Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Utujambo two ku mpera

Utujambo two ku mpera

 1 INGINGO NGENDERWAKO

Amategeko y’Imana ashingiye ku ngingo ngenderwako zayo. Izo ngingo ngenderwako ni ukuri kw’ishimikiro dusanga muri Bibiliya. Ziradufasha gutahura ukuntu Imana yiyumvira n’ukuntu ibona ibintu. Ziradufasha gufata ingingo nziza mu buzima no gukora ibigororotse. Ziradufasha canecane mu bintu usanga ata mategeko adomako ahari.

Ikigabane ca 1, ingingo ya 8

 2 KUGAMBURUKA

Kugamburukira Yehova bisobanura kwemera n’umutima ukunze gukora ivyo adusaba. Yehova ashaka ko tumugamburukira kubera tumukunda. (1 Yohani 5:3) Igihe dukunda Imana kandi tukayizigira, turakurikiza impanuro iduha muri vyose. Turayigamburukira naho vyoba bitoroshe. Birabereye ko tugamburukira Yehova kubera ko atwigisha ukuntu twobaho neza muri iki gihe, kandi akadusezeranira ko azoduha imihezagiro myinshi muri kazoza.​—Yesaya 48:17.

Ikigabane ca 1, ingingo ya 10

 3 UBURENGANZIRA BWO KWIHITIRAMWO

Twese Yehova yaraduhaye uburenganzira bwo kwihitiramwo. Ntiyaturemye nk’ibimashini. (Gusubira mu vyagezwe 30:19; Yosuwa 24:15) Dukwiye gukoresha ubwo burenganzira mu gufata ingingo zibereye. Ariko tutabaye maso, twoshobora gufata ingingo zitabereye. Kubera ko dufise ubwo burenganzira, ni twe twihitiramwo kuba intahemuka kuri Yehova, gutyo tukaba twerekanye ko tumukunda vy’ukuri.

Ikigabane ca 1, ingingo ya 12

 4 INGINGO ZIGENGA INYIFATO RUNTU

Yehova ni we adushingira ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu. Bibiliya iratwereka izo ngingo ngenderwako izo ari zo be n’ukuntu zishobora kudufasha kugira ubuzima bwiza. (Imigani 6:16-19; 1 Abakorinto 6:9-11) Izo ngingo ngenderwako ziradufasha kumenya ivyo Imana ibona ko ari vyiza be n’ivyo ibona ko ari bibi. Ziratwereka ukuntu twogaragariza abandi urukundo be n’ukuntu twogira amahitamwo meza. Naho ingingo ino si yisunga zitera zitituka, ingingo ngenderwako za Yehova zozo ntizihinduka. (Gusubira mu vyagezwe 32:4-6; Malaki 3:6) Kuzikurikiza biradukingira ingorane nyinshi ku mubiri no ku mutima.

Ikigabane ca 1, ingingo ya 17

 5 IJWI RYO MU MUTIMA

Ijwi ryo mu mutima ni ubushobozi dufise budufasha kumenya iciza n’ikibi. Twese Yehova yaraduhaye ijwi ryo mu mutima. (Abaroma 2:14, 15) Kugira ijwi ryo mu mutima rikore neza, dutegerezwa kurimenyereza twisunze ingingo ngenderwako za Yehova. Aho ni ho rica ridufasha gufata ingingo zihimbara Imana. (1 Petero 3:16) Rirashobora kutuburira igihe tugira dufate ingingo mbi canke rigatuma twiyagiriza igihe twakoze ikintu kibi. Ijwi ryo mutima rirashobora kugoyagoya ariko tubifashijwemwo na Yehova turashobora kurisubiza ku murongo. Ijwi ryo mu mutima ryiza riratuma twumva ko dutekanye be n’uko twiyubashe.

Ikigabane ca 2, ingingo ya 3

 6 GUTINYA IMANA

Gutinya Imana bisigura kuyikunda kandi tukayubaha cane ku buryo tutipfuza gukora ikintu coyibabaza. Gutinya Imana bituma dukora iciza tukirinda ikibi. (Zaburi 111:10) Bituma twitwararika ibintu vyose Yehova atubwira. Biratuma kandi dushitsa ivyo twamusezeraniye kubera ko tumwubaha cane. Gutinya Imana bigaragarira mu vyo twiyumvira, mu kuntu dufata abandi be no mu mahitamwo tugira mu buzima bwa misi yose.

Ikigabane ca 2, ingingo ya 9

 7 KWIGAYA

Ukwigaya ni ukwumva ubabaye cane kubera wakoze ikintu kibi. Abakunda Yehova baricuza cane iyo babonye ko bakoze ikintu kirenga ku ngingo ngenderwako ziwe. Iyo dukoze ikintu kibi, turakwiye gutakambira Yehova ngo atubabarire yishimikije incungu ya Yezu. (Matayo 26:28; 1 Yohani 2:1, 2) Igihe twigaye bivuye ku mutima kandi ntidusubire gukora iryo kosa, turashobora guhera amazinda ko Yehova yatubabariye. Ntidukwiye gusubira kwiyagiriza kubera ikosa tuba twakoze. (Zaburi 103:10-14; 1 Yohani 1:9; 3:19-22) Turakwiye gukura icigwa ku makosa yacu, tukikuramwo ivyiyumviro bibi twoba dufise maze tukabaho twisunga ingingo ngenderwako za Yehova.

Ikigabane ca 2, ingingo ya 18

 8 GUCIBWA

Igihe umuntu akoze igicumuro gikomeye ntiyigaye kandi akanka gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova, aracibwa akava mw’ishengero. Iyo umuntu yaciwe, nta migenderanire dusubira kugiranira na we kandi ntitwongera kumuvugisha. (1 Abakorinto 5:11; 2 Yohani 9-11) Iyo ntunganyo iratuma izina rya Yehova ridasigwa iceyi kandi igakingira ishengero. (1 Abakorinto 5:6) Gucibwa biratuma kandi umucumuzi yigaya maze akagaruka kuri Yehova.​—Luka 15:17.

Ikigabane ca 3, ingingo ya 19

 9 UBUYOBOZI N’IMPANURO

Yehova aradukunda kandi yipfuza kudufasha. Ni co gituma aturonsa ubuyobozi n’impanuro biciye kuri Bibiliya no ku bantu bamukunda. Kubera ko tudatunganye, turakeneye cane ko adufasha. (Yeremiya 17:9) Igihe twumvira abo Yehova akoresha mu kutuyobora, tuba twerekanye ko tumwubaha be n’uko twipfuza kumugamburukira.​—Abaheburayo 13:7.

Ikigabane ca 4, ingingo ya 2

 10 UBWISHIME N’UKWICISHA BUGUFI

Kubera ko tudatunganye, usanga dufise impengamiro yo kwikunda no kwishima. Ariko Yehova ashaka ko twicisha bugufi. Igihe twigereranije na Yehova maze tukabona ukuntu turi ubusa, biratuma twicisha bugufi. (Yobu 38:1-4) Ikindi kintu codufasha kwicisha bugufi ni ukwiyumvira abandi hamwe n’icobahimbara aho kwiyumvira ivyacu gusa. Ubwishime akenshi butuma umuntu yiyumvira ko aruta abandi. Umuntu yicisha bugufi ntiyibona uko atari kandi aramenya aho akomeye n’aho agoyagoya. Ntatinya kwemera amakosa yiwe no gusaba imbabazi kandi aremera impanuro. Umuntu yicisha bugufi ariheka kuri Yehova, agakurikiza n’ubuyobozi atanga.​—1 Petero 5:5.

Ikigabane ca 4, ingingo ya 4

 11 UBUKURU

Ubukuru ni uburenganzira bwo gushinga amategeko no gufata ingingo. Yehova ni we afise ubukuru kaminuza kw’isi no mw’ijuru. Ni we Kizigenza kw’isi no mw’ijuru kubera ko ari we yaremye vyose. Yama akoresha ubukuru bwiwe ku neza y’abandi. Yehova yarahaye ubukuru abantu bamwebamwe kugira batwitwararike. Nk’akarorero, abavyeyi, abakurambere n’abajejwe intwaro barafise ubukuru kanaka kandi Yehova ashaka ko dusenyera ku mugozi umwe na bo. (Abaroma 13:1-5; 1 Timoteyo 5:17) Ariko igihe amategeko y’abantu ahushanye n’amategeko y’Imana, tugamburukira Imana aho kugamburukira abantu. (Ivyakozwe 5:29) Igihe tugamburukiye abo Yehova akoresha, tuba tumweretse ko twubaha ingingo afata.

Ikigabane ca 4, ingingo ya 7

 12 ABAKURAMBERE

Abakurambere ni abavukanyi bazi utuntu n’utundi Yehova akoresha kugira bitwararike ishengero. (Gusubira mu vyagezwe 1:13; Ivyakozwe 20:28) Abo bavukanyi baradufasha kuguma dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova no kumusenga mu mahoro no ku rutonde. (1 Abakorinto 14:33, 40) Kugira abakurambere bagenwe n’impwemu nyeranda, babwirizwa gukwiza ibisabwa biri muri Bibiliya. (1 Timoteyo 3:1-7; Tito 1:5-9; 1 Petero 5:2, 3) Kubera ko twizigira ishirahamwe ry’Imana kandi tukarishigikira, turahimbarwa no gusenyera ku mugozi umwe n’abakurambere.​—Zaburi 138:6; Abaheburayo 13:17.

Ikigabane ca 4, ingingo ya 8

 13 UMUTWE W’URUGO

Yehova yarajeje abavyeyi ibanga ryo kwitwararika abana babo n’urugo rwose. Ariko Bibiliya iratomora ko umugabo ari we mutwe w’urugo. Igihe ata mugabo ahari, umugore ni we aca aba umutwe w’urugo. Mu vyo serugo ajejwe harimwo kuronsa umuryango ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro. Birahambaye cane ko serugo afasha abagize umuryango mu bijanye no gusenga Yehova. Nk’akarorero, aritwararika ko bama bitaba amakoraniro, bakagira uruhara mu ndimiro kandi bakigira Bibiliya hamwe. Serugo kandi ni we afata ingingo ya nyuma mu rugo. Yama agerageza kwigana Yezu mu kugaragaza umutima mwiza no mu kugira ibitegereka, ntatwaze igikenye. Ivyo bituma mu muryango harangwa urukundo, ku buryo abawugize bose bumva batekanye, n’ubucuti bafitaniye na Yehova bugakomera.

Ikigabane ca 4, ingingo ya 12

 14 INAMA NYOBOZI

Inama Nyobozi ni umugwi w’abagabo bafise icizigiro co kuja mw’ijuru Imana ikoresha mu kuyobora igikorwa c’abasavyi bayo. Mu kinjana ca mbere, Yehova yarakoresheje inama nyobozi mu kuyobora ishengero rya gikirisu mu bijanye no gusenga be no kwamamaza. (Ivyakozwe 15:2) No muri iki gihe, abavukanyi bagize Inama Nyobozi ni bo baja imbere mu kuyobora no mu gukingira abasavyi b’Imana. Mu gufata ingingo, abo bavukanyi bisunga ubuyobozi bwo mw’Ijambo ry’Imana n’ubw’impwemu nyeranda. Uwo mugwi w’abagabo barobanuwe Yezu yawise “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.”​—Matayo 24:45-47.

Ikigabane ca 4, ingingo ya 15

 15 KWITWIKIRA

Mw’ishengero, hari igihe umukenyezi asabwa gukora igikorwa categerezwa gukorwa n’umuntu w’umugabo. Igihe ariko arakora ico gikorwa, arerekana ko yubaha intunganyo Yehova yashizeho mu kwitwikira. Ariko rero, asabwa kwitwikira mu bihe bimwebimwe gusa. Nk’akarorero, aritwikira igihe ayobora inyigisho ya Bibiliya ari kumwe n’umugabo wiwe canke umuvukanyi yabatijwe.​—1 Abakorinto 11:11-15.

Ikigabane ca 4, ingingo ya 17

 16 KUTAGIRA AHO DUHENGAMIYE

Umuntu ata ho ahengamiye ntaja muri politike. (Yohani 17:16) Abasavyi ba Yehova bashigikira Ubwami bwiwe. Cokimwe na Yezu, turirinda kugira aho duhengamiye mu bibazo vy’ino si.

Yehova adusaba “kugamburukira intwaro n’abakuru.” (Tito 3:1, 2; Abaroma 13:1-7) Ariko itegeko ry’Imana rivuga kandi ko tudakwiye kwica. Ku bw’ivyo, ijwi ryo mu mutima ntiritwemerera kuja mu ntambara. Nimba mu gihugu turimwo hategekanywa ibikorwa bisubirira ivya gisirikare, umukirisu ni we yihitiramwo kubikora canke kutabikora yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima.

Dusenga Yehova wenyene kubera ko ari we yaturemye. Turubaha ibimenyetso biranga igihugu, ariko ntituramutsa idarapo canke ngo turirimbe ururirimbo ruhayagiza igihugu. (Yesaya 43:11; Daniyeli 3:1-30; 1 Abakorinto 10:14) Vyongeye, umusavyi wa Yehova wese arifatira ingingo yo kudaha ijwi umugambwe n’umwe canke umuntu n’umwe mu bitoza. Ivyo tubitumwa n’uko twahisemwo gushigikira intwaro y’Imana.​—Matayo 22:21; Yohani 15:19; 18:36.

Ikigabane ca 5, ingingo ya 2

 17 IMPWEMU Y’ISI

Iyi si ihayagiza ivyiyumviro vya Shetani. Ivyo vyiyumviro biriraye mu bantu badakunda Yehova canke ngo bamwigane, kandi birengagiza ingingo ngenderwako ziwe. (1 Yohani 5:19) Ivyo vyiyumviro be n’ibikorwa abantu bakora basunitswe na vyo, ni vyo Bibiliya yita impwemu y’isi. (Abanyefeso 2:2) Twebwe abasavyi ba Yehova turirinda kwanduzwa n’iyo mpwemu. (Abanyefeso 6:10-18) Ahubwo turakunda inzira ziwe kandi tukihatira kwisunga ivyiyumviro vyiwe.

Ikigabane ca 5, ingingo ya 7

 18 UBUHUNI

Ubuhuni ni ukurwanya ukuri kwo muri Bibiliya. Abahuni baragarariza Yehova na Yezu umwami w’Ubwami bw’Imana, bakongera bakagerageza gukwegakwega abandi ngo babakurikire. (Abaroma 1:25) Bipfuza kubiba inkeka mu mitima y’abasavyi ba Yehova. Mw’ishengero ryo mu ntango, abantu bamwebamwe barabaye abahuni, kandi n’ubu birashika. (2 Abatesalonika 2:3) Abasavyi ba Yehova b’intahemuka ntibifatanya n’abahuni. Urusaku canke akosho k’abandi ntibikwiye kwigera bituma dusoma canke twumviriza ivyiyumviro vy’abahuni. Ntiturota duhemukira Yehova, kandi ni we wenyene dusenga.

Ikigabane ca 5, ingingo ya 9

 19 IMPONGANO

Mu gihe ca rya Tegeko rya Musa, Abisirayeli barasaba Yehova ngo abaharire ibicumuro vyabo. Barazana ku rusengero ibimazi vy’impongano bigizwe n’intete, amavuta n’ibitungwa. Ivyo vyarabibutsa yuko Yehova yipfuza kubaharira ibicumuro vyabo, vyaba ivy’ihanga ryose canke ivy’umuntu ku giti ciwe. Mu nyuma, igihe Yezu yatanga ubuzima bwiwe ku bw’ibicumuro vyacu, ivyo bimazi ntivyari bigikenewe. Yezu yatanze ikimazi kitagira akanenge “rimwe rizima.”​—Abaheburayo 10:1, 4, 10.

Ikigabane ca 7, ingingo ya 6

 20 KWUBAHA UBUZIMA BW’IBIKOKO

Mu gihe ca rya Tegeko rya Musa, abantu baremererwa kurya ibikoko. Basabwa kandi gutanga ibimazi vy’ibitungwa. (Abalewi 1:5, 6) Ariko rero, Yehova ntiyigeze yemerera abasavyi biwe gufata nabi ibikoko. (Imigani 12:10) Nkako, iryo Tegeko ryarimwo amabwirizwa yakingira ibikoko. Abisirayeli basabwa kwitwararika ibitungwa vyabo.​—Gusubira mu vyagezwe 22:6, 7.

Ikigabane ca 7, ingingo ya 6

 21 UDUHIMBA TW’AMARASO N’UBURYO BWO KUVURA

Uduhimba dutoduto tw’amaraso: Amaraso agizwe n’ibihimba nyamukuru bine: utugingo ngengabuzima dutukura, utugingo ngengabuzima twera, ivyitwa plaquettes n’ivyitwa plasma. Ivyo bihimba nyamukuru bine birashobora gukurwamwo utundi duhimba dutoduto. *

Abakirisu ntibemera guterwa amaraso uko yakabaye canke kimwe muri ivyo bihimba nyamukuru bine. Ariko none boba bakwiye kwemera guterwa utwo duhimba dutoduto? Bibiliya ntitanga inyishu idomako. Ku bw’ivyo, umukirisu wese arakwiye kwifatira ingingo yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya.

Hari abakirisu bahitamwo kwanka utwo duhimba dutoduto twose. Babona ko amaraso amaze kuva mu kinyabuzima ategerezwa guca ‘aseswa’ hasi, nk’uko itegeko Imana yahaye Abisirayeli ryavuga.​—Gusubira mu vyagezwe 12:22-24.

Abandi na bo boshobora kutwemera. Ijwi ryabo ryo mu mutima rirabemerera gukoresha uduhimba tumwetumwe. Bashobora kuba babona ko utwo duhimba dutoduto tutaba tukigereranya ubuzima bw’ikiremwa ayo maraso yakuwemwo.

Igihe ufata ingingo yo kwemera canke kutemera guterwa uduhimba dutoduto, nurimbure ibibazo bikurikira:

  • Noba ntahura ko nanse utwo duhimba twose bisobanura ko ntazokwemera imiti imwimwe ifasha kurwanya indwara zinaka canke yoshobora gufasha amaraso kuvura?

  • Noba noshobora gusigurira umuganga igituma nemera canke ntemera kuvurwa hakoreshejwe uduhimba tumwetumwe?

Uburyo bwo kuvura. Twebwe abakirisu ntidutanga amaraso canke ngo tubikishe amaraso yacu imbere y’uko batubaga. Ariko rero, hariho ubundi buhinga busaba gukoresha amaraso y’umurwayi. Umukirisu wese ategerezwa kwifatira ingingo y’ukuntu amaraso yiwe yokoreshwa igihe ariko arabagwa, igihe agirisha ibipimo canke igihe yivuza mu bundi buryo buba bugezweho. Muri ivyo bihe, harashobora guca akanya umurwayi bamukuyemwo amaraso bakayamusubizamwo mu nyuma.​—Ushaka ayandi makuru, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2000, urupapuro rwa 30-31.

Nk’akarorero, hariho ubuhinga busaba ko umurwayi bamukuramwo amaraso makeyi bagira batangure kumubaga, bagaca bamutera ibintu vy’amazimazi bisubirira ayo maraso. Mu nyuma, ayo maraso barayamusubizamwo bakiriko baramubaga canke bagiheza kumubaga.

Ubundi buhinga ni ubwo kwakira amaraso aseseka bariko barabaga umurwayi, bakayasukura hama bakayamusubizamwo bakiriko baramubaga canke bagiheza kumubaga.

Abaganga ntibakoresha ubwo buhinga kumwe. Ku bw’ivyo, imbere y’uko umukirisu yemera ubuhinga ubwo ari bwo bwose bwo kubagwa, bwo kugira ibipimo canke bwo kuvurwa mu bundi buryo bugezweho, akwiye kubanza kumenya neza ukuntu amaraso yiwe azokoreshwa.

Igihe ufata ingingo ku bijanye n’uburyo bwo kwivuza busaba gukoresha amaraso yawe, ukwiye kurimbura ibibazo bikurikira:

  • Nimba bankuyemwo amaraso bakayakebereza ahandi kandi akamara umwanya atariko aratembera, ijwi ryo mu mutima ryoba rizonyemerera kubona ko akiri mu bingize, bikaba bidakenewe ko ‘aseswa hasi’?​—Gusubira mu vyagezwe 12:23, 24.

  • Ijwi ryanje ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ryoba ryombuza amahoro hamwe bonkuramwo amaraso mu gihe c’ukuvurwa, bakayahingura maze bakayansubizamwo?

  • Noba ntahura yuko kwanka ubuhinga bwose bwo kumvura hakoreshejwe amaraso yanje bisobanura ko ntemera kwipimisha amaraso, gukoresha imashini isubirira amafyigo canke iyisubirira umutima n’amahaha?

Imbere yo gufata ingingo zijanye no gukoresha uduhimba dutoduto tw’amaraso canke ubuhinga bwo kuvura busaba gukoresha amaraso yacu, turakwiye gusaba Yehova ubuyobozi mw’isengesho tugaca tugira ubushakashatsi. (Yakobo 1:5, 6) Dukwiye guca dufata ingingo twisunze ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Ntidukwiye kubaza abandi ico bari gukora, kandi na bo nyene ntibakwiye kugerageza kudufatira ingingo.​—Abaroma 14:12; Abagalatiya 6:5.

Ikigabane ca 7, ingingo ya 11

 22 KUDAHUMANA MU NYIFATO RUNTU

Kudahumana mu nyifato runtu bisobanura ko ingeso zacu n’ibikorwa vyacu biba bityoroye imbere y’Imana. Aho harajamwo ivyo twiyumvira, ivyo tuvuga n’ivyo dukora. Yehova adusaba kwirinda ubwoko bwose bw’ubusambanyi. (Imigani 1:10; 3:1) Turakwiye kwiyemeza gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova zityoroye n’imbere y’uko dushikirwa n’inyosha mbi. Turakwiye kwama dusaba Imana ngo idufashe kugumana umuzirikanyi utyoroye, kandi dutegerezwa kwamirira kure ivyotuma tuja mu busambanyi.​—1 Abakorinto 6:9, 10, 18; Abanyefeso 5:5.

Ikigabane ca 8, ingingo ya 11

 23 UBUSHIRASONI N’UBUHUMANE

Ubushirasoni ni ukuvuga canke gukora ibintu bihonyanga bimwe vyeruye ingingo ngenderwako z’Imana kandi vyerekana ko umuntu ata co yibanga. Umuntu nk’uwo aba yerekanye ko atubaha amategeko y’Imana. Umuntu akora ibintu vy’ubushirasoni aricarirwa na komite ncarubanza. Ubuhumane burimwo ivyaha bitandukanye. Bivanye n’uburemere bw’ivyakozwe, ibintu bimwebimwe bijanye n’ubuhumane birashobora kwicarirwa na komite ncarubanza.​—Abagalatiya 5:19-21; Abanyefeso 4:19; ushaka ayandi makuru, raba “Ibibazo vy’abasomyi,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2006.

Ikigabane ca 9, ingingo ya 7; Ikigabane ca 12, ingingo ya 10

 24 KWIMARA INAMBU Y’UMUBIRI UMUNTU ARI WENYENE

Yehova yatunganije ko ivyo guhuza ibitsina biba hagati y’umugabo n’umugore nk’ikimenyetso giteye iteka c’urukundo bafitaniye. Ariko igihe umuntu yimara inambu y’umubiri ari wenyene mu gukuyakuya ibihimba vyiwe vy’irondoka, aba ariko abikoresha mu buryo buhumanye. Iyo ngeso irashobora kwonona ubucuti afitaniye na Yehova. Irashobora gutuma agira ivyipfuzo vyononekaye kandi akabona ibijanye n’igitsina mu buryo bugoramye. (Abakolosayi 3:5) Umuntu ariko ararwana urugamba ngo ahebe iyo ngeso ntakwiye gutana n’akabando. (Zaburi 86:5; 1 Yohani 3:20) Nimba ufise iyo ngorane, nutakambire Yehova umusabe agufashe. Niwirinde ibintu vyotuma ugira ivyiyumviro bihumanye, nko kuraba amasanamu y’ibiterasoni. Nubiyagire umuvyeyi wawe mukirisu canke umugenzi ahumuye yubaha amategeko ya Yehova. (Imigani 1:8, 9; 1 Abatesalonika 5:14; Tito 2:3-5) Numenye ko Yehova abona kandi agaha agaciro utwigoro ugira kugira ugume udahumanye mu vy’inyifato runtu.​—Zaburi 51:17; Yesaya 1:18.

Ikigabane ca 9, ingingo ya 9

 25 GUHARIKA

Guharika ni ukugira abagore benshi. Yehova yatunganije ko umubano w’ababiranye uba hagati y’umugabo umwe n’umugore umwe. Muri Isirayeli ya kera, Imana yaremerera abagabo kugira abagore benshi, ariko si ko yari yarabitegekanije mu ntango. Muri iki gihe Yehova ntiyemerera abasavyi biwe guharika. Umugabo akwiye kugira umugore umwe, umugore na we akagira umugabo umwe.​—Matayo 19:9; 1 Timoteyo 3:2.

Ikigabane ca 10, ingingo ya 12

 26 KWAHUKANA NO GUTANDUKANA

Yehova yashinze ko umugabo n’umugore babana akaramata, bagatandukanywa n’urupfu gusa. (Itanguriro 2:24; Malaki 2:15, 16; Matayo 19:3-6; 1 Abakorinto 7:39) Yemera ko abubatse bahukana igihe gusa umwe muri bo yarenze ibigo. Muri ico gihe, Yehova araha uwahemukiwe uburenganzira bwo kwihitiramwo kugumana n’uwo bubakanye canke kwahukana na we.​—Matayo 19:9.

Mu bihe bimwebimwe, hari abakirisu bafashe ingingo yo gutandukana n’abo bubakanye naho ata busambanyi bwari bwabaye. (1 Abakorinto 7:11) Umukirisu yoshobora guhitamwo gutandukana n’uwo bubakanye mu bihe nk’ibi:

  • Igihe umugabo yanka kuronsa abagize umuryango ivya nkenerwa, ku buryo bahakwa kwicwa n’inzara.​—1 Timoteyo 5:8.

  • Igihe amusinzikariza ubuzima gushika n’aho abona ko amagara yiwe canke ubuzima bwiwe bigeramiwe.​—Abagalatiya 5:19-21.

  • Igihe abangamira bimwe bikomeye ubucuti afitaniye na Yehova, mu kugira ibishoboka vyose ngo amubuze gusenga.​—Ivyakozwe 5:29.

Ikigabane ca 11, ingingo ya 19

 27 GUKEZA ABANDI NO KUBAREMESHA

Twese turakenera gukezwa no kuremeshwa. (Imigani 12:25; 16:24) Turashobora gukomeza abandi no kubahumuriza mu kubabwira amajambo aranga urukundo n’ubuntu. Mwene ayo majambo arashobora gufasha abo dusangiye ukwemera kwihangana no kuguma bakorera Yehova naho boba bari mu ngorane zikomeye. (Imigani 12:18; Abafilipi 2:1-4) Nimba hari uwacitse intege, turakwiye kumutega ugutwi twihanganye kandi tukagerageza gutahura ukuntu yiyumva. Ivyo vyodufasha kumenya ivyo twovuga canke ivyo twokora kugira tumufashe. (Yakobo 1:19) Niwishingire umugambi wo kumenya neza abavukanyi bawe ku buryo utahura vy’ukuri ivyo bakeneye. Gutyo, urashobora kubafasha kwitura Yehova, we Sôko ry’indemesho n’uruhoza rwose, kugira abaruhurire.​—2 Abakorinto 1:3, 4; 1 Abatesalonika 5:11.

Ikigabane ca 12, ingingo ya 16

 28 UBUGENI

Bibiliya ntitanga amategeko adomako yerekeye imanza z’ubugeni. Ibisabwa n’amategeko be n’imigenzo usanga bitandukanye bivanye n’akarere. (Itanguriro 24:67; Matayo 1:24; 25:10; Luka 14:8) Ikintu nyamukuru kiranga ubugeni ni indagano abagiye kurushinga bagira imbere ya Yehova. Abenshi bashima kuba bari kumwe n’incuti n’abagenzi bashika igihe bagira izo ndagano hakaba hari n’umukurambere ashikiriza insiguro y’ubugeni. Abarushinze ni bo bifatira ingingo yo kugira agatutu canke kutakagira, bagahitamwo n’ukuntu ako gatutu koba kameze. (Luka 14:28; Yohani 2:1-11) Uko urwo rubanza rwoba rutunganijwe kwose, abagiye kurushinga bakwiye kwitwararika ko rutera iteka Yehova. (Itanguriro 2:18-24; Matayo 19:5, 6) Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirashobora kubafasha gufata ingingo zibereye. (1 Yohani 2:16, 17) Hamwe bohitamwo gutanga inzoga mu gatutu, bakwiye kwitwararika ko hataba ukurenza urugero. (Imigani 20:1; Abanyefeso 5:18) Bahisemwo ko habamwo umuziki canke ibindi birori, barakwiye kwiyemeza ko ivyo bintu vyose biba ibiteye iteka Yehova. Abo barushinze bakwiye gushira imbere ubucuti bafitaniye n’Imana be n’ubwo bafitaniye hagati yabo, aho kurazwa ishinga gusa n’uwo musi w’ubugeni.​—Imigani 18:22; wipfuza ibindi vyiyumviro, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2006, urupapuro rwa 18-31.

Ikigabane ca 13, ingingo ya 18

 29 GUFATA INGINGO NZIZA

Twipfuza gufata ingingo nziza zishingiye kw’Ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, umukirisu yoshobora gusabwa n’uwo bubakanye atari Icabona ngo baje gusangira ibifungurwa n’incuti ku musi mukuru wo mw’isi. Hamwe yoba ari wewe, wokora iki? Nimba ijwi ryawe ryo mu mutima rikwemereye kugenda, woshobora gusigurira uwo mwubakanye ko mu gihe hojamwo imigenzo idashingiye ku Vyanditswe, utoyigiramwo uruhara. Urakwiye kandi kuraba ko uramutse ugiye bitazotsitaza abandi.​—1 Abakorinto 8:9; 10:23, 24.

Canke umukoresha wawe arashobora kuguha agashirukabute ku musi mukuru. Woba ukwiye kukanka? Si ngombwa! Ingingo ufata ahanini ivana n’ukuntu umukoresha wawe abona ako gashirukabute. Yoba akaguhaye kugira uhimbaze uwo musi mukuru? Canke akaguhaye kugira agushimire? Kuzirikana kuri ivyo bibazo hamwe n’ibindi, vyogufasha kumenya ko wokakira canke utokakira.

Vyoshika kandi umuntu akaguha ikado ku musi mukuru, maze akakubwira ati: “Ndazi ko udahimbaza uwu musi mukuru, ariko nashaka kuguha aka kantu.” Ashobora kuba abitumwe gusa n’umutima mwiza. Canke na ho ashobora kuba agomba kugerageza ukwizera kwawe canke gutuma uhimbaza uwo musi mukuru. Umaze kuzirikana kuri ivyo bintu, ni wewe uheza ugafata ingingo yo kwakira iyo kado canke kutayakira. Mu ngingo zose dufata, twipfuza kugira ijwi ryo mu mutima ryiza no kuba intahemuka kuri Yehova.​—Ivyakozwe 23:1.

Ikigabane ca 13, ingingo ya 22

 30 URUDANDAZA NO KWITURA SENTARE

Akenshi ingorane ntizirirwa zirakomera igihe zitorewe umuti hakiri kare kandi mu mahoro. (Matayo 5:23-26) Igihe abakirisu batunganya ingorane, ikintu ca mbere bitwararika ni ukuninahaza Yehova no gutuma ishengero riguma ryunze ubumwe.​—Yohani 13:34, 35; 1 Abakorinto 13:4, 5.

Igihe abakirisu bafitaniye ingorane ijanye n’urudandaza, bakwiye kugerageza kuyitorera umuti batiriwe baraja muri sentare. Mu 1 Abakorinto 6:1-8 harerekana impanuro Paulo yatanze ijanye no kwitwarira uwo dusangiye ukwemera. Kwitwarira umuvukanyi birashobora gusiga iceyi Yehova n’ishengero. Muri Matayo 18:15-17 harerekana intambwe zitatu abakirisu bakwiye gukurikiza igihe batorera umuti ingorane zikomeye nko kwambika ibara uwundi canke kumuzuruma. (1) Bakwiye kubanza kugerageza gutorera umuti iyo ngorane hagati yabo. (2) Ata kivuyemwo, boshobora gusaba umukirisu umwe wo mw’ishengero ahumuye canke babiri kugira babafashe. (3) Bibaye ngombwa na ho, boshobora gutura ico kibazo inama y’abakurambere kugira ibafashe. Abakurambere barisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kugira bafashe abegwa n’ico kibazo bose kugitorera umuti mu mahoro. Mu gihe hari abadashaka gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya, vyoshobora gukenerwa ko ico kibazo cicarirwa na komite ncarubanza.

Hariho ibintu amategeko asaba ko bimenyeshwa ubutungane. Aho twovuga nk’ibijanye no kwahukana, kumenya umuvyeyi yogumana abana igihe habaye ukwahukana, kuronswa n’uwo mwahukanye uburyo bwo kwibeshaho, kuronswa indishi ya asiransi, kwemeza ko habaye uruhombo rw’akagirire canke kuronswa ivyete vy’ibisigi. Mu bihe nk’ivyo, umukirisu aramutse yituye ubutungane kugira atunganirizwe mu mahoro, ntaba arenze ku mpanuro ya Paulo.

Igihe hakozwe icaha gikomeye nk’ugufata ku nguvu, kwonona abana, gukomeretsa umuntu bikomeye, ubusuma bukabije canke ubwicanyi, maze umukirisu akabimenyesha abategetsi, ntaba arenze ku mpanuro ya Paulo.

Ikigabane ca 14, ingingo ya 14

 31 IBINYOMA VYA SHETANI

Kuva muri rya tongo rya Edeni, Shetani yamye agerageza guhenda abantu. (Itanguriro 3:1-6; Ivyahishuwe 12:9) Arazi ko aramutse ashoboye kwonona ivyiyumviro vyacu, bica bimworohera kutwosha gukora ikibi. (2 Abakorinto 4:4; Yakobo 1:14, 15) Arakoresha politike, idini, ubudandaji, ukwinezereza, amashure n’ibindi vyinshi kugira akwiragize ivyiyumviro vyiwe, agatuma bisa n’ivyemewe.​—Yohani 14:30; 1 Yohani 5:19.

Shetani arazi ko asigaranye igihe gito. Ku bw’ivyo, arakora yivuye inyuma kugira azimize abantu benshi bashoboka. Arondera canecane abasavyi ba Yehova. (Ivyahishuwe 12:12) Tutabaye maso, Shetani arashobora kugenda aronona ivyiyumviro vyacu buhorobuhoro. (1 Abakorinto 10:12) Nk’akarorero, Yehova ashaka ko abubakanye babana akaramata. (Matayo 19:5, 6, 9) Ariko muri iki gihe abantu benshi babona umubano nk’ikintu gisanzwe bashobora gusambura umwanya uwo ari wo wose. Ivyo ni vyo amasinema menshi n’ibiganiro vyo kuri televiziyo biremesha. Turakwiye kwiyubara ngo ivyo vyiyumviro vy’isi ntibitwandukire.

Ubundi buryo Shetani akoresha mu kutuzimiza ni ukudushiramwo agatima ko kwigenga. (2 Timoteyo 3:4) Tutabaye maso, turashobora gusanga tutacubaha abo Yehova yahaye ubukuru. Nk’akarorero, umuvukanyi arashobora gutangura kugarariza ubuyobozi ahabwa n’abakurambere. (Abaheburayo 12:5) Canke umudada arashobora gutangura kunegura ukuntu Yehova yatunganije ubukuru mu muryango.​—1 Abakorinto 11:3.

Ntidukwiye kureka ngo ivyiyumviro vya Shetani bitwandukire. Ahubwo dukwiye kwigana ivyiyumviro vya Yehova, maze tukagumiza “imizirikanyi ya[cu] ku bintu vyo hejuru.”​—Abakolosayi 3:2; 2 Abakorinto 2:11.

Ikigabane ca 16, ingingo ya 9

 32 KWIVUZA

Twese turipfuza kugira amagara meza no kwivuza neza igihe turwaye. (Yesaya 38:21; Mariko 5:25, 26; Luka 10:34) Muri iki gihe usanga hari ubuhinga bwinshi bwo kuvura hamwe n’imiti myinshi itangwa n’abaganga be n’abandi bantu. Igihe duhitamwo uburyo bwo kwivuza, birahambaye ko twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Turakwiye kugumiza ku muzirikanyi ko Ubwami bw’Imana bwonyene ari bwo buzodukurako indwara zose. Ntidukwiye kurazwa ishinga cane n’amagara yacu ku buryo dufata minenerwe ibikorwa bijanye n’ugusenga Yehova.​—Yesaya 33:24; 1 Timoteyo 4:16.

Turakwiye kwirinda uburyo bwo kwivuza busa n’uburimwo ibintu vy’amadayimoni. (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12; Yesaya 1:13) Ku bw’ivyo, imbere yo kwemera uburyo ubwo ari bwo bwose bwo kuvurwa canke umuti uwo ari wo wose, turakwiye kurondera kumenya amakuru yose ajanye na wo. (Imigani 14:15) Ntidukwiye kwibagira ko Shetani arondera kuduhenda ngo tuje mu vy’amadayimoni. Twiketse gusa ko uburyo kanaka bwo kuvurwa bufitaniye isano n’amadayimoni, dukwiye guca tubwirinda.​—1 Petero 5:8.

Ikigabane ca 16, ingingo ya 18

^ Abaganga bamwebamwe boshobora kubona ko ivyo bihimba bine nyamukuru ari cokimwe n’utwo duhimba dutoduto. Urakeneye rero kubasigurira ko wahisemwo kutemera guterwa amaraso yose uko yakabaye canke ibihimba vyayo bine nyamukuru, ni ukuvuga utugingo ngengabuzima dutukura, utugingo ngengabuzima twera, ivyitwa plaquettes n’ivyitwa plasma.