Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 29

Yehova atora Yosuwa

Yehova atora Yosuwa

Musa yari hafi gupfa, akaba yari amaze imyaka myinshi ayobora Abisirayeli. Yehova yamubwiye ati: ‘Si wewe uzokwinjiza Abisirayeli mu Gihugu c’isezerano. Ariko nzokikwereka gusa.’ Musa yaciye abwira Yehova ngo atore uwundi muntu yoyobora Abisirayeli. Yehova yamubwiye ati: ‘Genda ubwire Yosuwa ko ari we azobayobora.’

Musa yarabwiye Abisirayeli ko yari mu gupfa be n’uko Yehova yari yatoye Yosuwa ngo abe ari we azobinjiza mu Gihugu c’isezerano. Musa yaciye abwira Yosuwa ati: ‘Ntutinye. Yehova azogufasha.’ Haciye igihe gitoyi, Musa yaraduze ku musozi Nebo. Ari ng’aho, Yehova yaramweretse igihugu yari yarasezeraniye Aburahamu, Izahaki na Yakobo. Musa yapfuye afise imyaka 120.

Yehova yabwiye Yosuwa ati: ‘Nimujabuke uruzi Yorodani, mwinjire i Kanani. Nzogufasha nk’uko nafashije Musa. Uzokwame usoma amategeko yanje buri musi. Ntutinye, ntugire ubwoba. Genda ukore ivyo ndagutegetse vyose.’

Yosuwa yararungitse abagabo babiri ngo baje kuraba uko i Yeriko hameze. Mu kigabane gikurikira, tuzobona ingene vyagenze bashitseyo. Bagarutse, bavuze ko hari hageze ko binjira i Kanani. Bukeye, Yosuwa yarabwiye abantu bose ngo batekere ibintu. Yaciye abwira abaherezi bari bateruye isandugu y’isezerano ngo baje imbere, abe ari bo batangura gushika ku ruzi Yorodani. Uruzi rwari rwuzuye. Ariko abaherezi bagihonyoza ikirenge mu mazi, uruzi rwaciye rureka gutemba amazi aca arakama! Abaherezi baragiye gushika hagati na hagati y’aho uruzi rwaca bahagararaho. Abisirayeli bose baciye bajabuka. Ico gitangaro gishobora kuba carabibukije ivyo Yehova yari yarakoze ku kiyaga Gitukura.

Inyuma y’imyaka myinshi, Abisirayeli bari bagiye bashika mu Gihugu c’isezerano. Bari gushobora kwubaka amazu n’ibisagara, bagatera imizabibu n’ivyamwa. Cari igihugu gitemba amata n’ubuki.

“Yehova ntazobura kwama akuyobora kandi akaguhaza no mu gihugu kibabutse.”​—Yesaya 58:11