Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 4

Kubera iki twokwubaha ubukuru?

Kubera iki twokwubaha ubukuru?

“Mutere iteka abantu b’uburyo bwose, mukunde umuryango wose w’abavukanyi, mutinye Imana, mutere iteka umwami.”​—1 PETERO 2:17.

1, 2. (a) Dukwiye gukurikiza ubuyobozi bwa nde? (b) Ni ibibazo ibihe twihweza muri iki kigabane?

 UKIRI umwana, bishobora kuba vyarashika abavyeyi bawe bakagusaba gukora ikintu udashaka. Warakunda abavyeyi bawe kandi wari uzi ko utegerezwa kubagamburukira. Ariko vyarashika ukumva ntushaka kubagamburukira.

2 Turazi ko Umuvyeyi wacu Yehova adukunda. Aratwitwararika kandi araturonsa ivyo dukeneye kugira tubeho neza. Araturonsa ubuyobozi dukeneye kugira turoranirwe. Rimwe na rimwe, arakoresha abandi bantu mu kuduha ubuyobozi. Turakwiye kwubaha ubukuru bwa Yehova. (Imigani 24:21) Ariko none, ni kubera iki rimwe na rimwe bitugora kwemera ubuyobozi? Kubera iki Yehova adusaba gukurikiza ubuyobozi? Kandi twerekana gute ko twubaha ubukuru bwiwe?​—Raba akajambo ko ku mpera ka 9.

KUBERA IKI BITOROSHE?

3, 4. Vyagenze gute ngo tube abacumuzi? Ni kubera iki bishobora kutugora kwemera ubuyobozi duhabwa n’abandi?

3 Tuvukana agatima ko kugarariza. Ivyo vyatanguye kuva igihe Adamu na Eva bacumura. Naho bari baremwe batunganye, baragararije ubukuru bw’Imana. Kuva ico gihe, twese tuvuka tudatunganye. Agasembwa kacu ni kimwe mu bituma bitugora kwemera ubuyobozi duhabwa na Yehova hamwe n’abantu. Ikindi kibituma, ni uko abo Yehova akoresha mu kuduha ubuyobozi na bo nyene badatunganye.​—Itanguriro 2:15-17; 3:1-7; Zaburi 51:5; Abaroma 5:12.

4 Kubera yuko tudatunganye, dufise impengamiro yo kwishima. Ubwishime buratuma bitugora kwemera ubuyobozi. Nk’akarorero, muri Isirayeli ya kera, Yehova yaratoye Musa ngo ayobore abasavyi biwe. Umugabo yitwa Kora, akaba yari amaze igihe kirekire akorera Yehova, yaragize ubwibone bituma asuzugura Musa. Naho Musa ari we yayobora abasavyi b’Imana, ntiyishima. Kanatsinda, Bibiliya ivuga ko yicisha bugufi kuruta abantu bose bariho muri ico gihe. Ariko Kora ntiyemera ubuyobozi butangwa na Musa. Yaroheje n’abandi bantu benshi ngo bamushigikire mu kugarariza Musa. None ni ibiki vyashikiye Kora n’abo bari kumwe? Yehova yarabishe. (Guharūra 12:3; 16:1-3, 31-35) Bibiliya irimwo uburorero bwinshi butwereka ko ubwishime ari bubi.​—2 Ngoma 26:16-21; raba akajambo ko ku mpera ka 10.

5. Ni gute abantu bamwebamwe bakoresheje nabi ubukuru bwabo?

5 Ngira uramaze kubona ko iyo abantu baronse ubukuru baca bashaka gucinyiza abandi. Kuva kera, abantu benshi barakoresheje nabi ubukuru bwabo. (Soma Umusiguzi 8:9.) Nk’akarorero, Sauli yari umuntu mwiza kandi yicisha bugufi igihe Yehova yamutora ngo abe umwami wa Isirayeli. Ariko yararetse ubwishime n’ishari biratsimbatara mu mutima wiwe, bituma ahiga buhongo Dawidi ata co amuziza. (1 Samweli 9:20, 21; 10:20-22; 18:7-11) Mu nyuma Dawidi yarabaye umwami, kandi yari umwe mu bami beza cane batwaye Isirayeli. Ariko na we nyene yahavuye akoresha nabi ubukuru bwiwe. Yararenze ibigo na Batisheba umugore wa Uriya, aca aragerageza kunyegeza ico gicumuro mu kurungika Uriya mu ntambara kugira agweyo.​—2 Samweli 11:1-17.

IGITUMA TWUBAHA UBUKURU BWA YEHOVA

6, 7. (a) Urukundo dukunda Yehova rutuma dukora iki? (b) Ni igiki kizodufasha kugamburuka n’igihe bitoba vyoroshe?

6 Turagamburuka ubuyobozi Yehova aduha kubera tumukunda. Kubera yuko dukunda Yehova kuruta vyose, twipfuza kumunezereza. (Soma Imigani 27:11; Mariko 12:29, 30.) Kuva Adamu na Eva bakiba muri Edeni, Shetani yamye arondera ko abantu bagarariza ubukuru bwa Yehova. Shetani ashaka ko twemera ko Yehova ata burenganzira afise bwo kutubwira ico twokora. Ariko turazi ko ico ari ikinyoma. Turemera ko aya majambo ari ukuri: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose.”​—Ivyahishuwe 4:11.

7 Ukiri umwana, ushobora kuba warigishijwe kugamburukira abavyeyi bawe n’igihe waba utabishaka. Na twebwe abasavyi ba Yehova birashika bikatugora kugamburuka. Ariko kubera yuko dukunda Yehova kandi tukamwubaha, turihata tukamugamburukira. Yezu yaradusigiye akarorero. Yaragamburukira Yehova n’igihe bitaba vyoroshe. Ni co gituma yabwiye Se wiwe ati: “Ntihabe ukugomba kwanje, ahubwo habe ukugomba kwawe.”​—Luka 22:42; raba akajambo ko ku mpera ka 11.

8. Ni uburyo ubuhe Yehova akoresha mu kuturonsa ubuyobozi? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Niwumvire impanuro.”)

8 Muri iki gihe, Yehova aturonsa ubuyobozi mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, yaraduhaye Bibiliya. Yaraduhaye n’abakurambere mw’ishengero. Turerekana ko twubaha ubukuru bwa Yehova mu kwubaha abo akoresha mu kutuyobora. Tubagambarariye, ni nk’aho tuba tugambarariye Yehova. Igihe Abisirayeli bagambararira Musa, Yehova yabonye ko ryari ikosa rikomeye. Yabona ko ari we bagambarariye.​—Guharūra 14:26, 27; raba akajambo ko ku mpera ka 12.

9. Ni gute urukundo rutuma tugamburuka ubuyobozi?

9 Iyo twubashe ubukuru, tuba twerekanye kandi ko dukunda abavukanyi bacu. Nk’akarorero, igihe hateye icago c’icaduka, akenshi abajejwe gutabara barasenyera ku mugozi umwe kugira barokore abantu benshi bashoboka. Kugira barangure neza igikorwa cabo, barakeneye umuntu abaha ubuyobozi kandi umwe wese muri bo ategerezwa kubukurikiza. Ariko vyogenda gute hagize uwudakurikiza ubwo buyobozi, agakora ivyo yishakiye? Naho aba afise intumbero nziza, kudakurikiza ubuyobozi vyoshobora gutuma abo bakorana bagira ingorane, kumbure bagakomereka cane. Muri ubwo buryo nyene, iyo tudakurikije ubuyobozi Yehova aduha hamwe n’ubwo duhabwa n’abo yahaye ubukuru, abandi boshobora kuhagirira ingorane. Ariko igihe tugamburukiye Yehova, tuba twerekanye ko dukunda abavukanyi bacu be n’uko twubaha urutonde Yehova yashizeho.​—1 Abakorinto 12:14, 25, 26.

10, 11. Tugira twihweze iki?

10 Ivyo Yehova adusaba vyose ni ku neza yacu. Igihe twubashe ubukuru mu muryango, mw’ishengero no mu vyo dukorana n’abajejwe intwaro, twese turahungukira.​—Gusubira mu vyagezwe 5:16; Abaroma 13:4; Abanyefeso 6:2, 3; Abaheburayo 13:17.

11 Gutahura igituma Yehova adutegeka kwubaha abandi birashobora kudufasha kugamburuka iryo tegeko. Reka twihweze mu buryo buramvuye ukuntu twokwerekana ko twubaha ubukuru mu mice itatu.

UBUKURU MU MURYANGO

12. Umugabo yokwerekana gute ko yubaha ubukuru?

12 Yehova ni we yatanguje umuryango, kandi umwe wese mu bawugize yaramushinze ibanga. Igihe umwe wese atahura neza ivyo Yehova amwitezeko, abagize umuryango bose barasenyera ku mugozi umwe kandi barahungukira. (1 Abakorinto 14:33) Yehova yashinze ko serugo aba umutwe w’umuryango. Ivyo bisobanura ko yiteze ko serugo yitwararika umukenyezi n’abana kandi akabayoborana urukundo. Umugabo rero arafise ico abazwa na Yehova ku bijanye n’ukuntu yitwararika umuryango wiwe. Umugabo akwiye kurangwa n’ubuntu be n’urukundo kandi agafata umuryango wiwe nk’uko Yezu afata ishengero. Abigize gutyo, aba yerekanye ko yubaha Yehova.​—Abanyefeso 5:23; raba akajambo ko ku mpera ka 13.

Serugo arigana Kristu mu kwitwararika umuryango wiwe

13. Umukenyezi yokwerekana gute ko yubaha ubukuru?

13 Umukenyezi na we nyene arafise ibanga rihambaye kandi riteye iteka. Arashigikira umunega wiwe uko yihata ngo abe serugo mwiza. We hamwe n’umugabo wiwe barafise ibanga ryo kwigisha abana. Bumwe mu buryo akoresha mu kwigisha abana biwe kugamburuka, ni mu kubaha akarorero keza. (Imigani 1:8) Arubaha umugabo wiwe kandi akamushigikira mu ngingo afata. Naho hoba hari ikintu batabona kumwe, arashikiriza iciyumviro ciwe abigiranye ubuntu n’icubahiro. Igihe umugabo wiwe atari Icabona, aba afise ingorane yisangije. Mugabo abandanije kumwubaha no kumukunda, umusi uri izina umugabo wiwe na we nyene yoshobora kwipfuza kumenya Yehova no kumusenga.​—Soma 1 Petero 3:1.

14. Abana bokwerekana gute ko bubaha ubukuru?

14 Yehova arakunda abana. Abana barakeneye cane gukingirwa no kuyoborwa. Abavyeyi baranezerwa igihe abana babagamburukira. N’igihambaye kuruta, igihe abana bagamburutse, baba berekanye ko bubaha Yehova kandi biramunezera. (Imigani 10:1) Mu miryango myinshi, usanga abana barezwe n’umuvyeyi umwe. Yaba uwo muvyeyi canke abo bana, bose usanga batorohewe. Ariko igihe abo bana bagamburuka kandi bagashigikira uwo muvyeyi wabo, ubuzima buroroha gatoyi. Naho ata rugo ruburamwo ingorane, abagize umuryango bararushiriza kugira agahimbare igihe umwe wese muri bo akurikiza impanuro Yehova atanga. Ivyo biratera iteka Yehova we yatanguje umuryango.​—Abanyefeso 3:14, 15.

UBUKURU MW’ISHENGERO

15. Twokwerekana gute ko twubaha ubukuru mw’ishengero?

15 Yehova atuyobora biciye kw’ishengero, kandi yaragenye Yezu ngo abe umukuru waryo. (Abakolosayi 1:18) Yezu na we yarajeje wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ibanga ryo kwitwararika abasavyi b’Imana bo kw’isi. (Matayo 24:45-47) Muri iki gihe, uwo “mushumba” ni Inama Nyobozi. Inama Nyobozi iraturonsa ivyo dukeneye ku gihe kibereye kugira tugume dukomeye mu kwizera. Abakurambere, abakozi b’ishengero n’abacungezi b’imizunguruko barashigikira amashengero yo hirya no hino kw’isi bisunze ubuyobozi butangwa n’Inama Nyobozi. Abo bavukanyi bose bajejwe ibanga ryo kutwitwararika. Bari n’ico babazwa na Yehova ku kuntu barirangura. Tubagamburukiye tuba tugamburukiye Yehova.​—Soma 1 Abatesalonika 5:12; Abaheburayo 13:17; raba akajambo ko ku mpera ka 14.

16. Kubera iki twovuga ko abakurambere n’abakozi b’ishengero bagenwa n’impwemu nyeranda?

16 Abakurambere n’abakozi b’ishengero barafasha abagize ishengero kuguma ari abizigirwa kandi bunze ubumwe. Ariko ntiwumve, ntibatunganye cokimwe natwe twese. None batorwa gute? Abo bavukanyi bategerezwa gukwiza ibisabwa biri muri Bibiliya. (1 Timoteyo 3:1-7, 12; Tito 1:5-9) Yehova yakoresheje impwemu nyeranda mu gufasha abanditse Bibiliya gutomora ivyo bisabwa. Abakurambere barasaba Yehova impwemu nyeranda kugira ibafashe igihe bihweza umuvukanyi yogenwa ngo abe umukurambere canke umukozi w’ishengero. Biratomoye rero ko Yehova na Yezu ari bo bayoboye ishengero. (Ivyakozwe 20:28) Abagabo bagenywe ngo batwitwararike ni ingabire twahawe n’Imana.​—Abanyefeso 4:8.

17. Ni igiki rimwe na rimwe umudada yokora kugira yerekane ko yubaha ubukuru?

17 Birashika mw’ishengero hakabura umukurambere canke umukozi w’ishengero yitwararika igikorwa kanaka. Muri ico gihe, abandi bavukanyi babatijwe barashobora gufasha. Ariko nimba ata bariho, vyoshika umudada agakora igikorwa cari kigenewe umuvukanyi yabatijwe. Ivyo bishitse, akwiye kwitwikira umutwe, kumbure akambara igitambara canke inkofero. (1 Abakorinto 11:3-10) Gutyo aba yerekanye ko yubaha ubukuru Yehova yashizeho mu muryango no mw’ishengero.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 15.

UBUKURU BW’ABAJEJWE INTWARO

18, 19. (a) Ibivugwa mu Baroma 13:1-7 bitwigisha iki? (b) Twokwerekana gute ko twubaha abategetsi?

18 Muri iki gihe, Yehova arareka intwaro zikagira ubukuru kanaka, kandi dukwiye kuzubaha. Abajejwe intwaro baratunganya ibintu mu gihugu ku buryo haba urutonde kandi bagashiriraho abanyagihugu ibintu bakenera. Abakirisu baragamburuka itegeko dusanga mu Baroma 13:1-7. (Soma.) Turubaha “abakuru bari hejuru” kandi tukagamburuka amategeko y’igihugu canke y’akarere tubamwo. Ayo mategeko ashobora kuba yerekeye umuryango wacu, urudandaza canke ivyo dutunze. Nk’akarorero, turatanga ikori kandi turaha leta amakuru iba ikeneye. Ariko none twokora iki leta idusavye gukora ikintu giteye kubiri n’amategeko y’Imana? Intumwa Petero yavuze ati: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”​—Ivyakozwe 5:28, 29.

19 Igihe twitura umutegetsi, nk’akarorero umucamanza canke umupolisi, dukwiye kwama turangwa n’urupfasoni. Abanyeshure bakwiye kwubaha abigisha babo canke abandi barezi. Turubaha umukoresha wacu, naho abandi bakozi boba batamwubaha. Ivyo tubigize, tuba twiganye intumwa Paulo. Yarubaha abategetsi naho rimwe na rimwe bitaba vyoroshe. (Ivyakozwe 26:2, 25) Naho abandi bodufata nabi, tuguma tugaragaza urupfasoni.​—Soma Abaroma 12:17, 18; 1 Petero 3:15.

20, 21. Kwubaha abandi bivamwo ivyiza ibihe?

20 Kw’isi yose, ivyo kwubahana biguma bitituka. Ariko ku basavyi ba Yehova si uko. Turihatira kwubaha abantu bose. Turakurikiza impanuro intumwa Petero yatanze igira iti: “Mutere iteka abantu b’uburyo bwose.” (1 Petero 2:17) Iyo twubashe abandi, ntibabura kubibona. Yezu yatubwiye ati: “Mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu, kugira babone ibikorwa vyanyu vyiza hanyuma baninahaze So.”​—Matayo 5:16.

21 Iyo tugaragaje icubahiro mu muryango, mw’ishengero no mu yindi mice y’ubuzima, birashobora gutuma abandi bipfuza kwiga ivyerekeye Yehova. Vyongeye, iyo twubashe abandi, tuba twubashe Yehova. Biratuma Yehova anezerwa kandi biramwereka ko tumukunda.