Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 100

Paulo na Timoteyo

Paulo na Timoteyo

Timoteyo yari umuvukanyi akiri muto wo mw’ishengero ry’i Lusitira. Se wiwe yari Umugiriki, nyina wiwe akaba Umuyudakazi. Nyina wiwe Ewunise na inakuru Loyisi baramwigishije ivyerekeye Yehova kuva akiri akana gatoyi.

Igihe Paulo yaja i Lusitira mu rugendo rwiwe rwa kabiri rwo kwamamaza, yarabonye ko Timoteyo yakunda abavukanyi vy’ukuri be n’uko yipfuza kubafasha. Paulo yaciye amusaba ngo bajane. Yaramumenyereje araba umwamamaji abishoboye n’umwigisha mwiza w’inkuru nziza.

Impwemu nyeranda yarayobora Paulo na Timoteyo aho baja hose. Umusi umwe mw’ijoro, Paulo yareretswe umugabo ariko amubwira ngo aje i Makedoniya kubafasha. Paulo, Timoteyo, Silasi na Luka baciye bajayo kwamamaza no gushinga amashengero.

Abagabo n’abagore benshi bo mu gisagara c’i Makedoniya citwa Tesalonika barabaye abakirisu. Ariko hari Abayuda bashavuriye Paulo na bagenziwe. Baragiye hamwe baca barafata abo bavukanyi babajana ku bajejwe igisagara, basemerera bati: ‘Aba bantu bararwanya intwaro y’Uburoma!’ Kubera ko Paulo na Timoteyo bari guhava bamererwa nabi, baciye bahungira i Beroya mw’ijoro.

Abantu b’i Beroya barashaka cane kwiga Ijambo ry’Imana, kandi mu babaye abakirisu harimwo Abagiriki n’Abayuda. Ariko haraje Abayuda bavuye i Tesalonika baragumura abantu, Paulo aca ahungira i Atene. Timoteyo na Silasi bagumye i Beroya kugira bakomeze abavukanyi. Haciye igihe, Paulo yarabwiye Timoteyo ngo asubire i Tesalonika kuremesha abavukanyi kuko bariko barahamwa. Mu nyuma, Paulo yaramurungitse kugendera ayandi mashengero menshi kugira ayaremeshe.

Paulo yabwiye Timoteyo ati: ‘Abashaka gukorera Yehova bazohamwa.’ Timoteyo yarahamwe yongera arapfungwa ahorwa ukwizera kwiwe. Yarahimbarwa no kuba afise akaryo ko kwerekana ko ari intahemuka kuri Yehova.

Paulo yabwiye Abafilipi ati: ‘Ndabarungikiye Timoteyo. Azobigisha kugendera mu kuri no kwamamaza.’ Paulo yarizigira Timoteyo. Barakoranye imyaka myinshi bituma baba abagenzi.

“[N]ta wundi mfise ari n’umutima nk’uwiwe kandi yitaho ivyanyu koko. Kuko abandi bose bironderera inyungu zabo bwite, atari iza Kristu Yezu.”​—Abafilipi 2:20, 21