Intangamarara y’igihimba ca 12
Yezu yarigishije abantu ivyerekeye Ubwami bwo mw’ijuru. Yabigishije kandi gusenga ngo izina ry’Imana ryezwe, Ubwami bwayo buze, ivyo igomba na vyo bikorwe kw’isi. Nimba uri umuvyeyi, nusigurire umwana wawe ico iryo sengesho ritwigisha. Yezu ntiyaretse ngo Shetani atume ahemuka. Yaratoye intumwa ziwe, kandi ni bo babaye aba mbere mu bazofadikanya na we kuganza. Niwerekane ingene Yezu yagiriye umwete ugusenga kw’ukuri. Kubera yuko yashaka gufasha abandi, yarakijije abarwaye, aragaburira abashonje, arazura n’abapfuye. Ivyo bitangaro yakoze vyarerekanye ivyo Ubwami bw’Imana buzokorera abantu.
IBIRI MURI IKI GIHIMBA
ICIGWA CA 74
Yezu aba Mesiya
Igihe Yohani Umubatizi avuga ko Yezu ari Umwagazi w’Imana, aba ashaka kuvuga iki?
ICIGWA CA 75
Shetani agerageza Yezu
Shetani aragerageza Yezu incuro zitatu zose. Amugerageresha iki? Yezu avyifatamwo gute?
ICIGWA CA 76
Yezu ahumanura urusengero
Kubera iki Yezu yirukana ibitungwa mu rusengero akongera agahenura amameza y’abavunja amahera?
ICIGWA CA 77
Yezu n’Umusamariyakazi
Umusamariyakazi aratangazwa n’uko Yezu amuvugishije. Kubera iki? Ni igiki Yezu amubwira atari bwigere abwira uwundi muntu?
ICIGWA CA 78
Yezu yamamaza Ubwami bw’Imana
Yezu aratera akamo bamwe mu bigishwa biwe ngo babe “abarovyi b’abantu.” Mu nyuma, aramenyereza 70 mu bigishwa biwe kwamamaza inkuru nziza.
ICIGWA CA 79
Yezu akora ibitangaro vyinshi
Aho Yezu aja hose, abarwayi baraza aho ari ngo abafashe, na we akabakiza. Aranazura n’agakobwa kamwe.
ICIGWA CA 86
Yezu azura Lazaro
Yezu abonye Mariya ariko ararira, na we nyene aca arira. Ariko ayo mosozi ntateba guhinduka umunezero.