Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 82

Yigisha abigishwa biwe gusenga

Yigisha abigishwa biwe gusenga

Ibintu vyose Abafarizayo bakora babikora kugira abantu babashime. Iyo bakoze ikintu ciza, kwaba ari ukugira biyerekane. Basengera ahantu hari abantu kugira bababone. Barafata ku mutwe amasengesho maremare, bakaza barayasubiramwo mu masinagogi no mu mabarabara kugira abantu babumve. Ni co gituma abantu batangaye igihe Yezu yababwira ati: ‘Ntimusenge nk’Abafarizayo. Bibaza ko Imana ica ibumvira kubera amajambo yabo menshi, ariko si vyo. Igihe usenga uba uriko uganira na Yehova. Ntuze urasubiramwo vya bindi nyene. Yehova ashaka ko umubwira ibivuye ku mutima.

‘Mukwiye gusenga gutya: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.”’ Yezu kandi yababwiye ko bakwiye gusaba ibifungurwa vya buri musi, kubabarirwa ivyaha vyabo, n’ibindi bintu bakeneye.

Yavuze ati: ‘Ntimwigere mureka gusenga. Nimugume musaba ibintu vyiza So wanyu Yehova. Umuvyeyi wese aripfuza guha ikintu ciza umwana wiwe. Umwana wawe agusavye umukate, woca umuha ibuye? Agusavye ifi, womuha inzoka?’

Yezu yaciye abereka icigwa bohigira, ati: ‘Ko muzi guha ibintu vyiza abana banyu, So wanyu Yehova ntazorushiriza none kubaha impwemu nyeranda? Mwe gusa nimuyimusabe.’ Woba ukurikiza iyo mpanuro ya Yezu? Ni ibiki wewe uhora usaba Yehova igihe usenga?

“Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa.”​—Matayo 7:7