Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 7

Woba uha agaciro ubuzima nk’uko Imana ibigira?

Woba uha agaciro ubuzima nk’uko Imana ibigira?

“Iwawe [ni] ho hari isôko ry’ubuzima.”​—ZABURI 36:9.

1, 2. (a) Ni ingabire iyihe Yehova yaduhaye? (b) Ni ikindi kintu ikihe yaduhaye kugira tubeho neza?

 YEHOVA yarahaye umwe wese muri twebwe ingabire nziza igitangaza. Iyo ngabire ni ubuzima. (Itanguriro 1:27) Ashaka ko tubaho neza bishoboka. Ni co gituma yaduhaye ingingo ngenderwako zidufasha gufata ingingo nziza. Turakwiye kuzikoresha kugira zidufashe “gutandukanya iciza n’ikibi.” (Abaheburayo 5:14) Ivyo tubigize, tuba turetse Yehova akatwigisha kwiyumvira neza. Igihe twisunga ingingo ngenderwako z’Imana maze tukibonera ukuntu zituma ubuzima bwacu burushiriza kumera neza, duca dutahura agaciro kazo vy’ukuri.

2 Mu buzima hoshobora kwaduka ibintu bigoye, ariko ugasanga nta tegeko ryo muri Bibiliya ritwereka neza ico twokora. Nk’akarorero, birashobora kuba ngombwa ko dufata ingingo ijanye n’uburyo bwo kwivuza busaba gukoresha amaraso. None twoshobora gute gufata ingingo ihimbara Yehova? Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako zitwereka ukuntu Yehova abona ubuzima n’amaraso. Gutahura izo ngingo ngenderwako bizodufasha gufata ingingo nziza, bitume tugumana ijwi ryo mu mutima ryiza. (Imigani 2:6-11) Reka turabe zimwe muri zo.

IMANA IBONA GUTE UBUZIMA N’AMARASO?

3, 4. (a) Imana yerekanye gute ukuntu ibona amaraso? (b) Amaraso agereranya iki?

3 Bibiliya ivuga ko amaraso ari meranda kubera ko agereranya ubuzima. Yehova abona ko ubuzima ari ubw’agaciro. Aho Kayini amariye kwica mwene wabo, Yehova yamubwiye ati: “Amaraso ya mwene wanyu ariko [arasemerera] mu butaka antakambira.” (Itanguriro 4:10) Amaraso ya Abeli yagereranya ubuzima bwiwe. Igihe Kayini yamwica, yari amwatse ubuzima.

4 Inyuma ya wa mwuzure wo mu gihe ca Nowa, Imana yarabwiye abantu ko bashobora kurya inyama. Ariko yarabihanije iti: “Inyama zirimwo ubuzima bwazo, ari bwo maraso yazo, ntimuze muzirye.” (Itanguriro 9:4) Iryo tegeko riraraba abakomoka kuri Nowa bose, na twebwe tudasigaye inyuma. Biratomoye rero ko Yehova abona yuko amaraso agereranya ubuzima, kandi na twebwe ni ko dukwiye kuyabona.​—Zaburi 36:9.

5, 6. Itegeko rya Musa ryerekana gute ukuntu Yehova abona amaraso?

5 Mw’Itegeko Yehova yahaye Musa, yavuze ati: “Umuntu wese . . . azorya amaraso y’ubwoko na bumwe, emwe, nzoshinga igitsure canje uyo muntu arya amaraso, kandi nzomurandura koko mu bantu b’iwabo. Kuko ubuzima bw’umubiri buri mu maraso.”​—Abalewi 17:10, 11.

6 Itegeko rya Musa ryavuga ko igihe umuntu yishe igikoko kugira akirye, yategerezwa gusuka amaraso yaco hasi. Ivyo vyarerekana ko ubuzima bw’ico gikoko bwegukira Umuremyi waco, ari we Yehova. (Gusubira mu vyagezwe 12:16; Ezekiyeli 18:4) Ariko Yehova ntiyari yiteze ko Abisirayeli bagerageza vyanse bikunze gukura muri ico gikoko icitwa iraso cose. Igihe baba bakoze ivyo bashoboye vyose kugira bagikuremwo amaraso, barashobora kurya izo nyama ata co biyagiriza. Iryo Tegeko kandi ryasaba Abisirayeli gutanga ibimazi vy’ibitungwa kugira baharirwe ibicumuro vyabo.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 19 n’aka 20.

7. Dawidi yerekanye gute ko yubaha amaraso?

7 Ikintu Dawidi yakoze igihe yariko ararwana n’Abafilisitiya kiratwereka ko amaraso ari ay’agaciro. Abasoda ba Dawidi barabonye ko yari anyotewe cane. Baciye baja mu karere karimwo abansi babo, baremera gushira ubuzima bwabo mu kaga kugira bamuzanire amazi. Ariko bayahaye Dawidi, yaranse kuyanywa aca “ayasuka imbere ya Yehova.” Yaciye avuga ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe, ewe Yehova, yuko nokora ico kintu! Mbega nywe amaraso y’aba bantu bagiye, bakemera gushira ubuzima bwabo mu kaga?” Dawidi yaratahura ukuntu ubuzima n’amaraso ari ivy’agaciro ku Mana.​—2 Samweli 23:15-17.

8, 9. Muri iki gihe, abakirisu bakwiye kubona gute amaraso?

8 Kuva ishengero rya gikirisu ritanguye, abasavyi b’Imana ntibasubiye gutanga ibimazi vy’ibitungwa. Ariko vyari bigikenewe ko babona amaraso mu buryo bubereye. ‘Kwirinda amaraso’ ni rimwe mu mabwirizwa makeyi yo mw’Itegeko rya Musa Yehova yasavye ko abakirisu baguma bubahiriza. Ivyo vyari bihambaye cokimwe no kwirinda ubusambanyi n’ugusenga ibigirwamana.​—Ivyakozwe 15:28, 29.

Nosigura gute ingingo nafashe ku bijanye n’ikoreshwa ry’uduhimba dutoduto tw’amaraso?

9 N’ubu ni ko bimeze. Twebwe abakirisu turazi ko Yehova ari we Sôko ry’ubuzima be n’uko ubuzima bwose ari we bwegukira. Turemera kandi ko amaraso ari meranda be n’uko agereranya ubuzima. Igihe rero dufata ingingo zijanye n’uburyo bwo kwivuza busaba gukoresha amaraso, turitwararika gusuzuma ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

GUKORESHA AMARASO MU VY’UBUVUZI

10, 11. (a) Ivyabona vya Yehova babona gute ivyo guterwa amaraso yose uko yakabaye canke vya bihimba vyayo bine nyamukuru? (b) Ni ryari umukirisu wese yifatira ingingo?

10 Ivyabona vya Yehova baratahura ko ‘kwirinda amaraso’ bidasobanura gusa kutayarya canke kutayanywa. Bisobanura kandi kudaterwa amaraso, kutayatanga no kutabikisha amaraso yacu kugira baze bayadutere mu nyuma. Birimwo kandi kudaterwa kimwe mu bihimba bine nyamukuru bigize amaraso, ari vyo vy’ibi: utugingo ngengabuzima dutukura, utugingo ngengabuzima twera, ivyitwa plaquettes n’ivyitwa plasma.

11 Ivyo bihimba bine birashobora gukurwamwo utundi duhimba dutoduto. Umukirisu wese akwiye kwifatira ingingo yo kwemera canke kutemera guterwa utwo duhimba dutoduto. Umwe wese kandi ategerezwa kwifatira ingingo yo kwemera canke kutemera ubuhinga bwo kuvurwa hakoreshejwe amaraso yiwe bwite. Ategerezwa kandi kwifatira ingingo y’ukuntu amaraso yiwe yokoreshwa igihe ariko arabagwa, igihe agirisha ibipimo canke igihe yivuza mu bundi buryo buba bugezweho.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 21.

12. (a) Ingingo dufata twisunze ijwi ryacu ryo mu mutima hoba hari ico zitwaye kuri Yehova? Sigura. (b) Ni igiki codufasha gufata ingingo nziza mu bijanye n’ukuvurwa?

12 None ingingo dufata twisunze ijwi ryacu ryo mu mutima hoba hari ico zitwaye kuri Yehova? Cane nyene. Yehova arabona ivyiyumviro vyacu n’imvo dukorana ibintu. (Soma Imigani 17:3; 24:12.) Ku bw’ivyo, igihe dufata ingingo ijanye n’ukuvurwa, turakwiye gusenga Yehova tukamusaba ubuyobozi kandi tukagira ubushakashatsi kuri ubwo buryo bwo kwivuza. Inyuma y’ivyo, twoca dufata ingingo twisunze ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Ntidukwiye kubaza abandi ngo ‘Iyaba ari wewe wari gukora iki?’ Kandi na bo nyene ntibakwiye kugerageza kudufatira ingingo. Umukirisu wese “azokwikorera umutwaro wiwe bwite.”​—Abagalatiya 6:5; Abaroma 14:12.

AMATEGEKO YA YEHOVA AREREKANA KO ADUKUNDA

13. Amategeko Yehova yashinze ku bijanye n’amaraso ahishura iki?

13 Ikintu cose Yehova adusaba ni ku neza yacu kandi kirerekana ko adukunda. (Zaburi 19:7-11) Ariko ntitumugamburukira kubera gusa amategeko yiwe atugirira akamaro. Tumugamburukira kubera tumukunda. Kubera ko dukunda Yehova, ntitwemera guterwa amaraso. (Ivyakozwe 15:20) Ivyo kandi birakingira amagara yacu. Abantu benshi muri iki gihe barazi ingaruka mbi ziva ku guterwa amaraso, kandi abaganga benshi bavuga ko kubaga umurwayi batarinze kumutera amaraso ari vyo vyiza gusumba. Emwe, amategeko ya Yehova arerekana ko afise ubukerebutsi be n’uko adukunda.​—Soma Yesaya 55:9; Yohani 14:21, 23.

14, 15. (a) Ni amategeko ayahe Yehova yahaye abasavyi biwe ngo abakingire? (b) Woshira mu ngiro gute ingingo ngenderwako ziri muri ayo mategeko?

14 Amategeko y’Imana yamye agirira akamaro abasavyi bayo. Yehova yarahaye Abisirayeli amategeko abakingira amasanganya akomeye. Nk’akarorero, rimwe muri ayo mategeko ryavuga ko umuntu yubatse inzu yategerezwa gukikuza igisenge cayo agahome gatoyi kugira uwuri hejuru ntakoroke. (Gusubira mu vyagezwe 22:8) Hari n’irindi ryari rijanye n’ibitungwa. Igihe umuntu atunze inka yica, yategerezwa kuyicunga kugira ntihagire uwo yica. (Kuvayo 21:28, 29) Bishitse Umwisirayeli ntagamburuke ayo mategeko, ni we yagirwa n’igicumuro hagize umuntu apfa.

15 Ayo mategeko arerekana ko ubuzima ari ubw’agaciro kuri Yehova. None kumenya ivyo bikwiye gutuma dukora iki? Ukuntu twitaho inzu tubamwo, icuma dukoresha mu kwiyunguruza, ukuntu tugitwara, n’ukuntu duhitamwo uburyo bwo kwinezereza bikwiye kwerekana ko twubaha ubuzima. Abantu bamwebamwe, canecane abakiri bato, biyumvira ko ata cobakonya. Ni co gituma badatinya gukora ibintu birimwo akaga. Ariko ivyo Yehova ntabishima. Ashaka ko tubona ko ubuzima ari ubw’agaciro, bwaba ubwacu canke ubw’abandi.​—Umusiguzi 11:9, 10.

16. Yehova abona gute ugukorora inda?

16 Ubuzima bw’abantu bose ni ubw’agaciro kuri Yehova. N’ubuzima bw’umwana akiri mu nda ni ubw’agaciro kuri we. Mu gihe ca rya Tegeko rya Musa, umuntu aciye ku mugore yibungenze maze uwo mugore canke umwana ari mu nda agapfa, Yehova yabona ko uwo muntu yagirwa n’icaha co kwica. Ivyo vyasigura ko ubuzima bwategerezwa guhorwa ubundi, naho ryaba ari isanganya. (Soma Kuvayo 21:22, 23.) Ku Mana, n’umwana akiri mu nda aba ari umuntu. None dufatiye kuri ivyo, wibaza ko Imana ibona gute ugukorora inda? Wibaza ko imererwa gute ibonye inda amamiliyoni zikororwa buri mwaka?

17. Ni igiki cohumuriza umugore yakoroye inda imbere y’uko amenya Yehova?

17 Tuvuge iki ku mugore yoba yarakoroye inda imbere y’uko amenya ingene Yehova abibona? Arashobora guhera amazinda ko Yehova ashobora kumuharira yishimikije incungu ya Yezu. (Luka 5:32; Abanyefeso 1:7) Ntibikenewe ko umuntu yakoze ikosa nk’iryo aguma yiyagiriza nimba yarigaye vy’ukuri. Bibiliya ivuga iti: “Yehova ni umunyembabazi n’umunyempuhwe . . . Nk’uko uburasirazuba buri kure y’uburengerazuba, ni ko yashize kure yacu ibigabitanyo vyacu.”​—Zaburi 103:8-14.

NIWIRINDE URWANKO

18. Kubera iki dukwiye kwikuramwo ivyiyumviro vy’urwanko?

18 Kwubaha ingabire y’ubuzima Imana yaduhaye bihera mu mutima kandi birafitaniye isano n’ukuntu tubona abandi. Intumwa Yohani yanditse ati: “Umuntu wese yanka mwene wabo ni umwicanyi.” (1 Yohani 3:15) Turashobora gutangura kwanka umuntu mu mutima tutabiciye n’ikanda. Urwanko rurashobora gutuma umuntu asuzugura abandi, akabagiriza ibinyoma canke mbere akabipfuriza gupfa. Yehova arabona ukuntu twiyumvira abandi. (Abalewi 19:16; Gusubira mu vyagezwe 19:18-21; Matayo 5:22) Dusanze hari umuntu dutanguye kwiyumvira nabi, turakwiye gukora ibishoboka vyose kugira twikuremwo ivyo vyiyumviro.​—Yakobo 1:14, 15; 4:1-3.

19. Dukwiye kubona gute ubukazi?

19 Hariho ubundi buryo twokwerekana ko duha agaciro ubuzima. Muri Zaburi 11:5 havuga ko Yehova ‘yanka uwo wese akunda ubukazi.’ Duhisemwo kwinezereza dukoresheje ibintu birimwo ubukazi, tuba twerekanye ko tubukunda. Ntidukwiye gushira mu muzirikanyi wacu amajambo, ivyiyumviro canke amashusho birimwo ubukazi. Dukwiye nyabuna kuwushiramwo ivyiyumviro bidahumanye kandi vy’amahoro.​—Soma Abafilipi 4:8, 9.

NIWITANDUKANYE N’AMASHIRAHAMWE ADAHA AGACIRO UBUZIMA

20-22. (a) Yehova abona gute isi ya Shetani? (b) Abasavyi b’Imana bokwerekana gute ko ‘atari ab’isi’?

20 Isi ya Shetani ntiyubaha ubuzima. Ku bw’ivyo, Yehova abona ko yagirwa n’amaraso. Mu myaka yagiye irarengana, intwaro zaratumye abantu amamiliyoni bapfa, harimwo n’abasavyi ba Yehova benshi. Muri Bibiliya, izo ntwaro zigereranywa n’ibikoko vy’inkazi. (Daniyeli 8:3, 4, 20-22; Ivyahishuwe 13:1, 2, 7, 8) Muri iki gihe, urudandazwa rw’ibirwanisho rurakomeye cane. Abadandaza bararonka amahera menshi mu kugurisha ibirwanisho ruhonyanganda. Biragaragara ko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.”​—1 Yohani 5:19.

21 Ariko abakirisu b’ukuri “si ab’isi.” Abasavyi ba Yehova ntibaja muri politike no mu ntambara. Ntibicana kandi ntibashigikira amashirahamwe yica abantu. (Yohani 15:19; 17:16) Iyo bariko barahamwa, ntibaca barwana. Yezu yatwigishije ko dukwiye gukunda n’abansi bacu.​—Matayo 5:44; Abaroma 12:17-21.

22 Idini ryaratumye abantu amamiliyoni bapfa. Ku bijanye na Babiloni Akomeye, ni ukuvuga inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, Bibiliya ivuga iti: “Iwe ni ho habonetse amaraso y’abahanuzi n’ay’aberanda n’ay’abishwe kw’isi bose.” Ni co gituma Yehova adutegeka ati: “Nimuve iwe, bantu banje.” Abasenga Yehova ntibifatanya n’idini ry’ikinyoma.​—Ivyahishuwe 17:6; 18:2, 4, 24.

23. ‘Kuva’ muri Babiloni Akomeye bisaba iki?

23 ‘Kuva’ muri Babiloni Akomeye bisaba ko twerekana mu buryo butomoye yuko tutakiri mw’idini ry’ikinyoma. Nk’akarorero, turakwiye gufutisha izina ryacu ku rutonde rw’abanywanyi b’iryo dini. Ariko si ivyo gusa. Turakwiye kwanka ibintu bibi idini ry’ikinyoma rikora kandi tukavyamirira kure. Idini ry’ikinyoma rirarenza uruho rw’amazi ku buhumbu kandi rigashigikira politike n’agatima k’amaronko. (Soma Zaburi 97:10; Ivyahishuwe 18:7, 9, 11-17) Ivyo vyatumye abantu amamiliyoni bahasiga ubuzima.

24, 25. Ni gute kumenya Yehova bituma tugira amahoro n’ijwi ryo mu mutima ryiza?

24 Imbere y’uko tumenya Yehova, twese hari ukuntu twashigikira ibintu bibi isi ya Shetani ikora. Ariko ubu twarahindutse. Twaremeye incungu maze turegurira Imana ubuzima bwacu. Yehova yaraturonkeje “ibiringo vy’ukuruhurirwa.” Turafise amahoro n’ijwi ryo mu mutima ryiza kubera tuzi ko turiko turakora ibihimbara Imana.​—Ivyakozwe 3:19; Yesaya 1:18.

25 Naho twoba twahoze mw’ishirahamwe ritubaha ubuzima, Yehova arashobora kuduharira yishimikije incungu. Turaha agaciro cane ingabire y’ubuzima Yehova yaduhaye. Ivyo turavyerekana mu gukora uko dushoboye kwose kugira dufashe abandi kwiga ivyerekeye Yehova, kuva mw’isi ya Shetani no kugiranira ubucuti bwiza n’Imana.​—2 Abakorinto 6:1, 2.

NUBWIRE ABANDI IVYEREKEYE UBWAMI

26-28. (a) Ni igikorwa kidasanzwe ikihe Yehova yahaye Ezekiyeli? (b) Ni igiki Yehova adusaba gukora muri iki gihe?

26 Muri Isirayeli ya kera, Yehova yarabwiye umuhanuzi Ezekiyeli ngo aburire abantu ko Yeruzalemu yari mu gutikizwa, yongere abigishe ico bakwiye gukora kugira barokoke. Iyo Ezekiyeli atababurira, Yehova yari kumuharurako amaraso yabo. (Ezekiyeli 33:7-9) Ezekiyeli yarerekanye ko aha agaciro ubuzima mu gukora ibishoboka vyose kugira amenyeshe abantu ubwo butumwa buhambaye.

27 Yehova yaraduhaye igikorwa co kuburira abantu ko iyi si ya Shetani igiye gutikizwa no kubafasha kumumenya, maze bazorokoke binjire mw’isi nshasha. (Yesaya 61:2; Matayo 24:14) Twipfuza gukora ibishoboka vyose kugira tubamenyeshe ubwo butumwa. Dushaka kuvuga nka kumwe kwa Paulo duti: “[Ndacuna] ku maraso y’abantu bose, kuko ataho naretse kubabwira inama yose y’Imana.”​—Ivyakozwe 20:26, 27.

28 Ariko ntiwumve, kugira tugume mu rukundo rw’Imana, hari n’ibindi dutegerezwa gukora uretse kubona ubuzima n’amaraso nk’uko ibibona. Turakeneye kandi kuguma tudahumanye mu nyonga zayo. Reka tubirabe mu kigabane gikurikira.