Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 14

Nube imvugakuri muri vyose

Nube imvugakuri muri vyose

“Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—ABAHEBURAYO 13:18.

1, 2. Yehova yiyumva gute iyo abonye turiko turihatira kuba imvugakuri?

 AGAHUNGU kamwe kariko karataha kavuye kw’ishure. Kagiye kabona mu nzira ingodo yuzuye amahera. None gaca gakora iki? Aho kuyitwara, gaciye kayisubiza nyeneyo. Nyina wako aranezerwa cane yumvise ivyo kakoze.

2 Abavyeyi benshi barahimbarwa iyo abana babo bavugisha ukuri. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova ni “Imana y’inyakuri,” kandi aranezerwa iyo natwe turi imvugakuri. (Zaburi 31:5) Twipfuza kumuhimbara mu “kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” (Abaheburayo 13:18) Reka turimbure imice ine yo mu buzima aho usanga bitatworohera kuba imvugakuri. Mu nyuma, turabona ivyiza twironkera igihe dutsinze urwo rugamba.

NUBE IMVUGAKURI MU MUTIMA WAWE

3-5. (a) Ni gute dushobora kwibesha? (b) Ni ibiki vyodufasha kwisuzuma tutibesha?

3 Kuba imvugakuri bitangurira mu mutima. Ivyo bisaba ko twisuzuma tutibesha, ariko ntivyama vyoroshe. Mu kinjana ca mbere, abakirisu bo mw’ishengero ry’i Lawodiseya barihenda mu kwiyumvira ko bahimbara Imana ariko atari ko biri. (Ivyahishuwe 3:17) Na twebwe turashobora kwihenda tukiyumvira ko tumeze neza na ho shwi!

4 Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Nimba umuntu yibwira ko ari uwusenga mu buryo nyabwo yamara ntajiginyike ururimi rwiwe, mugabo akabandanya guhenda umutima wiwe bwite, ugusenga kw’uwo muntu nta co kuba kumaze.” (Yakobo 1:26) Twoba twihenze hamwe twokwibwira ko dushobora kubesha canke tugakoresha amajambo ataranga urupfasoni canke yo guhemana, maze Imana ntigire ico itubaza kubera ko hari ivyiza twakoze.

5 Iyo twiravye mu cirore, turabona uko dusa. Iyo dusomye Bibiliya na ho turabona ico turi mu mutima. Bibiliya irashobora kudufasha kumenya aho dukomeye n’aho tugoyagoya. Iratwereka ivyo dukeneye guhindura mu kuntu twiyumvira, mu vyo dukora no mu vyo tuvuga. (Soma Yakobo 1:23-25.) Ariko hamwe twoba twibwira ko ata kanenge dufise, vyotugora kugira ivyo turyohoye. Turakwiye rero gukoresha Bibiliya kugira twisuzume tutibesha. (Gucura intimba 3:40; Hagayi 1:5) Isengesho na ryo nyene riradufasha kwibona uko turi koko. Turashobora gusaba Yehova ngo adusuzume yongere adufashe kubona utunenge dufise kugira tudukosore. (Zaburi 139:23, 24) Turibuka ko “umunyamayeri ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova, mugabo [ko] kugirana ubugenzi somambike na we [ari] ivy’abagororotse.”​—Imigani 3:32.

NUBE IMVUGAKURI MU MURYANGO

6. Kubera iki abubakanye bakwiye kubwizanya ukuri?

6 Birahambaye cane ko tuba imvugakuri mu muryango. Igihe umugabo n’umugore babwizanya ukuri, barumva batekanye kandi bakizigirana. Hari uburyo bwinshi bwo guhemukira uwo mwubakanye. Nk’akarorero, uwubatse arashobora kumenyerana cane n’uwo badasangiye igitsina, kuraba amasanamu y’ibiterasoni canke gukundana mu mpisho n’uwundi muntu. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Sinicaranye n’abantu b’ababeshi; kandi sininjirana n’abanyegeza ico bari.” (Zaburi 26:4) Nturote uhemukira uwo mwubakanye, naho hoba mu vyiyumviro, kuko ivyo vyogeramira umubano wanyu.

Niwamirire kure ikintu cose cogeramira umubano wawe

7, 8. Wokoresha gute Bibiliya mu kwigisha abana akamaro ko kuvugisha ukuri?

7 Abana na bo nyene barakeneye kumenya ko kuvugisha ukuri bihambaye. Abavyeyi barashobora gukoresha Bibiliya mu kubigisha ico kintu. Irimwo uburorero bw’abantu batavugishije ukuri, aho twovuga nka Gehazi uwabeshe kugira yironkere amahera. Irimwo n’uburorero bw’abantu bivye, aho twovuga nka Akani na Yuda uwiba amahera mu nyuma na ho akagurisha Yezu ibiceri 30 vy’ifeza.​—Yosuwa 6:17-19; 7:11-25; 2 Abami 5:14-16, 20-27; Matayo 26:14, 15; Yohani 12:6.

8 Bibiliya kandi irimwo uburorero bwinshi bw’abantu bavugisha ukuri, aho twovuga nka Yakobo uwasavye abana biwe ngo basubize amahera basanze mu magunira yabo; Yefuta n’umukobwa wiwe, abashikije ivyo bari basezeraniye Imana; na Yezu uwagumye avugisha ukuri no mu bihe bitoroshe. (Itanguriro 43:12; Abacamanza 11:30-40; Yohani 18:3-11) Ubwo burorero burashobora gufasha abana kubona akamaro ko kuvugisha ukuri.

9. Abana bahungukira gute igihe abavyeyi babo ari imvugakuri?

9 Abavyeyi bakwiye kugumiza ku muzirikanyi iyi ngingo ngenderwako ihambaye iri muri Bibiliya igira iti: “Ariko none, wewe wigisha uwundi, ntiwiyigisha? Wewe wamamaza ngo: ‘Ntiwibe,’ uriba?” (Abaroma 2:21) Abana barabibona igihe imvugo y’abavyeyi itajana n’ingiro. Nimba turemesha abana bacu kuvugisha ukuri ariko ubwacu tutavugisha ukuri, baca babura ico bafata n’ico bareka. Abana babonye ko abavyeyi babo babesha, naho hoba ari mu tuntu dutoduto, birashoboka ko na bo nyene bandukirwa n’iyo ngeso. (Soma Luka 16:10.) Ariko igihe abana babona ko abavyeyi babo bavugisha ukuri, birashobora gutuma na bo nyene bazoba abavyeyi b’imvugakuri.​—Imigani 22:6; Abanyefeso 6:4.

NUBE IMVUGAKURI MW’ISHENGERO

10. Twokwerekana gute ko turi imvugakuri mu biyago tugirana n’abakirisu bagenzi bacu?

10 Turakwiye kandi kuba imvugakuri mu vyo dukorana n’abavukanyi bacu. Biroroshe ko ibiyago bisanzwe bihinduka urusaku canke ukwambika ibara abandi. Dukwiragije amakuru tutazi neza ko ari ay’ukuri, twoshobora gusanga turiko turakwiragiza ibinyoma. Ni vyiza ko tugumya ururimi rwacu. (Imigani 10:19) Kuba imvugakuri ntibisigura ko duca tuvuga ivyo twiyumvira vyose, ivyo tuzi vyose canke ivyo twumvise vyose. Naho ivyo twoba tugira tuvuge vyoba ari ukuri, bishobora kuba bitaturaba canke kubivuga bikaba bidakenewe canke na ho bikaba bitaranga umutima mwiza. (1 Abatesalonika 4:11) Abantu bamwebamwe baravuga amajambo ata kwigengesera, bagaca bishigikira ngo “Aho ndakubwije ukuri.” Ariko twebwe abasavyi ba Yehova twipfuza ko imvugo yacu yamana igikundiro kandi iranga umutima mwiza.​—Soma Abakolosayi 4:6.

11, 12. (a) Ni gute umuntu yacumuye yoshobora kwunyura ibintu? (b) Umugenzi wawe akoze igicumuro gikomeye, ni igiki ukwiye kwirinda kandi kubera iki? (c) Twokwerekana gute ko turi imvugakuri kw’ishirahamwe rya Yehova?

11 Yehova yarajeje abakurambere ibanga ryo kwitwararika ishengero. Abakurambere biraborohera kudufasha igihe tubabwiza ukuri. Uti kubera iki? Hamwe woba urwaye, ubwo wohisha muganga ibimenyetso bimwebimwe ufise? None ubimuhishije, yokuvura gute? Muri ubwo buryo nyene, bishitse tugakora ikosa rikomeye ntidukwiye kurihisha. Ahubwo dukwiye kwitura abakurambere kandi tukababwiza ukuri. (Zaburi 12:2; Ivyakozwe 5:1-11) Ubu na ho, dufate ko umenye ko umugenzi wawe yakoze igicumuro gikomeye. (Abalewi 5:1) Woba wovuga uti: “Ko turi abagenzi, ndamugumiriza ibanga”? Canke wokwibuka ko abakurambere bahari kugira bamufashe gusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova?​—Abaheburayo 13:17; Yakobo 5:14, 15.

12 Turakwiye kandi kuba imvugakuri kw’ishirahamwe rya Yehova igihe twuzuza amaraporo, nk’akarorero raporo y’ubusuku bwo mu ndimiro. Turavugisha ukuri kandi igihe twuzuza inkaratasi zo gusaba ubutsimvyi canke uwundi muce w’umurimo.​—Soma Imigani 6:16-19.

13. Twokwerekana gute ko turi imvugakuri igihe hari ivyo dukorana n’umuvukanyi?

13 Ntidukwiye kuvanga urudandaza n’ivyo gusenga. Nk’akarorero, ntiducuruza igihe turi ku Ngoro y’Ubwami canke mu ndimiro. Vyongeye, ntituriramwo mbege igihe dukorana ivy’urudandaza n’abo dusangiye ukwizera. Nimba ukoresha abavukanyi, nubahembe ku gihe, ubahembe ayo mwumvikanye kandi ubahe uturusho utwo ari two twose bemererwa n’amategeko. Aho hashobora kuba harimwo kubavuza canke kubaha imisi y’akaruhuko kandi ukayibahembera. (1 Timoteyo 5:18; Yakobo 5:1-4) Nimba na ho ukorera Icabona mugenzawe, ntuce witega ko agufata mu buryo budasanzwe. (Abanyefeso 6:5-8) Nukore amasaha yose mwumvikanye kandi ukore neza akazi uhemberwa.​—2 Abatesalonika 3:10.

14. Ni igiki abakirisu bakwiye kugira imbere yo gukorera hamwe ivy’urudandaza?

14 Bite ho hamwe woba usangiye urudandaza n’umuvukanyi? Mwoshobora kuba musangiye umutahe canke umwe akaba yaraguranye uwundi. Ehe ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya yobafasha mu bihe nk’ivyo: Vyose nimubishire mu nyandiko. Igihe umuhanuzi Yeremiya yagura itongo, yaranditse ivyete bibiri vy’amasezerano, kimwe kiraterwako umukono n’ivyabona, ivyo vyete vyompi bica birabikwa kugira bazovyikoreko mu nyuma. (Yeremiya 32:9-12; raba kandi Itanguriro 23:16-20) Hari ababona ko kwandikiranira vyerekana ko batizigirana. Ariko ku bwa ngingo, kwandikiranira birashobora gukinga ingorane nyinshi, nko gutahurana nabi, guhemukiranira no kutumvikana. Urama wibuka ko amahoro y’ishengero ahambaye kuruta amahera.​—1 Abakorinto 6:1-8; raba akajambo ko ku mpera ka 30.

NUBE IMVUGAKURI KU KAZI

15. Yehova abona gute ubusuma bugirwa n’abadandaza?

15 Dukwiye kuvugana ukuri n’abantu bose, mbere n’abatari Ivyabona. Yehova ashaka ko twirinda kwiba. Bibiliya ivuga iti: “Umunzane wiba ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova, mugabo ibuye ry’ugupimisha rikwiye riramuhimbara.” (Imigani 11:1; 20:10, 23) Mu bihe vya Bibiliya, iminzane yarakoreshwa cane mu rudandaza. Ariko abadandaza bamwebamwe bariba abaguzi mu kubaha ibidakwiye canke mu kubazimba. No muri iki gihe, ubusuma buriraye mu badandaza, kandi Yehova aracabwanka.

16, 17. Ni ububeshi ubuhe dukwiye kwirinda?

16 Twese turahura n’ibintu vyoshobora gutuma twiba canke tubesha. Aho twovuga nk’igihe dukora ibibazo kw’ishure, igihe twuzuza inkaratasi zo gusaba akazi canke igihe twuzuza izindi nkaratasi zisabwa na leta. Abantu benshi babona ko ata kibi kiri mu kubesha, mu kurenza urugero mu makuru batanga canke mu gutanga inyishu zitari zo. Ivyo ntibikwiye kudutangaza. Bibiliya yari yaravuze ko mu misi ya nyuma abantu bobaye ari “abikunda, inkunzi z’amahera, . . . badakunda iciza.”​—2 Timoteyo 3:1-5.

17 Vyoshika ukabona umengo abantu b’ababeshi ni bo baroraniwe muri ino si. (Zaburi 73:1-8) Umukirisu yoshobora kwirukanwa mu kazi, bakamuzuruma uduhera twiwe canke bakamufata nabi ku kazi kubera ko ari imvugakuri. Naho ari ukwo, birabereye ko tuba imvugakuri naho vyodusaba iki. Uti kubera iki?

IVYIZA BIVA KU KUBA IMVUGAKURI

18. Kubera iki kumenyekana ko uri imvugakuri ari vyiza?

18 Abantu b’imvugakuri kandi b’abizigirwa ni ab’agaciro, ariko ni imbonekarimwe muri ino si. Twese turakwiye kwihatira kuba imvugakuri. (Mika 7:2) Abantu bamwebamwe boshobora kugutwenga canke bakakwita ikijuju kubera uri imvugakuri. Ariko abandi boshobora kugushima kandi bakakwizigira. Kw’isi yose Ivyabona vya Yehova barazwi ko ari imvugakuri. Abakoresha bamwebamwe bashima gukoresha Ivyabona kubera bazi ko batiba. N’ikindi kandi, birashika abakozi bamwebamwe bakirukanwa mu kazi kubera ububeshi, ariko Ivyabona bakakagumamwo.

Igihe dukora tutiziganya biraninahaza Yehova

19. Kuba imvugakuri bigira ico bikoze gute ku bucuti dufitaniye na Yehova?

19 Kuba imvugakuri muri vyose biratuma ugira amahoro n’ijwi ryo mu mutima ryiza. Twipfuza kumera nka Paulo, uwanditse ati: “Tu[ra]zi neza yuko turi n’ijwi ryo mu mutima rigororotse.” (Abaheburayo 13:18) N’igihambaye kuruta, Yehova Umuvyeyi wawe arabona utwigoro ugira ngo ube imvugakuri muri vyose kandi aradukenguruka.​—Soma Zaburi 15:1, 2; Imigani 22:1.