Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 9

“Nimuhunge ubusambanyi”

“Nimuhunge ubusambanyi”

“Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina ari kwo gusenga ibigirwamana.”​—ABAKOLOSAYI 3:5.

1, 2. Balamu yagerageje gute kugirira nabi abasavyi ba Yehova?

 UMUROVYI aragiye ahantu hari amafi yipfuza kuroba. Arahitamwo icambo agaca aterera igera mu mazi. Ararindira yihanganye maze ifi iriye ca cambo, agaca akwega rya gera agakurako nya fi.

2 Abantu na bo nyene barashobora gufatwa nk’ukwo kw’ifi. Nk’akarorero, Abisirayeli bari bakambitse mu biyaya vya Mowabu, bakaba bagira bashike mu Gihugu c’isezerano. Umwami wa Mowabu yabwiye umugabo yitwa Balamu ko yomuha amahera menshi hamwe yovuma Abisirayeli. Balamu yahavuye aronka uburyo bwotuma Abisirayeli bikwegera umuvumo. Yarahisemwo icambo avyitondeye. Yaciye arungika abagore b’Abanyamowabukazi mw’ikambi y’Abisirayeli ngo baje kuryosharyosha abagabo b’Abisirayeli.​—Guharūra 22:1-7; 31:15, 16; Ivyahishuwe 2:14.

3. Abisirayeli baguye gute mu mutego wa Balamu?

3 None ico cambo ca Balamu coba carashitse ku ntumbero? Cane rwose. Abagabo b’Abisirayeli ibihumbi baratanguye “gushurashura n’abakobwa ba Mowabu.” Baratanguye no gusenga imana z’ikinyoma, ushizemwo Bayali y’i Peyori, ca kigirwamana gishisha c’irondoka. Ivyo vyatumye Abisirayeli 24.000 bapfira aho nyene ku rubibe rw’Igihugu c’isezerano.​—Guharūra 25:1-9.

4. Kubera iki Abisirayeli ibihumbi baguye mu busambanyi?

4 Ni kubera iki Abisirayeli benshi gutyo baguye mu mutego wa Balamu? Biyumviriye gusa ivyo kwiryohera, baca baribagira ivyo Yehova yari yarabakoreye vyose. Abisirayeli bari bafise imvo nyinshi zari gutuma baguma ari intahemuka ku Mana. Yari yarabakuye mu buja mu Misiri, irabagaburira mu bugaragwa yongera irabayobora mu mutekano ntangere gushika ku rubibe rw’Igihugu c’isezerano. (Abaheburayo 3:12) Ariko baraguye mu mutego w’ubuhumbu. Intumwa Paulo yanditse ati: “Eka kandi ntituze turakora ubusambanyi, nk’uko bamwe muri bo bakoze ubusambanyi, [ba]kagwa.”​—1 Abakorinto 10:8.

5, 6. Ivyabaye mu biyaya vy’i Mowabu bitwigisha iki?

5 Isi nshasha iri hafi cane. Tumeze nka ba Bisirayeli bari ku rubibe rw’Igihugu c’isezerano. (1 Abakorinto 10:11) Iyi si tubayemwo yaratwawe n’ivy’igitsina kurusha ba Banyamowabu. Iyo ngeso irashobora kwandukira abasavyi ba Yehova bitagoranye. Kanatsinda, ubusambanyi ni co cambo Shetani akoresha cane kandi akaroranirwa.​—Guharūra 25:6, 14; 2 Abakorinto 2:11; Yuda 4.

6 Niwibaze uti: ‘Noba nohitamwo kurondera kwiryohera akanya gatoyi gusa canke nohitamwo kubaho ibihe bidahera mu gahimbare mw’isi nshasha?’ Birahambaye cane ko twihatira kugamburuka ibwirizwa rya Yehova rigira riti: “Nimuhunge ubusambanyi.”​—1 Abakorinto 6:18.

UBUSAMBANYI NI IKI?

7, 8. Ubusambanyi ni iki? Ni kubera iki atari ikintu co gufyinako?

7 Abantu benshi muri iki gihe nta co bibanga kandi baragarariza imbonankubone amategeko y’Imana ajanye n’igitsina. Muri Bibiliya, ijambo “ubusambanyi” ryerekeza ku bintu vyose bijanye n’igitsina bikorwa hagati y’abantu batubakanye mu buryo bwemewe n’Ivyanditswe. Ivyo birimwo kuryamana kw’abasangiye igitsina no kwimara inambu y’umubiri ku bikoko. Birimwo kandi guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka, kubicisha mu kibuno canke gukuyakuya ibihimba vy’irondoka vy’umuntu mutubakanye.​—Raba akajambo ko ku mpera ka 23.

8 Bibiliya iratomora ko umuntu aguma akora ubusambanyi adashobora kuguma mw’ishengero. (1 Abakorinto 6:9; Ivyahishuwe 22:15) N’ikindi kandi, umuntu w’igihumbu aba yarataye ubuntu kandi n’abandi ntibamwizigira. Ubusambanyi nta kindi buvamwo atari ingorane. Kenshi butuma umuntu asigara yiyagiriza, agatwara inda atipfuza, akagira ingorane mu mubano, akandura indwara no gupfa agapfa. (Soma Abagalatiya 6:7, 8.) Igihe umuntu afashe akanya akazirikana ku ngaruka z’ubusambanyi, birashoboka ko atokwipfuza kubukora. Ariko akenshi iyo umuntu ateye intambwe ya mbere ishikana ku busambanyi, usanga ata kindi aba ariko ariyumvira atari uguhaza ivyipfuzo vyiwe. Akenshi iyo ntambwe ya mbere ni ukuraba amasanamu y’ibiterasoni.

INTAMBWE YA MBERE ISHIKANA KU BUSAMBANYI

9. Kubera iki amasanamu y’ibiterasoni ari mabi cane?

9 Amasanamu y’ibiterasoni agenewe gukabura inambu y’umubiri. Ubu ayo masanamu yarakwiye hose, haba mu bitabu, mu miziki, mu biganiro vyo kuri televiziyo eka no kuri internet. Abatari bake biyumvira ko ayo masanamu ata co atwaye, ariko mu vy’ukuri ni mabi cane. Arashobora gutuma umuntu yizizirwa n’ubuhumbu kandi akagira ivyipfuzo bibi. Iyo umuntu atanguye kuraba ayo masanamu aba atanguye inzira izomushikana ku ngeso yo kwimara inambu y’umubiri ari wenyene, ku kugira ingorane mu mubano, mbere no ku kwahukana.​—Abaroma 1:24-27; Abanyefeso 4:19; raba akajambo ko ku mpera ka 24.

Turakwiye kwiyubara igihe dukoresha internet

10. Ingingo ngenderwako iri muri Yakobo 1:14, 15 yodufasha gute kwirinda ubusambanyi?

10 Birahambaye ko tumenya ukuntu ubuhumbu bushobora kudukwegakwega. Raba iyi ngabisho dusanga muri Yakobo 1:14, 15, ahagira hati: “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite. Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro; igicumuro na co iyo kiranguwe, kivyara urupfu.” Ku bw’ivyo, igihe hari ivyiyumviro bibi bikuje mu muzirikanyi, nuce uvyirukana udatebaganye. Bishitse ukagwa ku masanamu mabi, nuce uraba hirya. Nuce uzimya orodinateri canke uhindure umurongo wa televiziyo. Ntuhe ikibanza ivyiyumviro bibi. Hamwe wobiha ikibanza, vyoshobora gukomera cane gushika n’aho bikugora gucungera.​—Soma Matayo 5:29, 30.

11. Yehova adufasha gute kurwanya ivyiyumviro bibi?

11 Yehova aratuzi kuruta uko twiyizi. Arazi rero ko turi abanyagasembwa. Mugabo arazi kandi ko dushobora kunanira ivyipfuzo bibi. Atubwira ati: “Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina ari kwo gusenga ibigirwamana.” (Abakolosayi 3:5) Naho ivyo bitoroshe, Yehova aratwihanganira kandi aradufasha. (Zaburi 68:19) Umuvukanyi umwe akiri muto yari yariziziwe no kuraba amasanamu y’ibiterasoni no kwimara inambu y’umubiri ari wenyene. Kw’ishure, abagenzi biwe babona ko ivyo ari ibisanzwe, ko umuntu wese ariko arakura ategerezwa kubicamwo. Ariko we yavuze ati: “Vyarononye ijwi ryanje ryo mu mutima, bituma nisuka mu buhumbu.” Yahavuye atahura ko akwiye gucungera ivyipfuzo vyiwe kandi Yehova yaramufashije araheba iyo ngeso. Nimba nawe ufise ivyiyumviro vy’ubuhumbu, nusabe Yehova aguhe “ububasha burengeye ubusanzwe” kugira ugumane ivyiyumviro bidahumanye.​—2 Abakorinto 4:7; 1 Abakorinto 9:27.

12. Kubera iki dukeneye ‘kuzigama umutima wacu’?

12 Salomo yanditse ati: “Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa, kuko ari wo uvamwo amasôko y’ubuzima.” (Imigani 4:23) “Umutima” wacu usobanura ico turi imbere, ukuntu Yehova atubona. Ivyo turaba birashobora kutugirako ingaruka zikomeye. Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yavuze ati: “Nagiranye isezerano n’amaso yanje. None noshobora nte gushinga ijisho umwigeme w’isugi?” (Yobu 31:1) Nk’ukwo kwa Yobu, turakeneye gusuzuma ivyo turaba n’ivyo twiyumvira. Vyongeye, cokimwe n’umwanditsi wa Zaburi, turasaba Yehova duti: “Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro.”​—Zaburi 119:37.

DINA YAHISEMWO NABI

13. Dina yahisemwo abagenzi bameze gute?

13 Abagenzi bacu barashobora kutugirako akosho gakomeye mu buryo bwiza canke bubi. Uhisemwo abagenzi bakurikiza ingingo ngenderwako z’Imana, barashobora kugufasha na wewe ukabaho uzisunga. (Imigani 13:20; soma 1 Abakorinto 15:33.) Ivyashikiye Dina biratwereka igituma bihambaye guhitamwo abagenzi tuvyitondeye. Dina yari umukobwa wa Yakobo, akaba rero yakuriye mu muryango usenga Yehova. Ntiyari igihumbu ariko yaragiraniye ubugenzi bwa hafi n’abakobwa b’i Kanani batasenga Yehova. Abanyakanani babona ivy’igitsina mu buryo butandukanye cane n’ukuntu abasavyi b’Imana babibona, kandi vyari bizwi ko Abanyakanani ari ibihumbu. (Abalewi 18:6-25) Igihe Dina yari kumwe n’abo bagenzi biwe, hari umusore w’Umunyakanani yitwa Shekemu yamubonye aca aramwipfuza. Shekemu ni we muntu “[yu]bahwa kuruta abandi bose” mu muryango wabo, ariko ntiyakunda Yehova.​—Itanguriro 34:18, 19.

14. Ni ibiki vyashikiye Dina?

14 Shekemu yakoze ivyo yabona ko ari ibisanzwe kandi vyemewe. Kubera ko yipfuza kuryamana na Dina, yaciye ‘amufata, aramwonona.’ (Soma Itanguriro 34:1-4.) Ico kintu cabaye intandaro y’ingorane nyinshi zashikiye Dina n’umuryango wabo wose.​—Itanguriro 34:7, 25-31; Abagalatiya 6:7, 8.

15, 16. Ni igiki cotuma ducika inkerebutsi?

15 Si ngombwa ngo turinde gukora amakosa nk’ayo Dina yakoze kugira tumenye ko ingingo ngenderwako za Yehova ziriho ku neza yacu. Bibiliya ivuga iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.” (Imigani 13:20) Niwishingire umugambi wo gutahura “inzira yose y’iciza.” Ivyo bizokurinda kwikwegera intuntu n’umubabaro.​—Imigani 2:6-9; Zaburi 1:1-3.

16 Kwiga Ijambo ry’Imana, gusenga imbere y’uko dufata ingingo no gukurikiza impanuro duhabwa na wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge biratuma ducika inkerebutsi. (Matayo 24:45; Yakobo 1:5) Twese turazi ko tugoyagoya be n’uko tudatunganye. (Yeremiya 17:9) Ariko none, wovyakira gute hagize uwukubwira ko uhakwa kugwa mu mutego w’ubusambanyi? Woba woca ubabara, canke wokwemera ko agufasha?​—2 Abami 22:18, 19.

17. Tanga akarorero kerekana ingene twokwungukira ku mpanuro duhawe n’umukirisu mugenzi wacu.

17 Nk’akarorero, iyumvire iki kintu: Hari umudada umwe ari ku kazi maze umugabo bakorana agatangura kumwiyegereza cane no kumusaba ngo basohokane. Uwo mugabo ntasenga Yehova ariko asa n’umuntu ameze neza kandi w’umutima mwiza. Uwundi mudada arababonye bari kumwe, mu nyuma akagerageza kumukebura. None uwo mudada azovyakira gute? Yoba azoca agerageza kwisigura, canke azobona ubukerebutsi buri muri iyo mpanuro? Uwo mudada ashobora kuba akunda Yehova kandi akaba yipfuza gukora ibigororotse. Ariko hamwe yoguma asohokana n’uwo mugabo, yoba ariko ‘arahunga ubusambanyi’ canke yoba ariko “[ari]zigira umutima wiwe bwite”?​—Imigani 22:3; 28:26; Matayo 6:13; 26:41.

NIWIGIRE KU KARORERO KA YOZEFU

18, 19. Sigura ingene Yozefu yahunze ubusambanyi. Ni igiki catumye ahunga?

18 Yozefu akiri umusore yari umushumba mu Misiri. Buri musi, inabuja yaguma amusaba ngo baryamane, ariko Yozefu yari azi ko ivyo ari bibi. Yozefu yarakunda Yehova kandi yaripfuza kumuhimbara. Ni co gituma yaguma yanka naho uwo mugore yama amuryosharyosha. Kubera ko yari umushumba, ntiyari afise uburenganzira bwo gufata inzira ngo yigire. Umusi umwe inabuja yaragomvye kumufata ku nguvu, aca “arahunga, aja hanze.”​—Soma Itanguriro 39:7-12.

19 Yozefu ntiyari guhunga iyaba yari asanzwe afise ivyiyumviro vy’ubuhumbu canke akaba yari asanzwe yishiramwo ivy’ukuryamana n’uwo mugore. Ubucuti yari afitaniye na Yehova ni bwo yabona ko buhambaye kuruta ibindi vyose. Yabwiye uwo mugore ati: “Databuja . . . nta kintu na kimwe yanyimye kiretse wewe, kuko uri umugore wiwe. None noshobora nte gukora ico kibi gikomeye ngacumura koko ku Mana?”​—Itanguriro 39:8, 9.

20. Tubwirwa n’iki ko Yehova yahimbawe n’inyifato ya Yozefu?

20 Naho Yozefu yari kure cane y’ab’iwabo, yagumye ari intahemuka ku Mana kandi Yehova yaramuhezagiye. (Itanguriro 41:39-49) Yehova yarahimbawe n’ukudahemuka kwa Yozefu. (Imigani 27:11) Kunanira ubuhumbu ntivyoroshe, ariko urama wibuka aya majambo agira ati: “Yemwe abakunda Yehova, nimwanke ikibi. Arinda ubuzima bw’intahemuka ziwe; abarokora mu kuboko kw’ababisha.”​—Zaburi 97:10.

21. Umuvukanyi umwe akiri muto yiganye Yozefu gute?

21 Imisi yose, abasavyi ba Yehova barerekana babigiranye umutima rugabo yuko ‘banka ikibi’ be n’uko ‘bakunda iciza.’ (Amosi 5:15) Urashobora kuba intahemuka kuri Yehova naho woba ukiri muto. Umuvukanyi umwe akiri muto yarahuye n’ikigeragezo kw’ishure. Hari umukobwa yamwemereye ko boryamana aramutse amweretse mu kibazo c’ibiharuro. None uwo muvukanyi yakoze iki? Yariganye Yozefu. Avuga ati: “Naciye ubwo nyene ndamwamirira kure. Kubera yuko nanse guhemuka, narazigamye agateka kanje n’icubahiro canje.” Ubusambanyi burashobora gutuma umuntu ‘anezerwa akanya gato’ ariko akenshi bivamwo umubabaro n’ukuvunika umutima. (Abaheburayo 11:25) Ukugamburukira Yehova vyovyo vyama bizana umunezero wamaho.​—Imigani 10:22.

NIWEMERE YEHOVA AGUFASHE

22, 23. Yehova adufasha gute naho twoba twakoze icaha gikomeye?

22 Shetani azogerageza gukoresha ubuhumbu kugira aducakire, kandi kubunanira vyoshobora kuba urugamba rukomeye. Twese birashika tukagira ivyiyumviro bibi. (Abaroma 7:21-25) Yehova aradutahura kandi aribuka ko “turi umukungugu.” (Zaburi 103:14) Bite ho bishitse umukirisu agakora icaha gikomeye c’ubusambanyi? Koba kabaye? Habe namba. Iyo umuntu yigaye vy’ukuri, Yehova aramufasha. Imana “[yi]teguriye kubabarira.”​—Zaburi 86:5; Yakobo 5:16; soma Imigani 28:13.

23 Yehova kandi araduha “ingabirano z’abagabo,” ari bo bakurambere batwitwararika. (Abanyefeso 4:8, 12; Yakobo 5:14, 15) Yaduhaye abakurambere kugira badufashe kunagura ubucuti dufitaniye na we.​—Imigani 15:32.

NUKORESHE UBUKEREBUTSI

24, 25. Ubukerebutsi bwodufasha gute kwirinda ubuhumbu?

24 Kugira dufate ingingo nziza, turakeneye gutahura ko amategeko ya Yehova adufitiye akamaro. Ntitwipfuza kumera nka wa musore avugwa mu Migani 7:6-23. Ntiyagira ‘umutima w’ubukerebutsi.’ Ni co gituma yaguye mu mutego w’ubusambanyi. Ubukerebutsi burasumba ubwenge. Umuntu w’inkerebutsi aragerageza gutahura ivyiyumviro vy’Imana maze akabaho avyisunga. Niwame wibuka iyi mpanuro iranga ubukerebutsi: “Uwironsa umutima w’ubukerebutsi aba akunda ubuzima bwiwe. Uwurinda ugutahura azoronka ivyiza.”​—Imigani 19:8.

25 Woba warajijutse ko ingingo ngenderwako z’Imana zigororotse? Woba wemera udakeka ko kuzikurikiza bizotuma ugira agahimbare? (Zaburi 19:7-10; Yesaya 48:17, 18) Nimba utarajijuka, niwibuke ivyiza vyose Yehova yagukoreye. Bibiliya ivuga iti: “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe.” (Zaburi 34:8) Uko uzorushiriza guhonja ni ko uzorushiriza gukunda Yehova. Nukunde ivyo akunda, wanke ivyo yanka. Niwuzuze umuzirikanyi wawe ivyiyumviro vyiza, ni ukuvuga ibintu vy’ukuri, bigororotse, bitanduye, bikundwa, kandi biranga ingeso nziza. (Abafilipi 4:8, 9) Twoshobora kumera nka Yozefu, uwemeye kwisunga ubukerebutsi bwa Yehova.​—Yesaya 64:8.

26. Ni ibiki tuzokwihweza mu bigabane bikurikira?

26 Waba wubatse canke utubatse, Yehova ashaka ko uhimbarirwa ubuzima. Ibigabane bibiri bikurikira birimwo amakuru ashobora kudufasha kuroranirwa mu mubano.