Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 15

Idini ry’ukuri ni irihe?

Idini ry’ukuri ni irihe?

1. Ni nde yoshobora kutubwira uburyo bubereye bwo gusenga?

AMADINI nka yose avuga ko yigisha ukuri kwerekeye Imana. Ariko ivyo ntibishoboka, kuko amadini yigisha ibintu bitandukanye ku vyerekeye Imana be n’ukuntu dukwiye kuyisenga. None twomenya gute uburyo bubereye bwo gusenga Imana? Yehova wenyene ni we ashobora kubutubwira.

2. Womenya gute uburyo bubereye bwo gusenga Imana?

2 Yehova yaraduhaye Bibiliya kugira tumenye uburyo bubereye bwo kumusenga. Ku bw’ivyo, niwige Bibiliya kandi Yehova azogufasha kwungukira kuri izo nyigisho atanga kuko akwitwararika cane.Yesaya 48:17.

3. Imana ishaka ko dukora iki?

3 Abantu bamwebamwe bavuga ko Imana yemera amadini yose, ariko ivyo si vyo Yezu yigishije. Yavuze ati: “Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ukugomba kwa Dawe.” Turakeneye rero kwiga ivyo Imana igomba maze tukabikora. Ivyo birahambaye kuko Yezu yavuze ko abantu batagamburukira Imana ari inkozi z’ibibi, ni ukuvuga “abakora ivy’ubugarariji.”Matayo 7:21-23.

4. Ni ibiki Yezu yatuburiye?

4 Yezu yaratuburiye ko abipfuza gukora ivyo Imana igomba bazohura n’ingorane. Yavuze ati: “Mwinjirane mw’irembo ryaga; kubera ko inzira nini kandi yagutse ijana mu mahonero, kandi benshi ni bo binjirana muri yo; mugabo irembo ryaga be n’inzira ipfunganye ni vyo bijana mu buzima, kandi bake ni bo bayitora.” (Matayo 7:13, 14) Inzira yaga, ari ryo dini ry’ukuri, ijana mu buzima budahera. Inzira yagutse na yo, ari ryo dini ry’ikinyoma, ijana ku rupfu. Ariko Yehova ntashaka ko hagira umuntu n’umwe apfa. Araha abantu bose akaryo ko kwiga ibimwerekeye.2 Petero 3:9.

IBIRANGA ABARI MW’IDINI RY’UKURI

5. Womenya gute abari mw’idini ry’ukuri?

5 Yezu yaravuze ko dushobora kumenya abari mw’idini ry’ukuri abo ari bo. Twobamenya mu gusuzuma ivyo bemera n’ivyo bakora. Yavuze ati: “Muzobamenyera ku vyamwa bama.” Yongeyeko ati: “Igiti ciza cose cama ivyamwa vyiza.” (Matayo 7:16, 17) Ivyo ntibisobanura ko abari mw’idini ry’ukuri badakora amakosa. Ariko abasavyi b’Imana barihatira gukora ibibereye. Reka turabe ibiranga abari mw’idini ry’ukuri.

6, 7. Kubera iki abari mw’idini ry’ukuri bashingira inyigisho zabo kuri Bibiliya? Akarorero ka Yezu katwigisha iki?

6 Ivyo bigisha babishingira kuri Bibiliya. Bibiliya ivuga iti: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi, ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.” (2 Timoteyo 3:16, 17) Intumwa Paulo yandikiye abakirisu ati: “Igihe mwakira ijambo ry’Imana, iryo mwumvise kuri twebwe, mwa[ra]ryemeye, atari nk’ijambo ry’abantu, ahubwo nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana.” (1 Abatesalonika 2:13) Abari mw’idini ry’ukuri bashingira ivyo bigisha kw’Ijambo ry’Imana Bibiliya. Ntibabishingira ku vyiyumviro vy’abantu, ku migenzo yabo canke ku kindi kintu.

7 Ivyo Yezu yigisha vyose yabishingira kw’Ijambo ry’Imana. (Soma Yohani 17:17.) Yama asubiramwo amajambo yo mu Vyanditswe. (Matayo 4:4, 7, 10) Abasavyi b’Imana b’ukuri barigana Yezu mu gushingira inyigisho zabo kuri Bibiliya.

8. Yezu yatwigishije iki ku bijanye no gusenga Yehova?

8 Basenga Yehova wenyene. Muri Zaburi 83:18 hagira hati: “Wewe, uwitwa Yehova, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.” Yezu yashaka ko abantu bamenya neza Imana y’ukuri iyo ari yo. Ku bw’ivyo, yarabigishije izina ry’Imana. (Soma Yohani 17:6.) Yavuze ati: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.” (Matayo 4:10) Kubera ko turi abasavyi b’Imana, turigana akarorero ka Yezu. Dusenga Yehova wenyene kandi tugakoresha izina ryiwe. Turaryigisha abandi, tukabigisha n’ivyo azodukorera.

9, 10. Abakirisu b’ukuri berekana gute ko bakundana?

9 Barakundana vy’ukuri. Yezu yigishije abigishwa biwe gukundana. (Soma Yohani 13:35.) Barakundana ata kuraba iyo bakomoka, imico kama canke ubutunzi bafise. Urukundo rwabo rutuma bunga ubumwe nk’abavukana. (Abakolosayi 3:14) Ni co gituma bataja mu ntambara canke ngo bicane. Bibiliya ivuga iti: “Abana b’Imana be n’abana ba Shetani babonekera kuri iki kintu: Umuntu wese adashishikara ubugororotsi ntakomoka ku Mana, eka n’uwudakunda mwene wabo ni ukwo.” Yongerako iti: “Dukwiye gukundana; atari nka Kayini, uwakomoka kuri wa mubisha akica mwene wabo.”1 Yohani 3:10-12; 4:20, 21.

10 Abari mw’idini ry’ukuri barakoresha umwanya wabo, inguvu zabo n’ivyo batunze kugira bafashanye kandi baremeshanye. (Abaheburayo 10:24, 25) ‘Barakorera iciza bose.’Abagalatiya 6:10.

11. Kubera iki twokwemera ko Yezu ari we nzira ishikana ku Mana?

11 Barubaha Yezu kubera ari we nzira ishikana ku Mana. Bibiliya ivuga iti: “Nta wundi ubukiriro bubonerwamwo, kuko ata rindi zina munsi y’ijuru ryatanzwe mu bantu dutegerezwa gukirizwamwo.” (Ivyakozwe 4:12) Mu kigabane ca 5, twarabonye ko Yehova yarungitse Yezu kugira acungure abantu bagamburuka. (Matayo 20:28) Yehova yaratoye Yezu ngo azoganze isi. Ni co gituma Bibiliya itubwira ko dutegerezwa kugamburukira Yezu kugira tuzobeho ibihe bidahera.Soma Yohani 3:36.

12. Kubera iki abakirisu b’ukuri bataja muri politike?

12 Ntibaja muri politike. Yezu ntiyigeze aja muri politike. Igihe yariko arasambishwa, yabwiye Pilato wa mutware w’Umuroma ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.” (Soma Yohani 18:36.) Cokimwe na Yezu, abakirisu b’ukuri barumira ku Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru. Ku bw’ivyo, ntibaja muri politike aho bari hose. Ariko ntiwumve, Bibiliya idusaba kugamburukira “abakuru bari hejuru,” ni ukuvuga abategetsi. (Abaroma 13:1) Barubaha amategeko y’igihugu babamwo. Yamara rero, igihe itegeko kanaka riteye kubiri n’amategeko y’Imana, bahitamwo kwigana intumwa, izavuze ziti: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”Ivyakozwe 5:29; Mariko 12:17.

13. Abakirisu b’ukuri bigisha iki ku bijanye n’Ubwami bw’Imana?

13 Bemera ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene buzotorera umuti ingorane ziri kw’isi. Yezu yavuze ko “inkuru nziza y’ubwami” yokwamamajwe mw’isi yose. (Soma Matayo 24:14.) Nta butegetsi bw’abantu na bumwe bushobora gukora nk’ivyo Ubwami bw’Imana buzodukorera. (Zaburi 146:3) Yezu yatwigishije gusenga dusaba Ubwami bw’Imana igihe yavuga ati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10) Bibiliya itubwira ko Ubwami bw’Imana buzokuraho intwaro zose z’abantu kandi ko “bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.”Daniyeli 2:44.

14. Ni bande bari mw’idini ry’ukuri?

14 Ko duhejeje kubona ibintu biranga abakirisu b’ukuri, niwibaze uti: ‘Ni bande bashingira ivyo bigisha kuri Bibiliya? Ni bande babwira abantu izina ry’Imana? Ni bande bakundana vy’ukuri kandi bemera ko Imana yarungitse Yezu kuducungura? Ni bande bataja muri politike? Ni bande bamamaza ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene buzotorera umuti ingorane dufise?’ Ni Ivyabona vya Yehova bonyene.Yesaya 43:10-12.

UGIYE GUKORA IKI?

15. Dutegerezwa gukora iki kugira Imana yemere ugusenga kwacu?

15 Kwemera gusa ko Imana ibaho ntibihagije. N’amadayimoni aremera Imana, mugabo ntayigamburukira. (Yakobo 2:19) Nimba dushaka ko Imana yemera ugusenga kwacu, dutegerezwa kwemera ko ibaho kandi tugakora ivyo idusaba.

16. Kubera iki dukwiye kuvavanura n’idini ry’ikinyoma?

16 Kugira Imana yemere ugusenga kwacu, dutegerezwa kuvavanura n’idini ry’ikinyoma. Umuhanuzi Yesaya yanditse ati: “Sohoke muve hagati muri we, mugume mudahumanye.” (Yesaya 52:11; 2 Abakorinto 6:17) Ni co gituma dukwiye kuvavanura n’ikintu cose gifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma.

17, 18. “Babiloni Akomeye” ni iki? Kubera iki kuyivamwo vyihutirwa?

17 None idini ry’ikinyoma ni irihe? Ni idini ryose ritwigisha gusenga Imana mu buryo budahuye n’ivyo Ijambo ryayo rivuga. Amadini yose y’ikinyoma Bibiliya iyita “Babiloni Akomeye.” (Ivyahishuwe 17:5) Uti kubera iki? Inyigisho nyinshi z’ikinyoma zatanguriye mu gisagara ca Babiloni inyuma ya wa mwuzure wo mu gihe ca Nowa. Izo nyigisho zarakwiragiye kw’isi yose. Nk’akarorero, abantu b’i Babiloni basenga imana zitatuzitatu zifatanye. No muri iki gihe, amadini menshi yigisha ko Imana ari Ubutatu. Ariko Bibiliya irerekana neza ko hari Imana imwe y’ukuri, ari yo Yehova, kandi ko Yezu ari Umwana wayo. (Yohani 17:3) N’ikindi kandi, abantu b’i Babiloni bemera ko iyo umuntu apfuye, umutima wiwe canke impwemu yiwe ibandanya kubaho be n’uko ishobora kubabarizwa mu muriro. Ariko ico ni ikinyoma.—Raba akajambo ko ku mpera ka 14, 17 na 18.

18 Imana yarasezeranye ko igiye gukuraho idini ry’ikinyoma. (Ivyahishuwe 18:8) Woba utahura igituma kuva mw’idini ry’ikinyoma vyihutirwa? Yehova Imana ashaka ko uvayo amazi atararenga inkombe.Ivyahishuwe 18:4.

Niwakorera Yehova uri kumwe n’abasavyi biwe, uzoba winjiye mu muryango ukwiye kw’isi yose

19. Yehova azogufasha gute niwafata ingingo yo kumukorera?

19 Niwafata ingingo yo kuva mw’idini ry’ikinyoma kugira ukorere Yehova, bamwe mu bagenzi bawe canke mu ncuti zawe boshobora kudatahura ingingo wafashe, mbere bakanakurwanya. Ariko Yehova ntazoguheba. Uzoba winjiye mu muryango ukwiye kw’isi yose ugizwe n’abantu amamiliyoni bakundana vy’ukuri. Uzoba kandi ufise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana. (Mariko 10:28-30) Hari aho bamwebamwe mu bakurwanya boteba bagafata ingingo yo kwiga Bibiliya.

20. Kubera iki bihambaye ko uja mw’idini ry’ukuri?

20 Imana igiye gukuraho abanyakibi bose maze Ubwami bwayo buganze isi. (2 Petero 3:9, 13) Kizoba ari igihe giteye umunezero! Abantu bose bazoba basenga Yehova nk’uko abishaka. Birahambaye rero ko ufata ingingo yo kuja mw’idini ry’ukuri udatebaganye.