Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 99

Umurinzi w’ibohero amenya ukuri

Umurinzi w’ibohero amenya ukuri

I Filipi hari umukobwa yarimwo idayimoni. Iyo dayimoni yatuma ashobora kubwira abantu ibizobashikira, kandi uwo mukobwa yarinjiriza amahera menshi abo yakorera. Igihe Paulo na Silasi bashika i Filipi, yamaze imisi abakurikira. Iyo dayimoni yatuma asemerera ati: “Aba bantu ni abashumba b’Imana Musumbavyose.” Paulo yaratevye abwira iyo dayimoni ati: ‘Mw’izina rya Yezu, muvemwo!’ Yaciye imuvamwo.

Abantu nya mukobwa yakorera barashavuye cane babonye ko atazosubira kubinjiriza amahera. Baratwaye Paulo na Silasi ku bacamanza, bababwira bati: ‘Aba bantu bariko bararenga ku mategeko kandi bariko baragumura igisagara cose!’ Abo bacamanza baciye bategeka ko Paulo na Silasi bakubitwa maze bagapfungwa. Umurinzi w’ibohero yaciye abapfungira ahantu habi cane, aca ababohera amaguru n’amaboko mu mbaho.

Igihe Paulo na Silasi bari mu gasho bararirimbiye Yehova, kandi izindi mbohe zarabumva. Mw’ijoro hagati, bagiye bumva nyamugigima ikomeye iriko iranyiganyiza ibohero. Imiryango y’ibohero yaciye yuguruka, n’iminyororo yari iboshe imbohe iracikagurika. Wa murinzi yaciye yiruka mw’ibohero asanga imiryango iruguruye. Yaciye atora inkota ngo yiyice kuko yibaza ko imbohe zose zatorotse.

Ubwo nyene Paulo yaciye asemerera ati: ‘Ntiwiyice! Twese turi hano!’ Uwo mugabo yaciye yirukanga aja iyo Paulo na Silasi bari, arabunamira. Yababajije ati: “Nkore iki ngo nkizwe?” Bamwishuye bati: ‘Wewe n’abo mu rugo rwawe nimwizere Yezu.’ Paulo na Silasi barabigishije ijambo rya Yehova, uwo mugabo n’abo mu rugo rwiwe bose baca barabatizwa.

“Bazobashorerako amaboko, babahame, babatange ku masinagogi no ku mabohero, babakwege babatwara imbere y’abami na ba buramatari ku bw’izina ryanje. Bizobaviramwo intahe.”​—Luka 21:12, 13