Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 95

Nta cari kubabuza kwamamaza

Nta cari kubabuza kwamamaza

Hari umugabo umwe atashobora gutambuka yama yicaye kw’irembo ry’urusengero asegerereza. Umusi umwe, yarabonye Petero na Yohani bagiye mu rusengero, aca ababwira ati: ‘Mfasha.’ Petero yamubwiye ati: ‘Ngira ndaguhe ikintu kiruta amahera. Mw’izina rya Yezu, haguruka utambuke!’ Petero yaciye amuhagurutsa, nya mugabo aca aratambuka! Abantu bararyohewe cane n’ico gitangaro ku buryo n’abandi benshi baciye bizera Yezu.

Ariko ivyo vyarashavuje abaherezi n’Abasadukayo. Baciye bafata izo ntumwa bazijana muri sentare, bazibaza bati: ‘Ni nde yabahaye ububasha bwo gukiza uwu muntu?’ Petero yabishuye ati: ‘Twabuhawe na Yezu Kristu, umwe mwica.’ Abo bakuru b’idini baciye babakankamira bati: ‘Ntimuzosubire kuvuga ivya Yezu!’ Ariko izo ntumwa zabishuye ziti: ‘Ntidushobora kureka kuvuga ibimwerekeye.’

Petero na Yohani barekuwe baciye bagenda kuraba abandi bigishwa, barabiganira ivyabashikiye. Barasengeye hamwe, basaba Yehova bati: ‘Dufashe duhere ubwoba kugira tubandanye igikorwa cawe.’ Yehova yarabaye impwemu yiwe nyeranda, barabandanya kwamamaza no gukiza abarwaye. Abantu benshi baguma bacika abemera. Ivyo vyarababaje cane Abasadukayo ku buryo baciye bafata intumwa bazita mu gasho. Ariko mw’ijoro, Yehova yararungitse umumarayika arugurura imiryango y’agasho, aca abwira izo ntumwa ati: ‘Nimusubire ku rusengero, mwigishe.’

Bukeye, abagize sentare babwiwe bati: ‘Ibohero riracugaye, ariko ba bagabo mwafata nta bariyo! Bariko barigisha mu rusengero!’ Baciye basubira kubafata, babazana muri sentare. Umuherezi mukuru yababwiye ati: ‘Twarababujije kuvuga ivya Yezu!’ Ariko Petero yamwishuye ati: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”

Abo bakuru b’idini barashavuye cane baca bashaka kwica izo ntumwa. Ariko Umufarizayo yitwa Gamaliyeli yarahagurutse avuga ati: ‘Murarabe neza! Mwosanga Imana ishigikiye aba bantu. Mushaka vy’ukuri kurwanya Imana?’ Baremeye impanuro abahaye. Barakubise izo ntumwa, baca barasubira kuzibuza kwamamaza, hanyuma barazirekura. Ariko intumwa ntizahagaritse ico gikorwa. Zarabandanije kwamamaza ata bwoba mu rusengero n’inzu ku nzu.

“Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”​—Ivyakozwe 5:29