Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 13

Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?

Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?

“Mugume mwiyemeza neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo.”​—ABANYEFESO 5:10.

1. Dukwiye gukora iki kugira Yehova yemere ugusenga kwacu, kandi kubera iki?

 YEZU yavuze ati: “Abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri, kuko vy’ukuri mwene abo ari bo Data arondera ngo bamusenge.” (Yohani 4:23; 6:44) Twese dutegerezwa ‘kuguma twiyemeza neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo.’ (Abanyefeso 5:10) Ivyo ntivyama vyoroshe. Shetani aguma arondera kutuzimiza kugira dukore ibintu bidahimbara Yehova.​—Ivyahishuwe 12:9.

2. Igana ivyabaye hafi y’umusozi Sinayi.

2 None Shetani abigenza gute mu kutuzimiza? Uburyo bumwe akoresha ni ugutuma bitugora gutandukanya ikibi n’iciza. Raba ivyashikiye Abisirayeli igihe bari bakambitse hafi y’umusozi Sinayi. Musa yari yaduze kuri uwo musozi, abantu na bo barindiriye ko agaruka. Bahavuye barambirwa, baca babwira Aroni ngo abakorere imana. Yaciye abakorera ikigirwamana c’inzahabu kimeze nk’inyana. Abantu baciye bagira umusi mukuru. Baratamvye bazunguruka iyo nyana bongera barayunamira. Aho hose babona ko bariko basenga Yehova. Naho bavuze ko bariko bagira “umusi mukuru wa Yehova,” ivyo ntivyatumye uba mwiza. Yehova yabona ko bariko basenga ikigirwamana, kandi benshi muri bo barahasize ubuzima. (Kuvayo 32:1-6, 10, 28) None ivyo bikwigisha iki? Ntuhendwe ubona. ‘Ntukore ku gihumanye na kimwe,’ ahubwo nureke Yehova akwigishe gutandukanya iciza n’ikibi.​—Yesaya 52:11; Ezekiyeli 44:23; Abagalatiya 5:9.

3, 4. Kubera iki ari vyiza kwihweza inkomoko y’imisi mikuru ikundwa na benshi?

3 Igihe Yezu yari kw’isi, yarigishije intumwa ziwe kuba intangakarorero mu bijanye n’ugusenga gutyoroye. Amaze gupfa, intumwa ziwe zarabandanije kwigisha abandi ingingo ngenderwako za Yehova. Ariko intumwa zimaze gupfa, abigisha b’ikinyoma baratanguye kuzana mw’ishengero ivyiyumviro bitari vyo hamwe n’imigenzo be n’imisi mikuru vy’abapagani. Bahavuye bahindura n’amazina y’imwe muri iyo misi mikuru kugira ise n’iya gikirisu. (2 Abatesalonika 2:7, 10; 2 Yohani 6, 7) Myinshi muri iyo misi mikuru iracakundwa cane kandi irabandanya guhayagiza inyigisho z’ikinyoma n’ugusenga amadayimoni. *​—Ivyahishuwe 18:2-4, 23.

4 Hirya no hino kw’isi, imisi mikuru usanga ifise ikibanza gikomeye mu buzima bw’abantu. Ariko rero, uko ugenda urarushiriza gutahura ingene Yehova abona ibintu, urashobora gusanga ukeneye guhindura ukuntu ubona imisi mikuru imwimwe. Ivyo vyoshobora kutakworohera ariko Yehova azogufasha. Reka twihweze inkomoko y’imisi mikuru imwimwe ikundwa na benshi kugira dutahure ukuntu Yehova ayibona.

NOWELI YATANGUYE GUTE?

5. Ni igiki cerekana ko Yezu atavutse ku wa 25 Kigarama?

5 Mu mihingo myinshi, Noweli ihimbazwa ku wa 25 Kigarama, itariki benshi biyumvira ko ari yo Yezu yavukiyeko. Bibiliya ntitubwira itariki n’ukwezi Yezu yavukiyeko, ariko iratubwira ikiringo yavukiyemwo. Luka yanditse ko igihe Yezu yavukira i Betelehemu, “abungere baba hanze” bateramiye amasho yabo. (Luka 2:8-11) Muri Kigarama, i Betelehemu haba hakanye cane, hagwa imvura nyinshi n’ibibarafu ku buryo ata bungere borara hanze n’amasho yabo. None ivyo bitwereka iki? Igihe Yezu yavuka, ikirere cari kimeze neza, ntihari muri Kigarama. Bibiliya hamwe n’ibimenyamenya bitangwa n’abahinga mu vya kahise vyerekana ko Yezu yavutse nko muri Nyakanga canke Gitugutu.

6, 7. (a) Imigenzo myinshi ijanye na Noweli yatanguye gute? (b) Dukwiye gutanga tubitumwe n’iki?

6 None Noweli yatanguye gute? Yakomotse mu misi mikuru y’abapagani, nk’umusi mukuru w’Abaroma witwa Saturunaliya wahariwe imana y’uburimyi yitwa Saturune. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi kivuga giti: “Saturunaliya, umusi mukuru wahimbazwa n’Abaroma ukwezi kwa Kigarama kugeze hagati, ni wo abantu benshi bafatiyeko mu kugira imigenzo y’ivyo kuryoherwa ijanye na Noweli. Nk’akarorero, aho ni ho havuye ivyo kugira imanza zihanitse, ivyo guhanahana ingabire n’ivyo gucana amabuji.” Bisubiye, ku wa 25 Kigarama ni ho hahimbazwa umusi mukuru w’ivuka ry’ikimana zuba c’Abaperesi citwa Mithra.

7 Ariko rero, abantu benshi bahimbaza Noweli muri iki gihe ntibitaho ivy’uko yakomotse mu bapagani. Babona gusa ko Noweli ari akaryo ko guhurira hamwe mu muryango, bagasangira udufungurwa kandi bagahanahana utuganuke. Turakunda incuti n’abagenzi, kandi Yehova yipfuza ko abasavyi biwe basangira n’abandi ivyo bafise. Mu 2 Abakorinto 9:7 hagira hati: “Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” Yehova ntashaka ko dutanga mu biringo bidasanzwe gusa. Abasavyi biwe barahanahana utuganuke bakongera bagahurira hamwe n’incuti n’abagenzi mu kiringo ico ari co cose mu mwaka, kandi ivyo bakabigira batiteze gusubirizwa mu nkoko. Batanga babitumwe n’urukundo.​—Luka 14:12-14.

Kumenya inkomoko y’imisi mikuru birashobora kudufasha kubona iyo twokwirinda

8. Ba bagabo baragurira ku nyenyeri boba bazaniye Yezu utuganuke akiri akayoya kakivuka? Sigura.

8 Mu gushigikira ivyo gutanga utuganuke kuri Noweli, abantu benshi bavuga ko hari abagabo batatu bazaniye akana Yezu utuganuke igihe kari mu ruhongore. Ni ivy’ukuri ko hariho abagabo baje kuraba Yezu bamuzaniye utuganuke. Mu bihe vya Bibiliya, ivyo guha utuganuke umuntu adasanzwe vyari bimenyerewe. (1 Abami 10:1, 2, 10, 13) Ariko wari uzi ko Bibiliya ivuga yuko abo bagabo bari abapfumu baragurira ku nyenyeri? Ntibasenga Yehova. Vyongeye, ntibaje kuraba Yezu akiri akayoya kari mu ruhongore. Baje kumuraba haciye igihe, ari “umwana mutoyi” aba mu nzu.​—Matayo 2:1, 2, 11.

BIBILIYA IVUGA IKI KU BIJANYE N’IMISI MIKURU Y’IVUKA?

9. Ni imisi mikuru y’ivuka iyihe ivugwa muri Bibiliya?

9 Igihe umwana avutse turahimbarwa. (Zaburi 127:3) Ariko ivyo ntibisigura yuko dukwiye guhimbaza imisi mikuru y’ivuka. Iyumvire iki kintu: Imisi mikuru y’ivuka ibiri yonyene ni yo ivugwa muri Bibiliya. Umwe wari umusi mukuru w’ivuka ry’Umwami Farawo wa Misiri, uwundi wari uw’Umwami Herodi Antipa. (Soma Itanguriro 40:20-22; Mariko 6:21-29.) Abo bami bose ntibasenga Yehova. Nkako, nta na hamwe Bibiliya ivuga ko hari umusavyi wa Yehova yigeze ahimbaza umusi mukuru w’ivuka.

10. Abakirisu bo mu ntango babona gute ivyo guhimbaza imisi mikuru y’ivuka?

10 Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi kivuga ko abakirisu bo mu ntango “babona ko guhimbaza umusi w’ivuka wari umugenzo w’abapagani.” Iyo migenzo yari ishingiye ku nyigisho z’ikinyoma. Nk’akarorero, Abagiriki ba kera bemera ko umuntu wese yaba afise umuzimu umukingira waba uhari mu gihe c’ivuka ryiwe. Biyumvira ko uwo muzimu waba ufitaniye isano n’ikimana caba cavutse kw’itariki uwo muntu yavukiyeko. Uretse n’ivyo, imisi mikuru y’ivuka irafitaniye isano cane n’ivyo kuragurira ku nyenyeri.

11. Yehova abona gute ibijanye no gutanga?

11 Abantu benshi babona ko umusi bavukiyeko ari umusi udasanzwe. Baba biteze rero ko ababafise ku mutima babereka ko babakunda kuri uwo musi. Ariko turashobora kugaragariza urukundo abo mu muryango n’abagenzi igihe ico ari co cose mu mwaka, atari ku musi kanaka gusa. Yehova ashaka ko twama turi abanyabuntu kandi tugatanga cane. (Soma Ivyakozwe 20:35.) Imisi yose turamukengurukira kubera yaduhaye ubuzima, ntitumukengurukira ku musi twavukiyeko gusa.​—Zaburi 8:3, 4; 36:9.

Abakirisu b’ukuri batanga babitumwe n’urukundo

12. Ni mu buryo ki umusi wo gupfa uruta umusi wo kuvuka?

12 Mu Musiguzi 7:1 havuga hati: “Izina ryiza riraruta amavuta meza, n’umusi w’ugupfa uraruta umusi w’ukuvuka.” Ni mu buryo ki umusi w’ugupfa uruta umusi wo kuvuka? Iyo umuntu avutse, nta kintu na kimwe aba arakora, caba ciza canke kibi. Ariko igihe dukoresha ubuzima bwacu mu gukorera Yehova no mu kigirira ivyiza abandi, tuba turiko turihesha “izina ryiza,” kandi Yehova aguma atwibuka naho vyoshika tugapfa. (Yobu 14:14, 15) Abasavyi ba Yehova ntibahimbaza imisi bavukiyeko canke umusi Yezu yavukiyeko. Kukaba nkako, umusi mukuru wonyene Yezu yadusavye guhimbaza ni Icibutso c’urupfu rwiwe.​—Luka 22:17-20; Abaheburayo 1:3, 4.

PASIKA

13, 14. Ni kubera iki abakirisu b’ukuri badahimbaza Pasika?

13 Abantu benshi iyo bariko barahimbaza Pasika bavuga ko bariko bahimbaza izuka rya Yezu. None Yezu yoba yarasavye abakirisu guhimbaza izuka ryiwe? Oya. Ibitabu vya kahise vyerekana ko abakirisu bo mu ntango batahimbaza Pasika be n’uko uwo musi mukuru ushingiye ku migenzo y’abapagani. Igitabu kimwe kigira giti: “Mw’Isezerano rishasha, nta kintu na kimwe cerekana ko umusi mukuru wa Pasika wahimbazwa. . . . Nta misi myeranda yabaho ku bakirisu bo mu ntango.”​—Encyclopædia Britannica.

14 None Yehova yoba ahimbarwa abonye ukuntu abantu bavangatiranya imigenzo y’abapagani n’izuka ry’Umwana wiwe? Habe namba. (2 Abakorinto 6:17, 18) Kanatsinda, ntiyigeze adusaba guhimbaza izuka rya Yezu.

IMIGENZO IJANYE N’URUPFU

15. Kubera iki abakirisu b’ukuri batagira imigenzo imwimwe ijanye n’urupfu?

15 Abakirisu b’ukuri baririnda imigenzo myinshi ijanye n’urupfu. Igihe umuntu apfuye, ababuze barashobora kumara ijoro ryose bateramiye ikiziga. Mu gihe c’amaziko, incuti za hafi z’uwo muntu zirafata utuvu canke amashurwe zigaterera mu mva. Inyuma y’amaziko haraba ukugandara, uguca ku mazi n’ukuganduka. Ivyo vyose abantu babigira kubera biyumvira yuko abapfuye bashobora kugirira nabi canke neza abasigaye. Ariko Bibiliya yigisha ko abapfuye ‘ata co bazi namba.’ Ku bw’ivyo, abipfuza kuguma mu rukundo rw’Imana baririnda imigenzo yose ifitaniye isano no gutinya abapfuye.​—Umusiguzi 9:5, 10.

UBUGENI BUHIMBARA IMANA

16, 17. Ni ibiki dukwiye kwitwararika igihe dutegura ubugeni?

16 Ubugeni ni urubanza ruhimbaye. Hirya no hino kw’isi, ubugeni buhimbazwa ugutandukanye. Abantu ntibakunze kwiyumvira inkomoko y’imigenzo igirwa ku musi w’ubugeni. Bashobora kuba batazi ko imigenzo imwimwe ikomoka mw’idini ry’ikinyoma. Ni co gituma igihe abakirisu bariko barategura ubugeni bwabo bakwiye kwitwararika ko buba ubuhimbara Imana. Bamenye inkomoko y’imigenzo igirwa ku musi w’ubugeni, birabafasha gufata ingingo zibereye.​—Mariko 10:6-9.

17 Vyiyumvirwa ko imigenzo imwimwe ijanye n’ubugeni itera “imigisha” urugo rushasha. (Yesaya 65:11) Nk’akarorero, mu mihingo imwimwe abantu baramija abageni imiceri canke ibindi bintu. Biyumvira ko ivyo bizotuma bibaruka, bakagira agahimbare, bakaramba kandi bikabakingira ivyobagirira nabi. Ariko abakirisu barakwiye kwirinda umugenzo uwo ari wo wose ufitaniye isano n’idini ry’ikinyoma.​—Soma 2 Abakorinto 6:14-18.

18. Ni izindi ngingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya wokwisunga mu gutegura ubugeni?

18 Abakirisu bipfuza ko ubugeni bwabo buba ikiringo gihimbaye kandi giteye iteka. Bipfuza kandi ko abatumire babo banezerwa. Abashikiriza amajambo barakwiye kwirinda imvugo itaranga ubuntu, irimwo ibishegu canke imaramaza abageni canke abandi bitavye urwo rubanza. (Imigani 26:18, 19; Luka 6:31; 10:27) Ubugeni bw’abakirisu si akaryo ko “guhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho.” (1 Yohani 2:16) Nimba uriko urategura ubugeni, uraraba neza ntuzokore ibintu bizotuma usigara uricuza.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 28.

IVYO GUKOMANYA IBIRAHURI VYAKOMOTSE HE?

19, 20. Umugenzo wo gukomanya ibirahuri wakomotse he?

19 Ku musi w’ubugeni canke ku zindi manza, abantu barakunda kuduza ibirahuri hama bakabikomanya. Ivyo babigira mu ntumbero yo kwipfurizanya amagara meza. None abakirisu bakwiye kubona gute uwo mugenzo?

20 Igitabu kimwe kivuga ibijanye n’inzoga n’imigenzo cerekana ko ivyo gukomanya ibirahuri bishobora kuba vyakomotse ku mugenzo w’idini ry’ikinyoma “wo gushikanira ibimana ikinyobwa ceranda.” Ivyo vyakorwa mu ntumbero yo “kubishimira kubona vyumvirije igisabisho vyatuwe, bakavuga amajambo avunaguye nk’aya ngo ‘urakaramba’ canke ngo ‘gira amagara meza!’” Kera abantu bari bafise umugenzo wo kuduza ibikombe kugira basabe imana zabo ngo zibahezagire. Ariko uko si kwo Yehova atanga umuhezagiro.​—Yohani 14:6; 16:23.

“YEMWE ABAKUNDA YEHOVA, NIMWANKE IKIBI”

21. Ni ibirori bwoko ki abakirisu bakwiye kwirinda?

21 Igihe wiyumvira kwitaba urubanza kanaka, nubanze uzirikane agatima n’ingeso urwo rubanza ruremesha. Nk’akarorero, ibirori bimwebimwe usanga bigizwe n’intambo zivyura ivyipfuzo bibi, ukunywera akaborerwe eka mbere n’ubusambanyi. Woshobora kandi gusanga ivyo birori bihayagiza ukuryamana kw’abasangiye ibitsina canke ukwiratira igihugu. Hamwe twoja mu birori nk’ivyo, twoba twovuga ko vy’ukuri twanka ivyo Yehova yanka?​—Zaburi 1:1, 2; 97:10; 119:37.

22. Ni ibiki vyofasha umukirisu kumenya ko yoja ku musi mukuru kanaka?

22 Abakirisu bakwiye kwirinda imisi mikuru idatera iteka Imana. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mwaba murya canke munywa canke mukora ikindi kintu cose, mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.” (1 Abakorinto 10:31; raba akajambo ko ku mpera ka 29.) Ni ivy’ukuri ko imisi mikuru yose itaba irimwo ibintu bijanye n’ubuhumbu, idini ry’ikinyoma canke ivyo kwiratira igihugu. Nimba umusi mukuru kanaka udateye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ni twe twifatira ingingo yo kuwujako canke kutawujako. Ariko turakwiye kandi kuraba neza ko iyo ngingo itotsitaza abandi.

NUTERE ITEKA YEHOVA MU MVUGO NO MU NGIRO

23, 24. Twosigurira gute incuti zitari Ivyabona igituma tudahimbaza imisi mikuru imwimwe?

23 Ushobora kuba warahevye guhimbaza imisi mikuru idashimwa n’Imana. Ariko incuti zawe atari Ivyabona boshobora kwiyumvira ko ubitumwa n’uko utakibakunda canke ko utagishaka kwifatanya na bo. Bashobora kuba babona ko iyo misi mikuru ari ko karyo konyene ko guhurira hamwe mu muryango. None wokora iki? Hari uburyo bwinshi woshobora kubasubiriza umutima mu nda yuko ubakunda be n’uko ubaha agaciro. (Imigani 11:25; Umusiguzi 3:12, 13) Urashobora kubatumira mugateramana mu bindi biringo.

24 Bakubajije igituma utagihimbaza imisi mikuru imwimwe, woshobora kurondera mu bitabu vyacu no ku rubuga rwa jw.org amakuru yogufasha kubasigurira impamvu. Ntutume biyumvira ko uri umunyabihari canke ko ushaka kubemeza ivyiyumviro vyawe ku nguvu. Ahubwo nubafashe kubona ko iyo ngingo wayifashe ubanje kurimbura ibintu bitari bike. Nugume utekanye kandi ‘imvugo yawe yamane igikundiro, irunze umunyu.’​—Abakolosayi 4:6.

25, 26. Abavyeyi bofasha gute abana babo gukunda ingingo ngenderwako za Yehova?

25 Birahambaye ko umwe wese muri twebwe atahura igituma atagira uruhara mu misi mikuru kanaka. (Abaheburayo 5:14) Intumbero yacu ni uguhimbara Yehova. Nimba na ho dufise abana, turakwiye gufata umwanya tukabafasha gutahura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya no kuzikunda. Nibabona ko Yehova ari umugenzi abakunda, na bo nyene bazorondera kumuhimbara.​—Yesaya 48:17, 18; 1 Petero 3:15.

26 Yehova aranezerwa abonye turiko turagira uko dushoboye kwose ngo tumusenge mu kuri no mu buryo budahumanye. (Yohani 4:23) Ariko benshi babona ko bidashoboka yuko umuntu aba imvugakuri muri ino si yuzuyemwo uburyarya. Ivyo vyoba ari vyo? Reka tubirabe mu kigabane gikurikira.

^ Ushaka amakuru ajanye n’imisi mikuru imwimwe, raba Igitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova canke uje kuri jw.org.