Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 54

Yehova yarababariye Yona

Yehova yarababariye Yona

Abantu bo mu gisagara c’i Ashuri citwa Ninewe bari inkozi z’ikibi. Yehova yabwiye umuhanuzi wiwe Yona ngo aje i Ninewe kubabwira bareke gukora ibibi. Ariko Yona yaciye ahunga aja ahandi hantu. Yaruriye ubwato buja i Tarushishi arigira.

Ubwato buriko buragenda, mu kiyaga haradutse umuyaga mwinshi cane, ku buryo n’abariko barasoza ubwato bagira ubwoba. Barasenze imana zabo bongera barabazanya bati: ‘Ni nde atumye haba uyu muyaga?’ Yona yahavuye ababwira ati: ‘Ni jewe. Ndiko ndahunga kuko nanse gukora ivyo Yehova yambwiye. Nimunterere mu kiyaga, uyu muyaga uca uhera.’ Abo bantu baranse kumuterera mu kiyaga, ariko aguma abibasaba. Igihe bamutererayo, nya muyaga waciye uhera.

Yona yari azi ko aca apfa. Igihe yariko aribira mu kiyaga, yarasenze Yehova. Yehova yaciye arungika urufi runini ruramumira, mugabo ntiyapfuye. Ari mu nda y’urwo rufi, yarasenze ati: ‘Yehova, sinzosubira kukugambararira.’ Yona yamaze imisi itatu ari mu nda y’urwo rufi, ariko nta co yabaye kuko Yehova yamukingiye. Urwo rufi rwahavuye rumudahwa ku nkengera y’ikiyaga.

None ko Yehova yari yababariye Yona, yoba yaciye areka kumutuma i Ninewe? Oya. Yehova yarasubiye kumubwira ngo ajeyo. Ico gihe hoho Yona yaragamburutse. Yaragiyeyo abwira abantu baho ati: ‘Hasigaye imisi 40 Ninewe ikarandurwa.’ Haciye haba ikintu gitangaje: Abanyaninewe barumvirije Yona baca baraheba ibibi vyabo. Umwami wabo yababwiye ati: ‘Nimutakambire Imana, mureke ibibi. Hari aho yotubabarira ntiturandure.’ Yehova abonye ko Abanyaninewe bahevye ibibi bakora, yaciye areka kubica.

Yona yarashavuye kubona ico gisagara kitaranduwe. Umve nawe ntuze: Yehova yari yihanganiye Yona yongera aramugirira ikigongwe, ariko Yona wewe ntiyagiriye ikigongwe abantu b’i Ninewe. Ahubwo yaciye ava muri ico gisagara yicara munsi y’igiterwa citwa umutanga, arasutura iminwa. Ico giterwa cahavuye cuma, Yona aca arashavura cane. Yehova yamubwiye ati: ‘Iki giterwa ni co ukunda kuruta Abanyaninewe. Nabagiriye imbabazi, ni co gituma batapfuye.’ None Yehova yashaka kumwigisha iki? Abantu b’i Ninewe bari bafise agaciro kuruta igiterwa.

“Yehova . . . yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya.”​—2 Petero 3:9