Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 8

Yehova ashaka ko tuba abadahumanye

Yehova ashaka ko tuba abadahumanye

“Ku wuguma adahumanye uzokwerekana ko udahumanye.”​—ZABURI 18:26.

1-3. (a) Kubera iki umuvyeyi araba neza ko agahungu kiwe gasukuye? (b) Kubera iki Yehova ashaka ko tuba abadahumanye?

 NIWIHE ishusho umuvyeyi ariko arategura agahungu kiwe kugira kaje kw’ishure. Araraba neza ko kiyoze be n’uko impuzu zako zimesuye. Ivyo bituma kagira amagara meza kandi bikereka abandi ko abavyeyi bako bakitwararika.

2 Umuvyeyi wacu Yehova ashaka ko tuba abadahumanye. (Zaburi 18:26) Arazi ko bitugirira akamaro. Kandi iyo tudahumanye, biramutera iteka.​—Ezekiyeli 36:22; soma 1 Petero 2:12.

3 None kuba abadahumanye bisobanura iki? Kandi bitugirira akamaro gute? Uko twihweza ivyo bibazo, turashobora kubona ahantu dukeneye gukosora.

KUBERA IKI DUKWIYE KUBA ABADAHUMANYE?

4, 5. (a) Kubera iki dukwiye kuba abadahumanye? (b) Ivyaremwe bitwigisha iki ku bijanye n’ukuntu Yehova abona isuku?

4 Yehova aratwigisha kuba abadahumanye biciye ku karorero aduha. (Abalewi 11:44, 45) Imvo nyamukuru rero ituma tuba abadahumanye ni uko dushaka ‘kwigana Imana.’​—Abanyefeso 5:1.

5 Ivyo Yehova yaremye biratwigisha ukuntu abona isuku. Yehova yararemye inzinguzingu zituma ikirere n’amazi biguma bisukuye. (Yeremiya 10:12) Zirikana uburyo butandukanye isi ikoresha mu kwisukura, n’igihe abantu baba bayononye. Nk’akarorero, Yehova yararemye udukoko tunzwinya umuntu atobona adakoresheje ca cuma rugagamisha. Utwo dukoko turashobora gusukura imyanda irimwo ubumara igacika ibintu ata co vyonona. Ico ni ikintu gitangaje. Abahinga mbere barakoresha utwo dukoko kugira dutyorore ibidukikije igihe vyatosekaye.​—Abaroma 1:20.

6, 7. Rya Tegeko rya Musa ryerekana gute ko abasavyi ba Yehova bakwiye kuba abadahumanye?

6 Amategeko Yehova yahaye Abisirayeli biciye kuri Musa na yo nyene aratwereka ko kuba abadahumanye bihambaye. Nk’akarorero, Abisirayeli bategerezwa kuba basukuye kugira Yehova yemere ugusenga kwabo. Ku Musi w’impongano, umuherezi mukuru yategerezwa kwoga kabiri. (Abalewi 16:4, 23, 24) N’imbere y’uko abandi baherezi bashikana ibimazi, bategerezwa gukaraba ku maboko no ku birenge. (Kuvayo 30:17-21; 2 Ngoma 4:6) Mu bihe bimwebimwe, umuntu yaba yirengagije amategeko ajanye n’isuku yacirwa urwo gupfa.​—Abalewi 15:31; Guharūra 19:17-20.

7 Bite ho muri kino gihe? Rya Tegeko rya Musa riradufasha kumenya vyinshi ku bijanye n’ingingo ngenderwako za Yehova. (Malaki 3:6) Ryaratomora ko abasavyi ba Yehova bakwiye kuba badahumanye. Amategeko ya Yehova ntiyahindutse. N’ubu yiteze ko abasavyi biwe baba abadahumanye.​—Yakobo 1:27.

KUBA UWUDAHUMANYE BISOBANURA IKI?

8. Dutegerezwa kuba abadahumanye mu mice iyihe?

8 Kuri Yehova, kuba uwudahumanye ntibisobanura gusa kugirira isuku umubiri wacu, impuzu zacu n’aho tuba. Kuba uwudahumanye vyerekeye ubuzima bwacu bwose. Birimwo ugusenga kwacu, inyifato yacu n’ivyiyumviro vyacu. Kugira Yehova abone yuko turi abadahumanye, dutegerezwa kuba dutyoroye mu mice yose y’ubuzima bwacu.

9, 10. Ukudahumana mu bijanye no gusenga bisobanura iki?

9 Ugusenga gutyoroye. Ntidukwiye kugira uruhara mu gusenga kw’ikinyoma mu buryo na bumwe. Igihe Abisirayeli bari imbohe i Babiloni, bari bakikujwe n’abantu baja mu vyo gusenga kw’abapagani kwarangwa n’ubuhumbu. Yesaya yaravuze ko Abisirayeli bosubiye iwabo muri Isirayeli bagasubizaho ugusenga gutyoroye. Yehova yababwiye ati: “Veyo, ntimukore ku gihumanye na kimwe; sohoke muve hagati muri we, mugume mudahumanye.” Ntibari gusukiranya ugusenga kwabo n’inyigisho be n’imigenzo vy’idini ry’ikinyoma ry’i Babiloni.​—Yesaya 52:11.

10 Muri iki gihe, abakirisu b’ukuri na bo nyene baririnda ugusenga kw’ikinyoma. (Soma 1 Abakorinto 10:21.) Hirya no hino kw’isi, imigenzo n’inyigisho bikundwa na benshi usanga bishingiye ku nyigisho z’idini ry’ikinyoma. Nk’akarorero, mu turere twinshi, usanga abantu bemera ko mu muntu hariyo ikintu kibandanya kubaho iyo apfuye, kandi hariho imigirwa myinshi ishingiye kuri ico ciyumviro. (Umusiguzi 9:5, 6, 10) Abakirisu barakwiye kwirinda iyo migirwa. Incuti zacu zoshobora kuduhata ngo tugire iyo migirwa. Ariko ntitwemera kubera yuko dushaka ko Yehova abona ko tudahumanye.​—Ivyakozwe 5:29.

11. Bisobanura iki kuba uwudahumanye mu nyifato runtu?

11 Inyifato runtu. Kugira Yehova abone yuko dutyoroye, dutegerezwa kwirinda ubusambanyi ubwo ari bwo bwose. (Soma Abanyefeso 5:5.) Yehova atubwira ati: “Nimuhunge ubusambanyi.” Aratomora ko abasambanyi batigaya ‘batazotorana ubwami bw’Imana.’​—1 Abakorinto 6:9, 10, 18; raba akajambo ko ku mpera ka 22.

12, 13. Kubera iki dukwiye kugira ivyiyumviro bidahumanye?

12 Ivyiyumviro bidahumanye. Akenshi, ivyo dukora bitangurira mu vyiyumviro. (Matayo 5:28; 15:18, 19) Ivyiyumviro bidahumanye bizotuma dukora ibintu bidahumanye. Ariko rero, kubera ko tudatunganye, bizoshika tugire ivyiyumviro bitabereye. Ivyo bishitse, turakwiye guca twamirira kure ivyo vyiyumviro tudatebaganye. Tutavyamiriye kure, buhorobuhoro twosanga dusigaye duhumanye mu mutima. Turashobora gutangura kwipfuza gukora ivyo bintu tuguma twiyumvira. Dukwiye rero kwuzuza umuzirikanyi wacu ivyiyumviro bityoroye. (Soma Abafilipi 4:8.) Ku bw’ivyo, turirinda ibintu vyo kwinezereza birimwo ubusambanyi canke ubukazi. Turahitamwo twitonze ivyo dusoma, ivyo turaba n’ivyo tuvuga.​—Zaburi 19:8, 9.

13 Kugira tugume mu rukundo rw’Imana, dutegerezwa kuba abadahumanye mu bijanye no gusenga, mu nyifato runtu no mu vyiyumviro. Ariko kandi, Yehova ashaka ko tuba abasukuye ku mubiri.

DUSHOBORA GUTE KUGUMA DUSUKUYE?

14. Kubera iki bihambaye ko tugira isuku?

14 Igihe tugirira isuku imibiri yacu n’aho tuba, biratugirira akamaro twebwe ubwacu hamwe n’abo tubana. Turumva duhimbawe kandi n’abandi barahimbarwa no kuba bari kumwe natwe. Ariko hariho iyindi mvo ihambaye ituma tugira isuku. Kugira isuku biraninahaza Yehova. Nk’akarorero, ubonye umwana yama asa nabi, uca ubona ko abavyeyi biwe batamwitaho. Na twebwe nyene, igihe tutitunganya neza canke ngo tugire isuku, birashobora gusiga iceyi Yehova. Paulo yavuze ati: “Ntidutanga mu buryo na bumwe igitsitaza na kimwe, kugira ngo ubusuku bwacu ntibutorwe amahinyu; ahubwo muri vyose turishimagiza nk’abasuku b’Imana.”​—2 Abakorinto 6:3, 4.

Dukwiye kwama twisukura, tugasukura n’aho tuba

15, 16. Twokora iki kugira tugume dusukuye?

15 Umubiri n’ivyambarwa. Kugira isuku bikwiye kuba igikorwa ca misi yose. Nk’akarorero, dukwiye kwiyoga imisi yose nimba bishoboka. Dukwiye gukaraba n’isabuni, canecane imbere yo guteka canke gufungura, canke igihe tuvuye mu kazu ka surwumwe, n’iyo duhejeje gukora ku bintu bicafuye. Gukaraba womenga ni ikintu gisanzwe, ariko kirahambaye kugira twirinde gukwiragiza imigera n’indwara zandukira. Birashobora no kurokora ubuzima. Naho twoba tudafise akazu ka surwumwe canke mwene ya miringoti itwara imyanda, turashobora kuraba ukundi twobigenza. Abisirayeli ntibari bafise utuzu twa surwumwe. Imyanda yabo baca bayizika kure y’imihana n’amasôko y’amazi.​—Gusubira mu vyagezwe 23:12, 13.

16 Si ngombwa ngo impuzu zacu zibe izihanitse, izizimvye canke izigezweho. Ariko zikwiye kuba zimesuye. (Soma 1 Timoteyo 2:9, 10.) Dushaka ko ukuntu tuboneka vyama bitera iteka Yehova.​—Tito 2:10.

17. Kubera iki dukwiye kwama tugirira isuku inzu yacu n’ibiyikikuje?

17 Inzu yacu n’ibiyikikuje. Inzu tubamwo uko yoba imeze kwose, ikwiye kwama isukuye. Turitwararika kandi ko icuma dukoresha mu kwiyunguruza kiguma gisukuye, canecane igihe tugikoresha tugiye ku makoraniro canke mu ndimiro. Nkako, igihe twamamaza, turabwira abandi ivyerekeye ubuzima bwo mw’isi y’iparadizo. (Luka 23:43; Ivyahishuwe 11:18) Ukuntu tugirira isuku inzu yacu n’ibiyikikuje birerekana ko turiko turitegurira kuzoba muri iyo si nshasha.

18. Kubera iki twipfuza ko aho dusengera hama hasukuye?

18 Aho dusengera. Turerekana ko isuku ari ikintu gihambaye kuri twebwe mu kwama dusukura aho dusengera, haba ku Ngoro y’Ubwami canke aho tugirira amateraniro. Igihe abantu baje ku Ngoro y’Ubwami ari ryo rya mbere, akenshi baribonera ukuntu isukuye. Ivyo biraninahaza Yehova. Twese uko tugize ishengero turafise agateka ko gufasha gusukura Ingoro y’Ubwami no gutuma iguma imeze neza.​—2 Ngoma 34:10.

TWIYAMBURE INGESO ZIHUMANYE

19. Ni ibiki dukwiye kwirinda?

19 Naho Bibiliya itavuga ingeso zose dukwiye kwirinda, irimwo ingingo ngenderwako zidufasha gutahura uko Yehova abona mwene izo ngeso. Ntashaka ko tunywa itabi, inzoga zirenze urugero canke ibiyayuramutwe. Twebwe abagenzi b’Imana turirinda ivyo bintu. Kubera iki? Kubera ko twubaha cane ingabire y’ubuzima. Izo ngeso zirashobora kugabanya imisi yacu yo kubaho, zikonona amagara yacu kandi zikagirira nabi abo tubana. Abantu benshi usanga bagerageza guheba izo ngeso kugira ntizigeramire amagara yabo. Ariko twebwe abagenzi ba Yehova tuziheba kubera tumukunda. Umugore umwe yavuze ati: “Yehova yaramfashije gutyorora ubuzima bwanje, ndaheba ibintu vyari vyaranyiziziye. . . . Sinibaza ko nari kuvyishoboza.” Reka turabe ingingo ngenderwako zitanu zofasha umuntu guheba ingeso zihumanye.

20, 21. Ni ingeso izihe Yehova ashaka ko twirinda?

20 “Ko . . . dufise iyo mihango ga bakundwa, twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima, tunonosore ubweranda mu gutinya Imana.” (2 Abakorinto 7:1) Yehova ashaka ko twirinda ingeso zihumanye zoshobora kwonona ubwenge bwacu n’umubiri wacu.

21 Mu 2 Abakorinto 6:17, 18 haratwereka imvo ikomeye ikwiye gutuma “twiyuhagi[ra] ubuhumane bwose.” Yehova atubwira ati: “[Ni]mureke gukora ku gihumanye.” Aca adusezeranira ati: “Nzobakira. Kandi nzobabera so, namwe muzombera abahungu n’abakobwa.” Nitwirinda ikintu cose cotuma Yehova abona ko duhumanye, azodukunda nka kurya umuvyeyi akunda abana biwe.

22-25. Ni ingingo ngenderwako izihe zodufasha kwirinda ingeso zihumanye?

22 “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.” (Matayo 22:37) Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi. (Matayo 22:38) Yehova ashaka ko tumukunda n’ubuzima bwacu bwose. Hamwe twohitamwo gukora ikintu kigabanya imisi yacu yo kubaho canke conona ubwonko bwacu, wumva none twovuga ko tumukunda n’ubuzima bwacu bwose? Dukwiye nyabuna gukora ibishoboka vyose kugira twerekane ko twubaha ubuzima yaduhaye.

23 “[Yehova araha] abantu bose ubuzima n’impemu n’ibintu vyose.” (Ivyakozwe 17:24, 25) Hamwe umugenzi yoguha ingabire idasanzwe, mbega woca uyita canke ukayonona? Ubuzima ni ingabire nziza igitangaza Yehova yaduhaye. Turayiha agaciro cane. Twipfuza rero kuyikoresha mu buryo bumutera iteka.​—Zaburi 36:9.

24 “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Matayo 22:39) Si twebwe gusa ingeso zihumanye zigirira nabi. Ziragirira nabi n’abo tubana, kandi kenshi usanga ari abantu dukunda. Nk’akarorero, umuntu abana n’umunywi w’itabi arashobora kugira ingorane zikomeye z’amagara kubera gusa umwotsi waryo. Igihe duhevye ingeso zihumanye, tuba tweretse abo tubana ko tubakunda.​—1 Yohani 4:20, 21.

25 “Ubandanye kubibutsa kuyobokera no kugamburukira intwaro n’abakuru.” (Tito 3:1) Mu bihugu vyinshi, usanga amategeko abuza gutunga ibiyayuramutwe canke kubinywa. Turubaha ayo mategeko kubera ko Yehova adusaba kugamburukira abategetsi.​—Abaroma 13:1.

Igihe tugumye tudahumanye biratera iteka Yehova

26. (a) Twokora iki kugira tube abagenzi ba Yehova? (b) Kubera iki twokwigora tukaguma tudahumanye?

26 Hari aho twosanga hari ivyo dukeneye guhindura kugira tube abagenzi ba Yehova. Nimba ari ukwo biri, dukwiye guca dutangura kubihindura tudatebaganye. Guheba ingeso ihumanye ntivyama vyoroshe, ariko birashoboka. Yehova adusezeranira kudufasha. Avuga ati: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo.” (Yesaya 48:17) Dukoze uko dushoboye kwose kugira tugume tudahumanye, twohera amazinda ko turiko turatera iteka Imana yacu.