hose, abarwayi baraza aho ari ngo abafashe, na we akabakiza. Aranazura n’agakobwa kamwe.

ICIGWA CA 80

Yezu atora intumwa cumi na zibiri

None azitora ngo zikore iki? Woba uzi amazina yazo?

ICIGWA CA 81

Insiguro yo ku musozi

Yezu arigisha ibintu bihambaye abantu bakoraniye hamwe.

ICIGWA CA 82

Yigisha abigishwa biwe gusenga

Ni ibiki abwira abigishwa biwe ngo bagume basaba?

ICIGWA CA 83

Yezu agaburira abantu benshi

Ico gitangaro kitwereka iki ku vyerekeye Yezu na Yehova?

ICIGWA CA 84

Yezu agendera ku mazi

Wibaza ko intumwa zimererwa gute zibonye ico gitangaro?

ICIGWA CA 85

Yezu akiza umuntu kw’Isabato

Kubera iki atari bose bashima ivyo akora?

ICIGWA CA 86

Yezu azura Lazaro

Yezu abonye Mariya ariko ararira, na we nyene aca arira. Ariko ayo mosozi ntateba guhinduka umunezero.