Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 10

Ukuri kwerekeye abamarayika

Ukuri kwerekeye abamarayika

1. Kubera iki dukwiye kumenya ivyerekeye abamarayika?

YEHOVA ashaka ko tumenya ivyerekeye umuryango wiwe. Abamarayika bari mu bagize umuryango w’Imana. Bibiliya ibita “abana b’Imana.” (Yobu 38:7) None abamarayika bakora iki? Bafashije abantu gute muri kahise? Boba bashobora kudufasha no muri iki gihe?—Raba akajambo ko ku mpera ka 8.

2. Abamarayika bakomotse he? Haremwe abamarayika bangahe?

2 Turakeneye kumenya iyo abamarayika bakomotse. Mu Bakolosayi 1:16 hatubwira ko “ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi” Yehova amaze kurema Yezu. Aho harimwo n’abamarayika. None haremwe abamarayika bangahe? Bibiliya ivuga ko hari abamarayika amamiliyoni amajana.Zaburi 103:20; Ivyahishuwe 5:11.

3. Muri Yobu 38:4-7 hatubwira iki ku bamarayika?

3 Bibiliya kandi itubwira ko Yehova yaremye abamarayika imbere y’uko arema isi. None biyumvise gute igihe babona isi? Igitabu ca Yobu kitubwira ko banezerewe. Bari bagize umuryango ukorera Yehova wunze ubumwe.Yobu 38:4-7.

ABAMARAYIKA BARAFASHA ABASAVYI B’IMANA

4. Ni igiki kitwereka ko abamarayika bitwararika abantu?

4 Abamarayika bamye bitwararika ibijanye n’abantu be n’umugambi Yehova afitiye isi n’abantu. (Imigani 8:30, 31; 1 Petero 1:11, 12) Barababaye cane igihe Adamu na Eva bagarariza. Muri iki gihe, bategerezwa kuba batuntura babonye ingene abantu benshi bagambararira Yehova. Ariko igihe umuntu yigaye akagaruka ku Mana, abamarayika baranezerwa. (Luka 15:10) Abamarayika baritwararika cane abantu bakorera Imana. Yehova arakoresha abamarayika mu gufasha no mu gukingira abasavyi biwe bo kw’isi. (Abaheburayo 1:7, 14) Reka turabe uburorero bumwebumwe.

“Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, yugara iminwa y’izi ntambwe.”Daniyeli 6:22

5. Abamarayika bafashije gute abasavyi b’Imana kera?

5 Yehova yararungitse abamarayika babiri gufasha Loti n’umuryango wiwe guhunga igihe ibisagara vya Sodomu na Gomora vyagira bitikizwe. (Itanguriro 19:15, 16) Haciye imyaka amajana, umuhanuzi Daniyeli yaraterewe mu cobo c’intambwe, ariko nta co zamugize kuko ‘Imana yarungitse umumarayika wayo, akugara iminwa y’izo ntambwe.’ (Daniyeli 6:22) Mu nyuma, igihe intumwa Petero yari mw’ibohero, Yehova yararungitse umumarayika kumukurayo. (Ivyakozwe 12:6-11) Abamarayika kandi barafashije Yezu igihe yari kw’isi. Nk’akarorero, inyuma y’aho abatirijwe, ‘abamarayika baramukoreye.’ (Mariko 1:13) Imbere gatoyi y’uko Yezu yicwa, umumarayika ‘yaramukomeje.’Luka 22:43.

6. (a) Tuzi gute ko abamarayika bafasha abasavyi b’Imana muri iki gihe? (b) Ni ibibazo ibihe turonkera inyishu?

6 Muri iki gihe, abamarayika ntibaciyereka abantu. Ariko Imana iracabakoresha mu gufasha abasavyi bayo. Bibiliya ivuga iti: “Umumarayika wa Yehova akambitse irya n’ino y’abatinya Imana, kandi arabakiza.” (Zaburi 34:7) Kubera iki dukeneye gukingirwa? Kubera yuko dufise abansi bakomeye bashaka kutugirira nabi. None abo bansi ni bande? Bakomotse he? Bagerageza gute kutugirira nabi? Kugira turonke inyishu z’ivyo bibazo, reka twihweze ivyabaye haciye igihe gitoyi Imana iremye Adamu na Eva.

ABANSI BACU BATABONEKA

7. Amayeri ya Shetani yatumye abantu bakora iki?

7 Mu kigabane ca 3, twarabonye ko hari umumarayika yagararije Imana akipfuza kuganza abandi. Bibiliya imwita Shetani Umubesheranyi. (Ivyahishuwe 12:9) Shetani kandi yashaka ko n’abantu bagarariza Imana. Yarashoboye guhenda Eva, kandi kuva ico gihe aramaze guhenda abantu benshi cane. Yamara rero, hariho abantu bagumye ari abizigirwa kuri Yehova, nk’akarorero Abeli, Henoki na Nowa.Abaheburayo 11:4, 5, 7.

8. (a) Abamarayika bamwebamwe bacitse amadayimoni gute? (b) Amadayimoni yakoze iki kugira ntahitanwe n’umwuzure?

8 Mu gihe ca Nowa, hari abamarayika bagararije maze bava mw’ijuru baza kuba kw’isi. None bashaka iki? Bibiliya ivuga ko bashaka kurongora. (Soma Itanguriro 6:2.) Ariko ntivyari bibereye ko abamarayika bakora ico kintu. (Yuda 6) Abantu benshi bo muri ico gihe na bo nyene barononekaye, kandi bakoresha igikenye nk’abo bamarayika babi. Yehova yaciye afata ingingo yo gukuraho abantu babi akoresheje umwuzure ukwiye kw’isi yose. Ariko yararokoye abasavyi biwe b’abizigirwa. (Itanguriro 7:17, 23) Kugira ngo abo bamarayika babi ntibahitanwe n’uwo mwuzure, baciye basubira mw’ijuru. Abo bamarayika babi Bibiliya ibita amadayimoni. Bahisemwo gushigikira Shetani, aca ababera umutware.Matayo 9:34.

9. (a) Ni ibiki vyashikiye amadayimoni igihe yasubira mw’ijuru? (b) Tugira turabe iki?

9 Kubera yuko ayo madayimoni yari yagararije, Yehova ntiyayemereye kugaruka mu muryango wiwe. (2 Petero 2:4) Amadayimoni ntagishobora kwihindura abantu, mugabo ‘aracazimiza isi yose.’ (Ivyahishuwe 12:9; 1 Yohani 5:19) Reka turabe ingene abigenza mu kuzimiza abantu benshi.Soma 2 Abakorinto 2:11.

INGENE AMADAYIMONI AHENDA ABANTU

10. Amadayimoni ahenda abantu gute?

10 Amadayimoni ahenda abantu mu buryo bwinshi. Abantu barakorana n’amadayimoni ata wundi biciyeko canke biciye ku mupfumu. Gukorana n’amadayimoni vyitwa ubupfumu. Ariko Bibiliya idusaba guca kure ikintu cose gifitaniye isano n’amadayimoni. (Abagalatiya 5:19-21) Kubera iki? Nka kurya kw’umuhigi akoresha umutego kugira afate ibikoko, ni ko amadayimoni akoresha amayeri kugira yigarurire abantu.—Raba akajambo ko ku mpera ka 26.

11. Kuragura ni iki? Kubera iki dukwiye kuvyirinda?

11 Amwe mu mayeri amadayimoni akoresha ni ukuragura. Ukuragura ni ugukoresha ububasha nsigabwenge kugira umuntu amenye ibizoba muri kazoza canke ibintu bitazwi. Hari abaragura mu kwihweza inyenyeri canke amakarata, mu kurabira mu kiyo, mu kwihweza uturongo two mu kiganza canke mu gusigura indoto. Abantu benshi babona ko ivyo bintu ata co bitwaye, ariko si ko biri. Ni bibi cane. Nk’akarorero, Bibiliya irerekana ko abaragura bakorana n’amadayimoni. Mu Vyakozwe 16:16-18, haravuga ivy’“idayimoni” yafasha umukobwa umwe “kuragura.” Intumwa Paulo amaze kwirukana iyo dayimoni, nya mukobwa ntiyabaye agishobora kuragura.

12. (a) Kubera iki ari bibi kugerageza kuvugana n’abapfuye? (b) Kubera iki abasavyi b’Imana batagira uruhara mu migenzo ijanye n’amadayimoni?

12 Amadayimoni arakoresha n’ayandi mayeri kugira yigarurire abantu. Aragerageza gutuma twemera ko dushobora kuvugana n’abapfuye. Ashaka kandi ko twemera yuko abantu badapfa ngo bahere be n’uko abapfuye bashobora kutuvugisha canke kutugirira nabi. Nk’akarorero, umuntu yabuze umugenzi canke incuti yoshobora kwitura umupfumu. Uwo mupfumu yoshobora kubwira uwo muntu amakuru ashimishije yerekeye uwo mugenzi canke iyo ncuti yiwe yapfuye, mbere akigana ijwi ryiwe. (1 Samweli 28:3-19) Imigenzo myinshi igirwa igihe umuntu yapfuye na yo nyene usanga ishingiye kuri ico ciyumviro c’uko umuntu adapfa ngo ahere. Aho harimwo imigenzo ijanye n’amaziko, imanza zijanye n’abapfuye, ibirori vy’ukwibuka abapfuye, kubashikanira ibimazi, n’ibindi n’ibindi. Igihe abakirisu banse kugira uruhara muri iyo migenzo, incuti canke ababanyi boshobora kubanebagura, bakabatuka canke bakabaharira ivomo. Ariko abakirisu barazi ko umuntu apfa agahera. Ntidushobora kuvugana n’abapfuye kandi ntibashobora kutugirira nabi. (Zaburi 115:17) Uraba maso rero. Ntiwigere ugerageza kuvugana n’abapfuye canke amadayimoni kandi ntiwigere ugira uruhara mu migenzo ijanye n’amadayimoni.Soma Gusubira mu vyagezwe 18:10, 11; Yesaya 8:19.

13. Abantu benshi bahoze batinya amadayimoni ubu bayabona gute?

13 Amadayimoni ntahenda abantu gusa, aranabatera ubwoba. Muri iki gihe, Shetani n’amadayimoni yiwe barazi ko hasigaye “igihe gito” ngo Imana ibarandure kw’isi. Ni co gituma biva inyuma mu gukora ikibi. (Ivyahishuwe 12:12, 17) Mugabo rero, hariho abantu ibihumbi bahoze batinya amadayimoni ariko ubu batakiyatinya. None vyagenze gute ngo ubwo bwoba buhere?

NUVAVANURE N’AMADAYIMONI

14. Nka kumwe kw’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, twovavanura gute n’amadayimoni?

14 Bibiliya iratwereka ingene twonanira amadayimoni n’ingene twovavanura na yo. Nk’akarorero, hari abantu bo mu gisagara ca Efeso bahora bavugana n’amadayimoni imbere y’uko bamenya ukuri. None bavavanuye na yo gute? Bibiliya ivuga iti: “Abatari bake mu bahora bagira ivy’amageza bashira hamwe ibitabu vyabo, babituririra imbere ya bose.” (Ivyakozwe 19:19) Kubera yuko bipfuza kuba abakirisu, baraturiye ibitabu vyabo vyose vy’amageza. Ivyo ni vyo bikenewe no muri iki gihe. Umuntu wese yipfuza gukorera Yehova arakwiye kwikurako ibintu vyose bifitaniye isano n’amadayimoni. Aho harimwo ibitabu, amasenema, imiziki be n’udukino. Harimwo n’ivyapa vyerekana ko maji, amadayimoni n’amageza ari ibintu biryoshe kandi ata co bitwaye. Harimwo kandi n’ibiheko abantu bambara kugira bikingire.1 Abakorinto 10:21.

15. Ni igiki kandi twokora kugira tunanire Shetani n’amadayimoni?

15 Haciye imyaka mikeyi abantu b’i Efeso baturiye ibitabu vyabo vya maji, intumwa Paulo yanditse ko bari bagikeneye ‘kunigana n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha.’ (Abanyefeso 6:12) Emwe, naho bari baraturiye ibitabu vyabo, amadayimoni yari akigerageza kubagirira nabi. None ni igiki kandi bari bakeneye gukora? Paulo yababwiye ati: “Mutore inkinzo yagutse y’ukwizera, ari yo izobashoboza kuzimya [canke, guhagarika] imyampi yose yaka umuriro ya wa mubisha.” (Abanyefeso 6:16) Ukwizera kwacu kurashobora kudukingira nka kurya inkinzo ikingira umusoda mu ntambara. Nitwizigira tudakeka ko Yehova ashobora kudukingira, tuzonanira Shetani n’amadayimoni yiwe.Matayo 17:20.

16. Twokomeza ukwizera kwacu gute?

16 None twokomeza ukwizera kwacu gute? Turakeneye gusoma Bibiliya buri musi kandi tukiheka kuri Yehova kugira adukingire. Nitwizigira Yehova duherejeko, Shetani n’amadayimoni yiwe ntibazoshobora kutugirira nabi.1 Yohani 5:5.

17. Ni igiki kandi kizodufasha kwirinda amadayimoni?

17 Ni igiki kandi abakirisu b’i Efeso bari bakeneye gukora? Kubera yuko baba mu gisagara cuzuyemwo ivy’ugusenga amadayimoni, Paulo yababwiye ati: ‘Mubandanye gusenga igihe cose.’ (Abanyefeso 6:18) Bari bakeneye kuguma basaba Yehova ngo abakingire. Tweho bite? Na twebwe tuba mw’isi yuzuyemwo ivy’ugusenga amadayimoni. Ku bw’ivyo, na twebwe turakeneye gusaba Yehova ngo adukingire, kandi turakeneye gukoresha izina ryiwe igihe tumusenga. (Soma Imigani 18:10.) Nitwaguma dusaba Yehova ngo adukingire Shetani, azokwishura amasengesho yacu.Zaburi 145:19; Matayo 6:13.

18, 19. (a) Twotsinda gute Shetani n’amadayimoni yiwe? (b) Ni ikibazo ikihe cishurwa mu kigabane gikurikira?

18 Nitwikurako ibintu vyose bifitaniye isano n’amadayimoni kandi tukiheka kuri Yehova ngo adukingire, tuzoshobora kunanira Shetani n’amadayimoni yiwe. Ntidukwiye gutinya amadayimoni. (Soma Yakobo 4:7, 8.) Yehova arakomeye cane kuyarusha. Yarayahanye mu gihe ca Nowa, kandi agiye kuyakuraho buhere. (Yuda 6) Uribuka ko tutarwana urwo rugamba twenyene. Yehova arakoresha abamarayika kugira adukingire. (2 Abami 6:15-17) Turashobora kwizigira tudakeka ko dushobora gutsinda Shetani n’amadayimoni yiwe dufashijwe na Yehova.1 Petero 5:6, 7; 2 Petero 2:9.

19 Ko Shetani n’amadayimoni yiwe batugeramiye, ni kubera iki Imana itarabakuraho? Ico kibazo kirishurwa mu kigabane gikurikira.