Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 8

Ubwami bw’Imana ni iki?

Ubwami bw’Imana ni iki?

1. Ni igisabisho kizwi cane ikihe tugira twihweze?

ABANTU amamiliyoni barazi ca gisabisho ca Dawe wa twese. Yezu yaragikoresheje mu kwigisha abigishwa biwe gusenga. None ni ibiki yavuze muri ico gisabisho? Ni kubera iki ico gisabisho gihambaye kuri twebwe muri iki gihe?

2. Ni ibintu bitatu bihambaye ibihe Yezu yatwigishije gusaba?

2 Yezu yavuze ati: “Nuko rero musenge mutya: ‘Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.’” (Soma Matayo 6:9-13.) Kubera iki Yezu yatwigishije gusenga dusaba ivyo bintu bitatu?—Raba akajambo ko ku mpera ka 20.

3. Ni ibiki dukeneye kumenya ku bijanye n’Ubwami bw’Imana?

3 Twarabonye ko izina ry’Imana ari Yehova. Twarabonye kandi umugambi Imana ifitiye isi n’abantu. None Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: “Ubwami bwawe nibuze”? Tugira turabe Ubwami bw’Imana ico ari co, ico buzokora hamwe n’ukuntu buzokweza izina ry’Imana.

UBWAMI BW’IMANA NI IKI?

4. Ubwami bw’Imana ni iki? Umwami wabwo ni nde?

4 Yehova yarashinze intwaro mw’ijuru maze atora Yezu ngo abe Umwami wayo. Iyo ntwaro Bibiliya iyita Ubwami bw’Imana. Yezu ni “Umwami w’abaganza akaba n’Umukama w’abakama batwara.” (1 Timoteyo 6:15) Yezu arashoboye gukora ivyiza ata mutware w’umuntu n’umwe yopfa akoze, kandi ararusha ububasha abatware b’abantu bose ubafatiye hamwe.

5. Intwaro y’Imana izotegeka iri hehe? Izotegeka iki?

5 Haheze imisi 40 Yezu azutse, yaciye asubira mw’ijuru. Mu nyuma Yehova yaramugenye ngo abe Umwami w’Ubwami bw’Imana. (Ivyakozwe 2:33) Intwaro y’Imana iri mw’ijuru, kandi izotegeka isi. (Ivyahishuwe 11:15) Ni co gituma Bibiliya iyita ‘Ubwami bwo mw’ijuru.’2 Timoteyo 4:18.

6, 7. Ni igiki gituma Yezu aruta abandi bategetsi b’abantu bose?

6 Bibiliya ivuga ko Yezu aruta abategetsi bose b’abantu kubera ko ari we “wenyene afise ukudapfa.” (1 Timoteyo 6:16) Abategetsi b’abantu bose barapfa, ariko Yezu ntazokwigera apfa. Ivyiza vyose Yezu azodukorera bizokwamaho ibihe bidahera.

7 Bibiliya irerekana ko Yezu azoba Umwami atarenganya kandi w’impuhwe. Igira iti: “Impwemu ya Yehova izoba kuri we, impwemu y’ubukerebutsi n’ugutegera, impwemu y’impanuro n’ubushobozi, impwemu y’ubumenyi n’ugutinya Yehova; kandi umunezero wiwe uzoba mu gutinya Yehova. Kandi ntazoca urubanza afatiye ku bipfa kubonekera amaso yiwe, canke ngo akangire [ni ukuvuga ahanure] yisunze gusa ivyo amatwi yiwe yumvise. Kandi azocira urubanza koko abantu batobato [canke, abakene] mu bugororotsi.” (Yesaya 11:2-4) None ntiwoshima gutwarwa n’umwami ameze gutyo?

8. Ni igiki kitwereka ko Yezu atazotegeka wenyene?

8 Imana yaratoye abantu bamwebamwe ngo bazofadikanye na Yezu gutegeka muri iyo ntwaro yo mw’ijuru. Nk’akarorero, intumwa Paulo yabwiye Timoteyo ati: “Nitwabandanya kwihangana, tuzoganzanya kandi na we.” (2 Timoteyo 2:12) Abazofadikanya na Yezu gutegeka ni bangahe?

9. Abazofadikanya na Yezu gutegeka ni bangahe? Imana yatanguye kubatora ryari?

9 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 7, intumwa Yohani yareretswe Yezu ari Umwami mw’ijuru, ari kumwe n’abandi bami 144.000. None abo bami 144.000 ni bande? Yohani asigura ko “bafise izina [rya Yezu] n’izina rya Se wiwe yanditswe ku ruhanga rwabo.” Aca yongerako ati: “Abo ni bo baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama [ni ukuvuga Yezu] aho aja hose. Abo baguzwe bakuwe mu bantu.” (Soma Ivyahishuwe 14:1, 4.) Abo bami 144.000 ni abakirisu b’abizigirwa Imana yatoye ngo ‘bazoganze isi’ bari kumwe na Yezu. Iyo bapfuye baca bazukira kuba mw’ijuru. (Ivyahishuwe 5:10) Kuva mu gihe c’intumwa, Yehova yaratanguye gutora abakirisu b’abizigirwa ngo babe muri abo bami 144.000.

10. Kubera iki ari vyiza kubona Yehova yatoye Yezu na bamwe 144.000 ngo bategeke abantu?

10 Yehova aradukunda cane. Ni co gituma yategekanije ko abantu ari bo bafadikanya na Yezu kuganza. Yezu azoba umutegetsi mwiza kubera yuko adutahura. Yarabaye umuntu nkatwe kandi yarashikiwe n’ingorane. Paulo yavuze ko Yezu atwumvira impuhwe. Arashobora “gusangira natwe umubabaro mu bugoyagoye bwacu,” kandi “[yara]gejejwe mu mice yose cokimwe natwe.” (Abaheburayo 4:15; 5:8) Ba bami 144.000 na bo nyene barabaye abantu. Vyongeye, na bo nyene barabayeho badatunganye kandi barwara. Twohera amazinda rero ko Yezu n’abo bami 144.000 bazotahura ukuntu twiyumva n’ingorane zidushikira.

UBWAMI BW’IMANA BUZOKORA IKI?

11. Kubera iki Yezu yigishije abigishwa biwe gusaba ngo ivyo Imana igomba bikorwe mw’ijuru?

11 Yezu yigishije abigishwa biwe gusaba ngo ivyo Imana igomba bikorwe mw’ijuru. Uti kubera iki? Twarabonye mu kigabane ca 3 ko Shetani yagararije Yehova. Inyuma y’ubwo bugarariji, Yehova yararetse Shetani n’abamarayika bahemutse, ari bo madayimoni, baba baragumye mw’ijuru. Uca wumva ko ico gihe mw’ijuru atari bose bariko barakora ivyo Imana igomba. Mu kigabane ca 10, tuzobona vyinshi ku vyerekeye Shetani n’amadayimoni.

12. Vuga ibintu bibiri bihambaye bivugwa mu Vyahishuwe 12:10.

12 Bibiliya irerekana ko Yezu akimara kuba Umwami w’Ubwami bw’Imana, yociye arwana na Shetani. (Soma Ivyahishuwe 12:7-10.) Umurongo wa 10 uravuga ibintu bibiri bihambaye vyobaye: Ubwami bw’Imana buratangura kuganza buyobowe na Yezu Kristu, Shetani na we akirukanwa mw’ijuru, agakororerwa kw’isi. Nk’uko tuzobibona, ivyo bintu vyose vyaramaze kuba.

13. Ibintu vyasigaye vyifashe gute mw’ijuru Shetani yirukanywe?

13 Bibiliya iravuga ukuntu abamarayika b’abizigirwa bahimbawe igihe Shetani n’amadayimoni yiwe birukanwa mw’ijuru. Igira iti: “Muhimbarwe, mwa majuru namwe abayabamwo.” (Ivyahishuwe 12:12) Ubu mw’ijuru harangwa amahoro n’ubumwe kubera ko abariyo bose bakora ivyo Imana igomba.

Kuva Shetani n’amadayimoni yiwe birukanywe mw’ijuru, ingorane zariyongereye kw’isi. Izo ngorane zigiye kurangira

14. Ni ibiki biba kw’isi kubera ko Shetani yirukanywe mw’ijuru?

14 Mugabo ukwo si ko bimeze kw’isi. Abantu barashikirwa n’amakuba menshi ‘kuko Shetani yamanutse afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.’ (Ivyahishuwe 12:12) Shetani ishavu riraniga. Yarirukanywe mw’ijuru kandi arazi ko agiye gukurwaho. Arakora yivuye inyuma kugira ateze ingorane, imibabaro n’amarushwa kw’isi yose.

15. Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

15 Ariko umugambi Imana ifitiye isi ntiwahindutse. Iracipfuza ko isi iba iparadizo kandi ikabako abantu batunganye ibihe bidahera. (Zaburi 37:29) None ni gute Ubwami bw’Imana buzotuma ivyo bishoboka?

16, 17. Muri Daniyeli 2:44 hatwigisha iki ku vyerekeye Ubwami bw’Imana?

16 Ubuhanuzi bwo muri Daniyeli 2:44 bugira buti: “Mu misi y’abo bami, Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.” None ivyo bitwigisha iki ku vyerekeye Ubwami bw’Imana?

17 Ubwa mbere, biratwigisha ko Ubwami bw’Imana bwotanguye kuganza “mu misi y’abo bami.” Ivyo vyerekana ko Ubwami bw’Imana bwotanguye kuganza hakiriho izindi ntwaro kw’isi. Ubwa kabiri, biratwigisha ko Ubwami bw’Imana bwokwamyeho, ntibwigere busubirizwa n’iyindi ntwaro. Ubwa gatutu, hobayeho intambara hagati y’Ubwami bw’Imana n’intwaro zo mw’isi. Ubwami bw’Imana bwotsinze iyo ntambara, bugaca buganza isi yose. Abantu bazoca batwarwa n’intwaro nziza kuruta izo bigeze kubona zose.

18. Intambara ya nyuma izoba hagati y’Ubwami bw’Imana n’intwaro z’iyi si yitwa ngw’iki?

18 Bizogenda gute kugira Ubwami bw’Imana buganze isi? Imbere y’uko haba intambara ya nyuma yitwa Harumagedoni, amadayimoni azozimiza “abami b’isi yose, ngo abakoranirize hamwe ku ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” Emwe, intwaro z’abantu zizorwanya Ubwami bw’Imana.Ivyahishuwe 16:14, 16; raba akajambo ko ku mpera ka 10.

19, 20. Kubera iki dukeneye Ubwami bw’Imana?

19 Kubera iki dukeneye Ubwami bw’Imana? Ni kubera n’imiburiburi imvo zitatu. Ubwa mbere, kubera ko turi abacumuzi, turarwara kandi tugapfa. Ariko Bibiliya ivuga ko ku ntwaro y’Imana, tuzobaho ibihe bidahera. Muri Yohani 3:16 hagira hati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”

20 Imvo igira kabiri ituma dukenera Ubwami bw’Imana ni uko dukikujwe n’abantu babi. Benshi barabesha, bakiba kandi bagasambana. Ntidushobora kubakuraho, ariko Imana yoyo izobakuraho. Abantu bakora ibibi ntibigaye bazorandurwa kuri Harumagedoni. (Soma Zaburi 37:10.) Imvo igira gatatu ituma dukenera Ubwami bw’Imana, ni uko intwaro z’abantu ata kintu kinini zimaze atari ukwica no kurya ibiturire. Ntizifasha abantu kwubaha Imana. Bibiliya ivuga ko “umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.”Umusiguzi 8:9.

21. Ni gute Ubwami buzotuma ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi?

21 Inyuma ya Harumagedoni, Ubwami bw’Imana buzotuma ivyo igomba bikorwa kw’isi. Nk’akarorero, buzokuraho Shetani n’amadayimoni yiwe. (Ivyahishuwe 20:1-3) Amaherezo, indwara n’urupfu bizovaho. Kubera incungu, abantu b’abizigirwa bose bazoshobora kuba mw’iparadizo ibihe bidahera. (Ivyahishuwe 22:1-3) Ubwami buzokweza izina ry’Imana. Ivyo bisobanura iki? Bisobanura yuko abantu bose bazoninahaza izina rya Yehova igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza kw’isi.—Raba akajambo ko ku mpera ka 21.

YEZU YABAYE UMWAMI RYARI?

22. Tuzi gute ko Yezu atimitswe akiri kw’isi canke akija mw’ijuru?

22 Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga bati: “Ubwami bwawe nibuze.” Uca wumva rero ko Ubwami bw’Imana bwoje muri kazoza. Yehova yobanje gushinga intwaro yiwe no kwimika Yezu ngo abe Umwami. None Yezu yoba yimitswe agisubira mw’ijuru? Oya, yobanje kurindira. Haciye igihe gitoyi Yezu azutse, Petero na Paulo baratomoye ico kintu igihe bavuga ko amajambo ari muri Zaburi 110:1 yarangukiye kuri Yezu. Muri ubwo buhanuzi, Yehova avuga ati: “Icara iburyo bwanje, gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe.” (Ivyakozwe 2:32-35; Abaheburayo 10:12, 13) None Yezu yorindiriye igihe kingana iki?

Ubwami bw’Imana buzotuma ivyo igomba bikorwa kw’isi

23. (a) Yezu yatanguye kuganza ryari? (b) Ni ibiki tuzobona mu kigabane gikurikira?

23 Imbere y’uko umwaka wa 1914 ugera, hari abakirisu b’inziraburyarya bari bamaze imyaka myinshi batahura ko uwo mwaka wobaye uwudasanzwe mu buhanuzi bwo muri Bibiliya. Ivyabaye kw’isi kuva mu 1914 vyarerekanye ko batari bihenze. Muri uwo mwaka ni ho Yezu yatangura kuganza. (Zaburi 110:2) Inyuma y’aho gatoyi, Shetani yarakororewe kw’isi, ubu akaba asigaranye “igihe gito.” (Ivyahishuwe 12:12) Mu kigabane gikurikira, tuzobona ibindi bimenyamenya vyerekana ko ubu turi muri ico gihe gito. Tuzobona kandi ko vuba Ubwami buzotuma ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi.—Raba akajambo ko ku mpera ka 22.