Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 12

Tuvuge amajambo ‘meza yubaka’

Tuvuge amajambo ‘meza yubaka’

“Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu, ahubwo havemwo ijambo ryose ryiza ryo kwubaka.”​—ABANYEFESO 4:29.

1-3. (a) Imwe mu ngabire nziza Yehova yaduhaye ni iyihe? Ni gute twosanga twayikoresheje nabi? (b) Dukwiye gukoresha gute ururimi rwacu?

 UMUVYEYI aragabiye ikinga umuhungu wiwe w’umuyabaga. Arahimbawe no kumuha ingabire nziza nk’iyo. None vyogenda gute hamwe uwo mwana yoritwara nk’umusazi, akagonga umuntu akamukomeretsa? Se wiwe yovyakira gute?

2 Yehova ni we Mutanzi w’“ingabirano nziza yose be n’impano yose itagira akanenge.” (Yakobo 1:17) Imwe mu ngabirano nziza yaduhaye ni ubushobozi bwo kuvuga. Ubwo bushobozi buratuma dushobora guserura ivyo twiyumvira n’ukuntu twiyumva. Ivyo tuvuga birashobora gufasha abandi kandi bigatuma bumva bamerewe neza. Ariko kandi ivyo tuvuga birashobora kugirira nabi abandi kandi bikabababaza.

3 Ururimi rurafise ububasha, kandi Yehova aratwigisha ukuntu tworukoresha neza. Atubwira ati: “Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu, ahubwo havemwo ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva.” (Abanyefeso 4:29) Reka turabe ingene twokoresha iyo ngabire Yehova yaduhaye mu buryo bumuhimbara kandi buremesha abandi.

URABA MASO KU VYO UVUGA

4, 5. Igitabu c’Imigani kitwigisha iki ku bijanye n’ububasha bw’ururimi?

4 Amajambo arafise ububasha. Turakwiye rero kuba maso ku vyo tuvuga no ku kuntu tubivuga. Mu Migani 15:4 hagira hati: “Ugutekana kw’ururimi ni igiti c’ubuzima, mugabo ubugorame muri rwo busobanura ukuvunika umutima.” Nka kurya nyene igiti gitotahaye gituma umuntu yumva aruhuriwe, amajambo meza araruhurira abayumva. Amajambo ataranga ubuntu yoyo arababaza abandi kandi agatuma bamererwa nabi.​—Imigani 18:21.

Amajambo meza araruhura

5 Mu Migani 12:18 hagira hati: “Hari uwuvuga atiyumviriye nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota.” Amajambo ataranga ubuntu arashobora gucumita mu mutima kandi agatuma ubugenzi butosekara. Ushobora kuba wibuka igihe bakubwira amajambo nk’ayo, akakubabaza cane. Ariko uwo mugani ubandanya uti: “Ururimi rw’abantu b’inkerebutsi ruravūra.” Amajambo yacaguwe neza arashobora kuvura umutima wishwe n’umubabaro kandi akanagura ubucuti bwari bwaratosekaye kubera ugutahurana nabi. (Soma Imigani 16:24.) Kwibuka yuko amajambo tuvuga ashobora kubabaza abandi, bizotuma twitwararika ivyo tuvuga.

6. Kubera iki bitoroshe gucungera ivyo tuvuga?

6 Iyindi mpamvu yotuma twitondera ivyo tuvuga ni uko twese tudatunganye. “Impengamiro y’umutima w’umuntu [ni] mbi,” kandi ivyo tuvuga birahishura ibiri mu mutima wacu. (Itanguriro 8:21; Luka 6:45) Gucungera ivyo tuvuga birashobora kuba urugamba rukomeye. (Soma Yakobo 3:2-4.) Ariko turakwiye kuguma twihatira kuryohora ukuntu tuyagisha abandi.

7, 8. Ivyo tuvuga bishobora kugira ingaruka iyihe ku bucuti dufitaniye na Yehova?

7 Turakwiye kandi kuba maso ku vyo tuvuga kubera ko Yehova azogira ico atubaza ku vyo tuvuga n’ingene tubivuga. Muri Yakobo 1:26 hagira hati: “Nimba umuntu yibwira ko ari uwusenga mu buryo nyabwo yamara ntajiginyike ururimi rwiwe, mugabo akabandanya guhenda umutima wiwe bwite, ugusenga kw’uwo muntu nta co kuba kumaze.” Ku bw’ivyo, tudacungereye ururimi rwacu, birashobora gutuma ubucuti dufitaniye na Yehova butosekara canke mbere bugahera.​—Yakobo 3:8-10.

8 Turafise rero imvo zumvikana zotuma twitondera amajambo tuvuga n’ingene tuyavuga. Kugira dukoreshe ururimi rwacu nk’uko Yehova ashaka, turakeneye kumenya imvugo dukwiye kwirinda.

IMVUGO ISAMBURA

9, 10. (a) Ni imvugo iyihe ikunda gukoreshwa muri iki gihe? (b) Kubera iki twirinda gukoresha amajambo ateye isoni?

9 Muri iki gihe abantu barakunda gukoresha amajambo ateye isoni. Benshi babona ko bategerezwa gukoresha indahiro canke amajambo ateye isoni kugira baserure iciyumviro cabo. Akenshi abahinga mu vyo gutwenza barakoresha amajambo y’ibishegu kugira batwenze abantu. Ariko intumwa Paulo yavuze ati: “Nimuvyikunkumure koko vyose: uburake, ishavu, ububi, ugutukana, n’amajambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu.” (Abakolosayi 3:8) Yavuze kandi ko “ibijajuro biteye isoni” bidakwiye “no kuvugwa” mu bakirisu b’ukuri.​—Abanyefeso 5:3, 4.

10 Amajambo ateye isoni ntahimbara Yehova hamwe n’abamukunda. Arahumanye. Bibiliya ivuga ko “ubuhumane” buri mu bigize “ibikorwa vy’umubiri.” (Abagalatiya 5:19-21) “Ubuhumane” burimwo ibicumuro bitandukanye, kandi ingeso imwe ihumanye irashobora gushikana ku yindi. Igihe umuntu agize akamenyero ko gukoresha amajambo ateye isoni, ahumanye bimwe bikabije, kandi agahanurwa ntiyumve, yoshobora gukurwa mw’ishengero.​—2 Abakorinto 12:21; Abanyefeso 4:19; raba akajambo ko ku mpera ka 23.

11, 12. (a) Urusaku ni iki? (b) Kubera iki dukwiye kwirinda kwambika ibara abandi?

11 Turakwiye kandi kwirinda urusaku. Ni ibisanzwe ko twitwararika abandi kandi tukababwira amakuru yerekeye incuti n’abagenzi. No mu kinjana ca mbere, abakirisu bo mu ntango baripfuza kumenya ukuntu abo basangiye ukwizera bamerewe n’ico bokora kugira babafashe. (Abanyefeso 6:21, 22; Abakolosayi 4:8, 9) Ariko igihe turiko turaganira ivyerekeye abandi, biroroshe ko usanga twagiye mu rusaku. Dukwiragije urusaku, twoshobora gusanga turiko dukwiragiza amakuru atari yo canke turiko tuvuga ibintu vyari bikwiye kuguma ari ibanga. Tutabaye maso, urwo rusaku rwoshobora guhinduka ukwagiriza abandi ibinyoma, ari kwo kubambika ibara. Abafarizayo barambitse ibara Yezu igihe bamwagiriza ibintu atari yakoze. (Matayo 9:32-34; 12:22-24) Kwambika ibara abandi birabasiga iceyi, bigatera intuntu n’amahane kandi bigacanishamwo abagenzi.​—Imigani 26:20.

12 Yehova ashaka ko tuvuga amajambo aremesha abandi aho kubacanishamwo. Aranka “a[ba]tera amahane mu bavukana.” (Imigani 6:16-19) Shetani ni we yatanguye kwambika ibara abandi. Ivyo yabigize mu kwambika ibara Imana. (Ivyahishuwe 12:9, 10) Muri iki gihe, abantu barakunda kubeshera abandi. Ariko ivyo ntibikwiye kuba mw’ishengero rya gikirisu. (Abagalatiya 5:19-21) Turakwiye rero kuba maso mu vyo tuvuga kandi tukama twiyumvira imbere yo kuvuga. Imbere y’uko uvuga ikintu cerekeye uwundi muntu, niwibaze uti: ‘Ibi ngira mvuge vyoba ari ukuri? Kubivuga vyoba biranga umutima mwiza? Hari ico bifasha? Noba noshima ko uyu muntu yumva ivyo ngira ndamuvugeko? Nokwumva merewe gute hamwe yoba ari uwundi muntu ariko aramvuga gutyo?’​—Soma 1 Abatesalonika 4:11.

13, 14. (a) Imvugo ibabaza yogira ingaruka izihe ku bandi? (b) Gutukana ni iki? Kubera iki abakirisu bakwiye kuvyirinda?

13 Twese birashika tukavuga ibintu mu nyuma tukicuza. Ariko ntidukwiye kugira akamenyero ko kunebagura abandi canke kuvuga amajambo ataranga impuhwe n’ikigongwe. Imvugo ibabaza nta kibanza ifise mu buzima bwacu. Imvugo nk’iyo irakurako abandi agashambara kandi igatuma bumva ko ata co bamaze. Kubera ko abana ari bo canecane bababara ningoga, turakwiye kwiyubara cane ku vyo tubabwira kugira ntitubavune umutima.​—Abakolosayi 3:21.

14 Bibiliya iratugabisha ku bwoko bukomeye bw’imvugo ibabaza, na bwo bukaba ari ugutukana. Paulo yavuze ati: “Umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe.” (Abanyefeso 4:31) Gutukana ni ukuguma ucokora abandi kugira ngo ubababaze. Ese ukuntu vyoba bibabaje hamwe umuntu yoguma atukagura uwo bubakanye canke abana biwe! Umuntu aguma atukagura abandi agahanurwa ntiyumve, arashobora gukurwa mw’ishengero. (1 Abakorinto 5:11-13; 6:9, 10) Nk’uko twamaze kubibona, hamwe twoza turakoresha amajambo ateye isoni, yo kubesha canke ataranga umutima mwiza vyotosekaza ubucuti dufitaniye na Yehova hamwe n’abandi.

IMVUGO YUBAKA

15. Imvugo yubaka iba imeze gute?

15 Ingabire yo kuvuga twahawe twoyikoresha gute nk’uko Yehova ashaka? Naho Bibiliya itatubwira mu buryo budomako ivyo dukwiye kuvuga n’ivyo tudakwiye kuvuga, iduhimiriza kuvuga “ijambo . . . ryiza ryo kwubaka.” (Abanyefeso 4:29) Imvugo yubaka iba ityoroye, iranga umutima mwiza kandi ari iy’ukuri. Yehova ashaka ko tuvuga amajambo aremesha abandi. Ivyo ntivyama vyoroshe. Kuvuga amajambo yubaka bisaba akigoro ariko kuvuga amajambo ababaza vyovyo birizana. (Tito 2:8) Nimuze turabe uburorero bumwebumwe bw’imvugo yubaka dukwiye gukoresha.

16, 17. (a) Kubera iki dukwiye gukeza abandi? (b) Ni bande twokeza?

16 Yehova na Yezu barakeza cane abandi. Twipfuza kubigana. (Matayo 3:17; 25:19-23; Yohani 1:47) Kugira dukeze umuntu mu buryo buremesha vy’ukuri, bisaba ko tumwiyumvira kandi tukamwitwararika. Mu Migani 15:23 havuga hati: “Ijambo rije ku gihe caryo, ewe kuntu ari ryiza!” Turumva turemye iyo hagize umuntu adukeza abikuye ku mutima kubera dukora tugatama canke akadushimira kubera ikintu twakoze.​—Soma Matayo 7:12; raba akajambo ko ku mpera ka 27.

17 Wimenyereje kurondera ivyiza mu bandi, bizokworohera kubakeza ubikuye ku mutima. Nk’akarorero, mw’ishengero urashobora kubona umuntu ategura neza ibiganiro vyiwe canke yigora agatanga insasanuro. Uwukiri muto yoshobora kuguma ashikamye ku vyo yemera igihe ari kw’ishure canke uwugeze mu zabukuru akaba aja mu ndimiro adahorereza. Abo bose barakeneye akajambo k’indemesho. Birahambaye kandi ko umugabo abwira umukenyezi wiwe ko amukunda be n’uko amushima. (Imigani 31:10, 28) Nka kurya nyene ibiti bikenera amazi n’umuco, n’abantu barakenera gukezwa. Abana ni bo canecane bakeneye gukezwa. Nurondere uturyo two kubakeza kubera kamere nziza bafise be n’utwigoro bagira. Ivyo birashobora kubaremesha, bakumva ko hari ico bamaze kandi bigatuma barushiriza gukora ibigororotse.

Ivyo tuvuga n’ukuntu tubivuga birashobora kuremesha abandi kandi bikabahumuriza

18, 19. Kubera iki dukwiye kwihatira kuremesha abandi no kubahumuriza? Twobigira gute?

18 Igihe turemesheje abandi kandi tukabahumuriza, tuba twiganye Yehova. Aritwararika cane “abaciye bugufi” n’“abajanjagurwa.” (Yesaya 57:15) Yehova ashaka ko ‘tuguma duhozanya’ kandi ‘tukayagisha abadendebukiwe n’ijwi ryirura.’ (1 Abatesalonika 5:11, 14) Ivyo tubigize, arabibona kandi akabikenguruka.

19 Woshobora kubona umuntu wo mw’ishengero yacitse intege canke yadendebukiwe. Ni igiki wokora kugira umufashe? Kumbure ntushoboye gutorera umuti ingorane afise, ariko woshobora kumwereka ko umwitwararika. Nk’akarorero, woshobora kumarana umwanya na we, ukamusomera icanditswe kiremesha canke ukamusaba ko wotura isengesho muri kumwe. (Zaburi 34:18; Matayo 10:29-31) Numukure amazinda ko abagize ishengero bamukunda. (1 Abakorinto 12:12-26; Yakobo 5:14, 15) Nubimubwire bivuye ku mutima.​—Soma Imigani 12:25.

20, 21. Ni ibiki bituma bitworohera kwakira impanuro?

20 Ubundi buryo bwo kwubaka abandi ni ukubaha impanuro ngirakamaro. Kubera ko tudatunganye, twese turakenera impanuro. Mu Migani 19:20 hagira hati: “Umviriza impanuro kandi wemere indero, kugira ngo uze ucike inkerebutsi muri kazoza kawe.” Abakurambere si bo bonyene batanga impanuro. Abavyeyi barakeneye kuyobora abana babo. (Abanyefeso 6:4) Abakenyezi bo mw’ishengero na bo barashobora guhanurana. (Tito 2:3-5) Kubera ko dukunda abavukanyi bacu, turitwararika kubaha impanuro mu buryo butabababaza. None ni igiki codufasha?

21 Hari aho woba wibuka igihe umuntu yaguhaye impanuro mu buryo bikworohera kuyemera. Ni igiki catumye iyo mpanuro iba ngirakamaro? Kumbure warabonye ko uwayiguhaye akwitwararika vy’ukuri. Canke ashobora kuba yayiguhaye mu buryo buranga umutima mwiza n’urukundo. (Abakolosayi 4:6) Iyo mpanuro ishobora kuba yari ishingiye kuri Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16) Twaba dusubiramwo icanditswe canke tutagisubiramwo, impanuro yose dutanga ikwiye kuba ishingiye kuri Bibiliya. Nta n’umwe akwiye kwemeza abandi ivyiyumviro vyiwe canke ngo agoreke ivyanditswe kugira yishigikire. Kwibuka ingene wahawe impanuro birashobora kugufasha igihe nawe uhanura abandi.

22. Ukwiye gukoresha gute ingabire yo kuvuga Imana yaguhaye?

22 Ubushobozi bwo kuvuga ni ingabire Yehova yaduhaye. Urukundo tumukunda rukwiye gutuma tuyikoresha neza. Niwibuke ko amajambo ashobora gusambura canke kwubaka. Ku bw’ivyo, nimuze twese twihatire gukoresha amajambo akomeza abandi kandi aremesha.