Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 51

Agakobwa k’Akisirayelikazi

Agakobwa k’Akisirayelikazi

Mu gihugu c’i Siriya, hariho agakobwa kamwe k’Akisirayelikazi. Kari katwawe muri ico gihugu ca kure n’abasoda b’Abasiriya bagakuye mu muryango wako. Bakajanye gukorera umugore wa Namani, umukuru w’abasoda. Ako gakobwa kasenga Yehova, naho kaba mu bantu basenga ibigirwamana.

Namani yari arwaye indwara y’urukoba ibabaza cane. Ako gakobwa karashaka cane kumufasha. Kaciye kabwira inabuja gati: ‘Ndazi umuntu ashobora gukiza databuja. Muri Isirayeli hariyo umuntu wa Yehova yitwa Elisha. Arashobora kumukiza.’

Uwo mugore yarabwiye umugabo wiwe ivyo ako gakobwa kari kavuze. Namani yari kwemera gukora ivyo bamubwiye vyose kugira arabe ko yokira. Yaciye rero agenda muri Isirayeli kuraba Elisha. Namani yari yiteze ko Elisha amwakira nk’umuntu adasanzwe. Ariko Elisha ntiyaje ngo bivuganire amaso mu yandi. Yatumye umukozi wiwe ngo amuramutse, ace amubwira ati: ‘Genda wiyoge mu ruzi Yorodani incuro indwi, uca ukira.’

Namani yarababaye cane. Yavuze ati: ‘Nagira ngo yari gusenga Imana yiwe, akazungagiza amaboko yiwe hejuru yanje ngaca nkira. None ambwiye ngo nje kwiyoga mu ruzi rwo muri Isirayeli! Muri Siriya turafise inzuzi nziza kuruta izo muri Isirayeli. Nari gupfuma noga muri izo nzuzi z’iwacu.’ Namani yarashavuye cane, aca arigira.

Abakozi biwe baciye bamuhanura bati: ‘None hari ico utokora kugira ukire? Uwo muntu w’Imana agusavye gukora ikintu coroshe cane. None ubuzwa n’iki kugikora?’ Namani yaremeye impanuro bamuhaye. Yaragiye ku ruzi Yorodani aribira mu mazi incuro indwi. Ku ncuro igira indwi, Namani yavuye mu mazi yakize neza. Yaranezerewe cane, aca arasubira inyuma gushimira Elisha. Namani yavuze ati: ‘Ubu ndamenye ko Yehova ari we Mana y’ukuri.’ Wibaza ko ka gakobwa k’Akisirayelikazi kumvise kamerewe gute igihe kabona Namani agarutse yakize?

“Bivuye mu kanwa k’inzoya n’abonka wazanye ishemezo.”​—Matayo 21:16