Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 6

Iyo umuntu apfuye aja he?

Iyo umuntu apfuye aja he?

1-3. Ni ibibazo ibihe abantu bibaza iyo umuntu apfuye? Ni inyishu izihe amadini atanga?

BIBILIYA idusezeranira ko umusi uri izina urupfu ruzovaho. (Ivyahishuwe 21:4) Mu kigabane ca 5, twarabonye ko incungu ituma dushobora kuronka ubuzima budahera. Ariko abantu baracapfa. (Umusiguzi 9:5) Ku bw’ivyo, kimwe mu bibazo bihambaye twibaza ni iki: Abapfuye bamerewe gute?

2 Turakenera canecane inyishu y’ico kibazo igihe tubuze uwacu. Twoshobora kwibaza duti: ‘Agiye he? Yoba atubona? Yoba ashobora kudufasha? Twoba tuzosubira kumubona?’

3 Amadini atanga inyishu zitandukanye kuri ivyo bibazo. Hari ayigisha ko abeza baja mw’ijuru, ababi na bo bakaja mu muriro. Ayandi avuga ko iyo umuntu apfuye aca ahinduka umuzimu, maze akabana n’incuti ziwe zamaze gupfa.

4. Ni iciyumviro nyamukuru ikihe amadini ahurizako?

4 Amadini asa n’ayigisha ibintu bitandukanye. Ariko nka yose ahuriza ku ciyumviro nyamukuru kimwe. Yigisha ko iyo umuntu apfuye, hari ikintu kiri muri we kibandanya kubaho. None ivyo vyoba ari vyo?

IYO UMUNTU APFUYE AJA HE?

5, 6. Abapfuye bamerewe gute?

5 Yehova arazi ingene bigenda iyo dupfuye, kandi yaratubwiye ko iyo umuntu apfuye ubuzima bwiwe buba buhagaze. Urupfu ni igihushane c’ubuzima. Ku bw’ivyo, iyo umuntu apfuye ntasubira kuryoherwa canke kubabara, kandi nta kintu na kimwe asubira kwibuka. * Iyo umuntu apfuye ntashobora kubona, kwumva canke kwiyumvira.

6 Umwami Salomo yanditse ko ‘abapfuye ata co bazi namba.’ Abapfuye ntibashobora gukunda umuntu canke kumwanka, kandi “[n]ta gikorwa, canke umugambi, canke ubumenyi, canke ubukerebutsi [biri] mu kuzimu.” (Soma Umusiguzi 9:5, 6, 10.) Vyongeye, muri Zaburi 146:4 hatubwira ko iyo umuntu apfuye “ivyiyumviro vyiwe” bipfa.

IVYO YEZU YAVUZE KU VYEREKEYE URUPFU

Yehova yaremye abantu ngo babe kw’isi ibihe bidahera

7. Yezu yagereranije urupfu n’iki?

7 Igihe Lazaro umugenzi wa Yezu yapfa, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Lazaro umugenzi wacu araruhutse [canke, “arasinziriye”].” Ariko Yezu ntiyashaka kuvuga ko Lazaro aryamye. Yaciye yongerako ati: “Lazaro yapfuye.” (Yohani 11:11-14) Yezu yagereranije urupfu n’itiro. Ntiyavuze ko Lazaro yari mw’ijuru canke ko yari kumwe n’incuti ziwe zamaze gupfa. Vyongeye, ntiyavuze ko Lazaro yariko arababarizwa mu muriro. Habe na gatoyi. Ni nk’aho Lazaro yari mw’itiro ryinshi. Hari n’ibindi vyanditswe bigereranya urupfu n’itiro ryinshi. Bibiliya ivuga ko igihe Sitefano yicwa ‘yasinziriye mu rupfu.’ (Ivyakozwe 7:60) Intumwa Paulo na we nyene yaranditse ko hari abakirisu bari “barasinziriye mu rupfu.”1 Abakorinto 15:6.

8. Tuzi gute ko Imana itari ifise umugambi w’uko abantu bapfa?

8 Imana yoba yaremye Adamu na Eva ifise umugambi w’uko amaherezo bopfuye? Habe namba! Yehova yabaremye kugira babeho ibihe bidahera bafise amagara meza. Igihe Yehova yarema abantu, yarabashizemwo icipfuzo co kubaho ibihe bidahera. (Umusiguzi 3:11) Nka kurya nyene abavyeyi batipfuza ko abana babo barwara canke bapfa, ni ko na Yehova atipfuza ko turwara canke ngo dupfe. None nimba Imana yaturemye kugira tubeho ibihe bidahera, ni kubera iki dupfa?

KUBERA IKI DUPFA?

9. (a) Kubera iki itegeko Yehova yahaye Adamu na Eva ritari amananiza? (b) Kubera iki vyari bibereye ko abashingira amategeko?

9 Muri rya tongo rya Edeni, Yehova yabwiye Adamu ati: “Igiti cose co muri uwo murima urashobora kukiryako ugashira ipfa. Mugabo ku vyerekeye igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, ntuze ukiryeko, kuko umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza.” (Itanguriro 2:9, 16, 17) Iryo tegeko ritomoye ntiryari rigoye kugamburuka, kandi Yehova yari afise uburenganzira bwo kwereka Adamu na Eva iciza n’ikibi. Iyo bagamburukira Yehova bari kuba berekanye ko bubaha ubukuru bwiwe. Bari kuba kandi bamweretse ko bakenguruka ibintu vyose yari yarabahaye.

10, 11. (a) Ni gute Shetani yahenze Adamu na Eva? (b) Kubera iki ata citwazo na kimwe Adamu na Eva bari bafise co kugambarara?

10 Ikibabaje, Adamu na Eva bahisemwo kugambararira Yehova. Shetani yabajije Eva ati: “Ni ivy’ukuri yuko Imana yavuze ngo ntimuze murye ku giti na kimwe co mu murima?” Eva yamwishuye ati: “Ivyamwa vy’ibiti vyo mu murima turashobora kubiryako. Mugabo ku bijanye n’ukurya ku vyamwa vy’igiti kiri hagati na hagati mu murima, Imana yavuze iti: ‘Ntimuze mukiryeko, oya, ntimuze mugikoreko, kugira ntimupfe.’”Itanguriro 3:1-3.

11 Shetani yaciye avuga ati: “Haba namba ntimuzopfa. Kuko Imana izi yuko umusi nyene mwakiriyeko amaso yanyu azoca yuguruka mugaca mumera nk’Imana, mukamenya iciza n’ikibi.” (Itanguriro 3:4-6) Shetani yashaka ko Eva yiyumvira yuko ashobora kwihitiramwo iciza n’ikibi. Ariko kandi yaramuhenze ku vyomushikiye aramutse agambaraye. Shetani yavuze ko Eva atopfuye. Eva yaciye arya kuri nya camwa, mu nyuma ahako n’umugabo wiwe. Adamu na Eva bari bazi ko Yehova yababujije kurya kuri ico camwa. Igihe bakirya, bari bahisemwo kugambarara itegeko ritomoye kandi ritagoye kugamburuka. Mu kurya kuri ico camwa, barerekanye ko batubaha Se wabo wo mw’ijuru yabakunda. Nta citwazo na kimwe bari bafise co kugambararira Imana!

12. Kubera iki bibabaje kubona Adamu na Eva baragambarariye Yehova?

12 Ese ukuntu bibabaje kubona abavyeyi bacu ba mbere baragambarariye Umuremyi wabo! Wokwiyumva gute hamwe woba warakoze ibishoboka vyose ngo uronse abana bawe ivyo bakeneye ariko mu nyuma bakakugarariza maze bagakora ibihushanye n’ivyo wabategetse? None ivyo ntivyokuvuna umutima?

Adamu yavuye mu mukungugu, kandi umukungugu ni wo yasubiyemwo

13. Yehova yashaka kuvuga iki igihe yabwira Adamu ngo “umukungugu ni wo uzosubiramwo”?

13 Igihe Adamu na Eva bagambarara, baratakaje akaryo ko kubaho ibihe bidahera. Yehova yabwiye Adamu ati: “Uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Soma Itanguriro 3:19.) Ivyo bisobanura ko Adamu yari gusubira kuba umukungugu, nk’aho atari yarigeze aremwa. (Itanguriro 2:7) Aho Adamu amariye gucumura, yarapfuye kandi ntiyigeze asubira kubaho.

14. Kubera iki dupfa?

14 Iyo Adamu na Eva bagamburukira Imana, n’ubu baba bakiriho. Ariko kubera yuko bayigambarariye, baracumuye maze amaherezo barapfa. Igicumuro kimeze nk’indwara mbi cane twarazwe n’abavyeyi bacu ba mbere. Twese tuvuka turi abacumuzi, akaba ari co gituma dupfa. (Abaroma 5:12) Ariko ivyo si vyo Imana itwipfuriza. Imana ntiyigeze ishaka ko abantu bapfa, kandi Bibiliya ivuga ko urupfu ari “umwansi.”1 Abakorinto 15:26.

KUMENYA UKURI BIRATUGIRIRA AKAMARO

15. Kumenya ukuri ku vyerekeye abapfuye bitumarira iki?

15 Kumenya ukuri ku vyerekeye abapfuye biratuma tudahendwa n’ivyiyumviro vyinshi bitari vyo. Bibiliya itwigisha ko abapfuye batababara canke ngo batunture. Ntidushobora kubavugisha, eka na bo ntibashobora kutuvugisha. Ntidushobora kubafasha, kandi na bo ntibashobora kudufasha. Ntibashobora kutugirira nabi. Ni co gituma tudakwiye kubatinya. Ariko amadini menshi yigisha ko abapfuye babandanya kubaho be n’uko dushobora kubafasha mu guha amahera abapadiri canke abandi bakozi b’Imana kugira babasabire. Ntiduhendwa n’ivyo binyoma igihe tuzi ukuri ku vyerekeye abapfuye.

16. Ni ikinyoma ikihe amadini yigisha ku bijanye n’abapfuye?

16 Shetani akoresha amadini y’ikinyoma kugira aduhende twemere ko abapfuye babandanya kubaho. Nk’akarorero, amadini amwamwe yigisha ko iyo umuntu apfuye, hari ikintu kiri muri we kibandanya kubaho. Ivyo vyoba ari vyo idini urimwo ryigisha, canke ryigisha ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’abapfuye? Shetani arakoresha ibinyoma kugira akure abantu kuri Yehova.

17. Kubera iki inyigisho y’umuriro udahera itukisha Yehova?

17 Ivyo amadini menshi yigisha birateye agahinda. Nk’akarorero, hari amadini yigisha ko abantu babi bazoturirirwa mu muriro udahera. Iyo nyigisho iratukisha Yehova. Ntiyokwemera ko abantu bababazwa muri ubwo buryo! (Soma 1 Yohani 4:8.) Wobona gute umuntu ahana umwana wiwe mu kumuturira amaboko? Uwo muntu yoba ari umugesera. Ntiwokwipfuza no kumumenya. Ariko ukwo nyene ni ko Shetani ashaka ko tubona Yehova!

18. Kubera iki tudakwiye gutinya abapfuye?

18 Hari amadini yigisha ko iyo umuntu apfuye aca ahinduka umuzimu. Ayo madini yigisha ko dutegerezwa kwubaha imizimu, mbere tukayitinya kubera ishobora kutugirira neza canke ikatugirira nabi cane. Abantu benshi baremera ico kinyoma. Baratinya abapfuye, bigatuma babasenga aho gusenga Yehova. Niwibuke ko abapfuye ata na kimwe bashobora kwumva. Ku bw’ivyo, nta mvo n’imwe yotuma tubatinya. Yehova ni we Muremyi wacu. Ni we Mana y’ukuri, kandi ni we wenyene dukwiye gusenga.Ivyahishuwe 4:11.

19. Kumenya ukuri ku vyerekeye abapfuye bitumarira iki?

19 Igihe tumenye ukuri ku bijanye n’abapfuye, ntiduhendwa n’ibinyoma amadini yigisha. Vyongeye, ukwo kuri kuradufasha gutahura imihango myiza igitangaza Yehova yatanze yerekeye ubuzima bwacu na kazoza kacu.

20. Tuzokwihweza iki mu kigabane gikurikira?

20 Haraciye igihe kirekire umusavyi w’Imana yitwa Yobu abajije ati: “Umuntu w’umugabo apfuye, yosubira kubaho?” (Yobu 14:14) Vyoba vy’ukuri bishoboka ko umuntu yapfuye asubira kubaho? Inyishu Imana iduha muri Bibiliya ireza umutima cane. Tuzobona iyo nyishu mu kigabane gikurikira.

^ ing. 5 Hari abavuga ko hapfa ikibiribiri gusa, ariko impwemu canke umutima bigasigara. Wipfuza kumenya vyinshi, raba akajambo ko ku mpera ka 17 na 18.