Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 5

Incungu ni ingabire iruta izindi zose

Incungu ni ingabire iruta izindi zose

1, 2. (a) Ni igiki gituma ingabire iba iy’agaciro? (b) Kubera iki incungu ari yo ngabire iruta izindi zose Imana yaduhaye?

INGABIRE iruta izindi zose umaze kuronka ni iyihe? Kugira ingabire igire akamaro, si ngombwa ngo ibe izimvye. Igihe ingabire itumye unezerwa canke ikaba igizwe n’ikintu wari ukeneye cane, urayikenguruka.

2 Mu ngabire zose Imana yaduhaye, hariho imwe dukeneye kuruta ibindi vyose. Ni yo ngabire iruta izindi zose Imana yahaye abantu. Muri iki kigabane, turaza kubona ko Yehova yarungitse Umwana wiwe Yezu Kristu kugira dushobore kubaho ibihe bidahera. (Soma Matayo 20:28.) Mu kurungika Yezu kw’isi ngo aducungure, Yehova yarerekanye ko adukunda vy’ukuri.

INCUNGU NI IKI?

3. Ni kubera iki dupfa?

3 Incungu ni uburyo Yehova yakoresheje kugira akize abantu igicumuro n’urupfu. (Abanyefeso 1:7) Kugira dutahure igituma incungu yari ikenewe, dutegerezwa kumenya ibintu haciye imyaka ibihumbi bibaye muri Edeni. Abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva baracumuye. Ivyo vyatumye bapfa. Na twebwe turapfa kubera baturaze igicumuro.—Raba akajambo ko ku mpera ka 9.

4. Adamu yari nde? Ni ivyiza ibihe yari yifitiye?

4 Igihe Yehova yarema umuntu wa mbere ari we Adamu, yaramuhaye ikintu c’agaciro kanini. Yamuhaye ubuzima butagira akanenge. Yari afise ubwenge n’umubiri bitagira akanenge. Ntiyari kwigera arwara, ntiyari kwigera asaza kandi ntiyari kwigera apfa. Yehova yari nka se wiwe kubera yuko ari we yari yaramuremye. (Luka 3:38) Yehova yama aganira na Adamu. Imana yaratomoreye Adamu ivyo yari imwitezeko yongera iramuha igikorwa gihimbaye.Itanguriro 1:28-30; 2:16, 17.

5. Kuba Adamu yaremwe “mw’ishusho y’Imana” bisobanura iki?

5 Adamu yaremwe “mw’ishusho y’Imana.” (Itanguriro 1:27) Yehova yaramuhaye kugira urukundo, ubukerebutsi, ubutungane n’ububasha nk’ivyo na we afise. Yarahaye Adamu uburenganzira bwo kwihitiramwo. Adamu ntiyari ameze nk’imashini. Imana yamuremye ku buryo ashobora guhitamwo iciza n’ikibi. Iyo Adamu ahitamwo kugamburukira Imana, yari kwiberaho ibihe bidahera mw’iparadizo.

6. Ni ibiki Adamu yatakaje igihe yagambararira Imana? Ivyo bitugirako ingaruka izihe?

6 Igihe Adamu yagambararira Imana maze agacirwa urwo gupfa, yari yikuye amata mu kanwa. Yaratakaje ubucuti budasanzwe yari afitaniye na Yehova, ubuzima butagira akanenge hamwe n’iparadizo yabamwo. (Itanguriro 3:17-19) Kubera yuko Adamu na Eva bahisemwo kugambararira Imana, ivyabo vyari biheze. Bivuye ku vyo Adamu yakoze, ‘igicumuro carinjiye mw’isi, urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rukwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.’ (Abaroma 5:12) Igihe Adamu yacumura, ‘yarigurishije’ yongera agurisha n’uruvyaro rwiwe mu buja bw’igicumuro n’urupfu. (Abaroma 7:14) None hoba hariho icizigiro? Egome kirahari.

7, 8. Incungu ni iki?

7 Incungu ni iki? Iyo bavuze incungu ahanini baba bashaka kuvuga ibintu bibiri. Ubwa mbere, ni amahera atangwa mu kubohoza umuntu canke mu kugaruza ikintu. Ubwa kabiri, ni amahera atangwa mu kuriha ikintu cononekaye.

8 Nta muntu n’umwe yari gushobora kuriha ivyo Adamu yononye igihe yacumura maze akadukwegera urupfu. Ariko Yehova yarashizeho uburyo bwo kudukiza igicumuro n’urupfu. Reka turabe ingene incungu ikora n’ingene twoyungukirako.

INGENE YEHOVA YATANZE INCUNGU

9. Hari hakenewe incungu imeze gute?

9 Nta n’umwe muri twebwe yari gushobora kuriha incungu y’ubuzima butunganye Adamu yatakaje. Uti kubera iki? Kubera yuko twese tudatunganye. (Zaburi 49:7, 8) Incungu yari ikenewe bwari ubuzima bw’uwundi muntu atunganye. Ni co gituma yitwa “incungu y’indinganire.” (1 Timoteyo 2:6) Iyo ncungu yategerezwa kuba inganya agaciro n’ubuzima Adamu yatakaje.

10. Ni gute Yehova yatanze incungu?

10 Ni gute Yehova yatanze incungu? Yayitanze mu kurungika kw’isi Yezu, Umwana wiwe akunda cane. Yezu ni we Yehova yatanguye kurema. (1 Yohani 4:9, 10) Yezu yaremeye gusiga Se wiwe no guheba ikibanza yabamwo mw’ijuru. (Abafilipi 2:7) Yehova yarimuye ubuzima bwa Yezu abukuye mw’ijuru, maze Yezu avukira kw’isi ari umuntu atunganye, atagira igicumuro.Luka 1:35.

Yehova yaratanze Umwana wiwe akunda cane kugira aducungure

11. Umuntu umwe yoshoboye gute gucungura abantu bose?

11 Igihe Adamu yagambararira Yehova, yaratakaje ubuzima butunganye bw’abamukomokako bose. None hoba hari uwundi muntu yari gukiza urupfu abakomoka kuri Adamu bose? Egome. (Soma Abaroma 5:19.) Kubera yuko Yezu atigeze acumura, yaratanze ubuzima bwiwe butunganye kugira aducungure. (1 Abakorinto 15:45) Ubwo buzima bwiwe butunganye bwotumye abakomoka kuri Adamu bose bakurwako urupfu.1 Abakorinto 15:21, 22.

12. Kubera iki Yezu yemeye kubabazwa ukuraho?

12 Bibiliya iradondora amakuba Yezu yabonye imbere y’uko apfa. Baramushishaguye n’ibimoko, baramukomeramwo imisumari ku giti, maze apfa arushe kandi ababaye cane. (Yohani 19:1, 16-18, 30) Kubera iki Yezu yemeye kubabazwa gutyo? Kubera yuko Shetani yavuze ko ata muntu n’umwe yoguma ari intahemuka ku Mana ashikiwe n’ibigeragezo bikomeye. Yezu yarerekanye ko umuntu atunganye ashobora kuguma ari intahemuka ku Mana naho yobabazwa gute. Iyumvire ukuntu Yezu yanezereje Yehova!Imigani 27:11; raba akajambo ko ku mpera ka 15.

13. Incungu yarishwe gute?

13 Incungu yarishwe gute? Yarishwe igihe Yezu yashikiriza Se wiwe agaciro k’ubuzima bwiwe. Mu mwaka wa 33, ku wa 14 Nisani ku kirangamisi c’Abayuda, Yehova yararetse abansi ba Yezu baramwica. (Abaheburayo 10:10) Haciye imisi itatu, Yehova yaramuzuye. Ntiyazutse afise umubiri w’inyama, ahubwo yazutse afise umubiri w’impwemu. Mu nyuma, igihe Yezu yasubira kwa Se wiwe mw’ijuru, yarashikirije Yehova agaciro k’ubuzima bwiwe butunganye yari yatanze ngo bucungure uruvyaro rwa Adamu. (Abaheburayo 9:24) Ubu rero ko incungu yarishwe, turashobora gukurwako icaha n’urupfu.—Soma Abaroma 3:23, 24.

INGENE WOKWUNGUKIRA KU NCUNGU

14, 15. Dutegerezwa gukora iki kugira duharirwe ibicumuro?

14 N’ubu dusanzwe turiko turungukira kuri iyo ngabire iruta izindi zose Imana yatanze. Reka turabe ukuntu turiko turayungukirako muri iki gihe n’ukuntu tuzoyungukirako muri kazoza.

15 Turaharirwa ibicumuro vyacu. Ntivyoroshe ko tuguma dukora ibigororotse. Turakora amakosa, kandi rimwe na rimwe turavuga canke tugakora ibintu bitabereye. (Abakolosayi 1:13, 14) None twokora iki kugira duharirwe? Turakwiye kubabazwa cane n’amakosa twakoze, maze tugasaba Yehova ngo atubabarire twicishije bugufi. Gutyo, turashobora kwizigira ko yaduhariye ibicumuro vyacu.1 Yohani 1:8, 9.

16. Dutegerezwa gukora iki kugira tugire ijwi ryo mu mutima ryiza?

16 Turagira ijwi ryo mu mutima ryiza. Igihe ijwi ryacu ryo mu mutima ritweretse ko twakoze ikosa, turumva twiyagirije, tukihebura canke mbere tukumva ata co tumaze. Ariko ntitwoca twiyumvira ko kabaye. Igihe dusavye imbabazi Yehova, turizigira ko atwumviriza kandi akatubabarira. (Abaheburayo 9:13, 14) Yehova yipfuza ko tumubwira ingorane iyo ari yo yose dufise hamwe n’ubugoyagoye bwacu. (Abaheburayo 4:14-16) Ivyo biratuma tugiranira amahoro n’Imana.

17. Ni imihezagiro iyihe dushobora kuronka kubera Yezu yadupfiriye?

17 Turafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Bibiliya ivuga iti: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu, mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.” (Abaroma 6:23) Kubera yuko Yezu yadupfiriye, turashobora kubaho ibihe bidahera dufise amagara meza. (Ivyahishuwe 21:3, 4) None dutegerezwa gukora iki kugira turonke iyo mihezagiro?

NIWIZERE INCUNGU

18. Tuzi gute ko Yehova adukunda?

18 Iyumvire ukuntu uryoherwa igihe umuntu aguhaye ingabire nziza cane. Incungu ni yo ngabire iruta izindi zose Yehova yaduhaye, kandi turakwiye kumukengurukira cane. Muri Yohani 3:16 hatubwira ko “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege.” Egome, Yehova aradukunda cane ku buryo yaduhaye Umwana wiwe akunda cane, ari we Yezu. Turazi kandi ko na Yezu adukunda kubera yemeye kudupfira. (Yohani 15:13) Incungu irakwiye kugukura amazinda ko Yehova na Yezu bagukunda vy’ukuri.Abagalatiya 2:20.

Nitwiga ivyerekeye Yehova, tuzoba abagenzi biwe kandi urukundo tumukunda ruzokomera

19, 20. (a) Ushobora gute kuba umugenzi wa Yehova? (b) Wokwerekana gute ko wizera incungu ya Yezu?

19 Wamaze kubona ko Imana igukunda cane. None ushobora gute kuba umugenzi wayo? Gukunda umuntu utazi ntivyoroshe. Muri Yohani 17:3 havuga ko dushobora kumenya Yehova. Niwiga ibimwerekeye, urukundo umukunda ruzokomera, uce wumva ushatse kumuhimbara maze umubere umugenzi. Nubandanye rero kwiga ivyerekeye Yehova biciye kuri Bibiliya.1 Yohani 5:3.

20 Niwizere inkuka y’incungu ya Yezu. Bibiliya ivuga ko “uwizera Umwana [afise] ubuzima budahera.” (Yohani 3:36) None kwizera Yezu bisobanura iki? Bisobanura gukora ivyo yatwigishije. (Yohani 13:15) Kwizera Yezu si ivyo ku karimi gusa. Kwizera incungu ya Yezu bisaba ko tugira ico dukoze. Muri Yakobo 2:26 hagira hati: “Ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye.”

21, 22. (a) Kubera iki ukwiye kwitaba Icibutso c’urupfu rwa Kristu kiba buri mwaka? (b) Tuzokwihweza iki mu kigabane ca 6 n’ica 7?

21 Niwitabe Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Mw’ijoro buca Yezu apfa, yaratwigishije ko dukwiye kwibuka urupfu rwiwe. Ivyo tubigira buri mwaka. Vyitwa Icibutso canke “imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba.” (1 Abakorinto 11:20; Matayo 26:26-28) Yezu ashaka ko twibuka yuko yatanze ubuzima bwiwe butunganye kugira aducungure. Yavuze ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” (Soma Luka 22:19.) Igihe witavye Icibutso, uba werekanye ko wibuka incungu hamwe n’urukundo rukomeye Yehova na Yezu badukunda.—Raba akajambo ko ku mpera ka 16.

22 Incungu ni yo ngabire iruta izindi zose twoshobora kuronka. (2 Abakorinto 9:14, 15) N’abantu amamiliyoni bapfuye bazokwungukira kuri iyo ngabire idasanzwe. Tuzokwihweza ukuntu ivyo bishoboka mu kigabane ca 6 n’ica 7.